Check out the new design

قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى * - تەرجىمىلەر مۇندەرىجىسى

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

مەنالار تەرجىمىسى سۈرە: ھۇد   ئايەت:
قَالَتۡ يَٰوَيۡلَتَىٰٓ ءَأَلِدُ وَأَنَا۠ عَجُوزٞ وَهَٰذَا بَعۡلِي شَيۡخًاۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ عَجِيبٞ
Sarah yaratangaye aca avuga ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, umugabo wanje na we akaba amaze gusaza! Mu vy’ukuri, ico coba ari ikintu gitangaje koko”.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
قَالُوٓاْ أَتَعۡجَبِينَ مِنۡ أَمۡرِ ٱللَّهِۖ رَحۡمَتُ ٱللَّهِ وَبَرَكَٰتُهُۥ عَلَيۡكُمۡ أَهۡلَ ٱلۡبَيۡتِۚ إِنَّهُۥ حَمِيدٞ مَّجِيدٞ
Nya ntumwa z’abamalayika ziraheza zimwishura ziti: “Utangazwa n’ivyagezwe n’Imana Allah kuri mwebwe! Bantu b’inzu y’ubutumwa! Murakagira impuhwe n’imigisha vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenugushimwa muri vyose, Nyeniteka”.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
فَلَمَّا ذَهَبَ عَنۡ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلرَّوۡعُ وَجَآءَتۡهُ ٱلۡبُشۡرَىٰ يُجَٰدِلُنَا فِي قَوۡمِ لُوطٍ
Ibrahimu amaze guturura, agashikirizwa inkuru nziza yo kwibaruka Is-haka, uyu na we akazomuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu, yabandanije kuganiriza abo bamalayika ku bijanye n’ibihano baje guha abantu ba Luutwi.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
إِنَّ إِبۡرَٰهِيمَ لَحَلِيمٌ أَوَّٰهٞ مُّنِيبٞ
Mu vy’ukuri, Ibrahimu yarangwa n’ubwitonzi nta ngere[10], yari n’umutakamvyi ku Mana Allah, yigaya muri vyose akagaruka kuri Yo.
[10] Adakunda kwihutira guhana.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ أَعۡرِضۡ عَنۡ هَٰذَآۖ إِنَّهُۥ قَدۡ جَآءَ أَمۡرُ رَبِّكَۖ وَإِنَّهُمۡ ءَاتِيهِمۡ عَذَابٌ غَيۡرُ مَرۡدُودٖ
Izo ntumwa z’abamalayika zahavuye zibwira Ibrahimu ziti: “Ewe Ibrahimu! Geza aho kutuganiriza urondera ko twotenyenya ku bijanye n’ibihano tugiye guha abantu ba Luutwi, mu vy’ukuri ihanwa ryabo, ryamaze kugera nta gisivya, ntirisubizwa inyuma”.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
وَلَمَّا جَآءَتۡ رُسُلُنَا لُوطٗا سِيٓءَ بِهِمۡ وَضَاقَ بِهِمۡ ذَرۡعٗا وَقَالَ هَٰذَا يَوۡمٌ عَصِيبٞ
Igihe intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika zashika kwa Luutwi, Luutwi yaragize impungenge ku muzo wazo, aca avuga akizibona[11] ati: “Ni umusi w’igeragezwa ritoroshe pe!”.
[11] Ataramenya ko ari abamalayika, ku gutinya ko hagira abantu baza kubipfuza.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
وَجَآءَهُۥ قَوۡمُهُۥ يُهۡرَعُونَ إِلَيۡهِ وَمِن قَبۡلُ كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِي هُنَّ أَطۡهَرُ لَكُمۡۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ فِي ضَيۡفِيٓۖ أَلَيۡسَ مِنكُمۡ رَجُلٞ رَّشِيدٞ
Ni ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje[12] ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.
[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yise abagore abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka sewabo.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
قَالُواْ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَا لَنَا فِي بَنَاتِكَ مِنۡ حَقّٖ وَإِنَّكَ لَتَعۡلَمُ مَا نُرِيدُ
Bamwishuye bati: "Luutwi! Ni ukuri urazi neza ko tutipfuza abakobwa bawe, kandi mu vy’ukuri urazi neza na neza ico dushaka, ko ari ihuzabitsina n'abagabo nkatwe".
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
قَالَ لَوۡ أَنَّ لِي بِكُمۡ قُوَّةً أَوۡ ءَاوِيٓ إِلَىٰ رُكۡنٖ شَدِيدٖ
Ni ho rero Luutwi yababwira ati: “Ese iyo ngira inguvu zikwiye zo kubatesha, canke nkagira ingabo zintabara, narikubabuza ku nguvu”.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
قَالُواْ يَٰلُوطُ إِنَّا رُسُلُ رَبِّكَ لَن يَصِلُوٓاْ إِلَيۡكَۖ فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٖ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٌ إِلَّا ٱمۡرَأَتَكَۖ إِنَّهُۥ مُصِيبُهَا مَآ أَصَابَهُمۡۚ إِنَّ مَوۡعِدَهُمُ ٱلصُّبۡحُۚ أَلَيۡسَ ٱلصُّبۡحُ بِقَرِيبٖ
Izo ntumwa z’abamalayika zaciye zimenyekanisha kwa Luutwi, ziti: “Ewe Luutwi! Mu vy’ukuri, twebwe turi intumwa z’abamalayika zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, twaje kugira duhonye abantu bawe, humura rero ntibashobora namba kwegera n’aho uri. Enda nyabuna rero, muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahirahira ngo ahindukire arabe inyuma, ariko rero umugore wawe aza guhanwa mu bandi. Isango ry’ihonywa ryabo rero, ni mu bucagucagu, burya ubucabucagu buri hafi gushika”.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
 
مەنالار تەرجىمىسى سۈرە: ھۇد
سۈرە مۇندەرىجىسى بەت نومۇرى
 
قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى - تەرجىمىلەر مۇندەرىجىسى

يۇسۇف غەيتى تەرجىمىسى. ئافرىقا تەرەققىيات جەمئىيىتى نەشر قىلغان.

تاقاش