Check out the new design

ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎߘߐߛߣߍߡߊ   ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫:
عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يَرۡحَمَكُمۡۚ وَإِنۡ عُدتُّمۡ عُدۡنَاۚ وَجَعَلۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ حَصِيرًا
Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[349]”.
[349] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَهۡدِي لِلَّتِي هِيَ أَقۡوَمُ وَيُبَشِّرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرٗا كَبِيرٗا
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَأَنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Ikanagabisha abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa, ko bategekanirijwe ibihano bibabaza.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَيَدۡعُ ٱلۡإِنسَٰنُ بِٱلشَّرِّ دُعَآءَهُۥ بِٱلۡخَيۡرِۖ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ عَجُولٗا
Umuntu iyo atwawe n’agashavu, hari igihe yihutira kwisabira inabi, agasabira inabi n’abana hamwe n’amatungo vyiwe, nka kurya yisabira iciza, maze Imana Allah ku mpuhwe zayo, Igaheza Ikamwakirira gusa igisabisho yisabiramwo iciza, kuko burya umuntu yama yisabira inabi ku kwihuta no ku kutamenya.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ ءَايَتَيۡنِۖ فَمَحَوۡنَآ ءَايَةَ ٱلَّيۡلِ وَجَعَلۡنَآ ءَايَةَ ٱلنَّهَارِ مُبۡصِرَةٗ لِّتَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡ وَلِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ وَكُلَّ شَيۡءٖ فَصَّلۡنَٰهُ تَفۡصِيلٗا
Ijoro n’umurango Twabigize ibimenyetso bibiri vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Turaheza Tuzimya ku murango ikimenyetso c’ijoro c’ukwezi kwaka mw’ijoro, maze Dutuma ikimenyetso c’umurango c’izuba, kimurika ku murango kugira murondere icorirenza mu mpano z’Imana yanyu Rurema Allah, mw’ijoro naho muheze muruhuke, no kugira kandi mushobore kumenya igena ry’imyaka n’igitigiri c’amezi n’imisi[350]. Burya ikintu ico ari co cose Twaragitomoye bikwiye.
[350] Mwisunze ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَكُلَّ إِنسَٰنٍ أَلۡزَمۡنَٰهُ طَٰٓئِرَهُۥ فِي عُنُقِهِۦۖ وَنُخۡرِجُ لَهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ كِتَٰبٗا يَلۡقَىٰهُ مَنشُورًا
Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[351]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;
[351] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
ٱقۡرَأۡ كِتَٰبَكَ كَفَىٰ بِنَفۡسِكَ ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكَ حَسِيبٗا
Azobwirwa ati: “Isomere igitabu canditswemwo ibikorwa vyawe[352], uno musi ni wewe nyene ukwiye kwimenyera ido n’ido ivyo wakoze, uheze umenye n’impembo yawe ubwawe nyene”.
[352] Umuntu rero azoshobora kwisomera ivyanditswe mu gitabu ciwe, n’aho yoba atigeze amenya gusoma no kwandika akiri kw’isi.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
مَّنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۗ وَمَا كُنَّا مُعَذِّبِينَ حَتَّىٰ نَبۡعَثَ رَسُولٗا
Uwuzoba rero umugororotsi yaragamburukiye Imana Allah, azoheza ahembwe ivyiza ku bugororotsi bwiwe. Nayo uwuzohuba, akagabitaniriza Imana Allah, azoheza ahembwe ibibi ku buhuvyi bwiwe. Nta muntu n’umwe rero azohanirwa icaha ca mugenziwe. Kandi Twebwe Allah, ntitwigeze Duhanira abantu ivyaha bakoze, Tutabanje kubarungikira Intumwa ibashikiriza ubutumwa bwacu.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَإِذَآ أَرَدۡنَآ أَن نُّهۡلِكَ قَرۡيَةً أَمَرۡنَا مُتۡرَفِيهَا فَفَسَقُواْ فِيهَا فَحَقَّ عَلَيۡهَا ٱلۡقَوۡلُ فَدَمَّرۡنَٰهَا تَدۡمِيرٗا
Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِنَ ٱلۡقُرُونِ مِنۢ بَعۡدِ نُوحٖۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Hariho imigwi myinshi y’abantu Twahoneje rero, kuko yagararije Intumwa yarungikiwe inyuma y’irungikwa rya Nuhu. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kuba Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ivyaha bikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎߘߐߛߣߍߡߊ
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ߦߎߛߎߝߊ߫ ߦߊ߰ߞߎߓߊ߫ ߓߟߏ߫. ߟߎߜ߭ߊ߲ߘߊߞߊ߲ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߝߘߊ߬ߝߌ߲߬ߠߊ߫ ߡߣߊ߬ߙߏ߲߬ߠߌ߲ ߜߙߋ߬ߡߊ߬ߕߍ߰ߘߊ ߓߟߏ߫.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲