የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (176) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
يَسۡتَفۡتُونَكَ قُلِ ٱللَّهُ يُفۡتِيكُمۡ فِي ٱلۡكَلَٰلَةِۚ إِنِ ٱمۡرُؤٌاْ هَلَكَ لَيۡسَ لَهُۥ وَلَدٞ وَلَهُۥٓ أُخۡتٞ فَلَهَا نِصۡفُ مَا تَرَكَۚ وَهُوَ يَرِثُهَآ إِن لَّمۡ يَكُن لَّهَا وَلَدٞۚ فَإِن كَانَتَا ٱثۡنَتَيۡنِ فَلَهُمَا ٱلثُّلُثَانِ مِمَّا تَرَكَۚ وَإِن كَانُوٓاْ إِخۡوَةٗ رِّجَالٗا وَنِسَآءٗ فَلِلذَّكَرِ مِثۡلُ حَظِّ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۗ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمۡ أَن تَضِلُّواْۗ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمُۢ
Muvugishwamana! Barakubaza ku vyerekeye ibisigi vy’uwapfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi. Bishure ko Imana Allah Ibatomorera ingingo y’ivyo bisigi. Mu gihe rero umuntu yopfa atagira umwana canke umuvyeyi, akaba afise mushikiwe basangiye abavyeyi canke basangiye se gusa, uyo mushikiwe araheza agatorana igice c’ibisigi, uyo musazawe na we agatorana ibisigi vyose vya mushikiwe basangiye abavyeyi canke se gusa, mu gihe mushikiwe yopfa adasize umwana canke umuvyeyi. Mu gihe umuntu apfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi, akaba afise bashikiwe babiri, baraheza bagatorana bibiri vya gatatu vy’ibisigi. Mu gihe yoba naho afise benewabo basangiye se gusa na bashikiwe basangiye abavyeyi, benewabo baraheza bagatorana ibigwijwe na kabiri vy’ivyo bashikiwe batoranye. Imana Allah Ibatomorera uburyo bwo kugabura ibisigi, n’ingingo zerekeye igaburwa ry’ibisigi vy’uwapfuye yari ingumba atakigira n’abavyeyi, kugira ntimuyoberwe uburyo bwo kwubahiriza uburenganzira bw’umwe wese afise ku bisigi, kandi rero burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi iherezo ry’ibintu vyose n’ineza irimwo ku biremwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (176) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት