Check out the new design

Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. * - Tippudi firooji ɗii

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Firo maanaaji Simoore: Simoori Ruum   Aaya:
قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلُۚ كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma ukuri wabazaniye uti: “Nimugendagende kw’isi maze mwirabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yanyu; nk’abantu ba Nuhu, Bene Aadi na Bene Thamuudi, ryagenze! Iherezo ryabo ryari ribi cane kuko abenshi muri bo bari ababangikanyamana”.
Faccirooji aarabeeji:
فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ ٱلۡقَيِّمِ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ يَوۡمٞ لَّا مَرَدَّ لَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۖ يَوۡمَئِذٖ يَصَّدَّعُونَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare kwubahiriza idini ry’ubwislamu rigororotse imbere yuko umusi w’umuhero w’isi ushika, umusi ata n’umwe mu biremwa ashoboye guhagarika umuzo wawo. Kuri uwo musi rero, ibiremwa bizoshwiragira mu migwimigwi kugira vyerekwe ibikorwa vyavyo.
Faccirooji aarabeeji:
مَن كَفَرَ فَعَلَيۡهِ كُفۡرُهُۥۖ وَمَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا فَلِأَنفُسِهِمۡ يَمۡهَدُونَ
Abagararije bazohanirwa ubugarariji bwabo mu muriro udahera. Abakoze ivyiza bitegetswe na bo, bazobihemberwa Ubwami bw’ijuru kuko biteguriye ibibubashikanamwo;
Faccirooji aarabeeji:
لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kugira Imana Allah Ihembe ku bugwaneza bwayo abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagarariji.
Faccirooji aarabeeji:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن يُرۡسِلَ ٱلرِّيَاحَ مُبَشِّرَٰتٖ وَلِيُذِيقَكُم مِّن رَّحۡمَتِهِۦ وَلِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bigatuma Isengwa Itabangikanywa, kuba Ishoboye kurungika umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa; kugira Ibahonje ku mpuhwe zayo mu gutuma imvura igwa, isi n’ibiremwa bikaharonkera akoyokwe; no kugira ubwato bushobore kugendera mw’ibahari ku bushobozi bwayo; no kugira murondere ku mpuhwe zayo ibibabeshaho mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa. Ivyo vyose rero, Imana Allah Yabibagiriye kugira mushime inema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
Faccirooji aarabeeji:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ رُسُلًا إِلَىٰ قَوۡمِهِمۡ فَجَآءُوهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَٱنتَقَمۡنَا مِنَ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْۖ وَكَانَ حَقًّا عَلَيۡنَا نَصۡرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse hambere yawe Intumwa ku bantu bazo, maze ziza zibazaniye ivyemezo bigaragara, abenshi muri bo barabigarariza, Duca Twihora abanyavyaha muri bo barenze ku mabwirizwa yacu, Turabahana Turabahonya, Turaheza Turokora muri nya bihano abemeramana bakurikiye nya Ntumwa, kandi Twategerezwa kurokora abemeramana.
Faccirooji aarabeeji:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ فَتُثِيرُ سَحَابٗا فَيَبۡسُطُهُۥ فِي ٱلسَّمَآءِ كَيۡفَ يَشَآءُ وَيَجۡعَلُهُۥ كِسَفٗا فَتَرَى ٱلۡوَدۡقَ يَخۡرُجُ مِنۡ خِلَٰلِهِۦۖ فَإِذَآ أَصَابَ بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Imana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugasunika ibicu vy’imvura, Igaheza Ikabisanza mu kirere uko Ibishaka, maze Ikavyegeranya mu bicebice ahatandukanye, ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Imana Allah rero Irungikira nya mvura abo Ishatse mu baja bayo, bagaca banezerwa n’akamwemwe kenshi ko bagiye kubukura mu cibo;
Faccirooji aarabeeji:
وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلِ أَن يُنَزَّلَ عَلَيۡهِم مِّن قَبۡلِهِۦ لَمُبۡلِسِينَ
Kandi mu vy’ukuri imbere yuko nya mvura igwa, bari bihebuye kuko imvura yari yataze.
Faccirooji aarabeeji:
فَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ ءَاثَٰرِ رَحۡمَتِ ٱللَّهِ كَيۡفَ يُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ ذَٰلِكَ لَمُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muntu! Ehe raba rero ingaruka nziza z’imvura igwa ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyatsi bimera, ku biterwa no ku biti, aho isi iheza igatotahara inyuma y’aho yari yaragadutse ikaba ubukumbagare! Mu vy’ukuri rero Imana Allah Ishoboye gusubiza itoto isi yari yaragadutse, ni ukuri Irashoboye gusubiza n’abapfuye ubuzima bakazuka, ni na Yo Mushoboravyose.
Faccirooji aarabeeji:
 
Firo maanaaji Simoore: Simoori Ruum
Tippudi cimooje Tonngoode hello ngoo
 
Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti. - Tippudi firooji ɗii

Firo: Yusufu Ghayiti. Eggo e haala Fedde Afrik ngam Ɓamtaare.

Uddude