Check out the new design

ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߡߏ߬ߛߏ ߟߎ߬   ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫:
وَلَوۡ أَنَّا كَتَبۡنَا عَلَيۡهِمۡ أَنِ ٱقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ أَوِ ٱخۡرُجُواْ مِن دِيَٰرِكُم مَّا فَعَلُوهُ إِلَّا قَلِيلٞ مِّنۡهُمۡۖ وَلَوۡ أَنَّهُمۡ فَعَلُواْ مَا يُوعَظُونَ بِهِۦ لَكَانَ خَيۡرٗا لَّهُمۡ وَأَشَدَّ تَثۡبِيتٗا
Iyo rero Tuja gutegeka izo ndyarya zisunga ingingo zishingiye ku bintazi n’ikinyoma, Duti: “Nimwicane hagati yanyu, canke musohoke mu zanyu mwimuke”, ntizari kuvyubahiriza kiretse abari ku rushi muri zo. Iyo zubahiriza ivyo zihanurwa, vyari kuzigirira akamaro cane, ni ukuri vyari no gutsimbataza ukwemera kwazo;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَإِذٗا لَّأٓتَيۡنَٰهُم مِّن لَّدُنَّآ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Ni ukuri, muri ico gihe Twari no kuziha mu buzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, indishi zihambaye zivuye iwacu Twebwe Allah;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَلَهَدَيۡنَٰهُمۡ صِرَٰطٗا مُّسۡتَقِيمٗا
Ni ukuri, Twari no kuzirongora mu nzira igororotse, Tukazishoboza kuyikurikira.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَمَن يُطِعِ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَ فَأُوْلَٰٓئِكَ مَعَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلصِّدِّيقِينَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَٱلصَّٰلِحِينَۚ وَحَسُنَ أُوْلَٰٓئِكَ رَفِيقٗا
Uwo wese rero yumviye Imana Allah, akubahiriza amabwirizwa yayo n’inyigisho z’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), azoba ari mu bantu bubashwe ku Mana Allah, bari kumwe n’abo Imana Allah Yahaye inema y’Ubwami bw’ijuru mu Bavugishwamana, imvugakuri, abapfiriye Imana Allah hamwe rero n’aberanda mu bemeramana, ni na bo beza mu bagenzi bo mu Bwami bw’ijuru;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
ذَٰلِكَ ٱلۡفَضۡلُ مِنَ ٱللَّهِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ عَلِيمٗا
Iyo ni yo ngabirano ihambaye ivuye ku Mana Allah. Burya Imana Allah Irakwiye kuba Izi neza ibikorwa vy’ibiremwa n’indishi ikwiye umwe wese muri vyo.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ خُذُواْ حِذۡرَكُمۡ فَٱنفِرُواْ ثُبَاتٍ أَوِ ٱنفِرُواْ جَمِيعٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimwiyubare umwansi wanyu mu kumwitegurira bikwiye, muheze muje kumurwanya muri mu migwimigwi canke muri hamwe mwese;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَإِنَّ مِنكُمۡ لَمَن لَّيُبَطِّئَنَّ فَإِنۡ أَصَٰبَتۡكُم مُّصِيبَةٞ قَالَ قَدۡ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيَّ إِذۡ لَمۡ أَكُن مَّعَهُمۡ شَهِيدٗا
Ni ukuri, muri mwebwe harimwo uwunebwa mu kutava hasi ngo aje kurwanya umwansi, akanaburagiza n’abandi kujayo. Iyo bishitse mukicwa canke mukaneshwa, araheza akavuga yiruhutsa n’umunezero n’akantu ati: “Ashii! Ni ukuri, Imana Allah Yarankingiye kuba ntari kumwe na bo ku rugamba”;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَلَئِنۡ أَصَٰبَكُمۡ فَضۡلٞ مِّنَ ٱللَّهِ لَيَقُولَنَّ كَأَن لَّمۡ تَكُنۢ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُۥ مَوَدَّةٞ يَٰلَيۡتَنِي كُنتُ مَعَهُمۡ فَأَفُوزَ فَوۡزًا عَظِيمٗا
Iyo naho muronse impano zivuye ku Mana Allah, mugatsinda mukanaronka iminyago, ni ukuri ashoka avuga yicuza n’ishari n’akantu nk’aho ata rukundo rwari ruri hagati yanyu na we, ati: “Ewe jewe wanje! Ese iyo nja kuba ndi kumwe na bo ku rugamba, ngaheza nkarusimba, maze nkanaronka no ku minyago”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
۞ فَلۡيُقَٰتِلۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ٱلَّذِينَ يَشۡرُونَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا بِٱلۡأٓخِرَةِۚ وَمَن يُقَٰتِلۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ فَيُقۡتَلۡ أَوۡ يَغۡلِبۡ فَسَوۡفَ نُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Abiguze ubuzima bw’inyuma yo gupfa ha guhurumbira ubwo kw’isi, nibaharanire nyabuna idini ry’Imana Allah. Uwo wese rero aharaniye idini ry’Imana Allah azirikana indishi kuri Yo, maze akicwa canke agatsinda, Tuzoheza Tumuhe indishi ihambaye.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߡߏ߬ߛߏ ߟߎ߬
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ߦߎߛߎߝߊ߫ ߦߊ߰ߞߎߓߊ߫ ߓߟߏ߫. ߟߎߜ߭ߊ߲ߘߊߞߊ߲ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߝߘߊ߬ߝߌ߲߬ߠߊ߫ ߡߣߊ߬ߙߏ߲߬ߠߌ߲ ߜߙߋ߬ߡߊ߬ߕߍ߰ߘߊ ߓߟߏ߫.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲