ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الرعد   آية:

سورة الرعد - SURATU RRA’D

الٓمٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِۗ وَٱلَّذِيٓ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ ٱلۡحَقُّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ
Alif Laam Miim Raa[1]. Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani zubashwe. Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani wamanuriwe ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni kwo kuri; ariko rero hamwe n’ivyo, abenshi mu bantu ntibayemera ngo bayigendere.
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي رَفَعَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ بِغَيۡرِ عَمَدٖ تَرَوۡنَهَاۖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمّٗىۚ يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ يُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُم بِلِقَآءِ رَبِّكُمۡ تُوقِنُونَ
Imana Allah, ni Yo Yahanitse amajuru indwi ku bushobozi n'ububasha vyayo ata nkingi mubona ziyareruye; hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, Iraheza Irema izuba n’ukwezi, kimwe cose kizungurukira mu nzira ntasobwa yaco; ivyo Ikaba Yabigize ukwo, ku neza y’ibiremwa gushika ku musi w’iherezo. Imana Allah Itunganya ibijanye n’ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, Ikabatomorera Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ko ari Yo Yaremye, kugira mwemere mwizere ko muzohura n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyisenge mutayibangikanya.
التفاسير العربية:
وَهُوَ ٱلَّذِي مَدَّ ٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۡهَٰرٗاۖ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ جَعَلَ فِيهَا زَوۡجَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Ni na Yo Yaguye umubumbe w’isi kugira mushobore kuwubako, Iwuremako n’imisozi iwushigikiye nk’imambo, n’inzuzi mwikorako. No mu vyamwa vy’ubwoko bwose Yaremye amoko abirabiri; ivyera n’ivyirabura, ibisosa n’ibikata, Ituma n’ijoro rihwikira umurango bukijima. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira, bakikebuka.
التفاسير العربية:
وَفِي ٱلۡأَرۡضِ قِطَعٞ مُّتَجَٰوِرَٰتٞ وَجَنَّٰتٞ مِّنۡ أَعۡنَٰبٖ وَزَرۡعٞ وَنَخِيلٞ صِنۡوَانٞ وَغَيۡرُ صِنۡوَانٖ يُسۡقَىٰ بِمَآءٖ وَٰحِدٖ وَنُفَضِّلُ بَعۡضَهَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلۡأُكُلِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Mw’isi rero, burya harimwo uduce tw’agataka twegeranye ariko dutandukanye mu kanovera katwo[2]; harimwo n’imirima itotahaye y’imizabibu, indimo z’ibindi biterwa bitandukanye, ibiti vy’itende binaga ari bibiribibiri ku ngundu imwe, n’ibinaga kimwe cose cisangije ingundu, ivyo vyose ugasanga umwimbu wavyo utandukanye kw’ibara, akanovera n’indemo, kandi vyose biri ku gataka kamwe, vyavomewe ku mazi akomoka hamwe, gutyo Tugatuma rero abantu bakunda bagahurumbira cane gufungura bimwe muri nya mwimbu kurusha ibindi. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri, harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa, bagaheza bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.
[2] Ugasanga hari isi y’akanovera yimbuka, hambavu yayo hari iyindi si y’ubusize itimbuka namba.
التفاسير العربية:
۞ وَإِن تَعۡجَبۡ فَعَجَبٞ قَوۡلُهُمۡ أَءِذَا كُنَّا تُرَٰبًا أَءِنَّا لَفِي خَلۡقٖ جَدِيدٍۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَغۡلَٰلُ فِيٓ أَعۡنَاقِهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Niwabona uriko utangazwa n’ukutemera kw’abantu kw’ibi vyemezo, ahubwo mu mvugo zabo hari ikizogutangaza kuruta, bazovuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, binamure bati: “Mbega mu gihe tworamuka dupfuye tugacika ivu, ubwo ni ukuri tuzozuka!”. Abo, ni bo rero bagararije koko Imana yabo Rurema Allah, ni na bo bazoboheshwa iminyororo mw’izosi ku musi w’izuka, ni na bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
التفاسير العربية:
وَيَسۡتَعۡجِلُونَكَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِ وَقَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهِمُ ٱلۡمَثُلَٰتُۗ وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو مَغۡفِرَةٖ لِّلنَّاسِ عَلَىٰ ظُلۡمِهِمۡۖ وَإِنَّ رَبَّكَ لَشَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, imbere yuko bemera bagakora ivyiza vyotuma badahanwa; kandi mu vy’ukuri, aho hambere yabo, hari abahakanyi bamaze guhanwa, ubwo ntibokwikebuka! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni Nyenukubabarira ivyaha ku bantu bigaya ku vyaha bakoze; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.
التفاسير العربية:
وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦٓۗ إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرٞۖ وَلِكُلِّ قَوۡمٍ هَادٍ
Abagarariji b’i Makka bavuga ku kagagazo n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe uri Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah. Burya rero, umugwi wose w’abantu wararungikiwe Intumwa iwurongora mu nzira y’Imana Allah.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تَحۡمِلُ كُلُّ أُنثَىٰ وَمَا تَغِيضُ ٱلۡأَرۡحَامُ وَمَا تَزۡدَادُۚ وَكُلُّ شَيۡءٍ عِندَهُۥ بِمِقۡدَارٍ
Imana Allah Irazi neza icibungenzwe kikiri mu nda; ko kizoba ari igitsina-gabo canke igitsina-gore; ko kizoba ari ikigaba canke umugororotsi. Irazi neza n’ibitereko bizokorora imbanyi, ibizoyivyara itageze canke irengeje amezi icenda. Ikintu ico ari co cose rero, ku Mana Allah caragezwe.
التفاسير العربية:
عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡكَبِيرُ ٱلۡمُتَعَالِ
Ni Yo Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka, Nyenubukuru muri vyose, Nyenukwiganza kuri vyose.
التفاسير العربية:
سَوَآءٞ مِّنكُم مَّنۡ أَسَرَّ ٱلۡقَوۡلَ وَمَن جَهَرَ بِهِۦ وَمَنۡ هُوَ مُسۡتَخۡفِۭ بِٱلَّيۡلِ وَسَارِبُۢ بِٱلنَّهَارِ
Ni co kimwe rero kuri Yo, uwugize ico avuga muri mwebwe mw’ibanga canke ku mugaragaro, n’uwugize ico akora yikinze agahumbezi k’ijoro canke ku murango izuba riva, Imana Allah Irabimenya.
التفاسير العربية:
لَهُۥ مُعَقِّبَٰتٞ مِّنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ يَحۡفَظُونَهُۥ مِنۡ أَمۡرِ ٱللَّهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُغَيِّرُ مَا بِقَوۡمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُواْ مَا بِأَنفُسِهِمۡۗ وَإِذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِقَوۡمٖ سُوٓءٗا فَلَا مَرَدَّ لَهُۥۚ وَمَا لَهُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَالٍ
Imana Allah Irafise abamalayika bakurakuranwa mu gucungera umuntu imbere n’inyuma yiwe, bamubungabunze kw’itegeko ry’Imana Allah, bandika ivyo akora vyose: vyaba ivyiza canke ibibi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntiyaka abantu inema Yabahaye atari uko babanje guhinduka bo nyene, bakarenga ku mabwirizwa yayo. Iyo rero Imana Allah Ishatse igerageza ry’umugwi w’abantu, nta kirihagarika, eka nta n’umwe boronka yobahagarikira, akanabatunganiriza ivyabo atari Yo;
التفاسير العربية:
هُوَ ٱلَّذِي يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفٗا وَطَمَعٗا وَيُنشِئُ ٱلسَّحَابَ ٱلثِّقَالَ
Ni Yo Ibereka mu vyemezo vyayo umuravyo, gutyo mugatinya ko mwokubitwa n’inkuba, mukanipfuza ko imvura yogwa; ni no ku bushobozi bwayo rero, Irema ibicu bibitse imvura ku neza yanyu.
التفاسير العربية:
وَيُسَبِّحُ ٱلرَّعۡدُ بِحَمۡدِهِۦ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ مِنۡ خِيفَتِهِۦ وَيُرۡسِلُ ٱلصَّوَٰعِقَ فَيُصِيبُ بِهَا مَن يَشَآءُ وَهُمۡ يُجَٰدِلُونَ فِي ٱللَّهِ وَهُوَ شَدِيدُ ٱلۡمِحَالِ
Burya rero, imituragaro iraninahaza Imana Allah kw’ishimagizwa ryayo, abamalayika na bo bakayeza bayitagatifuza mu kuyitinya, maze Imana Allah Ikarungika inkuba, abo Ishatse mu biremwa bagakubitwa na nya nkuba bagahwera, abagarariji na bo bakabandanya guharira ko hari Imana Imwe Rudende Allah Ishoboye kuzura ibiremwa, kandi ari Yo Nyeninguvu Nyenubushobozi mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
التفاسير العربية:
لَهُۥ دَعۡوَةُ ٱلۡحَقِّۚ وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَسۡتَجِيبُونَ لَهُم بِشَيۡءٍ إِلَّا كَبَٰسِطِ كَفَّيۡهِ إِلَى ٱلۡمَآءِ لِيَبۡلُغَ فَاهُ وَمَا هُوَ بِبَٰلِغِهِۦۚ وَمَا دُعَآءُ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٖ
Ni Yo gusa rero, Ikwiye igisabo c’ukuri gishingiye ku kwemera ko ata mana y’ukuri ikwiye gusengwa atari Imana Allah; ibigirwamana basaba mu gishingo cayo, ntibishoboye kubishura ku kintu na kimwe. Ababisaba bameze nk’umuntu yishwe n’inyota, atega amashi amazi kandi ari kure yayo, agerageza kunywesha umunwa kandi adashoboye kuyashikira; isaba ry’abagarariji rikorerwa ibigirwamana, riri kure cane y’ukwakirwa.
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ طَوۡعٗا وَكَرۡهٗا وَظِلَٰلُهُم بِٱلۡغُدُوِّ وَٱلۡأٓصَالِ۩
Ibiremwa biri mu majuru no mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; abemeramana muri vyo, bayubamira ku bugamburutsi nta ngere no ku bushake; abagarariji na bo bicisha bugufi kuri Yo vyanka bikunda, kuko kuri bo ukwicisha bugufi kwategerezwa kuba ndemanwa n'aho mu buzima bwabo barangwa n’ubugarariji. Ivyo biremwa vyose rero, vyidegemvya igitondo n’umugoroba ku bushobozi n'ububasha vyayo.
التفاسير العربية:
قُلۡ مَن رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ قُلِ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَٱتَّخَذۡتُم مِّن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ لَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ نَفۡعٗا وَلَا ضَرّٗاۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ أَمۡ هَلۡ تَسۡتَوِي ٱلظُّلُمَٰتُ وَٱلنُّورُۗ أَمۡ جَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ خَلَقُواْ كَخَلۡقِهِۦ فَتَشَٰبَهَ ٱلۡخَلۡقُ عَلَيۡهِمۡۚ قُلِ ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖ وَهُوَ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّٰرُ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Imana Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi!”. Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi wavyo”. Babwire ubagondoze uti: “Bishoboka gute rero ko mureka gusenga Imana Allah, maze mukagira mu gishingo cayo ibigirwamana musenga ata co vyimariye, ata n’ico vyiyicira, nkeswe kugira ico bibamariye, canke ico bibiciye!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega burya impumyi[3] n’uwubona[4], barangana mu butore! Canke burya umwijima w’ubugarariji, ni nk’umuco w’ukwemera! Kibure ibigirwamana babangikanya n’Imana Allah, vyoba vyararemye nk’irema ryayo, haraheza haba ukwitiranya ivyaremwe na vyo n’ivyaremwe na Yo, gushika n’aho ivyaremye nk’irema ryayo bisengwa ha kuyisenga!”. Ntumwa y’Imana! Babwire ubakurire inkoni ku gashitsi uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema w’ikintu ico ari co cose, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere”.
[3] Umugarariji atabona ukuri ngo agukurikire, agereranywa n’impumyi.
[4] Umwemeramana abona ukuri akagukurikira, agereranywa n’umuntu abona.
التفاسير العربية:
أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَسَالَتۡ أَوۡدِيَةُۢ بِقَدَرِهَا فَٱحۡتَمَلَ ٱلسَّيۡلُ زَبَدٗا رَّابِيٗاۖ وَمِمَّا يُوقِدُونَ عَلَيۡهِ فِي ٱلنَّارِ ٱبۡتِغَآءَ حِلۡيَةٍ أَوۡ مَتَٰعٖ زَبَدٞ مِّثۡلُهُۥۚ كَذَٰلِكَ يَضۡرِبُ ٱللَّهُ ٱلۡحَقَّ وَٱلۡبَٰطِلَۚ فَأَمَّا ٱلزَّبَدُ فَيَذۡهَبُ جُفَآءٗۖ وَأَمَّا مَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ فَيَمۡكُثُ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ كَذَٰلِكَ يَضۡرِبُ ٱللَّهُ ٱلۡأَمۡثَالَ
Imana Allah, ni Yo Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze nya mvura yamara kugwa, amazi agatembera mu tubande, gutyo akabande kose kakakira nya mazi ku rugero rw’uko kangana; imigende na yo igaheza igasesera ku mpande zayo inkukura ata co imaze, yahitanwe na nya mazi[5]. Imana Allah, Irongera Igatanga akandi karorero k’iyazwa ry’ubutare ku muriro kugira buhingurwemwo ibisharizo[6] canke ibindi bikoresho[7], na ho nyene ko agataka ata co kamaze gaheza kakaja ukwako. Ni nk’ukwo rero Imana Allah Itanga akarorero kw’ukuri, ukuri guca mu ziko ntigushe n’ikinyoma kitamara kabiri; ibihitanwa n’inkukura y’amazi, n’agataka gakurwa n’umuriro mu butare, biraheza bigacika impfagusa; na yo amazi n’ubutare nyabwo bifitiye abantu akamaro, biraheza bigasigara mw’isi. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Iha uburorero abantu kugira batandukanye ukuri n’ikinyoma.
[5] Aka ni akarorero k’ukuri gatandukanya ukuri n’ikinyoma, aho Imana Allah Igereranya ukuri n’amazi y’imvura, Ikagereranya ikinyoma n’inkukura umugende w’amazi ukumakumira ku mpande zawo.
[6] Nk’ibihinguwe mu butare bw’inzahabu n’umwakaka.
[7] Nk’ibihinguwe mu butare bw’umujumpu.
التفاسير العربية:
لِلَّذِينَ ٱسۡتَجَابُواْ لِرَبِّهِمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَٱلَّذِينَ لَمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَهُۥ لَوۡ أَنَّ لَهُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفۡتَدَوۡاْ بِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ سُوٓءُ ٱلۡحِسَابِ وَمَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Abemeramana bumviye Imana yabo Rurema Allah n’Intumwa yayo, bagenewe Ubwami bw’ijuru. Nayo abatayumviye bakagarariza, bagenewe umuriro. Iyo abagarariji bobaye bagaba ibiri mw’isi vyose vyigwije na kabiri, maze bakavyigomboza ku musi w’izuka, ntivyokwemewe namba. Abo, ni bo rero bagenewe iharurirwa ribi ku vyo bakoze, ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na bwo busaswa bubi cane.
التفاسير العربية:
۞ أَفَمَن يَعۡلَمُ أَنَّمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ ٱلۡحَقُّ كَمَنۡ هُوَ أَعۡمَىٰٓۚ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ntumwa y’Imana! Mbega burya uwuzi ko ivyo wamanuriwe n’Imana yawe Rurema ari kwo kuri akakwemera, ni nk’impumyi itabona ukuri ngo ikwemere! Mu vy’ukuri, abibuka bakikebuka, ni abanyabwenge;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ يُوفُونَ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ وَلَا يَنقُضُونَ ٱلۡمِيثَٰقَ
Abubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyisenga ari Imwe Rudende, ntibanadohoke kw’isezerano rishimangirwa cane mu nyigisho z’intumwa zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah);
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ يَصِلُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ وَيَخَافُونَ سُوٓءَ ٱلۡحِسَابِ
Abunga ubucuti n’ubuvandimwe, Imana Allah Yategetse ko bwungwa[8], bagatinya Imana yabo Rurema Allah, bakanatinya iharurirwa ribi ryo kutababarirwa ivyaha;
[8] Nko gufasha abavandimwe n’abakenye.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ صَبَرُواْ ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ رَبِّهِمۡ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَنفَقُواْ مِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ سِرّٗا وَعَلَانِيَةٗ وَيَدۡرَءُونَ بِٱلۡحَسَنَةِ ٱلسَّيِّئَةَ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ عُقۡبَى ٱلدَّارِ
Abihanganira iyumviramana, bakihanganira no kudakora ivyaha barondera gushimwa n’Imana yabo Rurema Allah; bagatsimbataza n’amasengesho; bagatanga no mu vyo Twabaronkeje ishikanwa-bwirizwa hamwe n’izindi mperezwa, bakabitanga mu mpisho no ku mugaragaro; ikibi na co bakagisubiriza iciza; abo, ni bo rero bafise iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
التفاسير العربية:
جَنَّٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا وَمَن صَلَحَ مِنۡ ءَابَآئِهِمۡ وَأَزۡوَٰجِهِمۡ وَذُرِّيَّٰتِهِمۡۖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَدۡخُلُونَ عَلَيۡهِم مِّن كُلِّ بَابٖ
Iherezo ryabo, ni mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”. Ubwo Bwami bw’ijuru bazobwinjira babubemwo ubutakivayo, bazoba bari kumwe n’aberanda mu bavyeyi babo, abakenyezi babo no mu ruvyaro rwabo, abamalayika na bo bazokwinjira kubakeza ari urutavanako;
التفاسير العربية:
سَلَٰمٌ عَلَيۡكُم بِمَا صَبَرۡتُمۡۚ فَنِعۡمَ عُقۡبَى ٱلدَّارِ
Bavuga bati: “Murakagira amahoro, mwasimvye akabi ku kuntu mwihanganiye iyumviramana, burya iherezo ryiza, ni Ubwami bw’ijuru”.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ يَنقُضُونَ عَهۡدَ ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مِيثَٰقِهِۦ وَيَقۡطَعُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱللَّعۡنَةُ وَلَهُمۡ سُوٓءُ ٱلدَّارِ
Nayo abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyisenga ari Imwe Rudende inyuma y’aho rishimangiwe cane mu nyigisho z’intumwa zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), bagaca ubucuti n’ubuvandimwe, Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu gukwiragiza ivyaha; abo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, ni na bo bafise iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ وَفَرِحُواْ بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا فِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِلَّا مَتَٰعٞ
Imana Allah, ni Yo Ironsa uwo Ishatse mu biremwa umusesekara mu bimubeshaho, Ikagerera n’uwo Ishatse muri vyo. Abagararije, bobo banezerezwa no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi, burya ubuzima bwo kw’isi nta kirimwo kiretse ukuryoherwa akanya gato, ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِيٓ إِلَيۡهِ مَنۡ أَنَابَ
Abagararije bavuga bati: “Muhamadi, ntiyari gutuma amanurirwa igitangaro gifadika kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah; nk'ibitangaro vyahawe Musa canke Isa mwene Mariyamu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku butumva bwiwe, Ikarongora mw’idini ryayo ry’ukuri uwugaruka kuri Yo akigaya;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَطۡمَئِنُّ قُلُوبُهُم بِذِكۡرِ ٱللَّهِۗ أَلَا بِذِكۡرِ ٱللَّهِ تَطۡمَئِنُّ ٱلۡقُلُوبُ
Abemeye Imana Allah, maze imitima yabo igatururuzwa n’itazira n'ininahazamana. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya, imitima itururuzwa n’igamburukiramana hamwe n’itazira n'ininahazamana”.
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ طُوبَىٰ لَهُمۡ وَحُسۡنُ مَـَٔابٖ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo rero, bagakora n’ivyiza bitegetswe, bazogira akamwemwe k’ivyiza binezereye ijisho, bahabwe n’ubushikiro bwiza mu Bwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
كَذَٰلِكَ أَرۡسَلۡنَٰكَ فِيٓ أُمَّةٖ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهَآ أُمَمٞ لِّتَتۡلُوَاْ عَلَيۡهِمُ ٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ وَهُمۡ يَكۡفُرُونَ بِٱلرَّحۡمَٰنِۚ قُلۡ هُوَ رَبِّي لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُ وَإِلَيۡهِ مَتَابِ
Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Twakurungitse ku bantu inyuma yuko hamaze guca imigwi myinshi y’abantu, kugira ubasomere Qor’ani Twaguhishuriye mu gihe bakigarariza Imana Nyenimpuhwe. Ntumwa y’Imana! Babwire rero uti: “Nyenimpuhwe mugarariza, ni Yo Mana yanje Rurema Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero nishimikije nkizera, ni no kuri Yo ngaruka nkigaya”.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ أَنَّ قُرۡءَانٗا سُيِّرَتۡ بِهِ ٱلۡجِبَالُ أَوۡ قُطِّعَتۡ بِهِ ٱلۡأَرۡضُ أَوۡ كُلِّمَ بِهِ ٱلۡمَوۡتَىٰۗ بَل لِّلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ جَمِيعًاۗ أَفَلَمۡ يَاْيۡـَٔسِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَهَدَى ٱلنَّاسَ جَمِيعٗاۗ وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ تُصِيبُهُم بِمَا صَنَعُواْ قَارِعَةٌ أَوۡ تَحُلُّ قَرِيبٗا مِّن دَارِهِمۡ حَتَّىٰ يَأۡتِيَ وَعۡدُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ
Iyo haba Qor’ani yosomwa, maze ikagendesha imisozi ikava aho iri, canke igatuma isi isadagurika igatemba inzuzi, canke igatuma abapfuye bazuka bakavuga, yobaye ari iyi Qor’ani [9]; kandi hamwe n’ivyo vyose, ntivyotumye bayemera. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyene gushinga ingingo zose mu kwerekana ibitangaro, n’ibindi. Mbega abemeramana ntibazi ko iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose kw’isi, bemera hatarinze kuba ibitangaro! Abagararije rero, ntibazoreka gushikirwa n’ivyago bitewe n’igarariza ryabo; nko kwicwa no kugirwa imbohe, canke nya vyago bishikire ababanyi b’aho bacumbitse, gushika n’aho isezerano ry’Imana Allah ryo kuneshwa kwabo, rizoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntica kubiri n’isezerano.
[9] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yishura abasavye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko yobaha ibitangaro bifadika kugira bayemere, ko Qor’ani ari co gitangaro gisumba ibitangaro vyose.
التفاسير العربية:
وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٖ مِّن قَبۡلِكَ فَأَمۡلَيۡتُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ ثُمَّ أَخَذۡتُهُمۡۖ فَكَيۡفَ كَانَ عِقَابِ
Ntumwa y’Imana! Nibaba batebura kw'ishikirizabutumwa ryawe, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri harabaye itebura ku Ntumwa z’aho hambere yawe, maze Ndatenyenyera gato abagararije, hanyuma ndaheza ndabashikura, ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero, ukuntu Nabahanye Nkabahasha!
التفاسير العربية:
أَفَمَنۡ هُوَ قَآئِمٌ عَلَىٰ كُلِّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡۗ وَجَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ قُلۡ سَمُّوهُمۡۚ أَمۡ تُنَبِّـُٔونَهُۥ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَم بِظَٰهِرٖ مِّنَ ٱلۡقَوۡلِۗ بَلۡ زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ مَكۡرُهُمۡ وَصُدُّواْ عَنِ ٱلسَّبِيلِۗ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ
Burya, Uwuhagarikiye Akazigama ibikorwa vy’ikiremwa ico ari co cose, ni We Akwiye gusengwa, canke ibiremwa ata co vyishoboje, vyafashwe bikabangikanywa n’Imana Allah mu gusengwa! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda nyabuna, nimumbwire amazina n’amatazirano y’ivyo bigirwamana! Canke mushaka kubwira Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu bumana kw’isi, Itigeze Imenya! Canke mubita ababangikanye n’Imana Allah kw’izina gusa, kandi batigeze babaho koko!”. Ahubwo rero bararyoherejwe na shetani ikinyoma c’ibangikanyamana ryabo, iraheza ibabuza gukurikira inzira y’Imana Allah. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamureka agahuba inzira kubera ubutumva bwiwe, nta n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.
التفاسير العربية:
لَّهُمۡ عَذَابٞ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَشَقُّۖ وَمَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن وَاقٖ
Abagarariji barategekanirijwe ibihano mu buzima bwo kw’isi; ni ukuri, baranategekanirijwe ibihano ruhasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nta n’ikizobakingira ibihano vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
۞ مَّثَلُ ٱلۡجَنَّةِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ أُكُلُهَا دَآئِمٞ وَظِلُّهَاۚ تِلۡكَ عُقۡبَى ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْۚ وَّعُقۡبَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٱلنَّارُ
Ibiranga Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana, ni uko musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; ivyamwa vy’aho vyamaho; n’agatutu k’aho ntikigera karenga. Ihembwa ry’Ubwami bw’ijuru rero, ni ryo herezo ryiza ry’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nayo iherezo ry’abagarariji, ni mu muriro.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَفۡرَحُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَۖ وَمِنَ ٱلۡأَحۡزَابِ مَن يُنكِرُ بَعۡضَهُۥۚ قُلۡ إِنَّمَآ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَلَآ أُشۡرِكَ بِهِۦٓۚ إِلَيۡهِ أَدۡعُواْ وَإِلَيۡهِ مَـَٔابِ
No mu bahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara, harimwo abakwemeye baraheza baragukurikira[10], baranahimbarwa na Qor’ani wamanuriwe kuko ishimangira ukuri basanzwe bazi; no mu migwi yiyunze mu kukugarariza[11], harimwo abahakana bivuye inyuma bimwe mu vyo wamanuriwe. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni ukuri, nategetswe n’Imana Allah ko noyisenga Yo Yonyene, ntayibangikanya na kimwe; ndarikira abantu ko boyisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya, n’ubuganuko bwanje rero ni kuri Yo”.
[10] Nk’umuyahudi yitwa Abdullahi mwene Salam n’umunaswara yitwa Al-Najashiy, akaba yari umwami wo muri Etiyopiya.
[11] Nka Al-Sayyid na Al’aqib, bari abapadiri b’ahitwa Najraani, na Ka’bu mwene Al-Ashraf.
التفاسير العربية:
وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ حُكۡمًا عَرَبِيّٗاۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا وَاقٖ
Ntumwa y’Imana! Nk’uko Twamanuriye Ibitabu Abavugishwamana mu rurimi rwabo, Twakumanuriye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu, kugira ngo uyisunge mu gufata ingingo; niwahirahira rero ngo ukurikire ivyipfuzo vy’ababangikanyamana mu gusenga ikitari Imana Allah, inyuma y’aho umaze gushikirwa n’ukuri kuvuye ku Mana Allah, ntuzoronka umuhagarikizi agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka nta n’uwubigukingira uzoronka.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلٗا مِّن قَبۡلِكَ وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَذُرِّيَّةٗۚ وَمَا كَانَ لِرَسُولٍ أَن يَأۡتِيَ بِـَٔايَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ لِكُلِّ أَجَلٖ كِتَابٞ
Baratangazwa n’uko wabira abakenyezi kandi uri Intumwa! Ni ukuri, Twararungitse Intumwa aho hambere yawe, Tuziha ukwabira abakenyezi, Tunaziha n’uruvyaro. Baridoga ngo iyo aba ari Intumwa vy’ukuri, yari kutuzanira ibitangaro tumusaba. Nta Ntumwa n’imwe ifise ubushobozi bwo kuzana igitangaro atari ku bubasha n'ubushake vy’Imana Allah. Burya rero, isango ry’ishirwa mu ngiro ry’ikintu cose, riba ryaranditswe mu vyagezwe n’Imana Allah;
التفاسير العربية:
يَمۡحُواْ ٱللَّهُ مَا يَشَآءُ وَيُثۡبِتُۖ وَعِندَهُۥٓ أُمُّ ٱلۡكِتَٰبِ
Imana Allah Iraheza Igahanagura ico Ishatse mu ngingo zayo, Ikanagumiza ivyo Ishatse gushira mu ngiro uko biri ku ntumbero nziza, ni na Yo Ifise Igitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo "Lawhu Mahfuudh".
التفاسير العربية:
وَإِن مَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ وَعَلَيۡنَا ٱلۡحِسَابُ
Ntumwa y’Imana! Hamwe Tworamuka Tukweretse bimwe mu bihano Twasezeraniye abagarariji, bizoba ari ibihano bahabwa bakiri kw’isi; nitwakwaka ubuzima ugapfa utarabibona naho, menya ko ico ujejwe gusa ari ugushikiriza ubutumwa, na Twe Tujejwe iharura ry’ivyo bakoze no kubibahembera.
التفاسير العربية:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا نَأۡتِي ٱلۡأَرۡضَ نَنقُصُهَا مِنۡ أَطۡرَافِهَاۚ وَٱللَّهُ يَحۡكُمُ لَا مُعَقِّبَ لِحُكۡمِهِۦۚ وَهُوَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ
Mbega abagarariji ntibabonye ko Twebwe Allah, Dufata isi Tukagabanya inkengera zayo [305]! Burya Imana Allah, ni Yo Ishinga amateka, nta n’umwe rero ashobora guhagarika ishirwa mu ngiro ryayo, ni na Yo Inyarutsa mu guharurira ibiremwa.
[305] Mu kwigarurira kw’abislamu ibihugu vy’ababangikanyamana.
التفاسير العربية:
وَقَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَلِلَّهِ ٱلۡمَكۡرُ جَمِيعٗاۖ يَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُ كُلُّ نَفۡسٖۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلۡكُفَّٰرُ لِمَنۡ عُقۡبَى ٱلدَّارِ
Ab’aho hambere yabo, barateze imitego Intumwa Twabarungikiye; burya, itegura ry’imitego yose ni iry’Imana Allah, Irazi neza na neza ico umuntu uwo ari we wese akora, caba iciza canke ikibi, kandi Izokimuhembera. Abagarariji rero nibimbe bigera, bazomenya ku musi w’izuka, uwuzogira iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَسۡتَ مُرۡسَلٗاۚ قُلۡ كَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡ وَمَنۡ عِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡكِتَٰبِ
Abagararije bavuga babwira Umuvugishwamana Muhamadi bati: “Ntiwarungitswe n’Imana Allah”. Ntumwa y’Imana! Bishure uvuge uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona c’uko ndi Intumwa, n’uko na mwe muri abahakanyi. N’abanyemeye mu bayahudi no mu banaswara bahawe ubumenyi bw’Igitabu, hanyuma ntibabunyegeza, na bo nyene barakwiye kuba ivyabona ko ndi Intumwa y’Imana”.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الرعد
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق