Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - الترجمة الكيروندية * - Tərcumənin mündəricatı

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Mənaların tərcüməsi Ayə: (10) Surə: əl-Fəth
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُبَايِعُونَكَ إِنَّمَا يُبَايِعُونَ ٱللَّهَ يَدُ ٱللَّهِ فَوۡقَ أَيۡدِيهِمۡۚ فَمَن نَّكَثَ فَإِنَّمَا يَنكُثُ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَوۡفَىٰ بِمَا عَٰهَدَ عَلَيۡهُ ٱللَّهَ فَسَيُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru[2].
[2] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise ukuboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo. Ukuboko kw’Imana Allah, ntikugereranywa eka nta ho gusa gusana n’ukuboko kw’ibiremwa.
Ərəbcə təfsirlər:
 
Mənaların tərcüməsi Ayə: (10) Surə: əl-Fəth
Surələrin mündəricatı Səhifənin rəqəmi
 
Qurani Kərimin mənaca tərcüməsi - الترجمة الكيروندية - Tərcumənin mündəricatı

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Bağlamaq