Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አን ነምል   አንቀጽ:

An-Naml

طسٓۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡقُرۡءَانِ وَكِتَابٖ مُّبِينٍ
Twaa Siin[1]. Izi, ni Aayah za Qor’ani, Aayah z’Igitabu gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira;
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Izo Aayah z’Igitabu Qor’ani, ni uburongozi bushikana ku ntsinzi mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, zikanaba n’inkuru nziza iremesha ko Ubwami bw’ijuru bwagenewe abemeramana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ
Abatsimbataza amasengesho atanu ku musi akwije ibisabwa; bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa ku bayigenewe; bakemera ata guhigimanga ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ زَيَّنَّا لَهُمۡ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُمۡ يَعۡمَهُونَ
Mu vy’ukuri, abatemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa ngo baheze babwitegurire, Twabaryohereje ibikorwa vyabo bibi babibona ko ari vyiza, baranajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka mu vyo bakora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَهُمۡ سُوٓءُ ٱلۡعَذَابِ وَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡأَخۡسَرُونَ
Abo, ni bo rero bategekanirijwe ibihano bibi bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, bakazoba no mu bahomvye cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّكَ لَتُلَقَّى ٱلۡقُرۡءَانَ مِن لَّدُنۡ حَكِيمٍ عَلِيمٍ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe wakira Qor’ani ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِأَهۡلِهِۦٓ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا سَـَٔاتِيكُم مِّنۡهَا بِخَبَرٍ أَوۡ ءَاتِيكُم بِشِهَابٖ قَبَسٖ لَّعَلَّكُمۡ تَصۡطَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yari avuye muri Madiyana agarutse muri Misiri, igihe abwira umuryango wiwe ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndabonye umucanwa waka, reka ndabe ko nohasanga inkuru y’umuntu yotuzimurura akatwereka inzira, canke ko nobazanira igishirira kugira mwote”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّا جَآءَهَا نُودِيَ أَنۢ بُورِكَ مَن فِي ٱلنَّارِ وَمَنۡ حَوۡلَهَا وَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa amaze gushika aho yabonye nya muriro, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Harahezagiwe abamalayika bari muri nya muriro n’abawukikuje, nihaninahazwe rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّهُۥٓ أَنَا ٱللَّهُ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ewe Musa! Mu vy’ukuri ni Jewe Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Nkora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَلۡقِ عَصَاكَۚ فَلَمَّا رَءَاهَا تَهۡتَزُّ كَأَنَّهَا جَآنّٞ وَلَّىٰ مُدۡبِرٗا وَلَمۡ يُعَقِّبۡۚ يَٰمُوسَىٰ لَا تَخَفۡ إِنِّي لَا يَخَافُ لَدَيَّ ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Enda nyabuna rero, terera iyo nkoni yawe hasi”. Musa amaze kuyiterera hasi, yaciye ihinduka inzoka yigendera. Musa amaze kubona ya nkoni igenda inyiganyiga nk’inzoka, yatunzwe n’ayo yameze, asubira inyuma ubudakebuka. Maze Imana Allah Ica Iramutururuza Iti: “Ewe Musa! Ntutinye na gato, tekana! Mu vy’ukuri, Jewe nta Ntumwa itinya iri imbere yanje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا مَن ظَلَمَ ثُمَّ بَدَّلَ حُسۡنَۢا بَعۡدَ سُوٓءٖ فَإِنِّي غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ariko uwirenganije agakora icaha, hanyuma akigaya maze agasubiriza nya caha iciza co kwigaya, ni ukuri Jewe Ndi Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi kuri we;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَدۡخِلۡ يَدَكَ فِي جَيۡبِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٖۖ فِي تِسۡعِ ءَايَٰتٍ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَقَوۡمِهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ
Shira ikiganza cawe rero mu kwaha kwawe, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe; ico, ni kimwe mu bitangaro icenda[2] vyerekana ko uri Intumwa vy’ukuri Ndungitse kwa Firawuni n’abantu biwe; mu vy’ukuri, bari mu bantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”.
[2] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّا جَآءَتۡهُمۡ ءَايَٰتُنَا مُبۡصِرَةٗ قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٞ مُّبِينٞ
Nya bitangaro vyacu Twebwe Allah vyerekana ukuri ku wubibonye, bimaze gushikira Firawuni n’abantu biwe, bavuze bati: “Ubu, ni ubukonikoni bweruye!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አን ነምል
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጎመዋል በዩሱፍ ጋሂቲ። የተሰኘው ከየአፍሪካ ልማት ፋውንዴሽን ነው።

መዝጋት