የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (157) ምዕራፍ: ሱረቱ አል-አዕራፍ
ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلرَّسُولَ ٱلنَّبِيَّ ٱلۡأُمِّيَّ ٱلَّذِي يَجِدُونَهُۥ مَكۡتُوبًا عِندَهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَٱلۡإِنجِيلِ يَأۡمُرُهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَنۡهَىٰهُمۡ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَيُحِلُّ لَهُمُ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَيُحَرِّمُ عَلَيۡهِمُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَ وَيَضَعُ عَنۡهُمۡ إِصۡرَهُمۡ وَٱلۡأَغۡلَٰلَ ٱلَّتِي كَانَتۡ عَلَيۡهِمۡۚ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِهِۦ وَعَزَّرُوهُ وَنَصَرُوهُ وَٱتَّبَعُواْ ٱلنُّورَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ مَعَهُۥٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Abakurikira Intumwa ikaba n’Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), itigeze yiga kwandika no gusoma, ari na yo basanga ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu vyabo vya Tawurati n’Injili; ibabwiriza gusenga Imana Imwe Rudende Allah no kuyumvira hamwe rero no gukora ivyiza; ikanababuza ibangikanyamana n’ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa hamwe rero no gukora ibibi; ikanabazirurira ivyiza birekuwe mu mfungurwa, mu binyobwa no mu bakenyezi; ikanabaziriririza ibibi bizira nk’inyama y’ingurube, n’ibindi mu mfungurwa no mu binyobwa bahora bazirura mu vyaziririjwe n’Imana Allah; gutyo ikabakurako amabwirizwa yari abaremereye[18]. Abemeye rero iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemanga ko ari Intumwa y’ukuri, bakayubaha bakayubahiriza bakanayitabara, bakanakurikira Qor’ani yamanuriwe, bakanagendera n’imigenzo yayo, abo ni bo rero baronse intsinzi y'ivyo Imana Allah Yabasezeraniye”.
[18] Nko guca agace k’impuzu kagiyeko ibihumanya, guturira iminyago no kwica uwishe n’aho yoba atishe n’ibigira nkana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (157) ምዕራፍ: ሱረቱ አል-አዕራፍ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት