Check out the new design

Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti * - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Fassarar Ma'anoni Sura: Houd   Aya:
قَالَ يَٰقَوۡمِ أَرَءَيۡتُمۡ إِن كُنتُ عَلَىٰ بَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّي وَءَاتَىٰنِي مِنۡهُ رَحۡمَةٗ فَمَن يَنصُرُنِي مِنَ ٱللَّهِ إِنۡ عَصَيۡتُهُۥۖ فَمَا تَزِيدُونَنِي غَيۡرَ تَخۡسِيرٖ
Swalehe yabishuye avuga ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, ni nde muri mwebwe yontabara akankurako ibihano vyayo, mu gihe noreka gushikiriza ubutumwa! Ni igiki mwonyongerereza atari agahombo k’ubuhuvyi;
Tafsiran larabci:
وَيَٰقَوۡمِ هَٰذِهِۦ نَاقَةُ ٱللَّهِ لَكُمۡ ءَايَةٗۖ فَذَرُوهَا تَأۡكُلۡ فِيٓ أَرۡضِ ٱللَّهِۖ وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابٞ قَرِيبٞ
Bantu banje! Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri. Nimuyireke rero irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi, kuko mwohava mushikirwa n’ibihano vyimirije ku bigaba”.
Tafsiran larabci:
فَعَقَرُوهَا فَقَالَ تَمَتَّعُواْ فِي دَارِكُمۡ ثَلَٰثَةَ أَيَّامٖۖ ذَٰلِكَ وَعۡدٌ غَيۡرُ مَكۡذُوبٖ
Ni ho rero bahakana bivuye inyuma, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga. Swalehe aca ababwira ati: “Nimuryoherwe mwidagadure mu zanyu mu kiringo c’imisi itatu itarenga, inyuma y’aho nimwitege ibihano bigiye gushika, iryo ni isezerano ry’Imana Allah ntabanduka, ritabeshuzwa”.
Tafsiran larabci:
فَلَمَّا جَآءَ أَمۡرُنَا نَجَّيۡنَا صَٰلِحٗا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ بِرَحۡمَةٖ مِّنَّا وَمِنۡ خِزۡيِ يَوۡمِئِذٍۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلۡقَوِيُّ ٱلۡعَزِيزُ
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Thamuudi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Swalehe n’abemeramana bari kumwe, Twaranabateturuye kuri uyo musi w’ibihano. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
Tafsiran larabci:
وَأَخَذَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ ٱلصَّيۡحَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دِيَٰرِهِمۡ جَٰثِمِينَ
Bene Thamuudi birenganije, bahitanwe n'igihano c'akaruru kaziba amatwi gaturutse hejuru, bazinduka bose bahonye, ari ibiziga vyibereye ng'aho mu ngo zabo;
Tafsiran larabci:
كَأَن لَّمۡ يَغۡنَوۡاْ فِيهَآۗ أَلَآ إِنَّ ثَمُودَاْ كَفَرُواْ رَبَّهُمۡۗ أَلَا بُعۡدٗا لِّثَمُودَ
Nk’aho batigeze babaho. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Thamuudi baragararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Thamuudi bimonogoje mu butumva!
Tafsiran larabci:
وَلَقَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُنَآ إِبۡرَٰهِيمَ بِٱلۡبُشۡرَىٰ قَالُواْ سَلَٰمٗاۖ قَالَ سَلَٰمٞۖ فَمَا لَبِثَ أَن جَآءَ بِعِجۡلٍ حَنِيذٖ
Ni ukuri, intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika, zaraje kwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), zimuzaniye inkuru nziza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Is-haka, azoheza akamuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Izo ntumwa zigishika, zaramuramukije ziti: “Nimugire amahoro”. Na we arazishura ati: “Nimusangwe amahoro”. Ibrahimu ntiyatevye, aca azizimana inyama yokeje y’inyana y’inka inuze.
Tafsiran larabci:
فَلَمَّا رَءَآ أَيۡدِيَهُمۡ لَا تَصِلُ إِلَيۡهِ نَكِرَهُمۡ وَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةٗۚ قَالُواْ لَا تَخَفۡ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمِ لُوطٖ
Ibrahimu amaze kubona ko zitihereza inzimano yazihaye, ntivyamunezereye namba ku mutima, maze bimutera ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba mu kumuhumuriza zamubwiye ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi”.
Tafsiran larabci:
وَٱمۡرَأَتُهُۥ قَآئِمَةٞ فَضَحِكَتۡ فَبَشَّرۡنَٰهَا بِإِسۡحَٰقَ وَمِن وَرَآءِ إِسۡحَٰقَ يَعۡقُوبَ
Aho, umukenyezi wiwe Sarah yari ahagaze haruguru, yaciye atwenga atangazwa n’ivyo yumvise, ni ho rero Twamuha inkuru nziza yashikirijwe n’abo bamalayika ko azokwibaruka umwana azokwitwa Is-haka, hanyuma Is-haka na we akazovyara umwana w’umwuzukuru azokwitwa Yakubu.
Tafsiran larabci:
 
Fassarar Ma'anoni Sura: Houd
Teburin Jerin Sunayen Surori Lambar shafi
 
Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

Fassarar: Yusuf Ghayiti. An fitar da ita daga Gidauniyar Binkasa Africa.

Rufewa