Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ইউনুছ   আয়াত:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا وَرَضُواْ بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَٱطۡمَأَنُّواْ بِهَا وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِنَا غَٰفِلُونَ
Mu vy’ukuri, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twebwe Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze[2], bakishimira ubuzima buciriritse bwo kw’isi, bakanabwigura, hamwe n’abagoswe mu kutemera Aayah n'ivyemezo vyacu [3];
[2] Abatemera ko hari iharurirwa ry’ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze.
[3] Ivyemezo bibonekera mu vyo Twaremye no mu vyo Twamanuye muri Qor’ani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ مَأۡوَىٰهُمُ ٱلنَّارُ بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Abo rero, ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ يَهۡدِيهِمۡ رَبُّهُم بِإِيمَٰنِهِمۡۖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُ فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, Imana yabo Rurema Allah, Iraheza Ikabarongora ku kwemera kwabo, mu nzira yo gukora ivyiza bitegetswe bazohemberwa Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
دَعۡوَىٰهُمۡ فِيهَا سُبۡحَٰنَكَ ٱللَّهُمَّ وَتَحِيَّتُهُمۡ فِيهَا سَلَٰمٞۚ وَءَاخِرُ دَعۡوَىٰهُمۡ أَنِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ibisabisho vy'abari mu Bwami bw’ijuru, ni itagatifuza ry’Imana Allah bavuga bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana Nzima”. Indamusto yabo na yo, ni “Gira amahoro! [4]”. isozerwa ry’ibisabisho vyabo na ryo, rizorangwa no gushimira hamwe no gushimagiza Imana Allah bati: “Al-Hamdu lillaahi Rabbi l’aalamiin”, (Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose).
[4] “Assalaamu alaykum”, ni yo ndamutso abari mu Bwami bw’ijuru bazoramukanya, ikaba ari na yo bazoramutswa n'Imana Allah hamwe n'abamalayika bayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَلَوۡ يُعَجِّلُ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ ٱلشَّرَّ ٱسۡتِعۡجَالَهُم بِٱلۡخَيۡرِ لَقُضِيَ إِلَيۡهِمۡ أَجَلُهُمۡۖ فَنَذَرُ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Imana Allah, iyo Yihutira kwishura ikibi gisabwa n’abantu nka kurya Yihutira kwishura iciza basavye, ni ukuri bari guhona, hanyuma Twebwe Allah Tugaheza Tukarekera abatizeye guhura na Twe, mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ٱلضُّرُّ دَعَانَا لِجَنۢبِهِۦٓ أَوۡ قَاعِدًا أَوۡ قَآئِمٗا فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُ ضُرَّهُۥ مَرَّ كَأَن لَّمۡ يَدۡعُنَآ إِلَىٰ ضُرّٖ مَّسَّهُۥۚ كَذَٰلِكَ زُيِّنَ لِلۡمُسۡرِفِينَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca adusaba Twebwe Allah adutakambira ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; yaba mu gihe akitse urubavu, mu gihe yicaye canke ahagaze; Turamutse rero Tumukuyeko nya vyago vyamushikiye, aca abandanya mu ngeso mbi nk’uko yari ari nya vyago bitaramushikira; womenga ntiyigeze atwitabaza ngo ashoke adushimira! Ni nk’uko nyene rero - uwushikiwe n’ivyago aryoherezwa kubandanya kugarariza inyuma yo kubimukurako - shetani iryohereza abimonogoje mu bugarariji, kubandanya bagarariza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَا ٱلۡقُرُونَ مِن قَبۡلِكُمۡ لَمَّا ظَلَمُواْ وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Babangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ جَعَلۡنَٰكُمۡ خَلَٰٓئِفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ لِنَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ
Bantu! Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twabagize abasubirizi kw’isi kugira Turabe ivyo mukora; vyaba ivyiza canke ibibi, gutyo Tuzoheze Duhembere umwe wese muri mwebwe ivyo yakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ইউনুছ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ