Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ጋሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል ፉርቃን   አንቀጽ:
۞ وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ نَرَىٰ رَبَّنَاۗ لَقَدِ ٱسۡتَكۡبَرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ وَعَتَوۡ عُتُوّٗا كَبِيرٗا
Abatizeye ko inyuma yo gupfa bazohura na Twe Allah, baratangaye bavuga bati: “Burya Imana Allah, ntiyari gupfuma Itumanurira abamalayika bemeza ukuri kwa Muhamadi bakamwitsa, canke tukabona Imana yacu Rurema ukuri kwamye, Igaheza Ikatwibwirira ko Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Ni ukuri, barimonogoje mu kugira amanyama aho bubahutse kuvuga iryo jambo, baranarendegeye bararenza mu bugarariji.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يَرَوۡنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ لَا بُشۡرَىٰ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُجۡرِمِينَ وَيَقُولُونَ حِجۡرٗا مَّحۡجُورٗا
Umusi bazoba bari ku mpfiro bakabona abamalayika, no mu gihe bazoba bari mu mva, vyongeye no ku musi w’izuka, maze bakababona baremye uko batabaziga, uyo musi ntibazobaha inkuru ihumuriza namba, bazobaha inkuru y’incamugongo bati: “Ubwami bw’ijuru mubwibagire, ni ikizira kuri mwebwe!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَدِمۡنَآ إِلَىٰ مَا عَمِلُواْ مِنۡ عَمَلٖ فَجَعَلۡنَٰهُ هَبَآءٗ مَّنثُورًا
Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dufate ivyo bakoze bibaza ko ari vyiza, Tubigire impfagusa bitumuke nk’inkungugu kuko bitigeze vyemerwa[1].
[1] Igikorwa cose umuntu akoze kw’isi n’aho coba ciza, nta co kizomumarira mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse mu gihe nya muntu yoba yubahirije ibintu bibiri: ukwemera Imana Allah no kuzera indishi kuri Yo, hamwe rero no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kungene ashira mu ngiro nya ciza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ يَوۡمَئِذٍ خَيۡرٞ مُّسۡتَقَرّٗا وَأَحۡسَنُ مَقِيلٗا
Kuri uwo musi w’izuka, abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoronka ubushikiro bwiza buruta ubw’abantu bo mu muriro, bazoronka n’icumbi riteye igomwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَيَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلسَّمَآءُ بِٱلۡغَمَٰمِ وَنُزِّلَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ تَنزِيلًا
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi ijuru ryasadaguritse hakibonekeza mu migaga yaryo ibicu vyererana, abamalayika na bo bakamanuka ku bwinshi, kugira bakikuze ibiremwa kw’iyegeranirizo, maze Imana Allah Igaseruka mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kugira Ibitunganirize.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّ لِلرَّحۡمَٰنِۚ وَكَانَ يَوۡمًا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ عَسِيرٗا
Inganji y’ubwami bw’ukuri kuri uyo musi, ni iya Nyenimpuhwe Allah; kandi nya musi, uzoba ugoye cane ku bagarariji bitewe n’ibihano bibarindiriye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَيَوۡمَ يَعَضُّ ٱلظَّالِمُ عَلَىٰ يَدَيۡهِ يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي ٱتَّخَذۡتُ مَعَ ٱلرَّسُولِ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi umuntu yirenganije mw'igarariza, azokubita urutoke yihebuye akavuga ati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo nkurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu gukurikira inzira y’ubwislamu iganisha mu Bwami bw’ijuru!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰوَيۡلَتَىٰ لَيۡتَنِي لَمۡ أَتَّخِذۡ فُلَانًا خَلِيلٗا
Karadereye yemwe! Iyo menya sinari gucudika na kanaka ngo ndamugire umugenzi pfampfe!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّقَدۡ أَضَلَّنِي عَنِ ٱلذِّكۡرِ بَعۡدَ إِذۡ جَآءَنِيۗ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِلۡإِنسَٰنِ خَذُولٗا
Ni ukuri, yarampubishije mu kudakurikira Qor’ani kandi yaranshikiriye”. Burya rero shetani, yamye ari umuhemu kuri kiremwa-muntu[2].
[2] Izi Aayah zirihaniza umuntu kugira umugenzi mubi, kuko ashobora kumubera imvo imukwegera akarambaraye, akazoja mu muriro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ ٱلرَّسُولُ يَٰرَبِّ إِنَّ قَوۡمِي ٱتَّخَذُواْ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ مَهۡجُورٗا
Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaganyiye Imana Allah ku mabi yakozwe n’abantu bayo iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barahunze iyi Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha[3]”.
[3] Iyi Aayah irihaniza yivuye inyuma abantu bahunga Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوّٗا مِّنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ هَادِيٗا وَنَصِيرٗا
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakugeneye abansi bakurwanya mu bantu bawe - Twageneye Umuvugishwamana wese abansi mu bigaba vy’abantu biwe; bihanganire rero nk’uko na bo nyene babihanganiye. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kukubera Indongozi n’Umutabazi[4].
[4] Muri iyi Aayah, Imana Allah Iraremesha Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلۡقُرۡءَانُ جُمۡلَةٗ وَٰحِدَةٗۚ كَذَٰلِكَ لِنُثَبِّتَ بِهِۦ فُؤَادَكَۖ وَرَتَّلۡنَٰهُ تَرۡتِيلٗا
Abagararije bavuze bati: “Imana Allah, ntiyari gupfuma Imanurira rimwe Qor’ani kuri Muhamadi nka kurya Yamanuriye rimwe Tawurati, Injili na Zaburi!”. Ntumwa y’Imana! Ni ukwo nyene rero Twakumanuriye Qor’ani bukebuke mu bihe bitandukanye, kugira Dutsimbataze umushaha wawe mu kuyizigama; Twaranayigutomoreye ido n’ido mu bwitonzi, ingingo ku yindi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል ፉርቃን
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ጋሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጓሚ ዩሱፍ ጋሂቲ ‐ ከአፍሪካ የልማት ተቋም የተገኘ

መዝጋት