Check out the new design

Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. * - Tippudi firooji ɗii

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Firo maanaaji Simoore: Simoore ceergu   Aaya:
وَلَا يَأۡتُونَكَ بِمَثَلٍ إِلَّا جِئۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَأَحۡسَنَ تَفۡسِيرًا
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, ntibazokwigera bakuzanira iciyumviro gitera abantu amazinda mu kwemera ukuri wazanye, kiretse ko Twebwe Allah Tuzoguha inyishu y’ukuri kandi itomoye bikwiye mu kubeshuza nya ciyumviro.
Faccirooji aarabeeji:
ٱلَّذِينَ يُحۡشَرُونَ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ إِلَىٰ جَهَنَّمَ أُوْلَٰٓئِكَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضَلُّ سَبِيلٗا
Ababangikanyamana bazokwegerwa mu muriro wa Jahannamu bubitse inda, ni na bo rero bagenewe ikibanza kibi cane mu muriro, baranahuvye koko inzira y’ukuri.
Faccirooji aarabeeji:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَا مَعَهُۥٓ أَخَاهُ هَٰرُونَ وَزِيرٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati, Turaheza Tumugirira na murumunawe Haruna kuba umufasha wiwe;
Faccirooji aarabeeji:
فَقُلۡنَا ٱذۡهَبَآ إِلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا فَدَمَّرۡنَٰهُمۡ تَدۡمِيرٗا
Ni ho Twababwira bompi Duti: “Nimugende rero kwa Firawuni hamwe n’abantu biwe, bahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ubumana vyacu”. Bamaze kugenda kubararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah no kuyisenga batayibangikanya, baragararije maze Duca Turabahonya nya guhonya.
Faccirooji aarabeeji:
وَقَوۡمَ نُوحٖ لَّمَّا كَذَّبُواْ ٱلرُّسُلَ أَغۡرَقۡنَٰهُمۡ وَجَعَلۡنَٰهُمۡ لِلنَّاسِ ءَايَةٗۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِلظَّٰلِمِينَ عَذَابًا أَلِيمٗا
N’abantu barungikiwe Nuhu, igihe bahakana bivuye inyuma Nuhu bagafatwa nk’uko bahakanye Intumwa zose, Twabahonesheje isegenya. Ihanwa ryabo rero, Twarigize inkebuzo ku bantu; no ku musi w’izuka, Twabategekanirije ibihano bibabaza.
Faccirooji aarabeeji:
وَعَادٗا وَثَمُودَاْ وَأَصۡحَٰبَ ٱلرَّسِّ وَقُرُونَۢا بَيۡنَ ذَٰلِكَ كَثِيرٗا
Twaranahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe na Beniriba, hamwe rero n’iyindi migwi myinshi y’abantu yagiye irabaho hagati y’iyo migwi, ikagarariza Intumwa yarungikiwe;
Faccirooji aarabeeji:
وَكُلّٗا ضَرَبۡنَا لَهُ ٱلۡأَمۡثَٰلَۖ وَكُلّٗا تَبَّرۡنَا تَتۡبِيرٗا
Iyo migwi yose rero y’abantu, Twarayitomoreye ivyemezo vyacu kugira ntigire icitwazo co kutamenya. Hamwe n’ivyo, nya migwi yaragararije Duca Turayihonya nya guhonya.
Faccirooji aarabeeji:
وَلَقَدۡ أَتَوۡاْ عَلَى ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِيٓ أُمۡطِرَتۡ مَطَرَ ٱلسَّوۡءِۚ أَفَلَمۡ يَكُونُواْ يَرَوۡنَهَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ نُشُورٗا
Ni ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze.
Faccirooji aarabeeji:
وَإِذَا رَأَوۡكَ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي بَعَثَ ٱللَّهُ رَسُولًا
Ntumwa y’Imana! Iyo abahakanyi bakubonye, baraguteburako n’agasuzuguro n’akantu bakavuga bati: “Mbega uyu ni we avuga ko yarungitswe n’Imana Allah kutubera Intumwa!
Faccirooji aarabeeji:
إِن كَادَ لَيُضِلُّنَا عَنۡ ءَالِهَتِنَا لَوۡلَآ أَن صَبَرۡنَا عَلَيۡهَاۚ وَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ حِينَ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ مَنۡ أَضَلُّ سَبِيلًا
Ni ukuri, yahatswe kuduhubisha ku nyigisho ziwe zitubuza gusenga imana zacu iyo tutazitsimbatarako”. Abahakanyi rero, bazoteba bamenye igihe babonye ibihano bategekanirijwe uwahuvye inzira y’idini ry’ukuri uwo ari we, ko ari bo canke ko ari Muhamadi!
Faccirooji aarabeeji:
أَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ أَفَأَنتَ تَكُونُ عَلَيۡهِ وَكِيلًا
Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje gusumba! Ni uwagize ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe yumvira; none umuntu nk’uyo, wewe womubera umuhagarikizi yotuma yemera Imana Allah!
Faccirooji aarabeeji:
 
Firo maanaaji Simoore: Simoore ceergu
Tippudi cimooje Tonngoode hello ngoo
 
Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. - Tippudi firooji ɗii

Firo: Yusufu Ghayiti. Eggo e haala Fedde Afrik ngam Ɓamtaare.

Uddude