Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል-አንዓም   አንቀጽ:
وَقَالُواْ هَٰذِهِۦٓ أَنۡعَٰمٞ وَحَرۡثٌ حِجۡرٞ لَّا يَطۡعَمُهَآ إِلَّا مَن نَّشَآءُ بِزَعۡمِهِمۡ وَأَنۡعَٰمٌ حُرِّمَتۡ ظُهُورُهَا وَأَنۡعَٰمٞ لَّا يَذۡكُرُونَ ٱسۡمَ ٱللَّهِ عَلَيۡهَا ٱفۡتِرَآءً عَلَيۡهِۚ سَيَجۡزِيهِم بِمَا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Ababangikanyamana baranavuze bati: “Ibi bitungwa n’ibiterwa twageneye ibigirwamana birakingiwe, nta wurekuriwe kuvyikorako kiretse uwo dushaka mu babihagarariye, no mu bandi. Ivyo rero babivuga ku vyipfuzo vyabo. Hanyuma bati: "Izi ngamiya na zo kirazira kuzurira canke kuzihekako ikintu na kimwe”. Hakaba rero n’izindi ngamiya mu kuzikoresha ikintu ico ari co cose, batigera baninahaza Imana Allah. Ivyo vyose rero, babikora mu kurementaniriza Imana Allah. Imana Allah rero, Izobahembera ivyo bahora bayirementaniriza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالُواْ مَا فِي بُطُونِ هَٰذِهِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ خَالِصَةٞ لِّذُكُورِنَا وَمُحَرَّمٌ عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِنَاۖ وَإِن يَكُن مَّيۡتَةٗ فَهُمۡ فِيهِ شُرَكَآءُۚ سَيَجۡزِيهِمۡ وَصۡفَهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٞ
Baranavuze kandi bati: “Ibitungwa bifise amezi biramutse bivyaye imyagazi ikomeye, iyo myagazi izoba igenewe gusa abagabo muri twebwe, izoba iziririjwe ku bagore bacu”; mu gihe iyo myagazi ivyawe yapfuye, baraheza bakayisangira. Imana Allah Izobahembera rero iryo zirura n’iziririza ritigeze rigirwa na Yo. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose, Irazi indishi ikwiye umwe wese mu biremwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ قَتَلُوٓاْ أَوۡلَٰدَهُمۡ سَفَهَۢا بِغَيۡرِ عِلۡمٖ وَحَرَّمُواْ مَا رَزَقَهُمُ ٱللَّهُ ٱفۡتِرَآءً عَلَى ٱللَّهِۚ قَدۡ ضَلُّواْ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ
Ni ukuri, abishe abana babo kw’ikehabwenge no ku kutamenya bakanaziririza ivyo baronkejwe n’Imana Allah mu kuyirementaniriza[24], bari mu ruhombo rw'agahebuza. Ni ukuri, barahuvye inzira y’ukuri, kira noneho ntibari no mu bagororotsi.
[24] Ukuzirura no kuziririza, biri mu bintu vyega gusa Imana Allah. Ikiziruye, ni icaziruwe n’Imana Allah, ikizira na co ni icaziririjwe n’Imana Allah. Nta n’umwe rero mu biremwa, arekuriwe gushingira ibiremwa amateka mu buryo butarekuwe n’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَ جَنَّٰتٖ مَّعۡرُوشَٰتٖ وَغَيۡرَ مَعۡرُوشَٰتٖ وَٱلنَّخۡلَ وَٱلزَّرۡعَ مُخۡتَلِفًا أُكُلُهُۥ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلرُّمَّانَ مُتَشَٰبِهٗا وَغَيۡرَ مُتَشَٰبِهٖۚ كُلُواْ مِن ثَمَرِهِۦٓ إِذَآ أَثۡمَرَ وَءَاتُواْ حَقَّهُۥ يَوۡمَ حَصَادِهِۦۖ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Imana Allah ni Yo Yaremye amashamba, muri yo hari ay’ibirandaranda hejuru bikaba nk'igisenge; nka kurya kw’imizabibu; hakaba n’ay’ibitarandaranda hasi bihagaze ku gitumbatumba nk’ibiti vy’itende, n’ibindi biterwa bifise akanovera gatandukanye; hari n’imizayituni n’imikomamanga, usanga amababi yavyo asa, ariko bitandukanye mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Nimufungure rero ivyamwa vyavyo igihe vyamye, muheze munatange ishikanwa-bwirizwa ryavyo ku musi wo kwamura canke wo gusoroma; kandi rero ntimuzosesagure mu kurenza urugero rw’ibitangwa mw’ishikanwa-bwirizwa canke mu gufungura, n’ibindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura mu gutanga amatungo mu bidakenewe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمِنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ حَمُولَةٗ وَفَرۡشٗاۚ كُلُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Imana Allah Yaremye no mu bitungwa ibishobora kwikorera; nk’ingamiya, n’ibindi bidashoboye kwikorera; nk’inka n’intungwa. Muraheza rero mufungure mu vyo mwaronkejwe n’Imana Allah muri ivyo bitungwa, ntimuzohirahire ngo mukurikire inzira za shetani zo kuziririza ivyaziruwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል-አንዓም
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጎመዋል በዩሱፍ ጋሂቲ። የተሰኘው ከየአፍሪካ ልማት ፋውንዴሽን ነው።

መዝጋት