আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (233) ছুৰা: ছুৰা আল-বাক্বাৰাহ
۞ وَٱلۡوَٰلِدَٰتُ يُرۡضِعۡنَ أَوۡلَٰدَهُنَّ حَوۡلَيۡنِ كَامِلَيۡنِۖ لِمَنۡ أَرَادَ أَن يُتِمَّ ٱلرَّضَاعَةَۚ وَعَلَى ٱلۡمَوۡلُودِ لَهُۥ رِزۡقُهُنَّ وَكِسۡوَتُهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ لَا تُكَلَّفُ نَفۡسٌ إِلَّا وُسۡعَهَاۚ لَا تُضَآرَّ وَٰلِدَةُۢ بِوَلَدِهَا وَلَا مَوۡلُودٞ لَّهُۥ بِوَلَدِهِۦۚ وَعَلَى ٱلۡوَارِثِ مِثۡلُ ذَٰلِكَۗ فَإِنۡ أَرَادَا فِصَالًا عَن تَرَاضٖ مِّنۡهُمَا وَتَشَاوُرٖ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَاۗ وَإِنۡ أَرَدتُّمۡ أَن تَسۡتَرۡضِعُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِذَا سَلَّمۡتُم مَّآ ءَاتَيۡتُم بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Abavyeyi[42] basabwa kwonsa abana babo imyaka ibiri ikwiriye ku wushaka kwonsa bikwiye. Muri ico gihe, ba se na bo basabwa gufungurira no kwambika abavyeyi bonsa ku neza hisunzwe ubushobozi bafise, kuko Imana Allah ntitegeka umuntu kiretse ico ashoboye. Umwana ntazobe inyendamuvano yo guhohotera nyina, eka ntazonabe inyendamuvano yo guhohotera se. Uwutorana mu gihe se yahwereye, na we ategetswe kwubahiriza ivyari bitegetswe umuhisi gufungurira no kwambika uwonsa. Mu gihe abo bavyeyi bokenera gucutsa uyo mwana bavyishakiye, bakavyumvikana ku neza y’uwo mwana imbere yuko imyaka ibiri ihera, nta caha kirimwo kuri bo. Nimwashaka naho kumwonkesha ku wundi muvyeyi atari nyina, nta caha kirimwo nimwatekerera nyina mukongera mugahereza uwumwonsa agashimwe ku neza hisunzwe imibereho y’aho hantu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora vyose, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ivyo mukora vyose Ibibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.
[42] Ni mu gihe bahukanye bafise umwana yonka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (233) ছুৰা: ছুৰা আল-বাক্বাৰাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ