Check out the new design

Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. * - Übersetzungen

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: An-Naml   Vers:
۞ فَمَا كَانَ جَوَابَ قَوۡمِهِۦٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَخۡرِجُوٓاْ ءَالَ لُوطٖ مِّن قَرۡيَتِكُمۡۖ إِنَّهُمۡ أُنَاسٞ يَتَطَهَّرُونَ
Ico gihe, nta nyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi, atari ukubwirana hagati yabo bati: “Luutwi n’umuryango wiwe, nimubomore mu gisagara canyu. Mu vy’ukuri, bo ni abantu biyubashe[6]!”.
[6] Bababwiye ukwo ku gashinyaguro.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَأَنجَيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَٰهَا مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ
Ni ho Twebwe Allah, Twategeka Luutwi n’umuryango wiwe kuva muri nya gisagara, Turaheza Tubarokora mu bihano vyari bigiye gushika, kiretse umugore wiwe yahonejwe mu bandi kuko yashigikira ingeso zabo mbi.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرٗاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Twabahanishije rero imvura y’amabuye mu kububikako igisagara cabo. Yari imvura y’amabuye y’akataraboneka, yahoneje abagabishijwe ku bihano vy’Imana Allah maze bica amatwi.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
قُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ وَسَلَٰمٌ عَلَىٰ عِبَادِهِ ٱلَّذِينَ ٱصۡطَفَىٰٓۗ ءَآللَّهُ خَيۡرٌ أَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah, nihasangwe amahoro n’umutekano bivuye kuri Yo, abaja bayo Yatoye kuba Intumwa”, uheze ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah Ishoboye kugira ico Ibamariye n’ico Ibiciye, si Yo Nziza Ikwiye gusengwa, canke ni ibigirwamana muyibangikanya kandi ata co vyimariye, ata n’ico vyiyiciye, nkeswe kugira ico bibamariye n’ico bibatwaye!”.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَمَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ حَدَآئِقَ ذَاتَ بَهۡجَةٖ مَّا كَانَ لَكُمۡ أَن تُنۢبِتُواْ شَجَرَهَآۗ أَءِلَٰهٞ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٞ يَعۡدِلُونَ
Babaze kandi uti: “Mbega burya Imana Allah Yaremye amajuru n’isi, Ikanabamanurira n’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Ikabatotahariza imirima iteye igomwe, mutari gupfa munagishije ibiti vyayo ku bwanyu iyo hataba nya mvura yaguye ku bw’Imana Allah, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana yaremye nk’ivyo, kugira ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah!”. Ahubwo rero ababangikanyamana, ni abantu bahusha inzira y’ukwemera vy’ukuri, bagaheza bakabangikanya Imana Allah n’ibiremwa vyayo.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَمَّن جَعَلَ ٱلۡأَرۡضَ قَرَارٗا وَجَعَلَ خِلَٰلَهَآ أَنۡهَٰرٗا وَجَعَلَ لَهَا رَوَٰسِيَ وَجَعَلَ بَيۡنَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ حَاجِزًاۗ أَءِلَٰهٞ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ongera ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah, Yatururuje isi Ikanayicako inzuzi, Ikayishirako n’imisozi iyishigikiye nk’imambo, Igashira no kw’ihuriro ry’amabahari abiri atandukanye mu kanovera k’amazi, agakingo gatuma amazi y’akanovera ya rimwe muri nya mabahari atavangana n’ayandi y’icunyunyu y’irindi bahari bihurira hamwe, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana yaremye nk’ivyo, kugira ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah!”. Ahubwo rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi icubahiro c’Imana Allah ngo baheze bayisenge batayibangikanya.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَمَّن يُجِيبُ ٱلۡمُضۡطَرَّ إِذَا دَعَاهُ وَيَكۡشِفُ ٱلسُّوٓءَ وَيَجۡعَلُكُمۡ خُلَفَآءَ ٱلۡأَرۡضِۗ أَءِلَٰهٞ مَّعَ ٱللَّهِۚ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ
Subira ubabaze uti: “Mbega burya Imana Allah Ikemurira ibibazo umunyavyago igihe ayitakambiye akayisaba, Ikanakura abantu mu kabi kabashikiye, Ikanabagira abasubirizi b’abo hambere yanyu mu gukurakuranwa kw’isi, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana ibaronsa inema nk’izo, ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah! Burya mwibuka gake ngo mwikebuke;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَمَّن يَهۡدِيكُمۡ فِي ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ وَمَن يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦٓۗ أَءِلَٰهٞ مَّعَ ٱللَّهِۚ تَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Mbega burya Imana Allah Ibarongora Ikabazimurura mu muzimagiza w’imusozi no mw’ibahari iyo muzimiye inzira, Ikanatuma umuyaga usunika ibicu, ugatanga n'umwizero w’imvura ko igiye kugwa ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo, si Yo Ikwiye gusengwa! None hoba hariho iyindi mana ishoboye kubakorera nk’ivyo, ngo iheze isengwe mu gishingo c’Imana Allah! Imana Allah, nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
 
Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: An-Naml
Suren/ Kapiteln Liste Nummer der Seite
 
Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. - Übersetzungen

Übersetzt von Yusuf Ghahiti. Herausgegeben vom Afrikanischen Institut für Entwicklung.

Schließen