Check out the new design

ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߝߊߟߊ߲   ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫:
قَالَ هَٰذَا رَحۡمَةٞ مِّن رَّبِّيۖ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ رَبِّي جَعَلَهُۥ دَكَّآءَۖ وَكَانَ وَعۡدُ رَبِّي حَقّٗا
Dhu l-Qarnayini amaze guheza kwubaka nya ruzitiro yavuze ati: “Uru ruzitiro-ntamenwa narwubatse ku mpuhwe z’Imana yanje Rurema Allah Igiriye abantu, nihagera rero isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ryo kurekura Ya-juuja na Ma-juuja, Imana Allah Izoca Isenyura nya ruzitiro, kandi isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ni iry’ukuri”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
۞ وَتَرَكۡنَا بَعۡضَهُمۡ يَوۡمَئِذٖ يَمُوجُ فِي بَعۡضٖۖ وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَجَمَعۡنَٰهُمۡ جَمۡعٗا
Umusi nya ruzitiro rwasenyutse, Twebwe Allah, Tuzorekura Ya-juuja na Ma-juuja bashwiragire maze bahungabanye abantu gushika ku muhero w'isi, hanyuma inzamba igira kabiri yo kuzuka ivuzwe, Duheze Twegeranirize ibiremwa vyose hamwe, kugira Tubiharurire maze Tubihembere ivyo vyakoze.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَعَرَضۡنَا جَهَنَّمَ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡكَٰفِرِينَ عَرۡضًا
Kuri uwo musi w'izuka rero, Twebwe Allah Tuzogaragariza abagarariji umuriro wa Jahannamu, bawubone ukuri kwamye;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
ٱلَّذِينَ كَانَتۡ أَعۡيُنُهُمۡ فِي غِطَآءٍ عَن ذِكۡرِي وَكَانُواْ لَا يَسۡتَطِيعُونَ سَمۡعًا
Abipfutse mu maso mu kunyirengagiza no kutabona ivyemezo vyanje bakiri kw’isi, bakaba batanashoboye no kwumva ivyemezo vyanje ku kwanka ko vyotuma bemera Imana Allah n’Intumwa yayo.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
أَفَحَسِبَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَن يَتَّخِذُواْ عِبَادِي مِن دُونِيٓ أَوۡلِيَآءَۚ إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ نُزُلٗا
Mbega abagararije, bibwira ko bogira abaja banje ibigirwamana mu gishingo canje kugira ngo bibabere abahagarikizi, Tukareka kubibahanira! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarateguriye abagarariji umuriro wa Jahannamu kuba ari bwo bushikiro bwabo.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
قُلۡ هَلۡ نُنَبِّئُكُم بِٱلۡأَخۡسَرِينَ أَعۡمَٰلًا
Ntumwa y’Imana! Kebura abantu ubabwire uti: “Mbega ndabiganire abantu bari mu ruhombo rw’ivyo bakoze!
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
ٱلَّذِينَ ضَلَّ سَعۡيُهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُمۡ يَحۡسَبُونَ أَنَّهُمۡ يُحۡسِنُونَ صُنۡعًا
Ni abantu ivyo bakoze vyose kw’isi vyababereye impfagusa, kandi babikoze biyumvira ko bakora vyiza;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ وَلِقَآئِهِۦ فَحَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فَلَا نُقِيمُ لَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَزۡنٗا
Abo, ni bo rero bagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, baranahakana ko bazozuka bagahura na Yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo bakoze. Iryo garariza n’ihakana rero, vyatumye ibikorwa vyabo bihunguruka bicika impfagusa”. Kubera ivyo rero, Twebwe Allah, ntituzobaha icubahiro namba ku musi w’izuka;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
ذَٰلِكَ جَزَآؤُهُمۡ جَهَنَّمُ بِمَا كَفَرُواْ وَٱتَّخَذُوٓاْ ءَايَٰتِي وَرُسُلِي هُزُوًا
Indishi yabo bategekanirijwe, ni umuriro wa Jahannamu bazohanishwa kubera ukuntu bagarariza Imana Allah, bagafata Aayah n'ivyemezo vyayo bashikirizwa n’Intumwa zayo, bakabiteburako.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَانَتۡ لَهُمۡ جَنَّٰتُ ٱلۡفِرۡدَوۡسِ نُزُلًا
Mu vy’ukuri abanyemeye Jewe Allah n’Intumwa zanje, bagakora n’ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe Ubwami bw’ijuru ry’iteka “Firdawsi” kuba ari bwo bushikiro bwabo;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
خَٰلِدِينَ فِيهَا لَا يَبۡغُونَ عَنۡهَا حِوَلٗا
Bazobubamwo ibihe bidahera, ntibazonarota na gato babuvamwo.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
قُل لَّوۡ كَانَ ٱلۡبَحۡرُ مِدَادٗا لِّكَلِمَٰتِ رَبِّي لَنَفِدَ ٱلۡبَحۡرُ قَبۡلَ أَن تَنفَدَ كَلِمَٰتُ رَبِّي وَلَوۡ جِئۡنَا بِمِثۡلِهِۦ مَدَدٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Iyo amazi y’ibahari acika irangi ry’ikaramu zokwandika amajambo y’Imana Allah yerekeye ubumenyi n’ingingo vyayo, ivyo Ihishurira abamalayika n’Intumwa zayo, nya mazi y’amabahari yose yokamye imbere yuko amajambo y’Imana yanje Rurema Allah ahera kwandikwa”; n’aho Twebwe Allah Twozana ayandi mabahari asahiriza ayasanzwe ari kw’isi, yokamye yose.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ يُوحَىٰٓ إِلَيَّ أَنَّمَآ إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ فَمَن كَانَ يَرۡجُواْ لِقَآءَ رَبِّهِۦ فَلۡيَعۡمَلۡ عَمَلٗا صَٰلِحٗا وَلَا يُشۡرِكۡ بِعِبَادَةِ رَبِّهِۦٓ أَحَدَۢا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa n’Imana Allah ko mu vy’ukuri, Imana yanyu ari Imana Imwe Rudende Allah; uwo wese rero yizera ko azozuka agahura n’Imana yiwe Rurema Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa kugira Imuhembere ivyo yakoze, nakore ibikorwa vyiza bitegetswe, kandi ntabangikanye Imana yiwe Rurema Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa mu kuyiyegereza ayisenga”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߝߊߟߊ߲
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ߦߎߛߎߝߊ߫ ߦߊ߰ߞߎߓߊ߫ ߓߟߏ߫. ߟߎߜ߭ߊ߲ߘߊߞߊ߲ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߝߘߊ߬ߝߌ߲߬ߠߊ߫ ߡߣߊ߬ߙߏ߲߬ߠߌ߲ ߜߙߋ߬ߡߊ߬ߕߍ߰ߘߊ ߓߟߏ߫.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲