የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (16) ምዕራፍ: ሱረቱ አር-ረዕድ
قُلۡ مَن رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ قُلِ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَٱتَّخَذۡتُم مِّن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ لَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ نَفۡعٗا وَلَا ضَرّٗاۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ أَمۡ هَلۡ تَسۡتَوِي ٱلظُّلُمَٰتُ وَٱلنُّورُۗ أَمۡ جَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ خَلَقُواْ كَخَلۡقِهِۦ فَتَشَٰبَهَ ٱلۡخَلۡقُ عَلَيۡهِمۡۚ قُلِ ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖ وَهُوَ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّٰرُ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Imana Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi!”. Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi wavyo”. Babwire ubagondoze uti: “Bishoboka gute rero ko mureka gusenga Imana Allah, maze mukagira mu gishingo cayo ibigirwamana musenga ata co vyimariye, ata n’ico vyiyicira, nkeswe kugira ico bibamariye, canke ico bibiciye!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega burya impumyi[3] n’uwubona[4], barangana mu butore! Canke burya umwijima w’ubugarariji, ni nk’umuco w’ukwemera! Kibure ibigirwamana babangikanya n’Imana Allah, vyoba vyararemye nk’irema ryayo, haraheza haba ukwitiranya ivyaremwe na vyo n’ivyaremwe na Yo, gushika n’aho ivyaremye nk’irema ryayo bisengwa ha kuyisenga!”. Ntumwa y’Imana! Babwire ubakurire inkoni ku gashitsi uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema w’ikintu ico ari co cose, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere”.
[3] Umugarariji atabona ukuri ngo agukurikire, agereranywa n’impumyi.
[4] Umwemeramana abona ukuri akagukurikira, agereranywa n’umuntu abona.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (16) ምዕራፍ: ሱረቱ አር-ረዕድ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት