আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (78) ছুৰা: ছুৰা আল-হজ্জ
وَجَٰهِدُواْ فِي ٱللَّهِ حَقَّ جِهَادِهِۦۚ هُوَ ٱجۡتَبَىٰكُمۡ وَمَا جَعَلَ عَلَيۡكُمۡ فِي ٱلدِّينِ مِنۡ حَرَجٖۚ مِّلَّةَ أَبِيكُمۡ إِبۡرَٰهِيمَۚ هُوَ سَمَّىٰكُمُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ مِن قَبۡلُ وَفِي هَٰذَا لِيَكُونَ ٱلرَّسُولُ شَهِيدًا عَلَيۡكُمۡ وَتَكُونُواْ شُهَدَآءَ عَلَى ٱلنَّاسِۚ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱعۡتَصِمُواْ بِٱللَّهِ هُوَ مَوۡلَىٰكُمۡۖ فَنِعۡمَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَنِعۡمَ ٱلنَّصِيرُ
Mwitange bikwiye kandi mu guharanira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah murarikira abantu kuyemera; ni Yo Yabatoye kuba abashikirizabutumwa b’idini ryayo, kandi ntiyigeze Ibashingira amabwirizwa arimwo amananiza ashingiye kw’idadika no ku kutagira isaganirizo mu kuyubahiriza mw’idini; idini rya so wanyu Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, Imana Allah ni Yo Yabise abislamu n’imbere yuko hamanurwa Qor’ani mu Bitabu vy’aho hambere; Ibita abislamu no muri iyi Qor’ani nyene kugira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibe icabona kibagiriza ko yabashikirije ubutumwa bw’Imana Allah, na mwe muheze mube ivyabona vyagiriza abantu bo hambere yanyu, ko Intumwa barungikiwe zabashikirije koko ubutumwa bw’Imana Allah. Kubera ivyo rero, nimushimire Imana Allah, muheze mutsimbataze amasengesho akwije ibisabwa, mutange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwishimikize koko Imana Allah kuko ari Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni. Irakaba rero Nkinzoyabatoni, Umwiza w’abahagarikizi bose, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (78) ছুৰা: ছুৰা আল-হজ্জ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ