Check out the new design

Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. * - Tippudi firooji ɗii

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Firo maanaaji Simoore: Simoore koreeji imraan   Aaya:
إِذۡ هَمَّت طَّآئِفَتَانِ مِنكُمۡ أَن تَفۡشَلَا وَٱللَّهُ وَلِيُّهُمَاۗ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Muvugishwamana! Ibuka n’ivyashikiye Bene Salima na Bene Haaritha, igihe batekerwa n’ubwoba bagashaka guhunga urugamba bari kumwe n’indyarya karuhariwe Abdullahi mwene Ubayyi, batinya guhangana n’umwansi, ariko Imana Allah Umuhagarikizi wabo Yarakinze baraheza bararinda baja ku rugamba bizeye Imana Allah. Kubera ivyo rero, abemeramana nyabuna nibishimikize gusa Imana Allah bayizere.
Faccirooji aarabeeji:
وَلَقَدۡ نَصَرَكُمُ ٱللَّهُ بِبَدۡرٖ وَأَنتُمۡ أَذِلَّةٞۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Yarabahaye intsinzi ku rugamba rwa Badri, muraheza muranesha abansi banyu kandi mwari bake, mufise n’ibirwanisho bibayabaye, enda rero nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira mushime inema zayo.
Faccirooji aarabeeji:
إِذۡ تَقُولُ لِلۡمُؤۡمِنِينَ أَلَن يَكۡفِيَكُمۡ أَن يُمِدَّكُمۡ رَبُّكُم بِثَلَٰثَةِ ءَالَٰفٖ مِّنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ مُنزَلِينَ
Muvugishwamana! Ibuka n’igihe ingendanyi zawe zabangamirwa n’irungikwa ry’ingabo zije gutabara ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri, maze Tukaguhishurira ko wozibwira uti: “Ntibibakwiye ko Imana yanyu Rurema Allah Ibarungikira ingabo zigera ku bihumbi bitatu vy’abamalayika, bamanutse bava mw’ijuru bagana ku rugamba, kugira babatere inkunga banabatsimbataze ku rugamba!”.
Faccirooji aarabeeji:
بَلَىٰٓۚ إِن تَصۡبِرُواْ وَتَتَّقُواْ وَيَأۡتُوكُم مِّن فَوۡرِهِمۡ هَٰذَا يُمۡدِدۡكُمۡ رَبُّكُم بِخَمۡسَةِ ءَالَٰفٖ مِّنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ مُسَوِّمِينَ
Ego cane, ico gitigiri kirabakwiye! Nimwaramuka mwihanganye ku rugamba rero, mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze ababangikanyamana bakaza banyaragasa kubarwanya bibwira ko babanesha, muri ico gihe Imana Allah Izoca Ibarungikira ingabo zigera ku bihumbi bitanu vy’abamalayika, bafise n’ibimenyetso bibaranga, bo hamwe n’ifarasi zabo.
Faccirooji aarabeeji:
وَمَا جَعَلَهُ ٱللَّهُ إِلَّا بُشۡرَىٰ لَكُمۡ وَلِتَطۡمَئِنَّ قُلُوبُكُم بِهِۦۗ وَمَا ٱلنَّصۡرُ إِلَّا مِنۡ عِندِ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Iryo rungikwa ry’ingabo z’abamalayika, Imana Allah ntiyarigize atari ukugira ngo Ibahe agakuru keza k’intsinzi, no kugira rero imitima yanyu iturure. Burya nta ntsinzi iboneka kiretse iyivuye ku Mana Allah, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Faccirooji aarabeeji:
لِيَقۡطَعَ طَرَفٗا مِّنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَوۡ يَكۡبِتَهُمۡ فَيَنقَلِبُواْ خَآئِبِينَ
Intsinzi mwaronse ku rugamba rwa Badri, yabonetse kugira Imana Allah Ihonye umugwi mu bagararije wicwe, canke Yicishe intuntu yo kuneshwa abarokotse muri bo, baheze basubire inyuma bamaramaye, bijiriwe.
Faccirooji aarabeeji:
لَيۡسَ لَكَ مِنَ ٱلۡأَمۡرِ شَيۡءٌ أَوۡ يَتُوبَ عَلَيۡهِمۡ أَوۡ يُعَذِّبَهُمۡ فَإِنَّهُمۡ ظَٰلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Nta co ubazwa ku vyerekeye ihanwa canke ibabarirwa ry’ibiremwa, ivyabo vyose bijejwe Imana Allah, hari n’aho abakurwanya bokwinjira mu bwislamu, maze Imana Allah Ikabababarira, canke bakabandanya bagarariza, Imana Allah Igaheza Ikabahana ku kwirenganya kwabo.
Faccirooji aarabeeji:
وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ يَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Igumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, maze Ikamubabarira; Igahana uwo Ishatse ku butungane bwayo ata we Irenganije. Burya rero Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Faccirooji aarabeeji:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَأۡكُلُواْ ٱلرِّبَوٰٓاْ أَضۡعَٰفٗا مُّضَٰعَفَةٗۖ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarye ku ngurane inyungu izira yiyongereye kuri nya ngurane, n’aho yoba ari nto, nkenswe rero mu gihe igwijwe incuro nyinshi uko ingurane iteba kwishurwa. Nimutinye rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Faccirooji aarabeeji:
وَٱتَّقُواْ ٱلنَّارَ ٱلَّتِيٓ أُعِدَّتۡ لِلۡكَٰفِرِينَ
Muheze kandi mwikingire umuriro wagenewe abagarariji;
Faccirooji aarabeeji:
وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Maze mwumvire Imana Allah mu kutarya inyungu izira no mu kwubahiriza ayandi mabwirizwa, mwumvire n’Intumwa yayo kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah.
Faccirooji aarabeeji:
 
Firo maanaaji Simoore: Simoore koreeji imraan
Tippudi cimooje Tonngoode hello ngoo
 
Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. - Tippudi firooji ɗii

Firo: Yusufu Ghayiti. Eggo e haala Fedde Afrik ngam Ɓamtaare.

Uddude