የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ዐለቅ   አንቀጽ:

SURATU L’ALAQ

ٱقۡرَأۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلَّذِي خَلَقَ
Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze utangure kw’izina ry’Imana yawe Allah Yaremye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِنۡ عَلَقٍ
Yaremye zina kiremwa-muntu mu maraso avuze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱقۡرَأۡ وَرَبُّكَ ٱلۡأَكۡرَمُ
Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, wizeye ko Imana yawe Rurema Allah ari Yo Mugiraneza-ntangere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِي عَلَّمَ بِٱلۡقَلَمِ
Yigishije ibiremwa kwandika n’ikaramu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَلَّمَ ٱلۡإِنسَٰنَ مَا لَمۡ يَعۡلَمۡ
Yigishije kiremwa-muntu ivyo kitari kizi, Iraheza Igikura mu muzimagiza w’ubujuju Igishira mu muco w’ubumenyi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّآ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لَيَطۡغَىٰٓ
Si ivy’imbeshere ko umuntu yama yarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah ku bwishime;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَن رَّءَاهُ ٱسۡتَغۡنَىٰٓ
Abitewe n'uko abonye yamaze kwikenura agatunga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلرُّجۡعَىٰٓ
Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni ku Mana yawe Rurema Allah, Izomuhembera ivyo yakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي يَنۡهَىٰ
Mbega, warabonye igitangaje kurusha umuntu[1] aburabuza;
[1] Ni umuhakanyi yarwanije cane Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yitwa Abu Jahli.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَبۡدًا إِذَا صَلَّىٰٓ
Umuja[2] w’Imana Allah mu gihe ariko arasenga!
[2] Yaburabuje umuja w’Imana Muhamadi gusenga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَرَءَيۡتَ إِن كَانَ عَلَى ٱلۡهُدَىٰٓ
Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuzwa ugusenga, yoba ari mu nzira igororotse!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَوۡ أَمَرَ بِٱلتَّقۡوَىٰٓ
Canke akaba ariko arabwiriza gukora iciza c'igamburukiramana!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَرَءَيۡتَ إِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰٓ
Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuza ugusenga, yoba ahakana ubutumwa, akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَمۡ يَعۡلَم بِأَنَّ ٱللَّهَ يَرَىٰ
Mbega, ntazi neza ko Imana Allah Ibona ivyo akora!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا لَئِن لَّمۡ يَنتَهِ لَنَسۡفَعَۢا بِٱلنَّاصِيَةِ
Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri, ataretse kurwanya Intumwa, Tuzomufatira mu ruhanga, maze Tumujungunyire mu muriro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
نَاصِيَةٖ كَٰذِبَةٍ خَاطِئَةٖ
Uruhanga rw’umubeshi, umunyavyaha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلۡيَدۡعُ نَادِيَهُۥ
Arahamagara rero abateramyi biwe baze bamutabare;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَنَدۡعُ ٱلزَّبَانِيَةَ
Na Twe Allah, Tuzoheza Duhamagare abamalayika b’ibihangange “Al-Zabaaniya”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا لَا تُطِعۡهُ وَٱسۡجُدۡۤ وَٱقۡتَرِب۩
Ntumwa y’Imana! Nateshwe ate, arahumba mu kwibaza ko azoguturatuza. Ntukamwumvire ngo ureke gusenga, tsimbatara ku kwubamira Imana Allah, uheze ubandanye uyiyegereze unikundwakaze kuri Yo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ዐለቅ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት