ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني آية: (231) سورة: البقرة
وَإِذَا طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَبَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَأَمۡسِكُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ سَرِّحُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٖۚ وَلَا تُمۡسِكُوهُنَّ ضِرَارٗا لِّتَعۡتَدُواْۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ فَقَدۡ ظَلَمَ نَفۡسَهُۥۚ وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ هُزُوٗاۚ وَٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَمَآ أَنزَلَ عَلَيۡكُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡحِكۡمَةِ يَعِظُكُم بِهِۦۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Nimwahukana n’abakenyezi banyu bakarama mu kiringo ca “eda[41]”, nibaba bari mu guheza ico kiringo, murabagumya mushoboye kwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muheze mubasubirane ku neza, canke mubareke ku neza ico kiringo giheze. Ntimuzohirahire ngo mubagumye mu ntumbero yo kubahohotera mu kutubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse. Uwuzogira ivyo, azoba yirenganije ku bihano bimurindiriye. Kandi rero ntimukagire Aayah n’ingingo z’Imana Allah itebura n’ifyinata. Muraheza mwibuke inema y’ubwislamu no gutomorerwa ingingo mwahawe n’Imana Allah, mwongere mwibuke kugendera Qor’ani n’imigenzo y’intumwa Yabamanuriye, Ibahanura ko mutobica kubiri. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenubumenyi ku vyo mukora vyose, kandi Izobibahembera.
[41] Ukwaramira ukwahukana mu bwislamu, kuri mu bwoko bubiri: hari ukwaramira ukwahukana ubwo gusubirana. Kukaba ari kwo kuvugwa ng'aha aho abahukanye bashobora gusubirana mu gihe bovyipfuza imbere yuko ikiringo gitegekanijwe kirangira. Hakaba rero n'ukwaramira ukwahukana ubutagisubirana n'aho bovyipfuza.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني آية: (231) سورة: البقرة
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق