Muraninahaza mwongere mutazire Imana Allah mu misi imparurwa[34]. Uwuzoshaka kwihuta kuva “Mina” imbere yuko izuba rirenga ku musi ugira uw’icumi na kabiri, akaba yahejeje gutera amabuye ku biterero (Jamaraat), nta caha kuri we. N’uwuzocererwa kuva “Mina[35]”, akavayo ahejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, nta caha kirimwo ku wugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko muzokwegeranirizwa kuri Yo, kugira Ibaharurire Yongere Ibahembere ivyo mwakoze.
[34] Ni imisi itatu ikurikirana, igenekerezo rya 11, 12 na 13 ikurikira ilayidi nkuru mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12. [35] Ugucererwa kuva “Mina”, ukavayo uhejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, ni na vyo vyiza kuko ari ko Intumwa yabigenjeje.
Ntumwa y’Imana! Burya mu bantu harimwo indyarya, uryoherwa n’ivyo ivuga mu kurondera ivy’isi, ikarahira ikarengwa ko ikunda ubwislamu, ikanubahuka kugira Imana Allah Icabona ku biri mu mutima wayo, kandi ari yo mwansi mubi w’ubwislamu;
Nimwahusha inzira y’ukuri mu nyuma y’aho mushikiriwe n’ivyemezo bitomoye muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, muramenya ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Inyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Suchergebnisse:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".