Check out the new design

Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti. * - Tərcumənin mündəricatı

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Mənaların tərcüməsi Surə: əl-Bəqərə   Ayə:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ivyo wahishuriwe, kubaburira no kutababurira vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.
Ərəbcə təfsirlər:
خَتَمَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَعَلَىٰ سَمۡعِهِمۡۖ وَعَلَىٰٓ أَبۡصَٰرِهِمۡ غِشَٰوَةٞۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Ku kubera ubugarariji bwabo, Imana Allah Yarateye ikimangu mu mitima yabo no mu matwi yabo. Ku maso yabo na ho hari ipaziya ntibabona ukuri. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye.
Ərəbcə təfsirlər:
وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَقُولُ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَبِٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَمَا هُم بِمُؤۡمِنِينَ
Burya mu bantu, harimwo abajuragirika mu kwemera bakavuga bati: “Twaremeye Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Ivyo bakabivuga mu majambo gusa, kandi batemera mu mitima yabo.
Ərəbcə təfsirlər:
يُخَٰدِعُونَ ٱللَّهَ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَمَا يَخۡدَعُونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ
Bibwira ko bahenda Imana Allah n’abemeramana mu kwiyorobeka kwabo. Burya nta we bahenda kiretse ko ari bo nyene bihenda, ariko ntibavyumva.
Ərəbcə təfsirlər:
فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ فَزَادَهُمُ ٱللَّهُ مَرَضٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡذِبُونَ
Mu mitima yabo harimwo indwara y’uburyarya n’ubuhakanyi, gutyo Imana Allah na Yo Ibongerereza iyindi ndwara y’ishari n’inzigo bafitiye abemeramana. Barategekanirijwe ibihano bibabaza, kubera ivyo bahora babesha.
Ərəbcə təfsirlər:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ قَالُوٓاْ إِنَّمَا نَحۡنُ مُصۡلِحُونَ
Iyo babwiwe bati: “Ntimukwiragize ubwononyi kw’isi”. Bishura bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi intungane turabogora”.
Ərəbcə təfsirlər:
أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡمُفۡسِدُونَ وَلَٰكِن لَّا يَشۡعُرُونَ
Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bononyi vy’ukuri, mugabo nta vyo bumva.
Ərəbcə təfsirlər:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ ءَامِنُواْ كَمَآ ءَامَنَ ٱلنَّاسُ قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ كَمَآ ءَامَنَ ٱلسُّفَهَآءُۗ أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلسُّفَهَآءُ وَلَٰكِن لَّا يَعۡلَمُونَ
Iyo naho babwiwe bati: “Nimwemere nk’uko abandi bantu bemeye”. Bishura bati: “Twebwe twokwemera nk’uko abakehabwenge bemeye!” Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bakehabwenge, ariko nta vyo bazi.
Ərəbcə təfsirlər:
وَإِذَا لَقُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَوۡاْ إِلَىٰ شَيَٰطِينِهِمۡ قَالُوٓاْ إِنَّا مَعَكُمۡ إِنَّمَا نَحۡنُ مُسۡتَهۡزِءُونَ
Iyo bahuye n’abemeramana bavuga bati: “Twebwe twaremeye nkamwe”. Mugabo iyo bihereranye amashetani yabo (mu bahakanyi ruhebwa), bavuga bati: “Twebwe turatsimbataye mu buhakanyi hamwe na mwe. Mu vy’ukuri, twebwe turatebura gusa mu kubereka ko twemera”.
Ərəbcə təfsirlər:
ٱللَّهُ يَسۡتَهۡزِئُ بِهِمۡ وَيَمُدُّهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Imana Allah Izobahembera ugutebura kwabo, Yongere Ibongerereze ubuhuvyi ku buhuvyi bwabo basanganwe, bajuragirike mu kubura ico bafata nico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
Ərəbcə təfsirlər:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلضَّلَٰلَةَ بِٱلۡهُدَىٰ فَمَا رَبِحَت تِّجَٰرَتُهُمۡ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ
Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, maze birengagiza kwemera. Nta co bungutse mu rudandazwa rwabo rwo guhurumbira ivy’isi, ntibari no kuba abagororotsi namba muri ubwo buryo.
Ərəbcə təfsirlər:
 
Mənaların tərcüməsi Surə: əl-Bəqərə
Surələrin mündəricatı Səhifənin rəqəmi
 
Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti. - Tərcumənin mündəricatı

Yusif Qəhitinin tərcüməsi. Afrika İnkişaf Müəssəsəsi tərəfindən nəşr olunub.

Bağlamaq