Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - الترجمة الكيروندية * - Mealler fihristi

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Anlam tercümesi Ayet: (33) Sure: Sûratu'l-Ankebût
وَلَمَّآ أَن جَآءَتۡ رُسُلُنَا لُوطٗا سِيٓءَ بِهِمۡ وَضَاقَ بِهِمۡ ذَرۡعٗاۖ وَقَالُواْ لَا تَخَفۡ وَلَا تَحۡزَنۡ إِنَّا مُنَجُّوكَ وَأَهۡلَكَ إِلَّا ٱمۡرَأَتَكَ كَانَتۡ مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ
Igihe rero intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika zashika kwa Luutwi, Luutwi yaragize impungenge ku muzo wazo, kuko yibaza ko ari ingenzi, agatinya ko abantu biwe bozishirako isoni. Za ntumwa z’abamalayika zimaze kwidondora no kumenyesha ikizigenza, zabwiye Luutwi ziti: “Tekana, ntugire ubwoba namba; abantu bawe ntibashobora kwegera n’aho turi, kandi ntiwicwe n’intuntu kw’ihonywa ry’abantu bawe, mu vy’ukuri turakurokora mu bihano wewe hamwe n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe aza guhanwa mu bandi;
Arapça tefsirler:
 
Anlam tercümesi Ayet: (33) Sure: Sûratu'l-Ankebût
Surelerin fihristi Sayfa numarası
 
Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - الترجمة الكيروندية - Mealler fihristi

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Kapat