Ikintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Emwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
Emwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;
Mu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe.
Abahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.
Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo[1]. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.
[1] Uwurondereye iteka n’icubahiro ku kiremwa nkawe, Imana Allah Iramusuzuguza; nayo uworondereye iteka n’icubahiro kuri Rurema Allah, Imana Allah Iramuha nya teka n’icubahiro.
Emwe bantu! Mwebwe mukeneye Imana Allah muri vyose, nta na kimwe mwikenuyeko ku bwanyu, burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo;
Nta munyavyaha azohanirwa ivyaha vy’uwundi. Uwuzoremerwa n’ivyaha, maze agasaba ko hogira uwumwakira mu kumuremururira umutwaro w’ivyaha, ntazoronka n’umwe amwakira ngo amuremurure n’icaha na kimwe, n’aho yoba ari incuti ya hafi basangiye amaraso; nka se canke mwenewabo. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, ugabisha abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo. Uwuzokwiyeza mu kudacumura no mu kutabangikanya Imana Allah, azoba yiyejeje ku neza yiwe. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Eka n’ababayeho ubuzima bw’ukwemera nta ho basa basana n’ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irumvira Ikakirira uwo Ishatse mu biremwa. Ntumwa y’Imana! Kurya wewe udashoboye gutuma abari mu mva bumva, ni ko udashoboye gutuma ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji vyumva;
Mu nyuma rero, ni ho Jewe Allah Nafata abagararije Ndabahana bikwiye. Ehe raba rero Ntumwa y’Imana, ukuntu Nabihanije kutagarariza ntibumva, Nca Ndabahana!
Twaremye no mu bantu, mu nyamaswa n’ibigendagenda mw’isi no mu bitungwa, ibitandukanye kw’ibara; nk’ibitukura, ivyera n’ivyirabura, n’ibindi. Ni ukuri, abatinya ibihano vy’Imana Allah bakavyirinda, ni abamenyi bazi Imana Allah ku biyiranga mu mazina n’amatazirano yayo, no mu bushobozi bwayo bwo kurema ibitandukanye kw’ibara kandi inkomoko yavyo ari imwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.
Mu vy’ukuri, abasoma Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani bakagendera n’amabwirizwa yaco, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga no mu vyo Twabaronkeje mu buryo butegetswe canke biyemeje mu mpisho no ku mugaragaro, bagakora ivyo vyose barondera urudandazwa rutigera ruhomba ku Mana Allah;
Izobaha impembo z’ibikorwa vyabo itagabanijwe, Yongere Ibagwirize ku mpano zayo ivyiza vyabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga.
Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twebwe Allah, Twahaye Igitabu ca Qor’ani abo Twahisemwo mu baja bacu, barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Muri bo rero, harimwo uwirenganya mu gucumura, harimwo n’umugororotsi yubahiriza amabwirizwa; hakabamwo rero, n’uwihutira gukora ivyiza bitegetswe n’ibimutonesha ku Mana Allah ku burenganzira bwayo. Ihabwa ry’ico Gitabu rero, ni yo ngabirano nta ngere.
Mu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi;
Emwe bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye kubaho mukurakuranwa kw’isi. Uwo wese rero agararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ahanirwa iryo garariza ku gatwe kiwe. Burya igarariza ry’abagarariji, nta co ribongerereza ku Mana yabo Rurema Allah, atari ugushavurirwa; eka no kugarariza kwabo Imana Allah, nta co kubongerereza kiretse agahombo no guhona.
Mu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.
Ntibarahiye rero bemanga ukuri, ahubwo barahiye ku mvo zo kugira amanyama no kwihambaza ku bantu kw’isi, barondera gukwiragiza ubwononyi; kira noneho inkurikizi y’ubwononyi, igaruka kuri bene bwo. Mbega abakwiragiza ubwononyi kw’isi, hoba hari ikindi barindiriye atari uguhanwa nk’ab’aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abagarariji bagenzwa n’ubwononyi.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Arama sonuçları:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".