Check out the new design

Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti. * - Tərcumənin mündəricatı

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Mənaların tərcüməsi Surə: ən-Nisa   Ayə:
وَٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ رِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَلَا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَلَا بِٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۗ وَمَن يَكُنِ ٱلشَّيۡطَٰنُ لَهُۥ قَرِينٗا فَسَآءَ قَرِينٗا
Twaranategekanirije ibihano barya batanga mu matungo yabo ku kwiyerekana ku bantu, batanemera Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo rero, ni ibikorwa bibi shetani irarikira abantu. Uwo wese rero shetani izogira umugenzi, azoba agize umugenzi mubi;
Ərəbcə təfsirlər:
وَمَاذَا عَلَيۡهِمۡ لَوۡ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَأَنفَقُواْ مِمَّا رَزَقَهُمُ ٱللَّهُۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِهِمۡ عَلِيمًا
Hari ico vyari kubatwara iyo bemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu vyo Imana Allah Yabahaye bazirikana indishi kuri Yo! Burya Imana Allah Yamye Ibazi, Izi n’ivyo bakora, Izonabibahembera, ni Nyenubumenyikurivyose.
Ərəbcə təfsirlər:
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَظۡلِمُ مِثۡقَالَ ذَرَّةٖۖ وَإِن تَكُ حَسَنَةٗ يُضَٰعِفۡهَا وَيُؤۡتِ مِن لَّدُنۡهُ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Mu vy’ukuri, Imana Allah ntirenganya na gato, n’aho koba akantu kangana n’inzatsa. Iciza rero, n’iyo coba kingana n’inzatsa, Imana Allah Iraheza Ikakigwiza, Ikanaha uwagikoze impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
Ərəbcə təfsirlər:
فَكَيۡفَ إِذَا جِئۡنَا مِن كُلِّ أُمَّةِۭ بِشَهِيدٖ وَجِئۡنَا بِكَ عَلَىٰ هَٰٓؤُلَآءِ شَهِيدٗا
Mbega abantu bazomererwa gute ku musi w’izuka, igihe Twebwe Allah Twarengukije mu mugwi uwo ari wo wose w’abantu, Intumwa warungikiwe kugira iwagirize ku vyo wakoze, Tugashoka Tukurengutsa na wewe Muhamadi kugira wagirize abo warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa buvuye ku Mana yawe Rurema Allah!
Ərəbcə təfsirlər:
يَوۡمَئِذٖ يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَعَصَوُاْ ٱلرَّسُولَ لَوۡ تُسَوَّىٰ بِهِمُ ٱلۡأَرۡضُ وَلَا يَكۡتُمُونَ ٱللَّهَ حَدِيثٗا
Uwo musi rero, abagararije Imana Allah bagaca kubiri n’Intumwa, bazokwipfuza ko bopfuma bahinduka bagacika ivu kugira ntibazuke ngo biregure, nta na kimwe bazoshobora kunyegeza Imana Allah mu vyo bakoze kuko Izobaziba akanwa, maze bagirizwe n’ibihimba vyabo.
Ərəbcə təfsirlər:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَقۡرَبُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَنتُمۡ سُكَٰرَىٰ حَتَّىٰ تَعۡلَمُواْ مَا تَقُولُونَ وَلَا جُنُبًا إِلَّا عَابِرِي سَبِيلٍ حَتَّىٰ تَغۡتَسِلُواْۚ وَإِن كُنتُم مَّرۡضَىٰٓ أَوۡ عَلَىٰ سَفَرٍ أَوۡ جَآءَ أَحَدٞ مِّنكُم مِّنَ ٱلۡغَآئِطِ أَوۡ لَٰمَسۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَلَمۡ تَجِدُواْ مَآءٗ فَتَيَمَّمُواْ صَعِيدٗا طَيِّبٗا فَٱمۡسَحُواْ بِوُجُوهِكُمۡ وَأَيۡدِيكُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَفُوًّا غَفُورًا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukegere isengesho ngo musenge mu gihe muborewe, gushika mushobore gutandukanya icatsi n’ururo mutahure n’ivyo muvuga[11]; eka ntimugasenge no mu gihe mwashikiwe n’ibihumanya bituma mwiyuhagira; ntimukaje no mu misigiti muri ico gihe, kiretse mu gihe mwoyicamwo murengana gusa, gushika mubanje kwiyuhagira n’amazi. Nimwaba naho murwaye indwara ibabuza kwiyuhagira n’amazi, canke muri ku rugendo mukayabura, canke hakaba muri mwebwe uwuvuye kwituma canke kwihagarika, canke mukaba mwaranguye amabanga y’abubatse, hanyuma mukabura amazi yo kwiyuhagira, canke mugatinya ingaruka yo kuyiyuhagira, muri ico gihe rero, murashoka mukoresha ivu ryiza mu kwihumanura, maze mukubite ibiganza kuri nya vu, muheze mubihanaguze mu maso no ku maboko yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.
[11] Iyi ngingo yubahirijwe imbere yuko inzoga iziririzwa burundu.
Ərəbcə təfsirlər:
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ أُوتُواْ نَصِيبٗا مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ يَشۡتَرُونَ ٱلضَّلَٰلَةَ وَيُرِيدُونَ أَن تَضِلُّواْ ٱلسَّبِيلَ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abayahudi bahawe ubumenyi bw’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, aho bigura ubuhuvyi mu guhindagura ibiri muri co, ha kurongoka mu gukurikira ivyemezo bafise vyerekana ko ubutumwa bwawe ari ubw’ukuri, gutyo ga bemeramana, bakipfuza ko mwohuba inzira igororotse, mukaba nkabo;
Ərəbcə təfsirlər:
 
Mənaların tərcüməsi Surə: ən-Nisa
Surələrin mündəricatı Səhifənin rəqəmi
 
Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - Kirundi dilinə tərcümə - Yusif Qəhiti. - Tərcumənin mündəricatı

Yusif Qəhitinin tərcüməsi. Afrika İnkişaf Müəssəsəsi tərəfindən nəşr olunub.

Bağlamaq