Check out the new design

Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti * - Mealler fihristi

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Anlam tercümesi Sure: Sûratu'l-Bakarah   Ayet:
قَالُواْ ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُبَيِّن لَّنَا مَا هِيَ إِنَّ ٱلۡبَقَرَ تَشَٰبَهَ عَلَيۡنَا وَإِنَّآ إِن شَآءَ ٱللَّهُ لَمُهۡتَدُونَ
Barasubira kandi bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Yongere Idutomorere kurusha iyo nka iyo ari yo. Mu vy’ukuri, inka zatuzazaniye, na twe ku bushake bw’Imana Allah turipfuza gushika ku nka ikenewe”.
Arapça tefsirler:
قَالَ إِنَّهُۥ يَقُولُ إِنَّهَا بَقَرَةٞ لَّا ذَلُولٞ تُثِيرُ ٱلۡأَرۡضَ وَلَا تَسۡقِي ٱلۡحَرۡثَ مُسَلَّمَةٞ لَّا شِيَةَ فِيهَاۚ قَالُواْ ٱلۡـَٰٔنَ جِئۡتَ بِٱلۡحَقِّۚ فَذَبَحُوهَا وَمَا كَادُواْ يَفۡعَلُونَ
Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibishura iti: “Ni ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka atari inka yororewe kurima canke kuvomera, ntigira agatosi na gato, ifise ibara rimwe ry’umuhondo ritarobetse”. Ni ko guca bavuga bati: “Ubu rero uzanye ukuri nya kuri”. Baraheza barayibaga. Bahatswe no kutabikora bitewe n’ukuntu izimvye.
Arapça tefsirler:
وَإِذۡ قَتَلۡتُمۡ نَفۡسٗا فَٱدَّٰرَٰءۡتُمۡ فِيهَاۖ وَٱللَّهُ مُخۡرِجٞ مَّا كُنتُمۡ تَكۡتُمُونَ
Bene Israyeli! Nimwibuke kandi n’igihe bamwe muri mwebwe bica umuntu, maze mugacanamwo murondera kumenya uwamwishe. Imana Allah Izogaragaza ivyo mwari mwahishije kw’iyicwa rya nya muntu.
Arapça tefsirler:
فَقُلۡنَا ٱضۡرِبُوهُ بِبَعۡضِهَاۚ كَذَٰلِكَ يُحۡيِ ٱللَّهُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَيُرِيكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Ni ho rero Twaheza Tukababwira Duti: “Nimukubite uwapfuye n’ibihimba bimwe mu bihimba vy’iyo nka mwabaze, Imana Allah Ica Imusubiza ubuzima araheza ababwira uwamwishe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah Izosubiza abapfuye ubuzima ku musi w’izuka, bakazuka. Ibereka n’ivyemezo vyerekana ubushobozi bwayo kugira ngo mutegere neza ububasha bwayo.
Arapça tefsirler:
ثُمَّ قَسَتۡ قُلُوبُكُم مِّنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ فَهِيَ كَٱلۡحِجَارَةِ أَوۡ أَشَدُّ قَسۡوَةٗۚ وَإِنَّ مِنَ ٱلۡحِجَارَةِ لَمَا يَتَفَجَّرُ مِنۡهُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ وَإِنَّ مِنۡهَا لَمَا يَشَّقَّقُ فَيَخۡرُجُ مِنۡهُ ٱلۡمَآءُۚ وَإِنَّ مِنۡهَا لَمَا يَهۡبِطُ مِنۡ خَشۡيَةِ ٱللَّهِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Mu nyuma y’aho rero, imitima yanyu ha kworoha, yacitse urutare ntiyumva ukuri, imera nk’amabuye canke irusha amabuye gukomera. Ni ukuri, mu mabuye harimwo ayoroshe kuruta imitima yanyu, ariyasa hagatembamwo inzuzi. Ni ukuri, muri yo harimwo ayasaduka hakavamwo iriba ry’amazi, muri yo harimwo n’ayahanantuka imusozi ku gutinya Imana Allah. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera.
Arapça tefsirler:
۞ أَفَتَطۡمَعُونَ أَن يُؤۡمِنُواْ لَكُمۡ وَقَدۡ كَانَ فَرِيقٞ مِّنۡهُمۡ يَسۡمَعُونَ كَلَٰمَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُحَرِّفُونَهُۥ مِنۢ بَعۡدِ مَا عَقَلُوهُ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Bemeramana! Mbega karashize ingani mwibagire akagagazo ka Bene Israyeli, muheze mwipfuze ko bokwemera Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi umugwi w’abamenyi muri bo wahora wumva amajambo y’Imana Allah muri Tawurati, hanyuma ukayahindura nk’uko wishakiye mu kuyasigura ukutari ko, inyuma y’aho utahuriye ukuri kurimwo kandi uzi n’uko urementaniriza Imana Allah!
Arapça tefsirler:
وَإِذَا لَقُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَا بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٖ قَالُوٓاْ أَتُحَدِّثُونَهُم بِمَا فَتَحَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ لِيُحَآجُّوكُم بِهِۦ عِندَ رَبِّكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Iyo bahuye n’abemeramana mu bislamu, babaha akarimi gasosa bati: “Twaremeye ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana nk’uko tubisanga muri Tawurati”. Iyo naho biherereye bonyene bakavuga bakeburana mu guhakana bati: “Mbega yemwe mubwira abislamu ivyo Imana Yabigishije muri Tawurati, vyemeza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, kugira ngo bazobatsindishe ingingo imbere y’Imana yanyu Rurema Allah! Ubwo ntimwogarura akenge ngo mwiyubare!”.
Arapça tefsirler:
 
Anlam tercümesi Sure: Sûratu'l-Bakarah
Surelerin fihristi Sayfa numarası
 
Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti - Mealler fihristi

Yusuf Gheyti tarafından tercüme edilmiştir. Afrika Kalkındırma Müessesesi tarafından yayımlanmıştır.

Kapat