Check out the new design

ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߕߓߊߞߘߐߣߍ߲߫   ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫:
وَقَطَّعۡنَٰهُمُ ٱثۡنَتَيۡ عَشۡرَةَ أَسۡبَاطًا أُمَمٗاۚ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ إِذِ ٱسۡتَسۡقَىٰهُ قَوۡمُهُۥٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡحَجَرَۖ فَٱنۢبَجَسَتۡ مِنۡهُ ٱثۡنَتَا عَشۡرَةَ عَيۡنٗاۖ قَدۡ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٖ مَّشۡرَبَهُمۡۚ وَظَلَّلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡغَمَٰمَ وَأَنزَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰۖ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡۚ وَمَا ظَلَمُونَا وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, Twabaciyemwo imiryango cumi n’ibiri ingana n’igitigiri c’uruvyaro rukomoka kuri Ya’kubu; umuryango umwumwe wose witirirwa umwe muri nya ruvyaro. Igihe abantu ba Musa banyoterwa[19], bakamusaba ko yobahembura, Twaramuhishuriye Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho, gutyo umuryango umwumwe wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite. Hanyuma Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira kibakingire izuba ryo mu bugaragwa, Turaheza Tunabamanurira “Manna[20]” na “Salwa [21]”. Dushoka Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye”. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo bwo kudashima no kutubahiriza amabwirizwa, ariko ni bo birenganije [22].
[19] Ni muri ca gihe Imana Allah Yabaha igihano co kwamana intekera ku mutwe bazembagirika mu bugaragwa mu kiringo c'imyaka mirongo ine.
[20] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.
[21] Inyama z’ubwoko bw’inyoni.
[22] Baraduhiwe no kwama ku mfungurwa z’ubwoko bumwe, baraheza basaba ko bofungurirwa ivyimbuwe mu mirima yo muri Misiri.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَإِذۡ قِيلَ لَهُمُ ٱسۡكُنُواْ هَٰذِهِ ٱلۡقَرۡيَةَ وَكُلُواْ مِنۡهَا حَيۡثُ شِئۡتُمۡ وَقُولُواْ حِطَّةٞ وَٱدۡخُلُواْ ٱلۡبَابَ سُجَّدٗا نَّغۡفِرۡ لَكُمۡ خَطِيٓـَٰٔتِكُمۡۚ سَنَزِيدُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ibuka Ntumwa y’Imana igarariza ryabo, igihe babwirwa bati: “Nimucumbike mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, muheze mufungure n’akayabagu ivyo muzokwimburamwo mwisanzuye aho mushatse hose, muce muvuga muti: “Dusavye ikigongwe cawe Mana!”; maze mushoke mwinjira mu muryango w’ico gisagara mwunamiye Imana Allah, mwicishe bugufi, gutyo Duheze Tubagirire ikigongwe ku vyaha vyanyu. Tuzokwongerereza n’indishi abagwaneza muri mwebwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”;
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
فَبَدَّلَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ قَوۡلًا غَيۡرَ ٱلَّذِي قِيلَ لَهُمۡ فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِجۡزٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ بِمَا كَانُواْ يَظۡلِمُونَ
Maze abagararije muri bo, baca bahindura ijambo basabwe kuvuga bati: “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro bati: “Intete ku mushatsi Mana!”. Duca Tubamanurira igihano kivuye hejuru, Turabahonya bitewe n’ukuntu bahora birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
وَسۡـَٔلۡهُمۡ عَنِ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِي كَانَتۡ حَاضِرَةَ ٱلۡبَحۡرِ إِذۡ يَعۡدُونَ فِي ٱلسَّبۡتِ إِذۡ تَأۡتِيهِمۡ حِيتَانُهُمۡ يَوۡمَ سَبۡتِهِمۡ شُرَّعٗا وَيَوۡمَ لَا يَسۡبِتُونَ لَا تَأۡتِيهِمۡۚ كَذَٰلِكَ نَبۡلُوهُم بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza abayahudi ku nkuru y’abantu bigeze kuba mu gisagara kiri ku nkengera y’ibahari, igihe barenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah ryo kutaroba ifi ku musi w'isabato wubashwe bategetswe kwubaha no kwubahiriza, Imana Allah Iraheza Irabagerageza ku buryo ifi zagwirirana ku nkengera z’ibahari ku musi w'isabato gusa, ku yindi misi zikaguma mw’ibahari. Baraheza rero bakazitega urusenga ku musi w'isabato, maze bakazitegura ku musi ukurikira. Ni nk’ukwo nyene rero Tubagerageza ku bubegito bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߕߓߊߞߘߐߣߍ߲߫
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫ - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ߦߎߛߎߝߊ߫ ߦߊ߰ߞߎߓߊ߫ ߓߟߏ߫. ߟߎߜ߭ߊ߲ߘߊߞߊ߲ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߝߘߊ߬ߝߌ߲߬ߠߊ߫ ߡߣߊ߬ߙߏ߲߬ߠߌ߲ ߜߙߋ߬ߡߊ߬ߕߍ߰ߘߊ ߓߟߏ߫.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲