Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - الترجمة الكيروندية * - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Fassarar Ma'anoni Aya: (275) Sura: Suratu Al'bakara
ٱلَّذِينَ يَأۡكُلُونَ ٱلرِّبَوٰاْ لَا يَقُومُونَ إِلَّا كَمَا يَقُومُ ٱلَّذِي يَتَخَبَّطُهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ مِنَ ٱلۡمَسِّۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّمَا ٱلۡبَيۡعُ مِثۡلُ ٱلرِّبَوٰاْۗ وَأَحَلَّ ٱللَّهُ ٱلۡبَيۡعَ وَحَرَّمَ ٱلرِّبَوٰاْۚ فَمَن جَآءَهُۥ مَوۡعِظَةٞ مِّن رَّبِّهِۦ فَٱنتَهَىٰ فَلَهُۥ مَا سَلَفَ وَأَمۡرُهُۥٓ إِلَى ٱللَّهِۖ وَمَنۡ عَادَ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abarya inyungu izira (riba), ntibazohagarara bava mu mva ku musi w’izuka atari nka kurya uwafashwe na shetani ahaguruka adandabagirana, ivyo bigaterwa n’uko bavuze bati: “Burya urudandazwa n’inyungu yarwo irarekuwe nk’iyiva muri “riba””. Banguha! Burya Imana Allah Yararekuye urudandazwa n’inyungu ivamwo; kuko harimwo guhanahana ibidandazwa ku nyungu zigaruka ku mudandaji n’umuguzi, Iziririza inyungu iva muri “riba”; kuko harimwo agahotoro n’isesagurwa ry’ubutunzi. Uwo wese rero azoshikirwa n’ingingo y’Imana yiwe Rurema Allah yo kuziririza inyungu izira, agaheza akavavanura na yo, uyo nta caha kuri we, ararekuriwe inyungu yaronse imbere yuko iziririzwa, Imana Allah Imutegeye ku bikurikira muri kazoza. Nayo uwuzosubira kurya inyungu izira inyuma y’aho, uyo azoba ari mu bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Tafsiran larabci:
 
Fassarar Ma'anoni Aya: (275) Sura: Suratu Al'bakara
Teburin Jerin Sunayen Surori Lambar shafi
 
Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - الترجمة الكيروندية - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Rufewa