የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (77) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ قِيلَ لَهُمۡ كُفُّوٓاْ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ فَلَمَّا كُتِبَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقِتَالُ إِذَا فَرِيقٞ مِّنۡهُمۡ يَخۡشَوۡنَ ٱلنَّاسَ كَخَشۡيَةِ ٱللَّهِ أَوۡ أَشَدَّ خَشۡيَةٗۚ وَقَالُواْ رَبَّنَا لِمَ كَتَبۡتَ عَلَيۡنَا ٱلۡقِتَالَ لَوۡلَآ أَخَّرۡتَنَآ إِلَىٰٓ أَجَلٖ قَرِيبٖۗ قُلۡ مَتَٰعُ ٱلدُّنۡيَا قَلِيلٞ وَٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لِّمَنِ ٱتَّقَىٰ وَلَا تُظۡلَمُونَ فَتِيلًا
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’ababwiwe imbere yo gutegekwa guhangana ku rugamba, bati: “Nimusubize inkota mu rwubati, mureke kurwanya ababangikanyamana, maze mutsimbataze amasengesho munatange n’ishikanwa-bwirizwa”. Aho bategekewe guhangana ku rugamba, haciye hibonekeza umugwi muri bo, utinya abantu nka kurya utinya Imana Allah canke gusumba uko uyitinya, uranavuga n’ishavu n’akantu uti: “Mana yacu Rurema Allah! Ni kuki Wadutegetse guhangana ku rugamba, ntiwari gupfuma Utenyenya gato, tukaba turaryoherwa n’ivy’isi!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ukuryoherwa n’ivy’isi, ni umwanya muto, nayo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo burimwo ivyiza bihambaye ku wutinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kandi rero ntimuzorenganywa na gato ku co mwakoze, n’aho coba kingana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (77) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት