የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (92) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
وَمَا كَانَ لِمُؤۡمِنٍ أَن يَقۡتُلَ مُؤۡمِنًا إِلَّا خَطَـٔٗاۚ وَمَن قَتَلَ مُؤۡمِنًا خَطَـٔٗا فَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مُّؤۡمِنَةٖ وَدِيَةٞ مُّسَلَّمَةٌ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦٓ إِلَّآ أَن يَصَّدَّقُواْۚ فَإِن كَانَ مِن قَوۡمٍ عَدُوّٖ لَّكُمۡ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مُّؤۡمِنَةٖۖ وَإِن كَانَ مِن قَوۡمِۭ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُم مِّيثَٰقٞ فَدِيَةٞ مُّسَلَّمَةٌ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ وَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مُّؤۡمِنَةٖۖ فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ شَهۡرَيۡنِ مُتَتَابِعَيۡنِ تَوۡبَةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Nta ho vyakabaye ko umwemeramana yica uwundi mwemeramana atabifitiye uburenganzira, kiretse mu gihe bishitse akamwica ku mpanuka. Umwemeramana wese rero, yishe umwemeramana ku mpanuka, ahanishwa uguha ubwigenge umugurano w’umwemeramana hamwe no guha agashumbusho gategekanirijwe benewabo n’uwishwe, kiretse mu gihe bogaheba bakagatanga imperezwa. Haramutse hishwe ku mpanuka umuntu mu bansi banyu, yari umwemeramana, uwamwishe ahanishwa uguha ubwigenge umugurano w’umwemeramana. Haramutse hishwe umuntu mu bo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, uwamwishe ahanishwa uguha agashumbusho gategekanirijwe benewabo, hamwe rero no guha ubwigenge umugurano w’umwemeramana; uwudashoboye guha ubwigenge umugurano w’umwemeramana, icuhagizo ciwe, ni ugupfunga amezi abiri akurikirana, kugira Imana Allah Imwakirire ukwigaya kwiwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (92) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት