Check out the new design

ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎ߬ߡߊ߲߬ߝߍ   ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫:
وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ وَٱلنَّصَٰرَىٰ نَحۡنُ أَبۡنَٰٓؤُاْ ٱللَّهِ وَأَحِبَّٰٓؤُهُۥۚ قُلۡ فَلِمَ يُعَذِّبُكُم بِذُنُوبِكُمۖ بَلۡ أَنتُم بَشَرٞ مِّمَّنۡ خَلَقَۚ يَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۚ وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ
Abayahudi n’abanaswara barinamuye bavuga bigamba bati: “Twebwe turi abana b’Imana Allah tukaba n’abakunzi bayo”. Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Nivyaba biri nk’ukwo muvuga, none ni kuki Imana Allah Ibahanira ivyaha vyanyu nimwaba koko muri abakunzi bayo! Muranguha! Ahubwo mwebwe muri ibiremwa nk’ibindi muri Bene Adamu, muzorihwa iciza ku ciza, murihwe n’ikibi ku kibi”. Burya rero, Imana Allah Igumiriza akabanga ku vyaha Ikababarira uwo Ishatse, Ikanahana uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ قَدۡ جَآءَكُمۡ رَسُولُنَا يُبَيِّنُ لَكُمۡ عَلَىٰ فَتۡرَةٖ مِّنَ ٱلرُّسُلِ أَن تَقُولُواْ مَا جَآءَنَا مِنۢ بَشِيرٖ وَلَا نَذِيرٖۖ فَقَدۡ جَآءَكُم بَشِيرٞ وَنَذِيرٞۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Emwe bahawe Igitabu! Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaramaze kubashikira, ibatomorera ukuri inyuma y’ikiringo kitari gito caciye hagati y’irungikwa ryayo n’irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, kugira ntimuzoronke icitwazo co kwigovyora muvuga muti: “Nta Ntumwa yigeze idushikira, ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, inagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro”. Ni ukuri, mwaramaze gushikirwa n’Intumwa ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ إِذۡ جَعَلَ فِيكُمۡ أَنۢبِيَآءَ وَجَعَلَكُم مُّلُوكٗا وَءَاتَىٰكُم مَّا لَمۡ يُؤۡتِ أَحَدٗا مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, igihe Irungika Abavugishwamana bavuye muri mwebwe, Ikabagira abami inyuma y’aho mwari abashumba muganzwa na Firawuni, Iraheza Ibaha n’ingabirano nyinshi Itigeze Iha n’umwe mu bantu bo mu gihe canyu;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
يَٰقَوۡمِ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡأَرۡضَ ٱلۡمُقَدَّسَةَ ٱلَّتِي كَتَبَ ٱللَّهُ لَكُمۡ وَلَا تَرۡتَدُّواْ عَلَىٰٓ أَدۡبَارِكُمۡ فَتَنقَلِبُواْ خَٰسِرِينَ
Bantu banje! Enda nimwinjire mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ari na co Imana Allah Yabasezeraniye ko mwinjira mugahangana n’abagarariji. Ntimuzogenze umugongo ngo muhunge urugamba; muramutse muruhunze, mwotahira agahombo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّ فِيهَا قَوۡمٗا جَبَّارِينَ وَإِنَّا لَن نَّدۡخُلَهَا حَتَّىٰ يَخۡرُجُواْ مِنۡهَا فَإِن يَخۡرُجُواْ مِنۡهَا فَإِنَّا دَٰخِلُونَ
Bene Israyeli bishuye bati: “Ewe Musa! Muri ico gisagara, ni ukuri hariyo abantu b’ibihangange, nta nguvu dufise zo guhangana na vyo, kandi twebwe mu vy’ukuri ntiturota tucinjira bitabanje kukivamwo. Nivyaramuka bikivuyemwo, tuzoheza tucinjire”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
قَالَ رَجُلَانِ مِنَ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمَا ٱدۡخُلُواْ عَلَيۡهِمُ ٱلۡبَابَ فَإِذَا دَخَلۡتُمُوهُ فَإِنَّكُمۡ غَٰلِبُونَۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَتَوَكَّلُوٓاْ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Ni ho haboneka abagabo babiri mu bantu batinya Imana Allah, bahawe no kuyumvira Yo hamwe n’Intumwa yayo, baraheza bavuga bati: “Ivyo bihangange nimuvyinjirireko mu gisagara, nimwamara kwinjira, mu vy’ukuri muzobitsinda, kandi rero nimwishimikize Imana Allah muyizere nimwaba mwemera koko Intumwa yayo, mwubahiriza n’amabwirizwa yayo”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎ߬ߡߊ߲߬ߝߍ
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ߦߎߛߎߝߊ߫ ߦߊ߰ߞߎߓߊ߫ ߓߟߏ߫. ߟߎߜ߭ߊ߲ߘߊߞߊ߲ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߝߘߊ߬ߝߌ߲߬ߠߊ߫ ߡߣߊ߬ߙߏ߲߬ߠߌ߲ ߜߙߋ߬ߡߊ߬ߕߍ߰ߘߊ ߓߟߏ߫.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲