የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ጁሙዓህ   አንቀጽ:

SURATU L-JUMU’AH

يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡمَلِكِ ٱلۡقُدُّوسِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, Umwami, Nyenubutagatifu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هُوَ ٱلَّذِي بَعَثَ فِي ٱلۡأُمِّيِّـۧنَ رَسُولٗا مِّنۡهُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِهِۦ وَيُزَكِّيهِمۡ وَيُعَلِّمُهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلُ لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Ni Yo Yarungitse Intumwa ivuye mu Barabu batazi gusoma no kwandika, Iraheza Iyirungika ku bantu bose, ibasomera Qor’ani inabeza ingeso mbi n’ukwemera gushingiye ku bintazi, ibigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo y’intumwa (Sunnah), mu gihe bari mu muzimagiza w'ubuhuvyi ugaragara imbere y’irungikwa ry’iyo Ntumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَءَاخَرِينَ مِنۡهُمۡ لَمَّا يَلۡحَقُواْ بِهِمۡۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Izokweza n’abandi muri bo bataraza (bazokurikira inyuma y’ingendanyi). Imana Allah, ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكَ فَضۡلُ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Iryo rungikwa ry’Intumwa rero, ni impano y’Imana Allah, Iyiha uwo Yishakiye mu biremwa. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَثَلُ ٱلَّذِينَ حُمِّلُواْ ٱلتَّوۡرَىٰةَ ثُمَّ لَمۡ يَحۡمِلُوهَا كَمَثَلِ ٱلۡحِمَارِ يَحۡمِلُ أَسۡفَارَۢاۚ بِئۡسَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Akarorero k’abayahudi bategetswe kugendera ibiri mu Gitabu ca Tawurati hanyuma ntibabigendera nk’uko bategetswe; ni nka kurya kw’indogobwe yikoreye ibitabu itazi ibirimwo. Ni akarorero kabi cane k’abantu bahakanye bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah, ntizagira ico zibamariye. Burya Imana Allah na Yo, ntirongora mu nzira yayo, abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ هَادُوٓاْ إِن زَعَمۡتُمۡ أَنَّكُمۡ أَوۡلِيَآءُ لِلَّهِ مِن دُونِ ٱلنَّاسِ فَتَمَنَّوُاْ ٱلۡمَوۡتَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bayahudi! Nimwaba mwigamba ko muri inkundwakazi zishikira ku Mana Allah, enda rero, nimwipfuze urupfu nimwaba muri imvugakuri”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا يَتَمَنَّوۡنَهُۥٓ أَبَدَۢا بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلظَّٰلِمِينَ
Ntibazokwigera barwipfuza na rimwe kubera ugukunda ivy’isi no gutinya guhanirwa ibibi bakora. Imana Allah na Yo, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡ إِنَّ ٱلۡمَوۡتَ ٱلَّذِي تَفِرُّونَ مِنۡهُ فَإِنَّهُۥ مُلَٰقِيكُمۡۖ ثُمَّ تُرَدُّونَ إِلَىٰ عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri urupfu muhunga, nta nkeka ruzobashikira nihagera gupfa, hanyuma musubizwe kuri Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka ku musi w’izuka, maze Abamenyeshe ivyo mwari mwarakoze vyose kw'isi, Anabibahembere”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نُودِيَ لِلصَّلَوٰةِ مِن يَوۡمِ ٱلۡجُمُعَةِ فَٱسۡعَوۡاْ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِ وَذَرُواْ ٱلۡبَيۡعَۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nihararikwa kuja gusenga ku musi w’ikoraniro w'ijuma, murashoka munyaragasa kuja gusenga no kwumviriza inyigisho, muheze mureke kugura no kugurisha ibidandazwa hamwe n’ibindi vyose bisamaza. Ivyo mutegetswe, ni vyiza kuri mwebwe kurusha. Nimwaba muzi ibibafitiye akamaro rero, nimuvyubahirize[1].
[1] Iyi Aayah, irerekana ko gusenga isengesho ryo ku musi w’ikoraniro w'ijuma hamwe no kwumviriza inyigisho yaryo, ari ngombwa ku mwislamu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا قُضِيَتِ ٱلصَّلَوٰةُ فَٱنتَشِرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَٱبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Nimwamara kwumviriza inyigisho, mugaheza no gusenga, murakwiragira kw’isi, murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, maze muninahaze kenshi Imana Allah aho muzoba muri hose, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذَا رَأَوۡاْ تِجَٰرَةً أَوۡ لَهۡوًا ٱنفَضُّوٓاْ إِلَيۡهَا وَتَرَكُوكَ قَآئِمٗاۚ قُلۡ مَا عِندَ ٱللَّهِ خَيۡرٞ مِّنَ ٱللَّهۡوِ وَمِنَ ٱلتِّجَٰرَةِۚ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلرَّٰزِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo bamwe mu bislamu babonye urudandazwa, canke ibintu bisamaza ata co bimaze mu bihendamaso vy'isi, baca babihurumbira bakagusiga uhagaze wenyene. Babwire uti: “Burya indishi n’inema biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza kuri mwebwe gusumba urudandazwa n’ibisamaza. Burya Imana Allah, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ጁሙዓህ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት