Check out the new design

Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. * - Übersetzungen

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: Al-Wāqiʿah   Vers:

Al-Waaqi'ah

إِذَا وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ
Igihe umuhero w’isi wabaye;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
لَيۡسَ لِوَقۡعَتِهَا كَاذِبَةٌ
Ukuba kwawo, nta n’umwe ashobora kuguhakana;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
خَافِضَةٞ رَّافِعَةٌ
Uzota abansi b’Imana Allah mu muriro, uduze abatoni bayo mu Bwami bw’ijuru.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِذَا رُجَّتِ ٱلۡأَرۡضُ رَجّٗا
Igihe isi yagigimye nya kugigima;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَبُسَّتِ ٱلۡجِبَالُ بَسّٗا
Imisozi na yo ikavungagurika nya kuvungagurika;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَكَانَتۡ هَبَآءٗ مُّنۢبَثّٗا
Igacika intumo itumurwa n’umuyaga mu kirere;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَكُنتُمۡ أَزۡوَٰجٗا ثَلَٰثَةٗ
Maze na mwe ibiremwa mukagaburwa mu migwi itatu;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ
Umugwi w’abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ
Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَٱلسَّٰبِقُونَ ٱلسَّٰبِقُونَ
Hamwe rero n’umugwi w’abahurumbira gukora ivyiza kw’isi, bazotanga abandi mu vyubahiro vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡمُقَرَّبُونَ
Aba rero, ni bo bazoba batonye hambavu y’Imana Allah;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Hazokwinjira muri Bwo, umugwi munini w’abantu bo mu binjana vya mbere mu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abandi bantu bo kuva ku gihe ca Adamu;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَقَلِيلٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hamwe rero n’umugwi w’abantu bake mu bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo[1];
[1] Abo bakaba ari abarungikiwe Intumwa yasozereye izindi, Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo na bo, bafatwa ko ari umugwi w’abantu bake ugereranije n’igitigiri c’abandi bantu bose kuva kuri Adamu gushika ku muzo w’iyo Ntumwa.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
عَلَىٰ سُرُرٖ مَّوۡضُونَةٖ
Bazoba bicaye ku bitanda bisharijwe n’inzahabu;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
مُّتَّكِـِٔينَ عَلَيۡهَا مُتَقَٰبِلِينَ
Bavyegamiyeko, bicaye barabana;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
 
Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: Al-Wāqiʿah
Suren/ Kapiteln Liste Nummer der Seite
 
Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. - Übersetzungen

Übersetzt von Yusuf Ghahiti. Herausgegeben vom Afrikanischen Institut für Entwicklung.

Schließen