የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ ጣሃ   አንቀጽ:

SURATU TWAA HAA

طه
Twaa Haa[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لِتَشۡقَىٰٓ
Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Qor’ani kugira ngo ikubere amananiza mu vyo ukora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا تَذۡكِرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰ
Ariko Twayikumanuriye kugira ibe inyigisho n’urwibutso ku wutinya ibihano vy’Imana Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تَنزِيلٗا مِّمَّنۡ خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ وَٱلسَّمَٰوَٰتِ ٱلۡعُلَى
Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Allah Yaremye isi n’amajuru ahanitse mu kirere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلرَّحۡمَٰنُ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ ٱسۡتَوَىٰ
Nyenimpuhwe Allah Ahangamiye hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwiwe "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro ciwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَمَا تَحۡتَ ٱلثَّرَىٰ
Ni We Rugaba Agaba Akaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, hamwe n’ibiri mu kuzimu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن تَجۡهَرۡ بِٱلۡقَوۡلِ فَإِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ وَأَخۡفَى
Ntumwa y’Imana! Niwaserura ijambo canke ukongorera, uramenya ko Imana Allah ata co Itazi; ni ukuri, Irazi neza ibiri mw’ibanga n’ibihishije mu mishaha.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ لَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ
Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ
Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru ya Musa mwene Amrani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yava muri Madiyani agana muri Misiri!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ رَءَا نَارٗا فَقَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِقَبَسٍ أَوۡ أَجِدُ عَلَى ٱلنَّارِ هُدٗى
Igihe yabona umucanwa waka mw’ijoro, agaca abwira umuryango wiwe bari kumwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa waka, hari n’aho nobazanira igishirira mukota, canke nkahasanga umuntu yotuzimurura akatwereka inzira”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ يَٰمُوسَىٰٓ
Musa amaze gushika aho yabonye nya mucanwa, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Ewe Musa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنِّيٓ أَنَا۠ رَبُّكَ فَٱخۡلَعۡ نَعۡلَيۡكَ إِنَّكَ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوٗى
Mu vy’ukuri, ni Jewe Imana yawe Rurema Allah, enda nyabuna rero, kura ibirato vyawe wambaye; mu vy’ukuri, aha uri mu kabande “Twuwa” gahezagiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَا ٱخۡتَرۡتُكَ فَٱسۡتَمِعۡ لِمَا يُوحَىٰٓ
Jewe Allah Nagutoye kuba Intumwa, umviriza rero Ndaguhishurire;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّنِيٓ أَنَا ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدۡنِي وَأَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ لِذِكۡرِيٓ
Mu vy’ukuri ni Jewe Allah, ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe, nyiyegereze rero mu vyo ukora vyose unansenge utambangikanya, wongere utsimbataze isengesho mu kuninahaza no mu kuntazira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلسَّاعَةَ ءَاتِيَةٌ أَكَادُ أُخۡفِيهَا لِتُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا تَسۡعَىٰ
Mu vy’ukuri, isango ry’umuhero w’isi nta nkeka ko vuba bwango rigiye gushika; Narigize ibanga ryanje gusa, aho ata kiremwa kizi igihe nya sango rizogererako, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَا يَصُدَّنَّكَ عَنۡهَا مَن لَّا يُؤۡمِنُ بِهَا وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُ فَتَرۡدَىٰ
Musa! Ntuzobuzwe kwemera isango ry’umuhero w’isi, n’uwutemera ko iryo sango ribaho ngo aryitegurire, agahitamwo gukurikira ivyipfuzo vyiwe, agahona;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا تِلۡكَ بِيَمِينِكَ يَٰمُوسَىٰ
Mbega Musa! Ico witwaje mu kuryo kwawe, ni igiki?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ هِيَ عَصَايَ أَتَوَكَّؤُاْ عَلَيۡهَا وَأَهُشُّ بِهَا عَلَىٰ غَنَمِي وَلِيَ فِيهَا مَـَٔارِبُ أُخۡرَىٰ
Musa yishura ati: “Ni inkoni yanje nishimikiza, nkayikoresha no mu kwahirira ubwatsi intama zanje, ndanayikoresha no mu bindi ngirakamaro”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ أَلۡقِهَا يَٰمُوسَىٰ
Imana Allah Ibwira Musa Iti: “Musa! Terera hasi iyo nkoni”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَلۡقَىٰهَا فَإِذَا هِيَ حَيَّةٞ تَسۡعَىٰ
Musa aca aterera hasi ya nkoni maze ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye nya nzoka, yabaye nk’uwuyihunga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ خُذۡهَا وَلَا تَخَفۡۖ سَنُعِيدُهَا سِيرَتَهَا ٱلۡأُولَىٰ
Imana Allah Ica Imubwira Iti: “Tora iyo nzoka, kandi ntutinye kuyitora, Twebwe Allah Turayihindura isubire kuba inkoni ukuri kwamye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱضۡمُمۡ يَدَكَ إِلَىٰ جَنَاحِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٍ ءَايَةً أُخۡرَىٰ
Vyongeye, shira ikiganza cawe mu kwaha, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe; ico kikaba ari ikindi gitangaro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِنُرِيَكَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا ٱلۡكُبۡرَى
Ivyo vyose Twabigize kugira Tukwereke bimwe mu bitangaro vyacu bihambaye, vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ
Genda rero kwa Firawuni umurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ رَبِّ ٱشۡرَحۡ لِي صَدۡرِي
Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyagurira igikiriza canje mu kwihangana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَيَسِّرۡ لِيٓ أَمۡرِي
Wongere Unyorohereze iki gikorwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱحۡلُلۡ عُقۡدَةٗ مِّن لِّسَانِي
Umpe n’ubushobozi bwo gutomora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَفۡقَهُواْ قَوۡلِي
Kugira abo Undungitseko batahure amajambo yanje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱجۡعَل لِّي وَزِيرٗا مِّنۡ أَهۡلِي
Ndagusavye Ungirire umufasha mu muryango wanje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَٰرُونَ أَخِي
Haruna murumunanje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱشۡدُدۡ بِهِۦٓ أَزۡرِي
Gutyo Umunshigikize mu kuntera intege, amfate mu mugongo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَشۡرِكۡهُ فِيٓ أَمۡرِي
Umugire uwo dufatanije mu butumwa no kubushikiriza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَيۡ نُسَبِّحَكَ كَثِيرٗا
Kugira jewe na we dushishikare kukuninahaza cane;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَذۡكُرَكَ كَثِيرًا
Twongere twibuke kwama tugushimagiza kenshi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّكَ كُنتَ بِنَا بَصِيرٗا
Mu vy’ukuri, Wewe Wamye Uri Nyenukubona, ivyo dukora vyose Urabibona”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ قَدۡ أُوتِيتَ سُؤۡلَكَ يَٰمُوسَىٰ
Imana Allah Yavuze Iti: “Musa! Ni ukuri wamaze kwemererwa ibisabo vyawe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَيۡكَ مَرَّةً أُخۡرَىٰٓ
Kandi n’imbere y’ivyo bisabo Tukwemereye, ni ukuri Twaraguhaye izindi nema, igihe wari uruhinja Tukagukiza ububisha bwa Firawuni;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰٓ أُمِّكَ مَا يُوحَىٰٓ
Igihe Twebwe Allah Twereka nyoko wawe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَنِ ٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلتَّابُوتِ فَٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلۡيَمِّ فَلۡيُلۡقِهِ ٱلۡيَمُّ بِٱلسَّاحِلِ يَأۡخُذۡهُ عَدُوّٞ لِّي وَعَدُوّٞ لَّهُۥۚ وَأَلۡقَيۡتُ عَلَيۡكَ مَحَبَّةٗ مِّنِّي وَلِتُصۡنَعَ عَلَىٰ عَيۡنِيٓ
Ko amaze kukwibaruka yogushira mw’isandugu, maze agaterera nya sandugu mu ruzi rwa Nili, nya ruzi rugaheza rukaguta ku nkengera zarwo, kugira umwansi wanje akaba n’umwansi wawe Firawuni agutore. Twaranaguhaye igikundiro maze ukundwa n’abantu, kugira urererwe aho Tugushinze amaso Tukubungabunge[2]”.
[2] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ifise amaso mu buryo buberanye n'icubahiro cayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ تَمۡشِيٓ أُخۡتُكَ فَتَقُولُ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰ مَن يَكۡفُلُهُۥۖ فَرَجَعۡنَٰكَ إِلَىٰٓ أُمِّكَ كَيۡ تَقَرَّ عَيۡنُهَا وَلَا تَحۡزَنَۚ وَقَتَلۡتَ نَفۡسٗا فَنَجَّيۡنَٰكَ مِنَ ٱلۡغَمِّ وَفَتَنَّٰكَ فُتُونٗاۚ فَلَبِثۡتَ سِنِينَ فِيٓ أَهۡلِ مَدۡيَنَ ثُمَّ جِئۡتَ عَلَىٰ قَدَرٖ يَٰمُوسَىٰ
Twaranaguhaye inema mu kugushinga mushikawe agenda akurikirana isandugu washizwemwo, araheza abwira abagutoye ati: “Mbega mwonkundira nkabereka umuvyeyi yomwitaho, akamurera, akanamubonkereza!”. Gutyo Tubona kugusubiza kwa nyoko wawe umaze gushika mu kirimba kwa Firawuni, kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutakubona. Warishe n’umuntu w’Umunyagiputa ku mpanuka, Turaheza Tugukiza kwicwa n’agahinda ko gutinya kwihora ukicwa, Turanakugerageza igeragezwa rikomeye, maze ku gutinya kwicwa uja mu bantu ba Madiyani, uraheza ugumayo imyaka n’iyindi, hanyuma ni ho wava i Madiyani ugaruka kw’isango ryagezwe n’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱصۡطَنَعۡتُكَ لِنَفۡسِي
Ni ukwo rero Naguteguye kugira ube Intumwa yanje.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱذۡهَبۡ أَنتَ وَأَخُوكَ بِـَٔايَٰتِي وَلَا تَنِيَا فِي ذِكۡرِي
Musa! Genda rero wewe hamwe na murumunawe Haruna, mugende mwitwaje ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’ubutumwa bwanyu, kandi ntimuhengeshanye kuninahaza no kuntazira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱذۡهَبَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ
Nimugende kwa Firawuni uko muri babiri, mumurarikire kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri yarimonogoje mu bugarariji ararenza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقُولَا لَهُۥ قَوۡلٗا لَّيِّنٗا لَّعَلَّهُۥ يَتَذَكَّرُ أَوۡ يَخۡشَىٰ
Maze mumubwire mu majambo yoroshe; hari n’aho yokwikebuka canke agatinya Imana yiwe Rurema Allah".
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَا رَبَّنَآ إِنَّنَا نَخَافُ أَن يَفۡرُطَ عَلَيۡنَآ أَوۡ أَن يَطۡغَىٰ
Musa na Haruna baraheza bishura bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, turafise impungenge n’ubwoba ko Firawuni atwitanga akaduhana, canke akiguburiza agahakana ukuri amenya”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ لَا تَخَافَآۖ إِنَّنِي مَعَكُمَآ أَسۡمَعُ وَأَرَىٰ
Imana Allah Ica Ibwira Musa na Haruna Iti: “Ntimutinye Firawuni namba; mu vy’ukuri, Jewe Allah Ndi kumwe na mwe, Ndumva ivyo muvuga kandi Ndabona n’ivyo mukora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأۡتِيَاهُ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولَا رَبِّكَ فَأَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَلَا تُعَذِّبۡهُمۡۖ قَدۡ جِئۡنَٰكَ بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكَۖ وَٱلسَّلَٰمُ عَلَىٰ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلۡهُدَىٰٓ
Nimuje kwa Firawuni muheze mumubwire muti: “Twebwe Twempi turi Intumwa z’Imana yawe Rurema Allah zarungitswe kuri wewe, ko woha Bene Israyeli ubwigenge, kandi ntukabacure bufuni na buhoro; ni ukuri, twaje tukuzaniye igitangaro kivuye ku Mana yawe Rurema Allah cerekana ukuri kwacu, harakagira amahoro yo kudahanwa n’Imana Allah uwuzokurikira uburongozi bwayo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا قَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡنَآ أَنَّ ٱلۡعَذَابَ عَلَىٰ مَن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ
Ni ukuri, twebwe twarahishuriwe n’Imana Allah ko Iha ibihano vyayo uwuzohakana akirengagiza amabwirizwa yayo””.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ فَمَن رَّبُّكُمَا يَٰمُوسَىٰ
Firawuni araheza ababaza n’agasuzuguro n'akantu ati: “Musa! Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah, ni nde?”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ رَبُّنَا ٱلَّذِيٓ أَعۡطَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ خَلۡقَهُۥ ثُمَّ هَدَىٰ
Musa yishura Firawuni ati: “Imana yacu Rurema Allah, Yahaye ikintu ico ari co cose indemo nziza ikibereye, Iraheza Irongora ikiremwa ico ari co cose ukuntu cibeshaho”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ فَمَا بَالُ ٱلۡقُرُونِ ٱلۡأُولَىٰ
Firawuni abaza Musa ku mvo zo kumuhaririza ati: “Mbega none imigwi y’abantu bo hambere yacu badutanze mu bugarariji, uyivuzeko iki?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّي فِي كِتَٰبٖۖ لَّا يَضِلُّ رَبِّي وَلَا يَنسَى
Musa arishura Firawuni ati: “Ubumenyi bw’ivyakozwe n’abo hambere yawe, bufiswe n’Imana yanje Rurema Allah, mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo, Imana yanje Rurema Allah ntiyihenda canke ngo Yibagire gushira mu ngiro ivyagezwe”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مَهۡدٗا وَسَلَكَ لَكُمۡ فِيهَا سُبُلٗا وَأَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّن نَّبَاتٖ شَتَّىٰ
Ni Yo Yabaremeye isi ishashe kugira muyibeko vyoroshe, Ibacira inzira z’uruja n’uruza kuri nya si, Ituma hagwa n’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Twebwe Allah Turaheza Tumeresha ibiterwa n'ivyimeza vy’ubwoko butandukanye hakoreshejwe amazi ya nya mvura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كُلُواْ وَٱرۡعَوۡاْ أَنۡعَٰمَكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ
Bantu! Nimufungure rero mu vyiza bimera kw’isi, muheze muragire n’ibitungwa vyanyu ahari ubwatsi. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abanyabwenge babushitse[3], batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakayisenga ari Imwe Rudende.
[3] Abanyabwenge babushitse, ni abantu bafise ubwenge ndemanwa butuma barangwa n’ingeso nziza bagakora n’ivyiza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ مِنۡهَا خَلَقۡنَٰكُمۡ وَفِيهَا نُعِيدُكُمۡ وَمِنۡهَا نُخۡرِجُكُمۡ تَارَةً أُخۡرَىٰ
Bantu! Ni mw’ivu Twabaremye, ni na ryo nyene Tuzobasubizamwo mumaze gupfa, ni na ryo nyene kandi Tuzobazuramwo ku musi w’izuka kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ أَرَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا كُلَّهَا فَكَذَّبَ وَأَبَىٰ
Ni ukuri, Twareretse Firawuni ivyemezo n’ibitangaro vyacu vyose vyerekana ukuri kwa Musa, maze arabihakana yivuye inyuma, aranka no kwumviriza ukuri.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ أَجِئۡتَنَا لِتُخۡرِجَنَا مِنۡ أَرۡضِنَا بِسِحۡرِكَ يَٰمُوسَىٰ
Ni ho rero Firawuni yaheza akavuga ati: “Mbega Musa! Karashize ingani uze utwomore, udukure mu zacu ukoresheje ubukonikoni bwawe!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَنَأۡتِيَنَّكَ بِسِحۡرٖ مِّثۡلِهِۦ فَٱجۡعَلۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكَ مَوۡعِدٗا لَّا نُخۡلِفُهُۥ نَحۡنُ وَلَآ أَنتَ مَكَانٗا سُوٗى
Namba ari ubukonikoni bwobwo, dutegerezwa kuzana ubukonikoni nk’ubwo watuzaniye; gena rero isango nyezina tuzohurirako, maze ntihagire n’umwe asiba kuri nya sango, duheze duhurire ahantu abantu bashobora gushika ata wukumiriwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ مَوۡعِدُكُمۡ يَوۡمُ ٱلزِّينَةِ وَأَن يُحۡشَرَ ٱلنَّاسُ ضُحٗى
Musa araheza abwira Firawuni ati: “Isango ryo guhurirako, ni ku musi w’ihimbazwa ry’ibirori, igihe abantu bazoba bambaye bakaberwa, bakazokorana mu gitondo izuba riva, bavuye mu mihingo yose”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَوَلَّىٰ فِرۡعَوۡنُ فَجَمَعَ كَيۡدَهُۥ ثُمَّ أَتَىٰ
Maze Firawuni agenza umugongo mu kwirengagiza ukuri yashikirijwe na Musa, araheza arararika abakonikoni biwe, hanyuma aritaba nya sango.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ لَهُم مُّوسَىٰ وَيۡلَكُمۡ لَا تَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا فَيُسۡحِتَكُم بِعَذَابٖۖ وَقَدۡ خَابَ مَنِ ٱفۡتَرَىٰ
Ni ho Musa yabwira ba bakonikoni ba Firawuni abahanura ati: “Muragabe, ntimurementanirize Imana Allah, kuko Yobarandurana n’imizi mu kubahana, kandi ni ukuri yarahuvye uwurementaniriza Imana Allah”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَنَٰزَعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَىٰ
Ba bakonikoni baraheza rero barikebukana bahazana mw’ibanga nta ngere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَٰنِ لَسَٰحِرَٰنِ يُرِيدَانِ أَن يُخۡرِجَاكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِمَا وَيَذۡهَبَا بِطَرِيقَتِكُمُ ٱلۡمُثۡلَىٰ
Bavuga bati: “Nta nkeka ko Musa na Haruna bompi ari abakonikoni bashaka kubomora mu gihugu canyu bakoresheje ubukonikoni, maze bazimanganye uburyo mwahora mukoresha mu kuroga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَجۡمِعُواْ كَيۡدَكُمۡ ثُمَّ ٱئۡتُواْ صَفّٗاۚ وَقَدۡ أَفۡلَحَ ٱلۡيَوۡمَ مَنِ ٱسۡتَعۡلَىٰ
Nimwegeranye rero inguvu z’urwenge rwanyu, hanyuma mwunge urunani rw’intamenwa, muze muri umugwi umwe, muheze mutererere hasi rimwe ibikoresho vy’ubukonikoni mufise mu minwe, kandi kuri uno musi uwushika ku ntsinzi, ni uwunesha uwundi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِمَّآ أَن تُلۡقِيَ وَإِمَّآ أَن نَّكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَلۡقَىٰ
Ni ho rero ba bakonikoni bavuga bati: “Ewe Musa! Urashobora gutangura ugaterera hasi inkoni yawe, canke twebwe dutangure guterera hasi ivyo dufise”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ بَلۡ أَلۡقُواْۖ فَإِذَا حِبَالُهُمۡ وَعِصِيُّهُمۡ يُخَيَّلُ إِلَيۡهِ مِن سِحۡرِهِمۡ أَنَّهَا تَسۡعَىٰ
Musa yabishuye ati: “Ahubwo mwebwe nimutangure”. Ni ho rero baterera hasi imizana n’inkoni vyabo. Ku kubera nya bukonikoni bwabo, Musa yarahunitswe ku buryo abona ivyo batereye hasi nk’aho ari inzoka zigendagenda;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَوۡجَسَ فِي نَفۡسِهِۦ خِيفَةٗ مُّوسَىٰ
Maze Musa atekerwa n’ubwoba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡنَا لَا تَخَفۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Ni ho Twebwe Allah Twabwira Musa Duti: “Ntugire ubwoba na gato, mu vy’ukuri ni wewe utegerezwa kubanesha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَلۡقِ مَا فِي يَمِينِكَ تَلۡقَفۡ مَا صَنَعُوٓاْۖ إِنَّمَا صَنَعُواْ كَيۡدُ سَٰحِرٖۖ وَلَا يُفۡلِحُ ٱلسَّاحِرُ حَيۡثُ أَتَىٰ
Terera hasi iyo nkoni ufise mu kuboko kwawe kw’iburyo, iraheza imiragure imizana n’inkoni batereye hasi; mu vy’ukuri ivyo batereye hasi, nta kirimwo kiretse ko ari urwenge rwo guhunika abantu, kandi umukonikoni aho azanana hose ntashobora gushika ku ntsinzi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سُجَّدٗا قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ هَٰرُونَ وَمُوسَىٰ
Ni ho rero Musa yaterera nya nkoni hasi, ya nkoni ica iramiragura nya mizana n’inkoni vya ba bakonikoni, gutyo aba aratsinze. Ba bakonikoni baciye bubama, maze bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema ya Musa na Haruna, kuko ivyo twiboneye n’amaso, si ubukonikoni namba”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَۖ فَلَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ فِي جُذُوعِ ٱلنَّخۡلِ وَلَتَعۡلَمُنَّ أَيُّنَآ أَشَدُّ عَذَابٗا وَأَبۡقَىٰ
Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije[4]; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.
[4] Ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, no ku rundi ruhande ukwo nyene.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ لَن نُّؤۡثِرَكَ عَلَىٰ مَا جَآءَنَا مِنَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلَّذِي فَطَرَنَاۖ فَٱقۡضِ مَآ أَنتَ قَاضٍۖ إِنَّمَا تَقۡضِي هَٰذِهِ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَآ
Ba bakonikoni baca babwira Firawuni bati: “Ntidushobora guhitamwo kugukurikira ngo tureke kwemera ivyemezo vyerekana ukuri kwa Musa no kwemera Imana Allah Yaturemye. Gira ivyo wipfuza mu kuduhana, mu vy’ukuri wewe ububasha bwawe udufiseko, ni ubwo mu buzima bwo kw’isi, ibihano vyawe biherera ng’aha kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّآ ءَامَنَّا بِرَبِّنَا لِيَغۡفِرَ لَنَا خَطَٰيَٰنَا وَمَآ أَكۡرَهۡتَنَا عَلَيۡهِ مِنَ ٱلسِّحۡرِۗ وَٱللَّهُ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰٓ
Mu vy’ukuri, twebwe twemeye Imana yacu Rurema Allah n’Intumwa Musa, twubahirije n’amabwirizwa yayo, kugira Itubabarire ivyaha vyacu n’ibicumuro vy’ubukonikoni waduhatiyeko gukora mu guhakana Musa. Burya Imana Allah, ni Yo Nyenindishi nziza kugusumba, Nyenibihano vyamaho ku bigaba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ مَن يَأۡتِ رَبَّهُۥ مُجۡرِمٗا فَإِنَّ لَهُۥ جَهَنَّمَ لَا يَمُوتُ فِيهَا وَلَا يَحۡيَىٰ
Kukaba nkako, uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayigararije, azosanga yategekenirijwe ibihano mu muriro wa Jahannamu, ntazopfa muri nya muriro ngo awuruhuke, eka ntazonawubamwo ubuzima buhimbaye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَن يَأۡتِهِۦ مُؤۡمِنٗا قَدۡ عَمِلَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَأُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلدَّرَجَٰتُ ٱلۡعُلَىٰ
Nayo uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayemeye, akaba yaranakoze n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu bategekanirijwe ivyubahiro vyo hejuru;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
جَنَّٰتُ عَدۡنٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَذَٰلِكَ جَزَآءُ مَن تَزَكَّىٰ
Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, iyo ni na yo ndishi rero y’uwejeje umutima wiwe, akiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya gushika gupfa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِي فَٱضۡرِبۡ لَهُمۡ طَرِيقٗا فِي ٱلۡبَحۡرِ يَبَسٗا لَّا تَخَٰفُ دَرَكٗا وَلَا تَخۡشَىٰ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahishuriye Musa Tumubwira Duti: “Kinjura muri iri joro, ugende ujanye abaja banje muri Bene Israyeli ubakure muri Misiri, maze ubacire inzira yumutse mw’ibahari, ntutinye na gato ko Firawuni n’ingabo ziwe bohava bagufata, eka ntunatinye ko wotwarwa ugasoma nturi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَتۡبَعَهُمۡ فِرۡعَوۡنُ بِجُنُودِهِۦ فَغَشِيَهُم مِّنَ ٱلۡيَمِّ مَا غَشِيَهُمۡ
Ni ho rero Musa yajana Bene Israyeli mw’ijoro, abacira inzira yumutse mw’ibahari, maze Firawuni amuja mu nyuma ari kumwe n’ingabo ziwe, baraheza batwarwa n’ibahari ku rugero ruzwi gusa n’Imana Allah, maze barasoma nturi bose, Musa n’abo bari kumwe baraheza barajabuka amahoro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَضَلَّ فِرۡعَوۡنُ قَوۡمَهُۥ وَمَا هَدَىٰ
Firawuni yarahubishije abantu biwe mu kubaryohereza ubugarariji, eka ntiyanabarongoye namba mu nzira igororotse.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ قَدۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ عَدُوِّكُمۡ وَوَٰعَدۡنَٰكُمۡ جَانِبَ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنَ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰ
Emwe Bene Israyeli! Ni ukuri, nimwibuke igihe Twebwe Allah Tubakura kw’izosi umwansi wanyu Firawuni, Tukabaha n’isango ryo kubamanurira Tawurati amaja iburyo bw’akabande “Twuwa”, Tukabamanurira “Manna[5]” hamwe na “Salwa[6]” mufungura igihe mwari mu bihano vyo kwangazwa.
[5] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk'ubuki.
[6] Inyama z’ubwoko bwinyoni.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ وَلَا تَطۡغَوۡاْ فِيهِ فَيَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبِيۖ وَمَن يَحۡلِلۡ عَلَيۡهِ غَضَبِي فَقَدۡ هَوَىٰ
Nimurye rero mu vyiza birekuwe Twabaronkeje, kandi ntimuzokwirenganye mu gutandukira ibitarekuwe, mwohava mushikirwa n’ishavu ryanje Jewe Allah, kandi uwushikiwe n’ishavu ryanje, ni ukuri aba ahonye, ahomvye n’uruhombo nya ruhombo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنِّي لَغَفَّارٞ لِّمَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا ثُمَّ ٱهۡتَدَىٰ
Mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndi Nyenimbabazinyinshi ku wigaye ivyaha, agaheza akanyemera agakora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma agatumbera inzira igororotse gushika gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَمَآ أَعۡجَلَكَ عَن قَوۡمِكَ يَٰمُوسَىٰ
Mbega Musa! Ni igiki catumye usiga abantu bawe inyuma, ukihutira kuza mu kabande ka “Twuwa”?
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ هُمۡ أُوْلَآءِ عَلَىٰٓ أَثَرِي وَعَجِلۡتُ إِلَيۡكَ رَبِّ لِتَرۡضَىٰ
Musa yishuye Imana Allah ati: “Abantu banje bari inyuma yanje baraje. Nayo jewe nihutiye kuza iwawe Mana yanje Rurema Allah, kugira ndagushimishe”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ فَإِنَّا قَدۡ فَتَنَّا قَوۡمَكَ مِنۢ بَعۡدِكَ وَأَضَلَّهُمُ ٱلسَّامِرِيُّ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Mu vy’ukuri rero, Twebwe Allah mu nyuma zawe Twagerageje abantu bawe mu gusenga inyana y’inka, uwabahubishije akaba ari Saamiriy[7]”.
[7] Yitwa Musa Al-Saamiriy.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَرَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ أَلَمۡ يَعِدۡكُمۡ رَبُّكُمۡ وَعۡدًا حَسَنًاۚ أَفَطَالَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡعَهۡدُ أَمۡ أَرَدتُّمۡ أَن يَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبٞ مِّن رَّبِّكُمۡ فَأَخۡلَفۡتُم مَّوۡعِدِي
Ni ho rero Musa yasubira inyuma ku bantu biwe ishavu riniga, atuntujwe n’ivyo bakoze, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Imana yanyu Rurema Allah, ntiyabahaye isango ryiza ryo kubamanurira Tawurati, mwoba mwabonye ko nya sango riri kure, canke mwashatse ko Imana yanyu Rurema Allah Ibashavurira, muraheza muhitamwo guca kubiri n’isezerano ryanje, muca musenga inyana y’inka!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ مَآ أَخۡلَفۡنَا مَوۡعِدَكَ بِمَلۡكِنَا وَلَٰكِنَّا حُمِّلۡنَآ أَوۡزَارٗا مِّن زِينَةِ ٱلۡقَوۡمِ فَقَذَفۡنَٰهَا فَكَذَٰلِكَ أَلۡقَى ٱلسَّامِرِيُّ
Abantu ba Musa bamwishuye bati: “Ntitwaciye kubiri n’isezerano ryawe tubishaka, ariko twakorewe ivyaha vy’ibisharizo vy’abantu ba Firawuni bihinguwe mu nzahabu[8], maze dutegekwa na Saamiriy guterera nya nzahabu mu kinogo c’umuriro ngo tugirirwe ikigongwe n’Imana Allah, ni nk’ukwo nyene rero Saamiriy yataye muri nya kinogo urushi rw’ivu ry’aho ifarasi ya Jibrili (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yahonyoje ikinono”.
[8] Ni ibisharizo bihinguwe mu nzahabu, abakenyezi muri Bene Israyeli bari batiye ku bantu ba Firawuni ngo na bo bashaze ku musi w’ibirori, igihe Musa n’abarozi ba Firawuni bahurira hamwe. Nya bisharizo rero, baciye bagenda babitwaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَخۡرَجَ لَهُمۡ عِجۡلٗا جَسَدٗا لَّهُۥ خُوَارٞ فَقَالُواْ هَٰذَآ إِلَٰهُكُمۡ وَإِلَٰهُ مُوسَىٰ فَنَسِيَ
Ni ukwo rero Saamiriy yabumbiye Bene Israyeli muri nya nzahabu igishusho c’inyana y’inka kimoka nk’inka. Saamiriy n’abamukurikiye babwiye abantu ba Musa bati: “Iyi, ni yo mana yanyu, ikaba n’imana ya Musa, Musa yasamaye ayisiga ng’aha!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَلَا يَرَوۡنَ أَلَّا يَرۡجِعُ إِلَيۡهِمۡ قَوۡلٗا وَلَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗا
Mbega abasenze igishusho c’inyana y’inka, ntibabona ko nya gishusho kitari gishoboye kubavugisha, canke ngo kibishure ivyo bakibajije, canke ko ata n’ico cobungura canke ngo kibicire!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ قَالَ لَهُمۡ هَٰرُونُ مِن قَبۡلُ يَٰقَوۡمِ إِنَّمَا فُتِنتُم بِهِۦۖ وَإِنَّ رَبَّكُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَٱتَّبِعُونِي وَأَطِيعُوٓاْ أَمۡرِي
Ni ukuri, Haruna yarabwiye Bene Israyeli imbere yuko Musa agaruka kubaraba, ati: “Emwe bantu banje! Mu vy’ukuri, mwageragejwe mu gusenga iki gishusho c'inyana y’inka, kugira hamenyekane umwemeramana canke umugarariji muri mwebwe! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Nyenimbabazi ku batoni bayo, enda nyabuna rero, nimunkurikire mu vyo ndabararikira, maze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ لَن نَّبۡرَحَ عَلَيۡهِ عَٰكِفِينَ حَتَّىٰ يَرۡجِعَ إِلَيۡنَا مُوسَىٰ
Bene Israyeli bishuye Haruna bati: “Ntiturota tureka gusenga igishusho c'inyana y’inka gushika Musa agarutse aha turi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ يَٰهَٰرُونُ مَا مَنَعَكَ إِذۡ رَأَيۡتَهُمۡ ضَلُّوٓاْ
Musa amaze kugaruka, yabwiye murumunawe Haruna, ati: “Igihe wabona ko bahuvye, ni igiki cagutumye ugumana na bo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَّا تَتَّبِعَنِۖ أَفَعَصَيۡتَ أَمۡرِي
Ukareka kunkurikira? Warenze n'ibigirankana kw’itegeko ryo kunsigarira mu kibanza c’ubuhanuzi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ يَبۡنَؤُمَّ لَا تَأۡخُذۡ بِلِحۡيَتِي وَلَا بِرَأۡسِيٓۖ إِنِّي خَشِيتُ أَن تَقُولَ فَرَّقۡتَ بَيۡنَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَلَمۡ تَرۡقُبۡ قَوۡلِي
Ni ho Musa yafata murumunawe Haruna mu kanigo, maze amukwega ubwanwa n’umushatsi, Haruna aca amubwira ati: “Mwana wa mama! Reka kunkwega ubwanwa n’umushatsi; ni ukuri, jewe natinye ko mu gihe nogukurikira wombwira uti: “Bene Israyeli wabaciyemwo imigwi, ntiwaheza ngo wubahirize impanuro naguhaye yo kubacungera!””.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ فَمَا خَطۡبُكَ يَٰسَٰمِرِيُّ
Musa yabajije Saamiriy ati: “Mbega Saamiriy! Wafashwe n’igiki catumye ugira ivyo wagize?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ بَصُرۡتُ بِمَا لَمۡ يَبۡصُرُواْ بِهِۦ فَقَبَضۡتُ قَبۡضَةٗ مِّنۡ أَثَرِ ٱلرَّسُولِ فَنَبَذۡتُهَا وَكَذَٰلِكَ سَوَّلَتۡ لِي نَفۡسِي
Saamiriy yishuye Musa yiregura, ati: “Tumaze kujabuka ibahari, inyuma y’aho Firawuni n’ingabo ziwe basomeye nturi, nabonye ivyo batabonye; nabonye Jibrili ari kw’ifarasi, maze nca mfata urushi rw’ivu ry’aho ifarasi yiwe yahonyoje ikinono, iryo vu rero ni ryo natereye ku nzahabu zayongejwe mu kinogo c’umuriro, ndaheza mbumba igishusho c’inyana y’inka, kimoka nk’inka. Ukwo ni kwo nohejwe n’umutima wanje mubi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ فَٱذۡهَبۡ فَإِنَّ لَكَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ أَن تَقُولَ لَا مِسَاسَۖ وَإِنَّ لَكَ مَوۡعِدٗا لَّن تُخۡلَفَهُۥۖ وَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ إِلَٰهِكَ ٱلَّذِي ظَلۡتَ عَلَيۡهِ عَاكِفٗاۖ لَّنُحَرِّقَنَّهُۥ ثُمَّ لَنَنسِفَنَّهُۥ فِي ٱلۡيَمِّ نَسۡفًا
Musa yabwiye Saamiriy ati: “Va mu bandi rero ugende, mu vy’ukuri wewe, uzobaho uri igicibwa mu bantu, ubwira uwo muhuye wese uti: “Nta we nkorako, ntihagire n’uwunkorako!”. Kandi ni ukuri, urafise isango ntarengwa wagenewe ryo guhanwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Ehe raba n’iherezo ry’imana yawe washishikaye gusenga, ni ukuri dutegerezwa kuyiturira, hanyuma tunyanyagize umunyota wayo mu ruzi, maze ntihagire n’udusigarira twayo dusigara.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّمَآ إِلَٰهُكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَسِعَ كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمٗا
Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu ni Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ubumenyi bwayo bukikuje ikintu ico ari co cose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَذَٰلِكَ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ مَا قَدۡ سَبَقَۚ وَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ مِن لَّدُنَّا ذِكۡرٗا
Ntumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakwiganiye inkuru zo muri kahise ka Musa na Firawuni hamwe n’abantu babo - Tukwiganira n’inkuru yo muri kahise k’ab’aho hambere yawe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranaguhaye Qor’ani kugira ibe urwibutso ku bibuka bakikebuka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَّنۡ أَعۡرَضَ عَنۡهُ فَإِنَّهُۥ يَحۡمِلُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وِزۡرًا
Uwuzokwirengagiza rero iyi Qor’ani, ntaheze ngo ayemere anayigendere, mu vy’ukuri, azoza ku musi w’izuka yiremetse umutwaro w’ivyaha amahanga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
خَٰلِدِينَ فِيهِۖ وَسَآءَ لَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ حِمۡلٗا
Ari mu bazokwama mu bihano ibihe bidahera; kuri nya musi w’izuka, bazokwiremeka umutwaro mubi cane w’ivyaha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ وَنَحۡشُرُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ يَوۡمَئِذٖ زُرۡقٗا
Umusi havugijwe inzamba igira kabiri y’izuka ry’ibiremwa, maze Tugashorera abagarariji kuri nya musi birabura, amaso na yo yatukuye kubera intureka z’uwo musi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَتَخَٰفَتُونَ بَيۡنَهُمۡ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا عَشۡرٗا
Bongorerana hagati yabo bati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse imisi cumi gusa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَقُولُونَ إِذۡ يَقُولُ أَمۡثَلُهُمۡ طَرِيقَةً إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا يَوۡمٗا
Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bazovuga bongorerana igihe uwutahura muri bo gusumba abandi azovuga ati: “Ntimwabaye kw’isi kiretse umusi umwe gusa”, mu kwerekana ko ubuzima bwo kw’isi ari bugufi cane ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡجِبَالِ فَقُلۡ يَنسِفُهَا رَبِّي نَسۡفٗا
Ntumwa y’Imana! Abantu warungitsweko barakubaza ku vyerekeye impera n’imperuka y’imisozi! Bishure uti: “Imana yanje Rurema Allah Izoyivungagura, Iyisanze;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَيَذَرُهَا قَاعٗا صَفۡصَفٗا
Maze Isige isi iringaniye, inyerera nk’ibuye ry’isare, ata kinyabuzima na kimwe kiriko;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّا تَرَىٰ فِيهَا عِوَجٗا وَلَآ أَمۡتٗا
Nta na hamwe kuri nya si, uzobona hagoramye, eka nta n’aho uzobona hatareha n’ahandi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَئِذٖ يَتَّبِعُونَ ٱلدَّاعِيَ لَا عِوَجَ لَهُۥۖ وَخَشَعَتِ ٱلۡأَصۡوَاتُ لِلرَّحۡمَٰنِ فَلَا تَسۡمَعُ إِلَّا هَمۡسٗا
Kuri uwo musi, abantu bazokurikira ijwi ry’umuraritsi ararikira ibiremwa kuja kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa; nta kiremwa na kimwe kitazokwumva iryo rarika, amajwi yose azoceceka ku kwicisha bugufi kuri Nyenimpuhwe Allah, nta co uzokwumva kiretse ubwongoshwe gusa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَئِذٖ لَّا تَنفَعُ ٱلشَّفَٰعَةُ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَرَضِيَ لَهُۥ قَوۡلٗا
Kuri uwo musi, ivugira ry’umuntu ku caha yakoze, nta co rizoba rimaze kiretse ivugira ry’uwahawe uburenganzira na Nyenimpuhwe Allah, maze Agashima ivugira ryiwe[397].
[397] Ukuvugira uwundi ku musi w’izuka ku vyaha yakoze, kuzorekurirwa gusa umwemeramana vy’ukuri.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يُحِيطُونَ بِهِۦ عِلۡمٗا
Imana Allah Irazi neza inkuru z’ibiremwa vyose, kahise na kubu mu buzima bwo kw’isi, na kazoza kavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta n’umwe rero mu biremwa ashoboye guhetura ubumenyi bw’Imana Allah n’ukuntu Iteye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَعَنَتِ ٱلۡوُجُوهُ لِلۡحَيِّ ٱلۡقَيُّومِۖ وَقَدۡ خَابَ مَنۡ حَمَلَ ظُلۡمٗا
Ibiremwa bizokwicisha bugufi kuri Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ni ukuri kuri uwo musi, uwiremetse irenganya ry’ibangikanyamana azohahombera koko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَا يَخَافُ ظُلۡمٗا وَلَا هَضۡمٗا
Uwo wese rero akoze ibikorwa vyiza bitegetswe, yemera Imana Allah, uyo nta mpungenge kuri we, ntatinye ko yorenganywa mu kwongererezwa ivyaha, eka ntanatinye ko yonagabanirizwa mu ndishi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَانًا عَرَبِيّٗا وَصَرَّفۡنَا فِيهِ مِنَ ٱلۡوَعِيدِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ أَوۡ يُحۡدِثُ لَهُمۡ ذِكۡرٗا
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakundishije abemeramana gukora ivyiza Tukihaniza abagarariji kuguma mu bugaba n’ubuhakanyi - Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira abantu bayitahure, Twaranatomoye bikwiye muri Qor’ani uburyo butandukanye bwo kwihaniza kugira batinye mu kwubahiriza amabwiriza y'Imana Allah, canke nya Qor’ani itume bibuka baheze bikebuke.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ ٱلۡمَلِكُ ٱلۡحَقُّۗ وَلَا تَعۡجَلۡ بِٱلۡقُرۡءَانِ مِن قَبۡلِ أَن يُقۡضَىٰٓ إِلَيۡكَ وَحۡيُهُۥۖ وَقُل رَّبِّ زِدۡنِي عِلۡمٗا
Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri[398]. Ntumwa y’Imana! Ntukihutire rero gusubiramwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa imbere yuko Jibrili aheraheza gusoma; ha kwihutira kuyisubiramwo, uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unyongerereze ubumenyi ku bwo Wampaye”.
[398] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ عَهِدۡنَآ إِلَىٰٓ ءَادَمَ مِن قَبۡلُ فَنَسِيَ وَلَمۡ نَجِدۡ لَهُۥ عَزۡمٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahanuye Adamu imbere yuko afungura ku camwa, ko atohirahira ngo agifungureko, maze aribagira igihe yoshwa na Ibilisi, nta n’ishaka Twasanze afise ryo kwubahiriza ibwirizwa Twamuhaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”; abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yanse kumwubamira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقُلۡنَا يَٰٓـَٔادَمُ إِنَّ هَٰذَا عَدُوّٞ لَّكَ وَلِزَوۡجِكَ فَلَا يُخۡرِجَنَّكُمَا مِنَ ٱلۡجَنَّةِ فَتَشۡقَىٰٓ
Ni ho rero Twavuga Duti: “Ewe Adamu! Mu vy’ukuri uyo Ibilisi, ni umwansi wawe, wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa, muramwiyubara rero ntimuzomwumvire namba, ngo ahave abakura mu Bwami bw’ijuru, aho uzocumukura uramutse ubuvuyemwo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ لَكَ أَلَّا تَجُوعَ فِيهَا وَلَا تَعۡرَىٰ
Ewe Adamu! Muri ubu Bwami bw’ijuru uzobaho uhiriwe; uzofungura, inzara uzobaza; uzokwambara ku buryo ubwambure bwawe butazogaragara;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّكَ لَا تَظۡمَؤُاْ فِيهَا وَلَا تَضۡحَىٰ
Ntuzonanyoterwa muri nya Bwami, eka ntuzokwigera wicwa n’ubushuhe bw’izuba”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَوَسۡوَسَ إِلَيۡهِ ٱلشَّيۡطَٰنُ قَالَ يَٰٓـَٔادَمُ هَلۡ أَدُلُّكَ عَلَىٰ شَجَرَةِ ٱلۡخُلۡدِ وَمُلۡكٖ لَّا يَبۡلَىٰ
Shetani yaroheje Adamu, maze imubwira iti: “Ewe Adamu! Mbega ndakwereke igiti mu gihe wogifungurako, wobaho ubutagipfa, ukaronka n’ubwami budahera?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَكَلَا مِنۡهَا فَبَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۚ وَعَصَىٰٓ ءَادَمُ رَبَّهُۥ فَغَوَىٰ
Ni ho rero Adamu na Hawa bafungura kuri nya giti babuzwa n’Imana Allah kugifungurako, ubwambure bwabo buca buragaragara, babona bambaye ubusa, baca batangura gukorora amababi y’ibiti vyo mu Bwami bw’ijuru ngo bapfuke ubwambure bwabo bugaragara, Adamu aba aciye kubiri n’ibwirizwa yahawe n’Imana yiwe Rurema Allah, maze arahuba.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ ٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَتَابَ عَلَيۡهِ وَهَدَىٰ
Mu nyuma ni ho Adamu, Imana yiwe Rurema Allah Yamutora, Iramwumvira ukwigaya kwiwe, Iraheza Iramurongora mu nzira yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ ٱهۡبِطَا مِنۡهَا جَمِيعَۢاۖ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ فَإِمَّا يَأۡتِيَنَّكُم مِّنِّي هُدٗى فَمَنِ ٱتَّبَعَ هُدَايَ فَلَا يَضِلُّ وَلَا يَشۡقَىٰ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Nimuve mu Bwami bw’ijuru mumanuke kw’isi mwese muri kumwe na Ibilisi, mwebwe na we mwamaze gucika abansi hagati yanyu; nimwashikirwa n’uburongozi buvuye iwanje, uwuzokurikira uburongozi bwanje muri mwebwe, ntazokwigera ahuba kw’isi, eka ntazonagorwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَنۡ أَعۡرَضَ عَن ذِكۡرِي فَإِنَّ لَهُۥ مَعِيشَةٗ ضَنكٗا وَنَحۡشُرُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَعۡمَىٰ
Nayo uwuzogenza umugongo mu kwirengagiza uburongozi bwanje, mu vy’ukuri azobaho ubuzima bw’ivyago n’amaganya kw’isi[399], Duheze Tumuzure ku musi w’izuka ari impumyi kuko yirengagije kubona ukuri kw’ivyemezo vyacu akiri kw’isi”;
[399] N’aho umuraba wogira ngo abayeho yorohewe, ahimbawe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ رَبِّ لِمَ حَشَرۡتَنِيٓ أَعۡمَىٰ وَقَدۡ كُنتُ بَصِيرٗا
Azoheza avuge ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ni kuki Wanzuye ndi impumyi kandi nkiri kw’isi nahora mbona ukuri kwamye?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ كَذَٰلِكَ أَتَتۡكَ ءَايَٰتُنَا فَنَسِيتَهَاۖ وَكَذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمَ تُنسَىٰ
Imana Allah Izomwishura Iti: “Nakuzuye uri impumyi, kuko ivyemezo vyanje vyagushikiriye ukiri kw’isi uravyirengagiza, ntiwavyemera, ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Tukwirengagije kuri uno musi Tukaguta no mu muriro”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَنۡ أَسۡرَفَ وَلَمۡ يُؤۡمِنۢ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦۚ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَشَدُّ وَأَبۡقَىٰٓ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Tuzohana abirengagije ivyemezo vyacu - Duhana kw’isi uwimonogoje mu butumva, ntaheze ngo yemere ivyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah; ni ukuri, n’ibihano yategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birakaze kandi vyamaho.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَلَمۡ يَهۡدِ لَهُمۡ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ يَمۡشُونَ فِي مَسَٰكِنِهِمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ
Ntumwa y’Imana! Mbega abantu warungitsweko, ibihano vy’ihonywa ry’imigwi myinshi Twahoneje aho hambere yabo, ntibiratuma batumbera inzira igororotse, kandi baca ahahoze imihana yabo, bakabona n’ibisigarira vya nya bihano! Mu vy’ukuri muri iryo honywa ry’imigwi myinshi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku banyabwenge babushitse.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَكَانَ لِزَامٗا وَأَجَلٞ مُّسَمّٗى
Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri vyari kuba ngombwa ko bahonywa bakiri kw’isi kubera igarariza ryabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ غُرُوبِهَاۖ وَمِنۡ ءَانَآيِٕ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡ وَأَطۡرَافَ ٱلنَّهَارِ لَعَلَّكَ تَرۡضَىٰ
Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga, no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uninahaze Imana yawe Rurema Allah mw’isengesho ryo ku musase mu bihe vy’igicamusi, no mw’isengesho ryo kukirengazuba kugira uhemberwe ivyo bikorwa indishi igushimisha.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّنۡهُمۡ زَهۡرَةَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا لِنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَرِزۡقُ رَبِّكَ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰ
Kandi ntukarangamize wipfuza kuronka ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji, mu bihendamaso vy’isi bitandukanye kugira Tubibageragerezeko; ibikubeshaho uronkejwe n’Imana yawe Rurema Allah hamwe n’indishi zayo, ni vyo vyiza gusumba ivyo bihendamaso vy’isi, kandi ni na vyo vyamaho.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأۡمُرۡ أَهۡلَكَ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱصۡطَبِرۡ عَلَيۡهَاۖ لَا نَسۡـَٔلُكَ رِزۡقٗاۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُكَۗ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلتَّقۡوَىٰ
Muvugishwamana! Bwiriza umuryango wawe gusenga, wongere wihanganire kwamizako gusenga; ntitugusavye icotubeshaho, ni Twebwe Allah Tukubeshaho Tukakuronsa n’ivyo ukeneye. Burya iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالُواْ لَوۡلَا يَأۡتِينَا بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّهِۦٓۚ أَوَلَمۡ تَأۡتِهِم بَيِّنَةُ مَا فِي ٱلصُّحُفِ ٱلۡأُولَىٰ
Ntumwa y’Imana! Abaguhakana bavuze bati: “Ubwo Muhamadi ntiyari gupfuma atuzanira icemezo kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri!”. Mbega ntibashikiriwe na Qor’ani ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yayo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡ أَنَّآ أَهۡلَكۡنَٰهُم بِعَذَابٖ مِّن قَبۡلِهِۦ لَقَالُواْ رَبَّنَا لَوۡلَآ أَرۡسَلۡتَ إِلَيۡنَا رَسُولٗا فَنَتَّبِعَ ءَايَٰتِكَ مِن قَبۡلِ أَن نَّذِلَّ وَنَخۡزَىٰ
Iyo Tubahana Tukabahonya imbere yuko Tubarungikira Intumwa Tukanabamanurira Qor’ani, bari kuvuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntiwari kubanza Ukaturungikira Intumwa maze tukayemera, tugakurikira na Aayah n’amabwirizwa yawe, imbere yuko dusuzugurika tugateterezwa n’ibihano vyawe!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡ كُلّٞ مُّتَرَبِّصٞ فَتَرَبَّصُواْۖ فَسَتَعۡلَمُونَ مَنۡ أَصۡحَٰبُ ٱلصِّرَٰطِ ٱلسَّوِيِّ وَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana, uti: “Umwe wese muri twebwe na mwe, ararindiriye ikizomushikira kuri ino si, caba ineza canke inabi, nimurindire rero, muzoteba mumenya muri twebwe na mwe abari mu nzira itumbereye n’abagororotsi batumbereye ukuri”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ ጣሃ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት