আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা মাৰয়াম   আয়াত:

SURATU MAR-YAM

كٓهيعٓصٓ
Kaaf Haa Yaa ’Aiin Swaad[376].
[376] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ذِكۡرُ رَحۡمَتِ رَبِّكَ عَبۡدَهُۥ زَكَرِيَّآ
Tugira Tugucire ku mayange ku bijanye n’impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah ku Muja wayo Zakariya[377];
[377] Ni Umuvugishwamana muri Bene Israyeli, yari umubaji akaba n’umugabo wa nyinabo w’Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ نِدَآءً خَفِيّٗا
Igihe yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, akayisaba mw’ibanga nta ngere aho yari yiherereye kugira Imwumvire;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ رَبِّ إِنِّي وَهَنَ ٱلۡعَظۡمُ مِنِّي وَٱشۡتَعَلَ ٱلرَّأۡسُ شَيۡبٗا وَلَمۡ أَكُنۢ بِدُعَآئِكَ رَبِّ شَقِيّٗا
Agaheza akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ngeze mu zabukuru, amagufa y’umubiri yaramaze guturagara, n’umutwe wose ntiworaba n’imvi zigendera, kandi sinigeze ndeka kwemererwa igisabo ndagusavye Mana yanje Rurema Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنِّي خِفۡتُ ٱلۡمَوَٰلِيَ مِن وَرَآءِي وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا فَهَبۡ لِي مِن لَّدُنكَ وَلِيّٗا
Mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko abo nzoraga inyuma y’urupfu rwanje, batazoshobora guhagararira bikwiye idini ryawe mu kurarikira abantu kuryemera, bitayeko n’umukenyezi wanje na we akaba ari ingumba, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa akambera n’umufasha;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَرِثُنِي وَيَرِثُ مِنۡ ءَالِ يَعۡقُوبَۖ وَٱجۡعَلۡهُ رَبِّ رَضِيّٗا
Akazotorana ubutumwa bwanje n’ubutumwa bwa Bene Yakubu; kandi ndagusavye Mana yanje Rurema Allah, Uzomugire umwana Ushimishwa n’ivyo akora, agashimwa n’abantu”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰزَكَرِيَّآ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ ٱسۡمُهُۥ يَحۡيَىٰ لَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ مِن قَبۡلُ سَمِيّٗا
Ni ho rero Imana Allah Yahamagara Iti: “Ewe Zakariya! Twebwe Allah, ni ukuri Twakwumviye igisabisho cawe, Turaguhaye inkuru nziza y’ihumure ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahya, iryo zina ntitwigeze Turyita umuntu n’umwe aho hambere ngo abe mazina yiwe”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَكَانَتِ ٱمۡرَأَتِي عَاقِرٗا وَقَدۡ بَلَغۡتُ مِنَ ٱلۡكِبَرِ عِتِيّٗا
Zakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ كَذَٰلِكَ قَالَ رَبُّكَ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٞ وَقَدۡ خَلَقۡتُكَ مِن قَبۡلُ وَلَمۡ تَكُ شَيۡـٔٗا
Umumalayika yishuye Zakariya ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Irema rya Yahya riroroshe cane kuri Jewe. Ni ukuri, Naranakuremye wewe imbere y’irema rya Yahya kandi utari bwabeho””.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ رَبِّ ٱجۡعَل لِّيٓ ءَايَةٗۖ قَالَ ءَايَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ ٱلنَّاسَ ثَلَٰثَ لَيَالٖ سَوِيّٗا
Zakariya yashotse avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira rero ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yamaze gusama!”. Imana Allah Yamubwiye Iti: “Ikimenyetso Ndakugiriye, ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu mu kiringo c’amajoro atatu n’imirango yayo, bidaturutse ku ndwara”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَخَرَجَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنَ ٱلۡمِحۡرَابِ فَأَوۡحَىٰٓ إِلَيۡهِمۡ أَن سَبِّحُواْ بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا
Ni ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰيَحۡيَىٰ خُذِ ٱلۡكِتَٰبَ بِقُوَّةٖۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحُكۡمَ صَبِيّٗا
Yahya amaze kuvuka akagera mu bigero, Imana Allah yamutegetse Iti: “Ewe Yahya! Fata nkama Igitabu ca Tawurati, ugitahure wongere ukigendere”. Twebwe Allah, Twaranamuhaye kuva akiri umwana muto, uburyo bwiza bwo gutahura ingingo no kuzishira mu ngiro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَحَنَانٗا مِّن لَّدُنَّا وَزَكَوٰةٗۖ وَكَانَ تَقِيّٗا
Tumuha kugira impuhwe, igikundiro n’umutima wejejwe, kandi yari umugororotsi agamburukira Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَبَرَّۢا بِوَٰلِدَيۡهِ وَلَمۡ يَكُن جَبَّارًا عَصِيّٗا
Yarubaha akubahiriza abavyeyi biwe, ntiyari n’umuntu w’akanyaro, w’intumva.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَسَلَٰمٌ عَلَيۡهِ يَوۡمَ وُلِدَ وَيَوۡمَ يَمُوتُ وَيَوۡمَ يُبۡعَثُ حَيّٗا
Yahya rero arakagira amahoro y’Imana Allah ku musi avuka, no ku musi yapfuye, no ku musi yazutse agasubizwa ubuzima!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَرۡيَمَ إِذِ ٱنتَبَذَتۡ مِنۡ أَهۡلِهَا مَكَانٗا شَرۡقِيّٗا
Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu inkuru ya Mariyamu iri muri Qor’ani, igihe yaja kure y’umuryango wiwe, amaja mu buseruko bw’aho bari;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱتَّخَذَتۡ مِن دُونِهِمۡ حِجَابٗا فَأَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡهَا رُوحَنَا فَتَمَثَّلَ لَهَا بَشَرٗا سَوِيّٗا
Araheza ariherera ahantu ata n’umwe amubona, Turaheza Twebwe Allah, Tumurungikira umumalayika Jibrili, maze amwiyereka yihinduye mw’ishusho ry’umuntu bwite;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَتۡ إِنِّيٓ أَعُوذُ بِٱلرَّحۡمَٰنِ مِنكَ إِن كُنتَ تَقِيّٗا
Ni ho Mariyamu yaca avuga amwiyama ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndikinze kuri Nyenimpuhwe Allah, Ikunkingire ko wongeramira niwaba uri umugororotsi ugamburukira Imana Allah”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ إِنَّمَآ أَنَا۠ رَسُولُ رَبِّكِ لِأَهَبَ لَكِ غُلَٰمٗا زَكِيّٗا
Umumalayika Jibrili ni ho yimenyekanisha akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi intumwa warungikiwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ndaguhe umwana yejejwe umutima”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَتۡ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَلَمۡ يَمۡسَسۡنِي بَشَرٞ وَلَمۡ أَكُ بَغِيّٗا
Mariyamu araheza aritangaza abwira Jibrili ati: “Vyoshoboka gute ko nogira umwana mu gihe ata muntu n’umwe arankorako mu gushingirwa, kandi ntigeze mba n’umushurashuzi!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٞۖ وَلِنَجۡعَلَهُۥٓ ءَايَةٗ لِّلنَّاسِ وَرَحۡمَةٗ مِّنَّاۚ وَكَانَ أَمۡرٗا مَّقۡضِيّٗا
Jibrili amwishura ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Ukuguha umwana, kiroroshe cane kuri Jewe; kugira nya mwana Tuzonamugire ikimenyetso ku bantu cerekana ubushobozi n'ububasha vyanje Jewe Allah, yongere ahundagazweko impuhwe zacu, abere n’impuhwe abantu”. Iryo vuka rya Isa mwene Mariyamu rero, ryaramaze kwandikwa mu vyagezwe, ritegerezwa kuba nta gisivya”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ فَحَمَلَتۡهُ فَٱنتَبَذَتۡ بِهِۦ مَكَانٗا قَصِيّٗا
Ni ho rero Jibrili yahuha mw’izosi ry’impuzu Mariyamu yari yambaye, maze Mariyamu aca arasama imbanyi, ashoka aja kure y’abantu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَجَآءَهَا ٱلۡمَخَاضُ إِلَىٰ جِذۡعِ ٱلنَّخۡلَةِ قَالَتۡ يَٰلَيۡتَنِي مِتُّ قَبۡلَ هَٰذَا وَكُنتُ نَسۡيٗا مَّنسِيّٗا
Hageze kwibaruka, igise ca ya mbanyi gituma aja kure y’abantu, ahari igiti c’itende, aca avuga n’umubabaro n’akantu ati: “Ewe jewewanje! Ubona iyo mpfuma mpfa imbere y’uno musi, nkaba ikintu cibagiwe kikibagiranwa!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَنَادَىٰهَا مِن تَحۡتِهَآ أَلَّا تَحۡزَنِي قَدۡ جَعَلَ رَبُّكِ تَحۡتَكِ سَرِيّٗا
Jibrili yari hepfo y’aho Mariyamu ari, aca aramuhamagara ati: “Ntiwicwe n’intuntu namba, Imana yawe Rurema Allah Yamaze kugucira umugende w’amazi hambavu yawe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُزِّيٓ إِلَيۡكِ بِجِذۡعِ ٱلنَّخۡلَةِ تُسَٰقِطۡ عَلَيۡكِ رُطَبٗا جَنِيّٗا
Nyiganza rero ico gishitsi c’itende, giheze kigukororere itende zihiye zoroshe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَكُلِي وَٱشۡرَبِي وَقَرِّي عَيۡنٗاۖ فَإِمَّا تَرَيِنَّ مِنَ ٱلۡبَشَرِ أَحَدٗا فَقُولِيٓ إِنِّي نَذَرۡتُ لِلرَّحۡمَٰنِ صَوۡمٗا فَلَنۡ أُكَلِّمَ ٱلۡيَوۡمَ إِنسِيّٗا
Uheze urye kuri nya tende, unywe no ku mazi y’uwo mugende, maze utekane ku mutima n’ikibondo cawe. Nihagira uwo ubona mu bantu, akakubaza ku vyagushikiye, uraheza umwishure uti: “Jewe mu vy’ukuri, niyemeje kuri Nyenimpuhwe Allah kwinumira[378]; kubera ivyo rero, kuri uno musi simvugisha umuntu n’umwe””.
[378] Ico gihe ukunuma, umuntu avyiyemeje, kwari mu bikorwa vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Iryo bwirizwa ryarakuwe mu mabwirizwa yahawe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَتَتۡ بِهِۦ قَوۡمَهَا تَحۡمِلُهُۥۖ قَالُواْ يَٰمَرۡيَمُ لَقَدۡ جِئۡتِ شَيۡـٔٗا فَرِيّٗا
Ni ho Mariyamu yagaruka ku bantu biwe ateruye umwana. Bagize ngo baramubonye, bihaye akamo bamubwira bati: “Ewe Mariyamu! Ni ukuri, wadukanye ikintu c’irementanya ritabaho!;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأُخۡتَ هَٰرُونَ مَا كَانَ أَبُوكِ ٱمۡرَأَ سَوۡءٖ وَمَا كَانَتۡ أُمُّكِ بَغِيّٗا
Ewe mushiki w’umweranda Haruna, so wawe ntiyigeze aba umuntu w’ingeso mbi zo gushurashura, eka na nyoko nyene ntiyigeze aba umushurashuzi”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَشَارَتۡ إِلَيۡهِۖ قَالُواْ كَيۡفَ نُكَلِّمُ مَن كَانَ فِي ٱلۡمَهۡدِ صَبِيّٗا
Mariyamu yaberetse n’ukuboko ati: “Nimubaze uyu mwana nteruye!”. Na bo baca bamwishura bamwiyamiriza bati: “Vyoshoboka gute ko tuvugana n’umwana muto akiri ku bibero aconka!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ إِنِّي عَبۡدُ ٱللَّهِ ءَاتَىٰنِيَ ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلَنِي نَبِيّٗا
Ni ho rero Isa yabishura aconka, ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi Umuja w’Imana Allah, Imana Allah Yageze kumpa Igitabu c’Injili, Ingira n’Intumwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَعَلَنِي مُبَارَكًا أَيۡنَ مَا كُنتُ وَأَوۡصَٰنِي بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ مَا دُمۡتُ حَيّٗا
Yampaye n’imihezagiro aho nzoba ndi hose, Yongera Indaga gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa mu gihe cose nzoba nkiri muzima;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَبَرَّۢا بِوَٰلِدَتِي وَلَمۡ يَجۡعَلۡنِي جَبَّارٗا شَقِيّٗا
Ingira umwana yubaha akubahiriza umuvyeyi wiwe, ntiyangize umuntu w’akanyaro, w’intumva;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلسَّلَٰمُ عَلَيَّ يَوۡمَ وُلِدتُّ وَيَوۡمَ أَمُوتُ وَيَوۡمَ أُبۡعَثُ حَيّٗا
Ndakagira rero amahoro y’Imana Allah ku musi mvuka, ku musi napfuye no ku musi nazutse ngasubizwa ubuzima”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ذَٰلِكَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَۖ قَوۡلَ ٱلۡحَقِّ ٱلَّذِي فِيهِ يَمۡتَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Iyo nkuru rero Tukwiganiye ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ryo jambo ry’ukuri abayahudi n’abanaswara bahazanako.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا كَانَ لِلَّهِ أَن يَتَّخِذَ مِن وَلَدٖۖ سُبۡحَٰنَهُۥٓۚ إِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Nta ho vyigeze biba ko Imana Allah Yigenera umwana mu biremwa vyayo, nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga. Iyo Imana Allah Ishatse gushira mu ngiro ikintu ico ari co cose mu vyagezwe, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ
Isa mwene Mariyamu yabwiye abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Kubera ivyo rero, nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, iyi ni yo nzira igororotse”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱخۡتَلَفَ ٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَيۡنِهِمۡۖ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن مَّشۡهَدِ يَوۡمٍ عَظِيمٍ
Abahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَسۡمِعۡ بِهِمۡ وَأَبۡصِرۡ يَوۡمَ يَأۡتُونَنَا لَٰكِنِ ٱلظَّٰلِمُونَ ٱلۡيَوۡمَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Burya ukwumva n’ukubona kwabo, bizoba bitangaje koko[379] umusi baje iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka! Ahubwo abirenganije kuri uno musi kw’isi, bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.
[379] Ico gihe bazoba bashoboye koko kwumva no kubona; ariko ukwumva n’ukubona, nta co bizobamarira ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنذِرۡهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡحَسۡرَةِ إِذۡ قُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ وَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا نَحۡنُ نَرِثُ ٱلۡأَرۡضَ وَمَنۡ عَلَيۡهَا وَإِلَيۡنَا يُرۡجَعُونَ
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzotorana isi n’ibiri kuri yo, ni no kuri Twebwe Allah ibiremwa vyose bizogaruka kugira Tubihembere ivyo vyakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِبۡرَٰهِيمَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيًّا
Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani, mu vy’ukuri Ibrahimu yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ يَٰٓأَبَتِ لِمَ تَعۡبُدُ مَا لَا يَسۡمَعُ وَلَا يُبۡصِرُ وَلَا يُغۡنِي عَنكَ شَيۡـٔٗا
Igihe yabwira se Aazara ati: “Dawe wanje! Ni kuki usenga ibigirwamana bitumva bitanabona, ata n’ikintu na kimwe bikumariye!;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَبَتِ إِنِّي قَدۡ جَآءَنِي مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَمۡ يَأۡتِكَ فَٱتَّبِعۡنِيٓ أَهۡدِكَ صِرَٰطٗا سَوِيّٗا
Dawe wanje! Mu vy’ukuri jewe, narahawe n’Imana Allah ubumenyi utigeze uhabwa, ndakwinginze ko wonkurikira nkakurongora mu nzira igororotse;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَبَتِ لَا تَعۡبُدِ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلرَّحۡمَٰنِ عَصِيّٗا
Dawe wanje! Ntukumvire shetani mu gusenga ibigirwamana; mu vy’ukuri, shetani yaramaze kuba ikigaba kuri Nyenimpuhwe Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَبَتِ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يَمَسَّكَ عَذَابٞ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ فَتَكُونَ لِلشَّيۡطَٰنِ وَلِيّٗا
Dawe wanje! Mu vy’ukuri, jewe ndafise impungenge ko wopfa ukigarariza, maze ugahanwa na Nyenimpuhwe Allah ku musi w’izuka, gutyo ukaba umugenzi wa shetani mu muriro”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ أَرَاغِبٌ أَنتَ عَنۡ ءَالِهَتِي يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ لَأَرۡجُمَنَّكَۖ وَٱهۡجُرۡنِي مَلِيّٗا
Aazara yishuye Ibrahimu ati: “Burahi! Ubwo urakenyeye wirengagize isengwa ry’imana zanje! Ni ukuri, utavavanuye n’ugutyoza imana zanje, nzokwicisha amabuye, canke ndakwirukane ugende ubutakigaruka, maze ntuzonasubire no kumvugisha”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكَۖ سَأَسۡتَغۡفِرُ لَكَ رَبِّيٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ بِي حَفِيّٗا
Ibrahimu yishuye se Aazara ati: “Urakagira amahoro, usimbe imanga! Nzogusabira ku Mana yanje Rurema Allah ko Yokurongora, Ikakugirira n’ikigongwe ku vyaha wakoze. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Yamye Inyumvira mu gihe ndayisavye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَعۡتَزِلُكُمۡ وَمَا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَأَدۡعُواْ رَبِّي عَسَىٰٓ أَلَّآ أَكُونَ بِدُعَآءِ رَبِّي شَقِيّٗا
Nzobiyonjororako mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah, mpeze nsabe Imana yanje Rurema Allah, kumbure sinzoreka kwemererwa n’Imana yanje Rurema Allah igisabo ndayisavye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَمَّا ٱعۡتَزَلَهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۖ وَكُلّٗا جَعَلۡنَا نَبِيّٗا
Igihe rero Ibrahimu abiyonjororako bo hamwe n’ibigirwamana vyabo basenga mu gishingo c’Imana Allah, Twebwe Allah Twaramuhaye umwana yitwa Is-haka, Tumuha n’umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka, kandi bompi Twabagize Abavugishwamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَوَهَبۡنَا لَهُم مِّن رَّحۡمَتِنَا وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ لِسَانَ صِدۡقٍ عَلِيّٗا
Twaranabahaye ku mpuhwe zacu ingabirano nyinshi, Tubaha no kuyagwa neza mu bantu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مُوسَىٰٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ مُخۡلَصٗا وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا
Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Musa yaratowe n’Imana Allah, yari Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنَٰدَيۡنَٰهُ مِن جَانِبِ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنِ وَقَرَّبۡنَٰهُ نَجِيّٗا
Twebwe Allah, Twarahamagaye Musa ari amaja mu kabande k’umusozi Twuuri wari iburyo bwiwe[380], maze Tumutera iteka ryo kuvugana na Twe Allah ukuri kwamye[381].
[380] Ico gihe yari mu nzira asubira muri Misiri (Egiputa).
[381] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro n’ubumana bwayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَوَهَبۡنَا لَهُۥ مِن رَّحۡمَتِنَآ أَخَاهُ هَٰرُونَ نَبِيّٗا
Twaranahaye Musa ku mpuhwe zacu uwumufasha, maze Tumugirira murumunawe Haruna Umuvugishwamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِسۡمَٰعِيلَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صَادِقَ ٱلۡوَعۡدِ وَكَانَ رَسُولٗا نَّبِيّٗا
Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ismayili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Ismayili yari imvugakuri ishitsa ivyo yiyemeje, yari n’Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَانَ يَأۡمُرُ أَهۡلَهُۥ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱلزَّكَوٰةِ وَكَانَ عِندَ رَبِّهِۦ مَرۡضِيّٗا
Yaranabwiriza n’umuryango wiwe gutsimbataza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa, yari n’umuntu ashimwa n’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱذۡكُرۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ إِدۡرِيسَۚ إِنَّهُۥ كَانَ صِدِّيقٗا نَّبِيّٗا
Ntumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Idrisa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Idrisa yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَرَفَعۡنَٰهُ مَكَانًا عَلِيًّا
Twaranadugirije Idrisa icubahiro mu kuyagwa neza n’ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مِن ذُرِّيَّةِ ءَادَمَ وَمِمَّنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٖ وَمِن ذُرِّيَّةِ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡرَٰٓءِيلَ وَمِمَّنۡ هَدَيۡنَا وَٱجۡتَبَيۡنَآۚ إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُ ٱلرَّحۡمَٰنِ خَرُّواْۤ سُجَّدٗاۤ وَبُكِيّٗا۩
Ntumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[382] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[383] no mu ruvyaro rwa Yakubu[384] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[385].
[382] Nka Ibrahimu mwene Sam mwene Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[383] Nka Ismayili, Is-haka na Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[384] Ari we batazira Israyeli. Intumwa zimukomokako, ni nka Musa, Haruna, Zakariya, Yahya na Isa mwene Mariyamu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[385] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٌ أَضَاعُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَٱتَّبَعُواْ ٱلشَّهَوَٰتِۖ فَسَوۡفَ يَلۡقَوۡنَ غَيًّا
Mu nyuma y’abo rero, haraje abantu b’ibigaba batitwararika gutsimbataza isengesho, bagakurikira ingingo zihuye n’ivyipfuzo vyabo; bitebe bitebuke rero, bazokwibonerako mu muriro wa Jahannamu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَأُوْلَٰٓئِكَ يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ وَلَا يُظۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا
Ariko uwuzokwisubirako muri bo akigaya, agaheza akemera agakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo azoba ari mu bantu Imana Allah Yemereye ukwigaya kwabo, bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
جَنَّٰتِ عَدۡنٍ ٱلَّتِي وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ عِبَادَهُۥ بِٱلۡغَيۡبِۚ إِنَّهُۥ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَأۡتِيّٗا
Bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, ari na Bwo Nyenimpuhwe Allah Yasezeraniye abaja bayo ko bazobwinjira, bakabwemera bataranabubona n’amaso. Mu vy’ukuri, isezerano rya Nyenimpuhwe Allah, ritegerezwa gushika.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوًا إِلَّا سَلَٰمٗاۖ وَلَهُمۡ رِزۡقُهُمۡ فِيهَا بُكۡرَةٗ وَعَشِيّٗا
Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazokwigera bumva amajambo y’imburakimazi (ataroranye), kiretse gusa ijambo ry’indamutso y’amahoro, bazoronswa muri nya Bwami bw’ijuru imfungurwa n’ibinyobwa vyamaho igitondo n’umugoroba, igihe cose babishakiye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تِلۡكَ ٱلۡجَنَّةُ ٱلَّتِي نُورِثُ مِنۡ عِبَادِنَا مَن كَانَ تَقِيّٗا
Ubwo Bwami bw’ijuru butunganijwe ukwo, ni bwo Bwami Twebwe Allah Twageneye uwo wese mu baja bacu, azoba ari umugamburukiramana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا نَتَنَزَّلُ إِلَّا بِأَمۡرِ رَبِّكَۖ لَهُۥ مَا بَيۡنَ أَيۡدِينَا وَمَا خَلۡفَنَا وَمَا بَيۡنَ ذَٰلِكَۚ وَمَا كَانَ رَبُّكَ نَسِيّٗا
Mumalayika Jibrili! Bwira Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) uti[386]: “Burya twebwe abamalayika, ntituva mw’ijuru ngo tumanuke kw’isi, kiretse kw’itegeko duhawe n’Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Rugaba w’ivyo twimirije muri kazoza mu buzima bw’inyuma yo gupfa, n’ivyo twarenganye muri kahise mu buzima bwo kw’isi, n’ibizoba rero hagati yavyo[387] ; kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyibagira ikintu na kimwe;
[386] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yari yabajije umumalayika Jibrili igituma hari igihe ateba kumanuka aje kumuhishurira Qor’ani.
[387] Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ikintu ico ari co cose, kibaye ku mwanya uwo ari wo wose, kibereye ahantu aho ari ho hose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا فَٱعۡبُدۡهُ وَٱصۡطَبِرۡ لِعِبَٰدَتِهِۦۚ هَلۡ تَعۡلَمُ لَهُۥ سَمِيّٗا
Ni Yo Mana Rurema w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo. Muvugishwamana! Shishikara rero uyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenga ari Imwe Rudende, maze wihanganire iyumviramana, wewe hamwe n'abagukurikiye. Nta n’umwe rero yokwitiranywa na Yo mu kuntu Imeze, mu bushobozi n'ububasha vyayo no mu mazina n’amatazirano yayo”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَقُولُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَءِذَا مَا مِتُّ لَسَوۡفَ أُخۡرَجُ حَيًّا
Umuntu agarariza agahakana izuka ry’ibiremwa, arinamura akavuga ati: “Burya ninamara gupfa, ni ivy'ukuri ko nzozurwa ngasubira kuba muzima!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَا يَذۡكُرُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ وَلَمۡ يَكُ شَيۡـٔٗا
Mbega umuntu w'umugarariji yibagiye ico ari co! Burya ntiyibuka ko Twebwe Allah Twamuremye ubwa mbere kandi atari bwabeho!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَوَرَبِّكَ لَنَحۡشُرَنَّهُمۡ وَٱلشَّيَٰطِينَ ثُمَّ لَنُحۡضِرَنَّهُمۡ حَوۡلَ جَهَنَّمَ جِثِيّٗا
Ntumwa y’Imana! Ndarahiye Jewe Allah kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko abahakana izuka ry’ibiremwa, Twebwe Allah Dutegerezwa kuzobegeraniriza hamwe n’amashetani ku musi w’izuka; hanyuma ni ukuri, Tuzobakumakumira hambavu y’umuriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ لَنَنزِعَنَّ مِن كُلِّ شِيعَةٍ أَيُّهُمۡ أَشَدُّ عَلَى ٱلرَّحۡمَٰنِ عِتِيّٗا
Hanyuma, ni ukuri Tuzofata mu mugwi wose, uwari intumva karuhariwe kuri Nyenimpuhwe Allah, abe ari we Duherako guhana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ لَنَحۡنُ أَعۡلَمُ بِٱلَّذِينَ هُمۡ أَوۡلَىٰ بِهَا صِلِيّٗا
Hanyuma ni ukuri, ni Twebwe Allah Tuzi neza abakwiye kwinjira no guhanwa muri nya muriro wa Jahannamu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن مِّنكُمۡ إِلَّا وَارِدُهَاۚ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ حَتۡمٗا مَّقۡضِيّٗا
Bantu! Nta n’umwe muri mwebwe kiretse ko azoca ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro wa Jahannamu, maze arengane canke akorokereyo hisunzwe ibikorwa vyiwe; ivyo bitegerezwa gushika kuko ari ko vyagezwe n’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ نُنَجِّي ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْ وَّنَذَرُ ٱلظَّٰلِمِينَ فِيهَا جِثِيّٗا
Hanyuma Twebwe Allah, Dushoke Turokora abatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baheze barengane amahoro kuri nya kiraro; maze Tureke abirenganije mu kugarariza, batibukire muri nya muriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا بَيِّنَٰتٖ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَيُّ ٱلۡفَرِيقَيۡنِ خَيۡرٞ مَّقَامٗا وَأَحۡسَنُ نَدِيّٗا
Abantu iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, abagarariji baca babwira abemeramana bati: “Ni uwuhe mugwi hagati yacu na mwe ufise ubushikiro n’ubuteramo vyiza gusumba uwundi!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هُمۡ أَحۡسَنُ أَثَٰثٗا وَرِءۡيٗا
Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, bari bifise bikwiye, bakeye cane no mu maso kubasumba.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَن كَانَ فِي ٱلضَّلَٰلَةِ فَلۡيَمۡدُدۡ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ مَدًّاۚ حَتَّىٰٓ إِذَا رَأَوۡاْ مَا يُوعَدُونَ إِمَّا ٱلۡعَذَابَ وَإِمَّا ٱلسَّاعَةَ فَسَيَعۡلَمُونَ مَنۡ هُوَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضۡعَفُ جُندٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Abari mu buhuvyi, Nyenimpuhwe Allah Aratenyenya kubahana, maze bakabugumamwo gushika biboneyeko kw’isi ibihano bagabishijweko; canke bashikiwe n’umuhero w’isi; ico gihe rero, bazomenya neza na neza uwufise ubushikiro bubi cane, akagira n’ingabo ata co zishoboye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَزِيدُ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱهۡتَدَوۡاْ هُدٗىۗ وَٱلۡبَٰقِيَٰتُ ٱلصَّٰلِحَٰتُ خَيۡرٌ عِندَ رَبِّكَ ثَوَابٗا وَخَيۡرٞ مَّرَدًّا
Imana Allah, Irongerereza n’uburongozi abatumbereye inzira y’idini ryayo rigororotse. Kukaba nkako, burya ibikorwa vyiza vyamaho, ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي كَفَرَ بِـَٔايَٰتِنَا وَقَالَ لَأُوتَيَنَّ مَالٗا وَوَلَدًا
Ntumwa y’Imana! Mbega waramenye inkuru y’umugarariji Al’Aaswi mwene Waa-ili, yagararije agahakana yivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, maze akinamura akavuga ati: “Ni ukuri, nzohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَطَّلَعَ ٱلۡغَيۡبَ أَمِ ٱتَّخَذَ عِندَ ٱلرَّحۡمَٰنِ عَهۡدٗا
Yoba yararungurutse mu binyegejwe ibiremwa, akabona ko azohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke yoba afise isezerano kuri Nyenimpuhwe Allah ko Azobimuha!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّاۚ سَنَكۡتُبُ مَا يَقُولُ وَنَمُدُّ لَهُۥ مِنَ ٱلۡعَذَابِ مَدّٗا
Eka nateshwe ate, si nk'uko avyibwira. Twebwe Allah, Tuzokwandika ivyo avuga mu kurementaniriza Imana Allah, Duheze Tumwongerereze ibihano vy’ubwoko bwose mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنَرِثُهُۥ مَا يَقُولُ وَيَأۡتِينَا فَرۡدٗا
Maze Dusubire ku matungo n’abana yiratira, aheze aze iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةٗ لِّيَكُونُواْ لَهُمۡ عِزّٗا
Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, kugira ngo bibakingire bibatere n’iteka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّاۚ سَيَكۡفُرُونَ بِعِبَادَتِهِمۡ وَيَكُونُونَ عَلَيۡهِمۡ ضِدًّا
Eka nibateshwe bate, si nk'uko bavyibwira, ibigirwamana basenga bizobihakana vyiyamirize n’isengwa ryavyo, maze bibihinduke bibagirize.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلَمۡ تَرَ أَنَّآ أَرۡسَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ تَؤُزُّهُمۡ أَزّٗا
Ntumwa y’Imana! Mbega mu vy’ukuri, ntiwabonye ko Twebwe Allah Dushuhurira amashetani ku bagarariji kugira abandanye kubahubisha!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَا تَعۡجَلۡ عَلَيۡهِمۡۖ إِنَّمَا نَعُدُّ لَهُمۡ عَدّٗا
Ntiwihutire rero kubasabira ibihano vyo kw’isi, mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turabaharurira imyaka bamaze n’ibikorwa bakora, nta na kimwe Twirengagije muri vyo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ نَحۡشُرُ ٱلۡمُتَّقِينَ إِلَى ٱلرَّحۡمَٰنِ وَفۡدٗا
Umusi rero Twegeranirije abagamburukiramana kwa Nyenimpuhwe Allah bubashwe, bari mu migwimigwi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنَسُوقُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ إِلَىٰ جَهَنَّمَ وِرۡدٗا
Tugashorera n’abagarariji mu muriro wa Jahannamu bagenda n’ibirenge bishwe n’inyota;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّا يَمۡلِكُونَ ٱلشَّفَٰعَةَ إِلَّا مَنِ ٱتَّخَذَ عِندَ ٱلرَّحۡمَٰنِ عَهۡدٗا
Abagarariji ntibazogira n’umwe bavugira mu biremwa, ariko uwuzogira uburenganzira bwo kugira uwo asabiye, ni uwuzoba afise isezerano rya Nyenimpuhwe Allah mu Ntumwa n’abemeramana ryo kuvugira abandi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَلَدٗا
Abagarariji baranavuze ko Nyenimpuhwe Allah Yigeneye umwana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّقَدۡ جِئۡتُمۡ شَيۡـًٔا إِدّٗا
Bantu muvuga ko Imana Allah Yigeneye umwana! Ni ukuri, mwaradukanye ikintu kibi cane kuri iyo mvugo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَكَادُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ يَتَفَطَّرۡنَ مِنۡهُ وَتَنشَقُّ ٱلۡأَرۡضُ وَتَخِرُّ ٱلۡجِبَالُ هَدًّا
Ku bubi bw’iryo jambo, amajuru ahakwa gusaduka, n’isi ihakwa gusatagurika, n’imisozi ihakwa gusenyagurika ikayoka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَن دَعَوۡاْ لِلرَّحۡمَٰنِ وَلَدٗا
Ku gushavuzwa n’iyomekera ry’umwana kuri Nyenimpuhwe Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا يَنۢبَغِي لِلرَّحۡمَٰنِ أَن يَتَّخِذَ وَلَدًا
Ntibikabe rero ko Nyenimpuhwe Allah Yigenera umwana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِن كُلُّ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ إِلَّآ ءَاتِي ٱلرَّحۡمَٰنِ عَبۡدٗا
Ibiremwa biri mu majuru mu bamalayika, n’ibiremwa biri kw’isi mu bantu n’amajini, vyose bizosubira kuri Nyenimpuhwe Allah, ari abaja bicisha bugufi kuri Yo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّقَدۡ أَحۡصَىٰهُمۡ وَعَدَّهُمۡ عَدّٗا
Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze guharura ibiremwa vyayo ata kwihenda, Iraheza Iramenya n’igitigiri cavyo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكُلُّهُمۡ ءَاتِيهِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فَرۡدًا
Kandi umwe wese mu biremwa, azoza ku Mana Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ سَيَجۡعَلُ لَهُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وُدّٗا
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Nyenimpuhwe Allah Azobaha gukundwa n’ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لِتُبَشِّرَ بِهِ ٱلۡمُتَّقِينَ وَتُنذِرَ بِهِۦ قَوۡمٗا لُّدّٗا
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani mu rurimi rwawe rw’icarabu; kugira uyikoreshe mu gushikiriza inkuru nziza ihumuriza abagamburukiramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, no mu kugabisha abantu b’inshirwarimenetse mu bigaba ku bihano vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هَلۡ تُحِسُّ مِنۡهُم مِّنۡ أَحَدٍ أَوۡ تَسۡمَعُ لَهُمۡ رِكۡزَۢا
Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, hari n’umwe ubona muri bo yasigaye, canke ngo wumve n’ijwi ryabo[388]!
[388] Iyi Aayah irihaniza abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko Imana Allah Ishobora kubahonya mu gihe borendegera mu bugarariji bwabo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা মাৰয়াম
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ