Check out the new design

قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى * - تەرجىمىلەر مۇندەرىجىسى

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

مەنالار تەرجىمىسى سۈرە: رەئد   ئايەت:

Ar-Ra'd

الٓمٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِۗ وَٱلَّذِيٓ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ ٱلۡحَقُّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ
Alif Laam Miim Raa[1]. Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani zubashwe. Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani wamanuriwe ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni kwo kuri; ariko rero hamwe n’ivyo, abenshi mu bantu ntibayemera ngo bayigendere.
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي رَفَعَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ بِغَيۡرِ عَمَدٖ تَرَوۡنَهَاۖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمّٗىۚ يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ يُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُم بِلِقَآءِ رَبِّكُمۡ تُوقِنُونَ
Imana Allah, ni Yo Yahanitse amajuru indwi ku bushobozi n'ububasha vyayo ata nkingi mubona ziyareruye; hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, Iraheza Irema izuba n’ukwezi, kimwe cose kizungurukira mu nzira ntasobwa yaco; ivyo Ikaba Yabigize ukwo, ku neza y’ibiremwa gushika ku musi w’iherezo. Imana Allah Itunganya ibijanye n’ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, Ikabatomorera Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ko ari Yo Yaremye, kugira mwemere mwizere ko muzohura n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyisenge mutayibangikanya.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
وَهُوَ ٱلَّذِي مَدَّ ٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۡهَٰرٗاۖ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ جَعَلَ فِيهَا زَوۡجَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Ni na Yo Yaguye umubumbe w’isi kugira mushobore kuwubako, Iwuremako n’imisozi iwushigikiye nk’imambo, n’inzuzi mwikorako. No mu vyamwa vy’ubwoko bwose Yaremye amoko abirabiri; ivyera n’ivyirabura, ibisosa n’ibikata, Ituma n’ijoro rihwikira umurango bukijima. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira, bakikebuka.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
وَفِي ٱلۡأَرۡضِ قِطَعٞ مُّتَجَٰوِرَٰتٞ وَجَنَّٰتٞ مِّنۡ أَعۡنَٰبٖ وَزَرۡعٞ وَنَخِيلٞ صِنۡوَانٞ وَغَيۡرُ صِنۡوَانٖ يُسۡقَىٰ بِمَآءٖ وَٰحِدٖ وَنُفَضِّلُ بَعۡضَهَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلۡأُكُلِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Mw’isi rero, burya harimwo uduce tw’agataka twegeranye ariko dutandukanye mu kanovera katwo[2]; harimwo n’imirima itotahaye y’imizabibu, indimo z’ibindi biterwa bitandukanye, ibiti vy’itende binaga ari bibiribibiri ku ngundu imwe, n’ibinaga kimwe cose cisangije ingundu, ivyo vyose ugasanga umwimbu wavyo utandukanye kw’ibara, akanovera n’indemo, kandi vyose biri ku gataka kamwe, vyavomewe ku mazi akomoka hamwe, gutyo Tugatuma rero abantu bakunda bagahurumbira cane gufungura bimwe muri nya mwimbu kurusha ibindi. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri, harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa, bagaheza bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.
[2] Ugasanga hari isi y’akanovera yimbuka, hambavu yayo hari iyindi si y’ubusize itimbuka namba.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
۞ وَإِن تَعۡجَبۡ فَعَجَبٞ قَوۡلُهُمۡ أَءِذَا كُنَّا تُرَٰبًا أَءِنَّا لَفِي خَلۡقٖ جَدِيدٍۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَغۡلَٰلُ فِيٓ أَعۡنَاقِهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Niwabona uriko utangazwa n’ukutemera kw’abantu kw’ibi vyemezo, ahubwo mu mvugo zabo hari ikizogutangaza kuruta, bazovuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, binamure bati: “Mbega mu gihe tworamuka dupfuye tugacika ivu, ubwo ni ukuri tuzozuka!”. Abo, ni bo rero bagararije koko Imana yabo Rurema Allah, ni na bo bazoboheshwa iminyororo mw’izosi ku musi w’izuka, ni na bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
ئەرەپچە تەپسىرلەر:
 
مەنالار تەرجىمىسى سۈرە: رەئد
سۈرە مۇندەرىجىسى بەت نومۇرى
 
قۇرئان كەرىم مەنىلىرىنىڭ تەرجىمىسى - كىرۇندىچە تەرجىمىسى- يۇسۇف غەيىتى - تەرجىمىلەر مۇندەرىجىسى

يۇسۇف غەيتى تەرجىمىسى. ئافرىقا تەرەققىيات جەمئىيىتى نەشر قىلغان.

تاقاش