ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الفتح   آية:

سورة الفتح - SURATU L-FAT-HI

إِنَّا فَتَحۡنَا لَكَ فَتۡحٗا مُّبِينٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaraguhaye intsinzi igaragara yo kunesha ababangikanyamana, igihe mutera igikumu ku masezerano yitiriwe “Al-Hudaybiyya[1]”;
[1] Al-Hudaybiyya, ni izina ry’ahantu hatereweko igikumu ku masezerano yo kudashamirana no guhana agahengwe k’imyaka cumi hagati y’abislamu n’ababangikanyamana b’i Makka. Ayo masezerano rero, ni yo yahavuye aba imvo yo gusasagaza ubwislamu mu mihingo y’isi, maze abantu barinjira mu bwislamu bari mu migwimigwi, ikaba ari yo mpamvu yatumye Imana Allah Yita nya masezerano, intsinzi igaragara.
التفاسير العربية:
لِّيَغۡفِرَ لَكَ ٱللَّهُ مَا تَقَدَّمَ مِن ذَنۢبِكَ وَمَا تَأَخَّرَ وَيُتِمَّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكَ وَيَهۡدِيَكَ صِرَٰطٗا مُّسۡتَقِيمٗا
Kugira Imana Allah Ikubabarire ivyaha vyawe wakoze n’ivyo utarakora, ku kubera ko idini rizosasagara inyuma y’ayo masezerano, no kugira rero Imana Allah Igukwirize inema yayo y’iganza ry’idini ryayo, Iheze Igutsimbataze mu burongozi bw’inzira igororotse;
التفاسير العربية:
وَيَنصُرَكَ ٱللَّهُ نَصۡرًا عَزِيزًا
No kugira kandi Imana Allah Igushikane ku ntsinzi ihambaye.
التفاسير العربية:
هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ ٱلسَّكِينَةَ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ لِيَزۡدَادُوٓاْ إِيمَٰنٗا مَّعَ إِيمَٰنِهِمۡۗ وَلِلَّهِ جُنُودُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Imana Allah, ni Yo Yamanuye ituze mu mitima y’abemeramana umusi w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, maze baraturura, baratekana baratekanirwa, kugira bongererezwe ukwemera no gukurikira Intumwa ku kwemera no gukurikira Intumwa bari basanganwe. Burya Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi Iheza Igatabaza abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora;
التفاسير العربية:
لِّيُدۡخِلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَا وَيُكَفِّرَ عَنۡهُمۡ سَيِّـَٔاتِهِمۡۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عِندَ ٱللَّهِ فَوۡزًا عَظِيمٗا
Kugira Yinjize abemeramana n’abemeramanakazi mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, Yongere Ibababarire ibicumuro vyabo maze Ivyirengagize ntibibahanire. Iyo ndishi rero bategekanirijwe ku Mana Allah, ni kwo gukira agahinda no gushika ku co bipfuza;
التفاسير العربية:
وَيُعَذِّبَ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ وَٱلۡمُشۡرِكَٰتِ ٱلظَّآنِّينَ بِٱللَّهِ ظَنَّ ٱلسَّوۡءِۚ عَلَيۡهِمۡ دَآئِرَةُ ٱلسَّوۡءِۖ وَغَضِبَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡ وَلَعَنَهُمۡ وَأَعَدَّ لَهُمۡ جَهَنَّمَۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرٗا
No kugira rero Ihane indyarya n’indyaryakazi, ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi biyumvira nabi Imana Allah, ko Idashoboye gutabara Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, bakanesha abansi babo, maze idini ryayo rigasasagara. Barakabona rero ibibi n’amagorwa vy’ubwoko bwose bibashavuza, baragashavurirwa n’Imana Allah, barakavumwa n’Imana Allah. Baranategekanirijwe n'umuriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane.
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِ جُنُودُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَزِيزًا حَكِيمًا
Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ingabo ziri mu majuru n’isi, Iheza Ikaziteza ingoga abemeramana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
التفاسير العربية:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ شَٰهِدٗا وَمُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ube icabona ku bo warungitsweko ko wabashikirije ubutumwa; ushikirize n’inkuru nziza ihumuriza uwukwumviye ko azohabwa Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’uwugabitanye ko bitebe bitebuke, arindiriwe n’ibihano.
التفاسير العربية:
لِّتُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتُعَزِّرُوهُ وَتُوَقِّرُوهُۚ وَتُسَبِّحُوهُ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلًا
Bantu! Ivyo vyose rero, Twabigize kugira mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, muharanire n’intsinzi y’idini ry’Imana Allah, muheze mwubahe Imana Allah, mwongere muyininahaze muyitazire igitondo n’umugoroba.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُبَايِعُونَكَ إِنَّمَا يُبَايِعُونَ ٱللَّهَ يَدُ ٱللَّهِ فَوۡقَ أَيۡدِيهِمۡۚ فَمَن نَّكَثَ فَإِنَّمَا يَنكُثُ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَوۡفَىٰ بِمَا عَٰهَدَ عَلَيۡهُ ٱللَّهَ فَسَيُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, abiyemeje kukwigura mu kurwana igihe mwari Al-Hudaybiyya, ni ukuri biyemeje kwihebera Imana Allah barondera gushimwa na Yo no guhabwa Ubwami bw’ijuru, ukuboko kw’Imana Allah kuri hejuru y’amaboko yabo, kuko Irumva ivyo bavuga, Irabona n’aho bari, Irazi n’ivyo bagaragaza hamwe n’ivyo bahisha mu mishaha. Uwisubiyeko agahemuka ku vyo yiyemeje rero, ni ukuri inkurikizi z’ukwo kwisubirako zizomugarukako we nyene; nayo uwushitsa ivyo yasezeraniye Imana Allah mu kwihangana ku rugamba rwo guharanira idini ryayo no gutabara Intumwa yayo, namenye ko Imana Allah Izomuha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru[2].
[2] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise ukuboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo. Ukuboko kw’Imana Allah, ntikugereranywa eka nta ho gusa gusana n’ukuboko kw’ibiremwa.
التفاسير العربية:
سَيَقُولُ لَكَ ٱلۡمُخَلَّفُونَ مِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ شَغَلَتۡنَآ أَمۡوَٰلُنَا وَأَهۡلُونَا فَٱسۡتَغۡفِرۡ لَنَاۚ يَقُولُونَ بِأَلۡسِنَتِهِم مَّا لَيۡسَ فِي قُلُوبِهِمۡۚ قُلۡ فَمَن يَمۡلِكُ لَكُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔا إِنۡ أَرَادَ بِكُمۡ ضَرًّا أَوۡ أَرَادَ بِكُمۡ نَفۡعَۢاۚ بَلۡ كَانَ ٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرَۢا
Muvugishwamana! Ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, niwabanebagura ku kwisigaza inyuma kwabo, bazokwiregura bavuga n’akarimi gasosa bati: “Twafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango vyacu, turakwinginze rero udusabire ikigongwe ku Mana Allah”; maze akarimi kabo kakavuga ibihushanye n’ibiri ku mutima; babwire uti: “Ni nde yogira ico abamariye ku Mana Allah ngo abakingire mu gihe Yo, Yoshaka ko mushikirwa n’akaga, canke ngo abageramire mu gihe Yo, Yoshaka ko muroranirwa! Uko mwibaza si ko biri! Murihenda mu kwibwira ko Imana Allah Itazi uburyarya muhishije mu mishaha yanyu; ahubwo Imana Allah, Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose”.
التفاسير العربية:
بَلۡ ظَنَنتُمۡ أَن لَّن يَنقَلِبَ ٱلرَّسُولُ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ إِلَىٰٓ أَهۡلِيهِمۡ أَبَدٗا وَزُيِّنَ ذَٰلِكَ فِي قُلُوبِكُمۡ وَظَنَنتُمۡ ظَنَّ ٱلسَّوۡءِ وَكُنتُمۡ قَوۡمَۢا بُورٗا
Uko mwireguye ku Ntumwa y’Imana muvuga ko mwafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango yanyu, si ko biri; ahubwo mwibwiye ko Intumwa y’Imana hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo bazohwerera ku rugamba, maze shetani ibaryohereza iciyumviro c’uko batazokwigera bagaruka amahoro mu miryango yabo, muraheza mwiyumvira nabi Imana Allah ko Itazoshobora gutabara Intumwa yayo hamwe n’ingendanyi ngo baneshe abansi babo, mwari n’abantu bakwiye guhona kuko ata ciza kibavamwo.
التفاسير العربية:
وَمَن لَّمۡ يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ فَإِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَعِيرٗا
Uwutemera Imana Allah n’amabwirizwa Yarungikanye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), namenye ko azoba agararije. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twateguriye abagarariji ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe.
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ يَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Imana Allah, ni Nyenubwami Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; Igumiriza akabanga uwo Ishatse ku mpuhwe zayo, Ikirengagiza ivyaha vyiwe ntibimuhanire, Igahana n’uwo Ishatse ku butungane bwayo ata karenganyo. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
سَيَقُولُ ٱلۡمُخَلَّفُونَ إِذَا ٱنطَلَقۡتُمۡ إِلَىٰ مَغَانِمَ لِتَأۡخُذُوهَا ذَرُونَا نَتَّبِعۡكُمۡۖ يُرِيدُونَ أَن يُبَدِّلُواْ كَلَٰمَ ٱللَّهِۚ قُل لَّن تَتَّبِعُونَا كَذَٰلِكُمۡ قَالَ ٱللَّهُ مِن قَبۡلُۖ فَسَيَقُولُونَ بَلۡ تَحۡسُدُونَنَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَفۡقَهُونَ إِلَّا قَلِيلٗا
Muvugishwamana! Abisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka ku musi wa Al-Hudaybiyya, igihe wewe n’ingendanyi mwagiye kuronka iminyago ya Khayibari mwasezeraniwe n’Imana Allah, bazovuga bati: “Enda rero nyabuna nimutureke tujane na mwe ku rugamba rwa Khayibari”, bagomba guhindura isezerano mwahawe n’Imana Allah. Bakurire inkoni ku gishitsi uti: “Kizire, ntimurote mudukurikira ku rugamba rwa Khayibari, ni ryo sezerano twahawe n’Imana Allah imbere yuko tugaruka i Madina, ko iminyago ya Khayibari yagenewe gusa abari kumwe nanje ku musi wa Al-Hudaybiyya”. Bazoheza basubizeyo bati: “Imana Allah nta co Yigeze Ibasezeranira, ahubwo mutwankiye ko tujana ku kubera ishari mudufitiye ko twohava turonka ku minyago”. Ahubwo rero mbere, ntibari banatahura ivyo basabwa n’ivyo barekuriwe gukora mw’idini, kiretse bike cane.
التفاسير العربية:
قُل لِّلۡمُخَلَّفِينَ مِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ سَتُدۡعَوۡنَ إِلَىٰ قَوۡمٍ أُوْلِي بَأۡسٖ شَدِيدٖ تُقَٰتِلُونَهُمۡ أَوۡ يُسۡلِمُونَۖ فَإِن تُطِيعُواْ يُؤۡتِكُمُ ٱللَّهُ أَجۡرًا حَسَنٗاۖ وَإِن تَتَوَلَّوۡاْ كَمَا تَوَلَّيۡتُم مِّن قَبۡلُ يُعَذِّبۡكُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, uti: “Muzorarikirwa kuja kurwana n’inshirwarimenetse, maze murwane na bo canke bishikane; nimwumvira Imana Allah mukaja kurwana na bo, Imana Allah Izobaha impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru. Nimwagabitanya mukagenza umugongo naho, nk’uko imbere y’aho mwagenjeje umugongo mu kwisivya mugasigara inyuma, ntimwajana n’Intumwa i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza”.
التفاسير العربية:
لَّيۡسَ عَلَى ٱلۡأَعۡمَىٰ حَرَجٞ وَلَا عَلَى ٱلۡأَعۡرَجِ حَرَجٞ وَلَا عَلَى ٱلۡمَرِيضِ حَرَجٞۗ وَمَن يُطِعِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ يُدۡخِلۡهُ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَمَن يَتَوَلَّ يُعَذِّبۡهُ عَذَابًا أَلِيمٗا
Bantu! Nta caha kiri ku mpumyi, ku kimuga, ku wukitswe n’amagara, mu gihe bosiba ku rugamba kuko bafise imvo zumvikana. Uwumviye Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Nayo uwugabitanye mu kutaja ku rugamba, Imana Allah Izomuha ibihano bibabaza.
التفاسير العربية:
۞ لَّقَدۡ رَضِيَ ٱللَّهُ عَنِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ إِذۡ يُبَايِعُونَكَ تَحۡتَ ٱلشَّجَرَةِ فَعَلِمَ مَا فِي قُلُوبِهِمۡ فَأَنزَلَ ٱلسَّكِينَةَ عَلَيۡهِمۡ وَأَثَٰبَهُمۡ فَتۡحٗا قَرِيبٗا
Muvugishwamana! Ni ukuri Imana Allah, Yarishimiye abemeramana igihe biyemeza kukwigura ku rugamba igihe bari musi y’igiti ku musi wa Al-Hudaybiyya, maze hamenyekana - ku vyo Yari Isanzwe Izi - vy’ukuri ukwemera no gushitsa isezerano biri mu mishaha yabo, Iraheza Ibamanurira ituze baratekana baratekanirwa, Ica Ibahembera urugamba rutahavuye ruba ku kubera amasezerano ya Al-Hudaybiyya, intsinzi yimirije;
التفاسير العربية:
وَمَغَانِمَ كَثِيرَةٗ يَأۡخُذُونَهَاۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَزِيزًا حَكِيمٗا
Hejuru y’ivyo, hari n’iminyago myinshi bazoronka ku rugamba rwa Khayibari. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
التفاسير العربية:
وَعَدَكُمُ ٱللَّهُ مَغَانِمَ كَثِيرَةٗ تَأۡخُذُونَهَا فَعَجَّلَ لَكُمۡ هَٰذِهِۦ وَكَفَّ أَيۡدِيَ ٱلنَّاسِ عَنكُمۡ وَلِتَكُونَ ءَايَةٗ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ وَيَهۡدِيَكُمۡ صِرَٰطٗا مُّسۡتَقِيمٗا
Bemeramana! Yabasezeraniye iminyago myinshi muzoronka mu nyuma nihagera, maze Ibanza kubaha iyo minyago ya Khayibari, Ibakurako n’igeramirwa ry’abansi banyu bashaka kubakwegera mu ndwano, no kubaca mu ryahumye mu kugirira nabi abo mwasize i Madina; ivyo vyose bikaba vyabaye ukwo, kugira bibe inkebuzo n’icemezo ku bemeramana ko Imana Allah Ishoboye kubatabara no kubabungabunga; no kugira rero Ibarongore mu nzira igororotse.
التفاسير العربية:
وَأُخۡرَىٰ لَمۡ تَقۡدِرُواْ عَلَيۡهَا قَدۡ أَحَاطَ ٱللَّهُ بِهَاۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٗا
Hari n’iyindi minyago rero mwasezeraniwe mutarashobora kuronka, ariko Imana Allah Irashoboye kuzoyibaronsa nihagera. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Mushoboravyose;
التفاسير العربية:
وَلَوۡ قَٰتَلَكُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوَلَّوُاْ ٱلۡأَدۡبَٰرَ ثُمَّ لَا يَجِدُونَ وَلِيّٗا وَلَا نَصِيرٗا
Iyo rero abagarariji b’i Makka bihenda ngo barwane na mwe, ni ukuri bari kuneshwa bagatungwa n’ayo bameze, hanyuma nta n’umuhagarikizi abatunganiriza ivyabo, eka mbere nta n’umutabazi yari kubafasha kururwana, bari kuronka.
التفاسير العربية:
سُنَّةَ ٱللَّهِ ٱلَّتِي قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلُۖ وَلَن تَجِدَ لِسُنَّةِ ٱللَّهِ تَبۡدِيلٗا
Ni uko vyamye rero ku biremwa, ko Imana Allah Itabara ingabo zayo mu kunesha abansi bayo. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo gutabara ingabo zacu mu kunesha abansi bacu.
التفاسير العربية:
وَهُوَ ٱلَّذِي كَفَّ أَيۡدِيَهُمۡ عَنكُمۡ وَأَيۡدِيَكُمۡ عَنۡهُم بِبَطۡنِ مَكَّةَ مِنۢ بَعۡدِ أَنۡ أَظۡفَرَكُمۡ عَلَيۡهِمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرًا
Imana Allah, ni Yo Yababanguranije n’ababangikanyamana bashatse kubatera igihe mwari ahitwa Al-Hudaybiyya mu kabande k’i Makka, hari mu nyuma y’aho Imana Allah Ibashoboreje kubafata hanyuma bararekurwa[3]. Burya Imana Allah rero, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
[3] Ni ababangikanyamana bababa mirongo umunani bafashwe mw’ikizura ryakozwe n’abislamu, hanyuma ntibabica, barabarekura.
التفاسير العربية:
هُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّوكُمۡ عَنِ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَٱلۡهَدۡيَ مَعۡكُوفًا أَن يَبۡلُغَ مَحِلَّهُۥۚ وَلَوۡلَا رِجَالٞ مُّؤۡمِنُونَ وَنِسَآءٞ مُّؤۡمِنَٰتٞ لَّمۡ تَعۡلَمُوهُمۡ أَن تَطَـُٔوهُمۡ فَتُصِيبَكُم مِّنۡهُم مَّعَرَّةُۢ بِغَيۡرِ عِلۡمٖۖ لِّيُدۡخِلَ ٱللَّهُ فِي رَحۡمَتِهِۦ مَن يَشَآءُۚ لَوۡ تَزَيَّلُواْ لَعَذَّبۡنَا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡهُمۡ عَذَابًا أَلِيمًا
Abagarariji b’Abakorayishi, ni bo bahakanye bivuye inyuma isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, baranababuza ku musi wa Al-Hudaybiyya ko mwinjira mu musigiti w’i Makka, babuza n’imbagwa mwari mwibangikanije ko zishika aho zitegerezwa kubagirwa mu karere gatagatifu. Iyo i Makka hataba hariyo abagabo b’abemeramana b’intege nke hamwe n’abemeramanakazi mutazi, bahisha ukwemera kwabo, bari guhava bahitanwa n’intambara y’ingabo zanyu, maze mwebwe bikabatera urubwa, hakononekara n’ibintu vyinshi, mukanaharonkera n’ivyaha vyo kwica abemeramana ku kutamenya, Twari kubatera inkunga mugahangana na bo. Vyabaye ukwo rero, kugira Imana Allah Yinjize mu mpuhwe zayo, uwo Ishatse akazoba umwislamu mu nyuma y’aho yari umugarariji. Iyo rero abemeramana bamenya gutandukanya uwemera n’umubangikanyamana, ni ukuri, Twari guha abagararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa y'Imana, igihano kibabaza bakicwa;
التفاسير العربية:
إِذۡ جَعَلَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡحَمِيَّةَ حَمِيَّةَ ٱلۡجَٰهِلِيَّةِ فَأَنزَلَ ٱللَّهُ سَكِينَتَهُۥ عَلَىٰ رَسُولِهِۦ وَعَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَأَلۡزَمَهُمۡ كَلِمَةَ ٱلتَّقۡوَىٰ وَكَانُوٓاْ أَحَقَّ بِهَا وَأَهۡلَهَاۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا
Igihe abagararije bagira ubwibone nk’ubwibone bamanye n’imbere yuko barungikirwa Intumwa, maze banka kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kubera nya bwibone[4], maze Imana Allah Iraheza Imanurira ituze Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, Iraheza Ibatsimbataza kw’ijambo ry’igamburukiramana[5], bari n’abantu bakwiye koko gutsimbatazwa kuri ryo, kuruta ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Yamye Izi neza ibigirwa n’ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.
[4] Ku kubera ubwibone bwabo, baranse ko mu ntango ya nya masezerano handikwa izina ry’Imana Allah ngo: “Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo”, banka n’uko mu gusozera handikwamwo ngo: “Ibi ni vyo Intumwa y’Imana Muhamadi yumvikanye n’Abakorayishiˮ.
[5] “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”.
التفاسير العربية:
لَّقَدۡ صَدَقَ ٱللَّهُ رَسُولَهُ ٱلرُّءۡيَا بِٱلۡحَقِّۖ لَتَدۡخُلُنَّ ٱلۡمَسۡجِدَ ٱلۡحَرَامَ إِن شَآءَ ٱللَّهُ ءَامِنِينَ مُحَلِّقِينَ رُءُوسَكُمۡ وَمُقَصِّرِينَ لَا تَخَافُونَۖ فَعَلِمَ مَا لَمۡ تَعۡلَمُواْ فَجَعَلَ مِن دُونِ ذَٰلِكَ فَتۡحٗا قَرِيبًا
Ni ukuri Imana Allah, Yarashize mu ngiro vy’ukuri indoto y’ukuri Yeretse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), aho yamubwiye Iti: “Ntumwa y’Imana! Mu mwaka ukurikira, mu vy’ukuri wewe hamwe n’ingendanyi zawe, muzokwinjira mu musigiti w’i Makka ku bushake bw’Imana Allah mw’iteka n’itekane, mwamoye umushatsi canke mwawugabanije, ata na kimwe mutinya kiretse gusa Imana Allah”. Imana Allah, Yari Izi ivyiza mutigeze mumenya, biri mu kutabashoboza kuhinjira muri uwo mwaka w’amasezerano ya Al-Hudaybiyya, Iraheza rero ha kwinjira i Makka, Ibaha isezerano ry’uko intsinzi yo guhabuza Khayibari iri hafi inyuma y’agahengwe k’ayo masezerano.
التفاسير العربية:
هُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ رَسُولَهُۥ بِٱلۡهُدَىٰ وَدِينِ ٱلۡحَقِّ لِيُظۡهِرَهُۥ عَلَى ٱلدِّينِ كُلِّهِۦۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدٗا
Imana Allah, ni Yo Yarungitse Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije uburongozi n’idini ry’ukuri ry’ubwislamu, kugira riganze hejuru y’amadini yose, kandi Imana Allah Irakwiye kuba Icabona ko Izoguha intsinzi, maze idini ryawe rikaganza.
التفاسير العربية:
مُّحَمَّدٞ رَّسُولُ ٱللَّهِۚ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥٓ أَشِدَّآءُ عَلَى ٱلۡكُفَّارِ رُحَمَآءُ بَيۡنَهُمۡۖ تَرَىٰهُمۡ رُكَّعٗا سُجَّدٗا يَبۡتَغُونَ فَضۡلٗا مِّنَ ٱللَّهِ وَرِضۡوَٰنٗاۖ سِيمَاهُمۡ فِي وُجُوهِهِم مِّنۡ أَثَرِ ٱلسُّجُودِۚ ذَٰلِكَ مَثَلُهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِۚ وَمَثَلُهُمۡ فِي ٱلۡإِنجِيلِ كَزَرۡعٍ أَخۡرَجَ شَطۡـَٔهُۥ فَـَٔازَرَهُۥ فَٱسۡتَغۡلَظَ فَٱسۡتَوَىٰ عَلَىٰ سُوقِهِۦ يُعۡجِبُ ٱلزُّرَّاعَ لِيَغِيظَ بِهِمُ ٱلۡكُفَّارَۗ وَعَدَ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ مِنۡهُم مَّغۡفِرَةٗ وَأَجۡرًا عَظِيمَۢا
Muhamadi, ni Intumwa y’Imana koko; abamukurikiye na bo, barakarira abagarariji, maze bakagiriranira impuhwe hagati yabo. Uzobabona bunama, bubama ku ruhanga mu gihe bariko barasenga, bazeye kuronka impano zivuye ku Mana Allah, maze Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru Ibishimiye. Ikimenyetso c’iyumviramana ryabo kigaragarira ku ruhanga ku kwama bubamira Imana Allah mu gusenga. Ico rero, ni co kimenyetso kibaranga kivugwa muri Tawurati. Akarorero k’ibibaranga mu Njili, ni nk’igiterwa casohoye intumbatumba n’amashami, hanyuma nya mashami akagwirirana ashigikiye nya giterwa, maze nya giterwa na co kigakura gitotahaye, kigororotse, abarimyi bagahimbarwa bakibonye. Imana Allah, Ibagereranya rero n’igiterwa mw’igwirirana ryabo no gushaza kwabo, kugira ngo Ishavuze abagarariji[6]. Imana Allah Yasezeraniye muri bo, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, maze Ikavyirengagiza ntibibahanire, hamwe rero n’impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
[6] Iyi Aayah, iremeza ko ukwanka ingendanyi ari igarariza, kuko ng’aha Imana Allah Izihayagiza mu kwerekana ko ukugwirirana no gushaza kwazo, bishavuza abagarariji, gutyo rero uwanka agashavuzwa na zo, aba abaye umugarariji.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الفتح
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق