Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - الترجمة الكيروندية * - Mealler fihristi

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Anlam tercümesi Ayet: (11) Sure: Sûretu'l-Feth
سَيَقُولُ لَكَ ٱلۡمُخَلَّفُونَ مِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ شَغَلَتۡنَآ أَمۡوَٰلُنَا وَأَهۡلُونَا فَٱسۡتَغۡفِرۡ لَنَاۚ يَقُولُونَ بِأَلۡسِنَتِهِم مَّا لَيۡسَ فِي قُلُوبِهِمۡۚ قُلۡ فَمَن يَمۡلِكُ لَكُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔا إِنۡ أَرَادَ بِكُمۡ ضَرًّا أَوۡ أَرَادَ بِكُمۡ نَفۡعَۢاۚ بَلۡ كَانَ ٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرَۢا
Muvugishwamana! Ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, niwabanebagura ku kwisigaza inyuma kwabo, bazokwiregura bavuga n’akarimi gasosa bati: “Twafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango vyacu, turakwinginze rero udusabire ikigongwe ku Mana Allah”; maze akarimi kabo kakavuga ibihushanye n’ibiri ku mutima; babwire uti: “Ni nde yogira ico abamariye ku Mana Allah ngo abakingire mu gihe Yo, Yoshaka ko mushikirwa n’akaga, canke ngo abageramire mu gihe Yo, Yoshaka ko muroranirwa! Uko mwibaza si ko biri! Murihenda mu kwibwira ko Imana Allah Itazi uburyarya muhishije mu mishaha yanyu; ahubwo Imana Allah, Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose”.
Arapça tefsirler:
 
Anlam tercümesi Ayet: (11) Sure: Sûretu'l-Feth
Surelerin fihristi Sayfa numarası
 
Kur'an-ı Kerim meal tercümesi - الترجمة الكيروندية - Mealler fihristi

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Kapat