Check out the new design

Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti * - Mealler fihristi

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Anlam tercümesi Sure: Sûratu'n-Nûr   Ayet:
إِنَّ ٱلَّذِينَ جَآءُو بِٱلۡإِفۡكِ عُصۡبَةٞ مِّنكُمۡۚ لَا تَحۡسَبُوهُ شَرّٗا لَّكُمۖ بَلۡ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۚ لِكُلِّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُم مَّا ٱكۡتَسَبَ مِنَ ٱلۡإِثۡمِۚ وَٱلَّذِي تَوَلَّىٰ كِبۡرَهُۥ مِنۡهُمۡ لَهُۥ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Mu vy’ukuri, abazanye inkuru y’irementanya y’icaha c’ubusambanyi bagirije umuvyeyi w’abameramana Aisha (Imana Allah Imwishimire), ni akagwi k’abantu muri mwebwe nyene. Ntimwibaze rero ko iryo rementanya harimwo inabi kuri mwebwe, ahubwo harimwo ineza kuri mwebwe kuko ari yo mvo y’iyezwa ry’umuvyeyi w’abemeramana Aisha kuri ico caha, vyongeye ni n’igeragezwa ku bemeramana. Uwo wese rero, yakwiragije iryo rementanya yarakoze icaha ategerezwa guhanirwa; nayo uwagize[3] uruhara rukomeye muri bo mw’ikwiragizwa ry’iryo rementanya, arategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[3] Ni umukuru w’indyarya yitwa Abdu Llaahi mwene Ubayyi mwene Saluul.
Arapça tefsirler:
لَّوۡلَآ إِذۡ سَمِعۡتُمُوهُ ظَنَّ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتُ بِأَنفُسِهِمۡ خَيۡرٗا وَقَالُواْ هَٰذَآ إِفۡكٞ مُّبِينٞ
Ese iyo bamwe ku bandi muri mwebwe abemeramana biyumvira bagashira imbere ineza igihe mwumviye nya rementanya, maze bakavuga bati: “Iyi nkuru, ni irementanya ryeruye kuri Aisha (Imana Allah Imwishimire)!”.
Arapça tefsirler:
لَّوۡلَا جَآءُو عَلَيۡهِ بِأَرۡبَعَةِ شُهَدَآءَۚ فَإِذۡ لَمۡ يَأۡتُواْ بِٱلشُّهَدَآءِ فَأُوْلَٰٓئِكَ عِندَ ٱللَّهِ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ
Abazanye iryo rementanya, ntibari gupfuma bazana ivyabona bine vy’intungane biryemeza! Ku kubera ko rero batashoboye kuzana nya vyabona, abo ku Mana Allah ni bo babeshi ruhebwa.
Arapça tefsirler:
وَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَرَحۡمَتُهُۥ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ لَمَسَّكُمۡ فِي مَآ أَفَضۡتُمۡ فِيهِ عَذَابٌ عَظِيمٌ
Iyo hataba impano z’Imana Allah kuri mwebwe abemeramana mu kutihutira kubahana kw’isi, hamwe n’impuhwe zayo mu kwumvira abigaya muri mwebwe, mwari gukorwako n’ibihano rutura bitewe n’ikwiragizwa ry’iryo rementanya.
Arapça tefsirler:
إِذۡ تَلَقَّوۡنَهُۥ بِأَلۡسِنَتِكُمۡ وَتَقُولُونَ بِأَفۡوَاهِكُم مَّا لَيۡسَ لَكُم بِهِۦ عِلۡمٞ وَتَحۡسَبُونَهُۥ هَيِّنٗا وَهُوَ عِندَ ٱللَّهِ عَظِيمٞ
Igihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura[4]!
[4] Ugukwiragiza igihuha, kuba kurimwo ivyaha bibiri; ukuvuga ikinyoma hamwe rero no kuvuga ico umuntu adafitiye ubumenyi bucemeza. Iyi Aayah rero, irihaniza yivuye inyuma ugufata minenegwe ikwiragizwa ry’igihuha.
Arapça tefsirler:
وَلَوۡلَآ إِذۡ سَمِعۡتُمُوهُ قُلۡتُم مَّا يَكُونُ لَنَآ أَن نَّتَكَلَّمَ بِهَٰذَا سُبۡحَٰنَكَ هَٰذَا بُهۡتَٰنٌ عَظِيمٞ
Igihe mwumviye nya rementanya, ntimwari gupfuma muvuga muti: “Eka ntiturekuriwe namba kuvuga iki kinyoma, ininahazwa ni iryawe Mana, ukubeshera umukenyezi w’Intumwa yawe ntibikabe, iri ni irementanya rutura kandi rihanwa”.
Arapça tefsirler:
يَعِظُكُمُ ٱللَّهُ أَن تَعُودُواْ لِمِثۡلِهِۦٓ أَبَدًا إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Imana Allah, Irabibutsa Ibihaniza ko mutopfa musubiriye kugira irementanya nk’iri nimwaba muri abemeramana koko.
Arapça tefsirler:
وَيُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِۚ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ
Imana Allah, Iranabatomorera Aayah zayo zirimwo ingingo n’inyigisho mukwiye kugendera, burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora; Intungane mu vyo Ikora.
Arapça tefsirler:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحِبُّونَ أَن تَشِيعَ ٱلۡفَٰحِشَةُ فِي ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Mu vy’ukuri, abakunda ko ukwagirizanya ubusambanyi n’ukwambikana ibara bikwiragizwa mu bemeramana nibatigaya nya caha, barategekanirijwe ibihano bibabaza kw’isi[5] hamwe rero n’umuriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo babesha mu gihe mwebwe ata vyo muzi.
[5] Gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hatibagiwe kubaho mu maganya.
Arapça tefsirler:
وَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَرَحۡمَتُهُۥ وَأَنَّ ٱللَّهَ رَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Iyo hataba impano z’Imana Allah hamwe n’impuhwe zayo ku bakwiragije inkuru y’irementanya muri mwebwe abemeramana, Imana Allah ntiyari kubatomorera izi ngingo n’inyigisho ngo mwikebuke, Yari kwihutira nyabuna kubahana. Ivyo rero biri ukwo, kuko Imana Allah ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arapça tefsirler:
 
Anlam tercümesi Sure: Sûratu'n-Nûr
Surelerin fihristi Sayfa numarası
 
Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - Kirundice Tercüme - Yusuf Gheyti - Mealler fihristi

Yusuf Gheyti tarafından tercüme edilmiştir. Afrika Kalkındırma Müessesesi tarafından yayımlanmıştır.

Kapat