የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቀለም   አንቀጽ:

SURATU L-QALAM

نٓۚ وَٱلۡقَلَمِ وَمَا يَسۡطُرُونَ
Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَآ أَنتَ بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ بِمَجۡنُونٖ
Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ لَكَ لَأَجۡرًا غَيۡرَ مَمۡنُونٖ
Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٖ
Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَسَتُبۡصِرُ وَيُبۡصِرُونَ
Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بِأَييِّكُمُ ٱلۡمَفۡتُونُ
Umusazi muri mwebwe uwo ari we.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَا تُطِعِ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَدُّواْ لَوۡ تُدۡهِنُ فَيُدۡهِنُونَ
Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تُطِعۡ كُلَّ حَلَّافٖ مَّهِينٍ
Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَمَّازٖ مَّشَّآءِۭ بِنَمِيمٖ
Akunda kwandagaza abantu, gateranya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ
Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عُتُلِّۭ بَعۡدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ
Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَن كَانَ ذَا مَالٖ وَبَنِينَ
Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2].
[2] Izi Aayah rero, n’aho zahishuwe zinebagura bamwe mu babangikanyamana; nka Waliid mwene Al-Mughiira, zirihaniza umwislamu uwo ari we wese ko yogira inyifato zigayitse nk’izo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلۡخُرۡطُومِ
Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا بَلَوۡنَٰهُمۡ كَمَا بَلَوۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ إِذۡ أَقۡسَمُواْ لَيَصۡرِمُنَّهَا مُصۡبِحِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا يَسۡتَثۡنُونَ
Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَطَافَ عَلَيۡهَا طَآئِفٞ مِّن رَّبِّكَ وَهُمۡ نَآئِمُونَ
Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَصۡبَحَتۡ كَٱلصَّرِيمِ
Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَنَادَوۡاْ مُصۡبِحِينَ
Bumaze guca, baciye bahamagarana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَنِ ٱغۡدُواْ عَلَىٰ حَرۡثِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰرِمِينَ
Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱنطَلَقُواْ وَهُمۡ يَتَخَٰفَتُونَ
Baca baragenda bongorerana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَن لَّا يَدۡخُلَنَّهَا ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكُم مِّسۡكِينٞ
Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَغَدَوۡاْ عَلَىٰ حَرۡدٖ قَٰدِرِينَ
Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّا رَأَوۡهَا قَالُوٓاْ إِنَّا لَضَآلُّونَ
Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ
Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ أَوۡسَطُهُمۡ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ لَوۡلَا تُسَبِّحُونَ
Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَلَٰوَمُونَ
Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ
Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبۡدِلَنَا خَيۡرٗا مِّنۡهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ
Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah".
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَذَٰلِكَ ٱلۡعَذَابُۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَنَجۡعَلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ كَٱلۡمُجۡرِمِينَ
Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ
Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَكُمۡ كِتَٰبٞ فِيهِ تَدۡرُسُونَ
Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ لَكُمۡ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ
Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَكُمۡ أَيۡمَٰنٌ عَلَيۡنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمۡ لَمَا تَحۡكُمُونَ
Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَلۡهُمۡ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَآءُ فَلۡيَأۡتُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ
Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٖ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ
Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[3] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;
[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaravuze iti: “Imana yacu Rurema Allah Izogaragaza umurundi wayo, maze umwemeramana wese mu bagabo no mu bagore ace ayubamira, hasigare uwahora ayubamira kw’isi ku kwiyerekana no kuyagwa neza; agize ngo yubame, umugongo wiwe uzoca ucika igihimba kimwe kitagondeka”. Yashikirijwe na Al-Bukhariy na Muslimu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۖ وَقَدۡ كَانُواْ يُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ وَهُمۡ سَٰلِمُونَ
Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَذَرۡنِي وَمَن يُكَذِّبُ بِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِۖ سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ
Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرٗا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٖ مُّثۡقَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ
Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلۡحُوتِ إِذۡ نَادَىٰ وَهُوَ مَكۡظُومٞ
Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّوۡلَآ أَن تَدَٰرَكَهُۥ نِعۡمَةٞ مِّن رَّبِّهِۦ لَنُبِذَ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ مَذۡمُومٞ
Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَجَعَلَهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن يَكَادُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَيُزۡلِقُونَكَ بِأَبۡصَٰرِهِمۡ لَمَّا سَمِعُواْ ٱلذِّكۡرَ وَيَقُولُونَ إِنَّهُۥ لَمَجۡنُونٞ
Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቀለም
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት