Check out the new design

Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. * - Übersetzungen

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: At-Taġābun   Vers:
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Nayo abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’ivyemezo vyayo Yarungikanye Intumwa, vyerekana ko Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa; abo, ni bo bantu rero bo mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera; ayo, ni yo maherezo mabi cane.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
مَآ أَصَابَ مِن مُّصِيبَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ يَهۡدِ قَلۡبَهُۥۚ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Nta n’umwe ashikirwa n’ikiza ico ari co cose, kiretse ko kiba ku bushake n’ubushobozi vy’Imana Allah. Uwo wese yemera Imana Allah vy’ukuri, Imana Allah Izoshoboza umushaha wiwe kwakirana umutima ushima ivyagezwe. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُواْ ٱلرَّسُولَۚ فَإِن تَوَلَّيۡتُمۡ فَإِنَّمَا عَلَىٰ رَسُولِنَا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Bantu! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana Allah, mwongere mwumvire n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Nimwagenza umugongo mukagabitanya, ni ukuri Intumwa yacu, ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ مِنۡ أَزۡوَٰجِكُمۡ وَأَوۡلَٰدِكُمۡ عَدُوّٗا لَّكُمۡ فَٱحۡذَرُوهُمۡۚ وَإِن تَعۡفُواْ وَتَصۡفَحُواْ وَتَغۡفِرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri mu bakenyezi banyu no mu bibondo vyanyu, harimwo abansi banyu bashobora kubanyereza, murabiyubara rero. Nimwabagirira ikigongwe mukirengagiza ivyo babagiriye mukanabagumiriza ibanga; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo, Izobasubiriza mu ndumane.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞۚ وَٱللَّهُ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ
Mu vy’ukuri amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ni ibigeragezo kuri mwebwe. Imana Allah na Yo, Irafise impembo ihambaye.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ مَا ٱسۡتَطَعۡتُمۡ وَٱسۡمَعُواْ وَأَطِيعُواْ وَأَنفِقُواْ خَيۡرٗا لِّأَنفُسِكُمۡۗ وَمَن يُوقَ شُحَّ نَفۡسِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimwitange uko mushoboye kwose mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah; mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muyigamburukire, maze mutange no mu vyo mwaronkejwe ku neza yanyu. Abazokingirwa ntibabe ingumyi; abo, ni bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِن تُقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا يُضَٰعِفۡهُ لَكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ شَكُورٌ حَلِيمٌ
Nimwagurana Imana Allah ingurane nziza (mu gutanga ku bwayo), Izobagwiriza indishi umurengera, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire. Burya Imana Allah, ni Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Izi ibinyegeje n’ibiboneka. Ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
 
Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: At-Taġābun
Suren/ Kapiteln Liste Nummer der Seite
 
Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti. - Übersetzungen

Übersetzt von Yusuf Ghahiti. Herausgegeben vom Afrikanischen Institut für Entwicklung.

Schließen