Check out the new design

Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti * - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Fassarar Ma'anoni Sura: Aal'Imran   Aya:
۞ وَسَارِعُوٓاْ إِلَىٰ مَغۡفِرَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ وَجَنَّةٍ عَرۡضُهَا ٱلسَّمَٰوَٰتُ وَٱلۡأَرۡضُ أُعِدَّتۡ لِلۡمُتَّقِينَ
Bemeramana! Murahurumbira kwumvira Imana yanyu Rurema Allah n’Intumwa yayo, kugira mugumirizwe akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe, muheze muronswe n’Ubwami bw’ijuru, ubwaguke bwabwo bungana n’amajuru n’isi; bwategekanirijwe abagamburukiramana;
Tafsiran larabci:
ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ فِي ٱلسَّرَّآءِ وَٱلضَّرَّآءِ وَٱلۡكَٰظِمِينَ ٱلۡغَيۡظَ وَٱلۡعَافِينَ عَنِ ٱلنَّاسِۗ وَٱللَّهُ يُحِبُّ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Barya batanga amatungo yabo mu mahirwe no mu marushwa, abatsinda ishavu bakihangana, hamwe rero n’abagirira ikigongwe abandi mu gihe bashoboye kwihora, ubwo ni bwo bugwaneza nya bugwaneza, burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza;
Tafsiran larabci:
وَٱلَّذِينَ إِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةً أَوۡ ظَلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ ذَكَرُواْ ٱللَّهَ فَٱسۡتَغۡفَرُواْ لِذُنُوبِهِمۡ وَمَن يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ إِلَّا ٱللَّهُ وَلَمۡ يُصِرُّواْ عَلَىٰ مَا فَعَلُواْ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Na barya iyo bagize icaha rutura canke bakirenganya mu gukora ivyaha bitobito, bashoka bibuka isezerano ry’Imana Allah bagaca basaba imbabazi ku vyaha vyabo, bizeye ko ata wubabarira ivyaha atari Yo, ntibanatsimbatara ku vyaha bagize kuko bazi ko baramutse bagarutse ku Mana Allah bakigaya Ibababarira;
Tafsiran larabci:
أُوْلَٰٓئِكَ جَزَآؤُهُم مَّغۡفِرَةٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَجَنَّٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ
Abo ni bo rero, bagenewe n’Imana yabo Rurema Allah indishi yo kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, hamwe rero n’imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera. Iyo ni yo ndishi nziza rero ibereye abumviramana.
Tafsiran larabci:
قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُمۡ سُنَنٞ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Bemeramana! Aho hambere yanyu, harabaye imigwi y’abantu, abemera muri bo barageragejwe mu kuneshwa igihe bahanganye n’abagarariji, ariko impera n’imperuka bakabatsinda. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi mwibuka ivyo, maze mwirabire ivyashikiye abahakanye Imana Allah n’Intumwa zayo [75].
[75] Muri iyi Aayah Imana Allah Irahoza abemeramana ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, ko batocika intege kuko impera n’imperuka ni bo benintsinzi.
Tafsiran larabci:
هَٰذَا بَيَانٞ لِّلنَّاسِ وَهُدٗى وَمَوۡعِظَةٞ لِّلۡمُتَّقِينَ
Iyi Qor’ani, ni impanuro ku bantu bose bashaka kurongoka, ikaba n’uburongozi n’urwibutso ku bagamburukiramana.
Tafsiran larabci:
وَلَا تَهِنُواْ وَلَا تَحۡزَنُواْ وَأَنتُمُ ٱلۡأَعۡلَوۡنَ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Bemeramana! Ntimugacike intege mu kurwanya umwansi wanyu, kandi ntimukicwe n’intuntu ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, kanatsinda ni mwebwe benintsinzi nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, munubahiriza n’amabwirizwa yayo;
Tafsiran larabci:
إِن يَمۡسَسۡكُمۡ قَرۡحٞ فَقَدۡ مَسَّ ٱلۡقَوۡمَ قَرۡحٞ مِّثۡلُهُۥۚ وَتِلۡكَ ٱلۡأَيَّامُ نُدَاوِلُهَا بَيۡنَ ٱلنَّاسِ وَلِيَعۡلَمَ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَيَتَّخِذَ مِنكُمۡ شُهَدَآءَۗ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلظَّٰلِمِينَ
Nihaba muri mwebwe harimwo abakomeretse canke abishwe ku rugamba rwa Uhudi, ni ukuri ni nk’uko nyene, no mu babangikanyamana harimwo abakomeretse n’abishwe. Burya imisi Twebwe Allah Dukurakuranya hagati y’abantu irasa ntingana; haba umusi wo gutsinda hakaba n’umusi wo gutsindwa, kugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi abemera vy’ukuri, Yongere Yiharire abayipfira muri mwebwe. Burya rero Imana Allah ntikunda namba abirenganya mu kureka guharanira idini ryayo;
Tafsiran larabci:
 
Fassarar Ma'anoni Sura: Aal'Imran
Teburin Jerin Sunayen Surori Lambar shafi
 
Fassarar Ma'anonin Alqura'ni - Fassarar Kirundiyanci - Yusuf Ghaiti - Teburin Bayani kan wasu Fassarori

Fassarar: Yusuf Ghayiti. An fitar da ita daga Gidauniyar Bunƙasa Africa.

Rufewa