আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-মু'মিনূন   আয়াত:

SURATU L-MU-MINUUNA

قَدۡ أَفۡلَحَ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Ni ukuri, abemeramana koko baramaze kuronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي صَلَاتِهِمۡ خَٰشِعُونَ
Abagumiza umutima mu nda bagatururuza n’ibihimba vyabo mu masengesho;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَنِ ٱللَّغۡوِ مُعۡرِضُونَ
Bakirengagiza amajambo n’ibikorwa vy’imburakimazi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِلزَّكَوٰةِ فَٰعِلُونَ
Bakeza n’imitima n’amatungo vyabo mu gutanga ishikanwa-bwirizwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِفُرُوجِهِمۡ حَٰفِظُونَ
Bagacungera n’ubwambure bwabo mu kudasambana[1];
[1] Ukudasambana ni ukutipfuza guhuza ibitsina ku babisangiye canke ku batabisangiye, n’ibindi bibi bijanye n’ubusambanyi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَإِنَّهُمۡ غَيۡرُ مَلُومِينَ
Kiretse ku bakenyezi babo canke abo bagaba mu ncoreke, kuri abo nta kibi kiri mu kubabira n’ibindi bijanye no kwabira;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَنِ ٱبۡتَغَىٰ وَرَآءَ ذَٰلِكَ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡعَادُونَ
Uwuzorondera kuryoherwa ku batari abo, uyo azoba ari mu barenze imbibe z’ibirekuwe agatandukira ibizira, azoba yikwegeye ibihano n’ishavu vy’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ لِأَمَٰنَٰتِهِمۡ وَعَهۡدِهِمۡ رَٰعُونَ
Abitwararika nantaryo gucungera imbitso baragijwe no kwubahiriza amasezerano biyemeje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَلَىٰ صَلَوَٰتِهِمۡ يُحَافِظُونَ
Abatsimbataza amasengesho mu gihe cose no ku mwanya wayo, bakayasenga nk’uko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yayasenga;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡوَٰرِثُونَ
Abo ni bo rero ba samuragwa b’Ubwami bw’ijuru;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ يَرِثُونَ ٱلۡفِرۡدَوۡسَ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Bazotorana Ubwami bw’ijuru ry’iteka rya Firdawsi, bazobubamwo ibihe bidahera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن سُلَٰلَةٖ مِّن طِينٖ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye Adamu mu ruvange rw’ivu;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ جَعَلۡنَٰهُ نُطۡفَةٗ فِي قَرَارٖ مَّكِينٖ
Hanyuma Turema abamukomotseko mu buryo bwo kurondoka mw’ima ry’intanga riva mu ruti rw’umugongo w’umugabo, rigaturura mu gitereko c’umugore;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ خَلَقۡنَا ٱلنُّطۡفَةَ عَلَقَةٗ فَخَلَقۡنَا ٱلۡعَلَقَةَ مُضۡغَةٗ فَخَلَقۡنَا ٱلۡمُضۡغَةَ عِظَٰمٗا فَكَسَوۡنَا ٱلۡعِظَٰمَ لَحۡمٗا ثُمَّ أَنشَأۡنَٰهُ خَلۡقًا ءَاخَرَۚ فَتَبَارَكَ ٱللَّهُ أَحۡسَنُ ٱلۡخَٰلِقِينَ
Hanyuma Turema muri nya ma ry’intanga igihimba c’amaraso avuze, maze Turema muri nya gihimba c’amaraso avuze, akamanyu k’inyama inyuma y’ikiringo c’imisi mirongo ine; Duca Turema amagufa muri nya kamanyu, Turaheza rero Tuyambika inyama, mu nyuma rero Turaheza Duha nya kiremwa iyindi ndemo mu kugihuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, kigaheza kikavuka ari kizima. Harakubahwa rero Imana Allah Yahaye ikintu cose indemo nziza ikibereye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ إِنَّكُم بَعۡدَ ذَٰلِكَ لَمَيِّتُونَ
Bantu! Mu vy’ukuri rero, no kubaho kwanyu kwose ubuzima bwanyu bwo kw’isi, hari ugupfa mu nyuma, nta gisivya urwanyu rushitse muzopfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ إِنَّكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ تُبۡعَثُونَ
Hanyuma mu vy’ukuri ga bantu! Umuhero w’isi niwagera mugahona, ku musi w’izuka muzosubizwa ubuzima kandi muzuke, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا فَوۡقَكُمۡ سَبۡعَ طَرَآئِقَ وَمَا كُنَّا عَنِ ٱلۡخَلۡقِ غَٰفِلِينَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaranaremye amajuru indwi agerekeranye hejuru yanyu, kandi ntivyigeze bishika ngo Tugotwe canke ngo Twibagire iremwa ry’ikintu na kimwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءَۢ بِقَدَرٖ فَأَسۡكَنَّٰهُ فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَإِنَّا عَلَىٰ ذَهَابِۭ بِهِۦ لَقَٰدِرُونَ
Twaranatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere ku rugero rukenewe, Turaheza Tuziganya amazi ya nya mvura mw’isi. Mu vy’ukuri, Turanashoboye kandi no gukamya nya mazi akagenda amazimayongo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَنشَأۡنَا لَكُم بِهِۦ جَنَّٰتٖ مِّن نَّخِيلٖ وَأَعۡنَٰبٖ لَّكُمۡ فِيهَا فَوَٰكِهُ كَثِيرَةٞ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ
Hakoreshejwe nya mazi rero, Turaheza Tukabagirira imirima itotahaye y’itende n’imizabibu, maze mugasarura muri nya mirima ivyamwa vyinshi bitandukanye ibara n’indemo, mugaheza mukanabifungurako;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَشَجَرَةٗ تَخۡرُجُ مِن طُورِ سَيۡنَآءَ تَنۢبُتُ بِٱلدُّهۡنِ وَصِبۡغٖ لِّلۡأٓكِلِينَ
Tukanabamereshereza n’igiti c’Umuzayituni kimera canecane hambavu y’umusozi wa Sinayi, mu vyamwa vyaco rero haraheza hagahingurwamwo amavuta abantu bisiga bakanayafungura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَنۡعَٰمِ لَعِبۡرَةٗۖ نُّسۡقِيكُم مِّمَّا فِي بُطُونِهَا وَلَكُمۡ فِيهَا مَنَٰفِعُ كَثِيرَةٞ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ
Bantu! Mu vy’ukuri, murafise mw’iremwa ry’ibitungwa[2] inkebuzo yotuma mwikebuka, Tubanywesha mu biri mu nda yavyo amata, muranafise kuri ivyo bitungwa ibintu vyinshi ngirakamaro mwikorako; nk’ubwoya, insato n’ibindi, muranafungura n’inyama zavyo;
[2] Ibitungwa, ni ingamiya, inka n’intungwa (an'aam).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَعَلَيۡهَا وَعَلَى ٱلۡفُلۡكِ تُحۡمَلُونَ
Mukaniyunguruza mwebwe hamwe n’ivyanyu ku ngamiya no mu bwato.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ فَقَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۚ أَفَلَا تَتَّقُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse Nuhu ku bantu biwe, ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah, mugaheza mukubahiriza amabwirizwa yayo!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقَالَ ٱلۡمَلَؤُاْ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ مَا هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ يُرِيدُ أَن يَتَفَضَّلَ عَلَيۡكُمۡ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَأَنزَلَ مَلَٰٓئِكَةٗ مَّا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِيٓ ءَابَآئِنَا ٱلۡأَوَّلِينَ
Indongozi z’abagararije mu bantu ba Nuhu, zarahakanye zivuye inyuma zibwira abantu bazo ziti: “Burya Nuhu abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu asanzwe nkamwe, ashaka gusa ko mumwubaha mukamwumvira. N’iyo Imana Allah Ishaka kuturungikira koko Intumwa, Yari kurungika Intumwa ivuye mu bamalayika, eka ntitwigeze twumva ivyo aturarikira ku bavyeyi bacu b’aho hambere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنۡ هُوَ إِلَّا رَجُلُۢ بِهِۦ جِنَّةٞ فَتَرَبَّصُواْ بِهِۦ حَتَّىٰ حِينٖ
Uyu Nuhu rero, si ikindi kiretse ko ari umukehabwenge. Kubera ivyo rero, enda nimumuhe akanya gato gushika agarure akenge, aheze areke kwigira Intumwa, canke mumutege imisi apfe mumuruhuke”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ رَبِّ ٱنصُرۡنِي بِمَا كَذَّبُونِ
Nuhu yavuze atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ntabara kw’ihakana ry’abantu banje, kuko bamirira kure ubutumwa bwawe ndabashikiriza”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِ أَنِ ٱصۡنَعِ ٱلۡفُلۡكَ بِأَعۡيُنِنَا وَوَحۡيِنَا فَإِذَا جَآءَ أَمۡرُنَا وَفَارَ ٱلتَّنُّورُ فَٱسۡلُكۡ فِيهَا مِن كُلّٖ زَوۡجَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِ وَأَهۡلَكَ إِلَّا مَن سَبَقَ عَلَيۡهِ ٱلۡقَوۡلُ مِنۡهُمۡۖ وَلَا تُخَٰطِبۡنِي فِي ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ إِنَّهُم مُّغۡرَقُونَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twahishurira Nuhu Tukamubwira Duti: “Baza kw’itegeko ryacu ubwato ku mugaragaro, aho Twebwe Allah Tubona n’amaso yacu kuko ukingiwe. Igihe itegeko ryacu ryo kubahonya ryageze, maze hakaboneka imbizi izananye mw’ifuru, uraheza ushire mu bwato igitsina-gabo n’igitsina-gore kuri buri bwoko bwose bw’ibiremwa, wongere ushiremwo n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe n’umuhungu wawe bamaze kwagirwa n’ibihano, kandi ntuhirahire ngo unsabe ko notenyenya guhana abirenganije, kuko mu vy’ukuri bazotwarwa n’isegenya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِذَا ٱسۡتَوَيۡتَ أَنتَ وَمَن مَّعَكَ عَلَى ٱلۡفُلۡكِ فَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي نَجَّىٰنَا مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Niwamara kwurira mu bwato wewe hamwe n’abo muri kumwe, uraheza uvuge uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yaturokoye, Ikadukura mu bantu birenganije mw'igarariza”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقُل رَّبِّ أَنزِلۡنِي مُنزَلٗا مُّبَارَكٗا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡمُنزِلِينَ
Niwururuka muri nya bwato naho nyene wongere uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubwururuko buhezagiwe butekanisha, kuko ari Wewe Umwiza w’abakira mw’iteka n’itekane[3]"".
[3] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yigisha abaja bayo mu gihe bururukiye ahantu ko bovuga bati: “RABBI ANZILNII MUNZALAN MUBAARAKAN WA-ANTA KHAYRU L-MUNZILIINA”
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ وَإِن كُنَّا لَمُبۡتَلِينَ
Mu vy’ukuri, muri ukwo kurokora abemeramana no guhonya abagarariji, ni ukuri harimwo ivyemezo vyerekana ukuri kw’Intumwa ku vyo zashikirije, Twategerezwa rero no kugerageza koko abantu kw’irungikwa ry’Intumwa imbere yuko bashikirwa n’ibihano.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ أَنشَأۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِمۡ قَرۡنًا ءَاخَرِينَ
Mu nyuma y’abantu ba Nuhu rero, Twagize uwundi mugwi wa Bene Aadi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَرۡسَلۡنَا فِيهِمۡ رَسُولٗا مِّنۡهُمۡ أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۚ أَفَلَا تَتَّقُونَ
Turaheza Turungikira Bene Aadi Intumwa Hudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ivuye muri bo, iraheza ibabwira iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah mugaheza mukubahiriza amabwirizwa yayo!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِلِقَآءِ ٱلۡأٓخِرَةِ وَأَتۡرَفۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا مَا هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ يَأۡكُلُ مِمَّا تَأۡكُلُونَ مِنۡهُ وَيَشۡرَبُ مِمَّا تَشۡرَبُونَ
Mu bantu ba Hudi, indongozi z’abamugararije bakanahakana bivuye inyuma n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa, zikaba zatewe amanyama n’uko Twazihaye ukworoherwa mu buzima bwo kw’isi, zavuze ziti: “Burya Hudi, abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe; afungura ku vyo na mwe mufungura, akanywa ku vyo na mwe munywa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَئِنۡ أَطَعۡتُم بَشَرٗا مِّثۡلَكُمۡ إِنَّكُمۡ إِذٗا لَّخَٰسِرُونَ
Nimwahirahira ngo mwumvire umuntu nkamwe rero, nta nkeka ko mu vy’ukuri muzoba mu bahomvye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَيَعِدُكُمۡ أَنَّكُمۡ إِذَا مِتُّمۡ وَكُنتُمۡ تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَنَّكُم مُّخۡرَجُونَ
Mwokwemera gute ivyo abasezeranira ko nimwapfa mugacika ivu n’amagufa yaboze, muzosubizwa ubuzima mukazuka!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ هَيۡهَاتَ هَيۡهَاتَ لِمَا تُوعَدُونَ
Iryo zuka musezeranirwa ko rizobaho inyuma yo gupfa mugacika ivu n’amagufa yaboze, riri kure nk’ukwezi pe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنۡ هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا نَمُوتُ وَنَحۡيَا وَمَا نَحۡنُ بِمَبۡعُوثِينَ
Ubuzima dukwiye kubaho ni ubu bwo kw’isi gusa! Abapfa barapfa, hakavuka abandi. Wanguha! Nta buzima tuzosubizwa ngo tuzuke inyuma yo gupfa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنۡ هُوَ إِلَّا رَجُلٌ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا وَمَا نَحۡنُ لَهُۥ بِمُؤۡمِنِينَ
Burya Hudi, si ikindi kiretse ko ari umuntu arementaniriza Imana Allah ivyo Itamutumye, eka ntiturota tumwemera namba”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ رَبِّ ٱنصُرۡنِي بِمَا كَذَّبُونِ
Hudi yavuze atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ntabara kw’ihakana ry’abantu banje, kuko bamirira kure ubutumwa bwawe ndabashikiriza”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ عَمَّا قَلِيلٖ لَّيُصۡبِحُنَّ نَٰدِمِينَ
Imana Allah Iraheza Yishura Hudi Iti: “Vuba bwango, ni ukuri bazoheza bicuze”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ بِٱلۡحَقِّ فَجَعَلۡنَٰهُمۡ غُثَآءٗۚ فَبُعۡدٗا لِّلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntibwakeye kabiri, ni ho rero abantu ba Hudi bahitanwa n’ibihano vy’ukuri bihonya, maze Tubagira nk’ivyaciriwe n’inkukura hirya n’ino y’umugende. Haragahona rero abantu birenganije mu kugarariza Intumwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ أَنشَأۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِمۡ قُرُونًا ءَاخَرِينَ
Mu nyuma y’abantu ba Hudi rero, Twagize iyindi migwi y’abantu barungikiwe Intumwa Luutwi, Shu’ayibu, Ayubu na Yunusu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا تَسۡبِقُ مِنۡ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ
Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ryarenganye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ أَرۡسَلۡنَا رُسُلَنَا تَتۡرَاۖ كُلَّ مَا جَآءَ أُمَّةٗ رَّسُولُهَا كَذَّبُوهُۖ فَأَتۡبَعۡنَا بَعۡضَهُم بَعۡضٗا وَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَحَادِيثَۚ فَبُعۡدٗا لِّقَوۡمٖ لَّا يُؤۡمِنُونَ
Hanyuma ni ho rero, Twarungikira nya migwi Intumwa zacu zikurakuranwa; igihe cose Intumwa yararikira abo yarungitsweko kwemera Imana Imwe Rudende Allah, barayihakana bivuye inyuma, Tugaca Tubakurikiranya mu kubahonya bagasigara ari akayazwe, Tugaheza Tukabagira iciro ry’umugani ku bakurikiye kugira bikebuke. Haragahona rero abantu batemera Intumwa ngo bazumvire.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ أَرۡسَلۡنَا مُوسَىٰ وَأَخَاهُ هَٰرُونَ بِـَٔايَٰتِنَا وَسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٍ
Mu nyuma rero, ni ho Twarungikana Musa na murumunawe Haruna ibitangaro vyacu icenda[4], kugira bibe ivyemezo bitomoye bitsimbataza abemeramana, bibe n’ivyagiriji ku bantu b’ibibegito n’abagarariji;
[4] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمًا عَالِينَ
Twabarungitse kwa Firawuni wo muri Misiri n’abunganizi biwe, maze bagira amanyama mu kutemera Musa na murumunawe Haruna, bari n’abantu bihambaza mu gucinyiza abandi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لِبَشَرَيۡنِ مِثۡلِنَا وَقَوۡمُهُمَا لَنَا عَٰبِدُونَ
Maze bavuga bati: “Karashize ingani twemere abantu babiri basanzwe nkatwe, kandi abo barungitsweko muri Bene Israyeli ari abashumba bari musi y’amategeko yacu, kandi baca bugufi kuri twebwe!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَكَذَّبُوهُمَا فَكَانُواْ مِنَ ٱلۡمُهۡلَكِينَ
Ni ho rero Firawuni wo muri Misiri n’abunganizi biwe bahakana bivuye inyuma Musa na Haruna, maze Imana Allah Ica Irabahonya mu gusomeshwa nturi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ لَعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati kugira Bene Israyeli bacubahirize mu kuba abagororotsi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَعَلۡنَا ٱبۡنَ مَرۡيَمَ وَأُمَّهُۥٓ ءَايَةٗ وَءَاوَيۡنَٰهُمَآ إِلَىٰ رَبۡوَةٖ ذَاتِ قَرَارٖ وَمَعِينٖ
Tugira na Isa mwene Mariyamu hamwe na nyina wiwe igitangaro cerekana ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah, Twaranabakiriye mw’icumbi ku gasozi k’iteka n’itekane, kariko n’imbizi y’amazi atemba.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلرُّسُلُ كُلُواْ مِنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَٱعۡمَلُواْ صَٰلِحًاۖ إِنِّي بِمَا تَعۡمَلُونَ عَلِيمٞ
Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose[5].
[5] Ingingo ivugwa muri iyi Aayah yega Intumwa z’Imana zose hamwe n’abemeramana bazikurikiye. Iyi Aayah kandi iranigisha ko ugufungura mu vyiza biryoshe birekuwe gufasha umuntu kunonokerwa mu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe, n’uko gufungura ibibi bizira bitera umuntu amagorwa harimwo no kutemererwa igisabisho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّ هَٰذِهِۦٓ أُمَّتُكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَأَنَا۠ رَبُّكُمۡ فَٱتَّقُونِ
Ntumwa z’Imana! Mu vy’ukuri idini ryanyu, ni idini rimwe ry’ubwislamu ryo kwicisha bugufi no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni nanje rero Imana yanyu Rurema Allah mukwiye kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَتَقَطَّعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡ زُبُرٗاۖ كُلُّ حِزۡبِۭ بِمَا لَدَيۡهِمۡ فَرِحُونَ
Ariko rero abantu, ni bo bahavuye bicamwo imigwi ha gukurikira idini rimwe ry’ubwislamu bategetswe, gutyo umugwi wose muri yo unezerezwa n’ivyiyumviro vyawo, unebagura ivy’uwundi mugwi[6].
[6] Iyi Aayah irihaniza cane abantu kwicamwo imigwi mw’idini.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَذَرۡهُمۡ فِي غَمۡرَتِهِمۡ حَتَّىٰ حِينٍ
Ntumwa y’Imana! Bareke bajuragirike mu bugarariji bwabo bwo ku kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana gushika igihe bashikiwe n’ibihano.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَيَحۡسَبُونَ أَنَّمَا نُمِدُّهُم بِهِۦ مِن مَّالٖ وَبَنِينَ
Mbega abagarariji bibwira ko ivyo Tubaronsa mu matungo n’ibibondo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
نُسَارِعُ لَهُمۡ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِۚ بَل لَّا يَشۡعُرُونَ
Tuba Twihutiye kubaha ivyiza bakwiye bakiri kw’isi! Ahubwo nyabuna, Tubaronsa amatungo n’ibibondo kw’igeragezwa kugira barendegere, gutyo Tubakwegere mu bihano bukebuke, ariko nta vyo bumva.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ هُم مِّنۡ خَشۡيَةِ رَبِّهِم مُّشۡفِقُونَ
Mu vy’ukuri, abatinya guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah ku mpungenge zo gutinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُم بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ يُؤۡمِنُونَ
Bakemera na Aayah z’Imana yabo Rurema Allah ziri muri Qor’ani bakanazigendera;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ هُم بِرَبِّهِمۡ لَا يُشۡرِكُونَ
Batabangikanya Imana yabo Rurema Allah n’ikintu na kimwe, maze bakayisenga ari Imana Imwe Rudende;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يُؤۡتُونَ مَآ ءَاتَواْ وَّقُلُوبُهُمۡ وَجِلَةٌ أَنَّهُمۡ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ رَٰجِعُونَ
Bakigorera gukora ivyiza bitandukanye, bafise impungenge mu mitima yabo ko vyohava bitemerwa, ngo bibakize ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah igihe basubiye kuri Yo, kugira Ibaharurire, Iheze Inabibahembere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَهُمۡ لَهَا سَٰبِقُونَ
Abo ni bo rero barangwa koko n’uguhurumbira gukora ivyiza bitandukanye, bakitanganiza no kubikora.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۚ وَلَدَيۡنَا كِتَٰبٞ يَنطِقُ بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Twebwe Allah, ntitunategeka umuja mu baja bacu kwubahiriza ibirimwo amananiza kuri we, Turanafise n’igitabu canditswemwo ido n’ido y’ibikorwa vy’ibiremwa kizobagiriza vy’ukuri, kandi ntibazorenganywa namba.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ قُلُوبُهُمۡ فِي غَمۡرَةٖ مِّنۡ هَٰذَا وَلَهُمۡ أَعۡمَٰلٞ مِّن دُونِ ذَٰلِكَ هُمۡ لَهَا عَٰمِلُونَ
Ariko imitima y’abagarariji, iri mu buhuvyi bwo guhakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa yayo, bafise n’ibindi bikorwa bibi bakora hamwe n’ibangikanyamana bizotuma bakwegerwa mu bihano bukebuke;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
حَتَّىٰٓ إِذَآ أَخَذۡنَا مُتۡرَفِيهِم بِٱلۡعَذَابِ إِذَا هُمۡ يَجۡـَٔرُونَ
Gushika n’aho iyo Dufashe aborohewe mu buzima muri bo Tukabashikura, baca basemerera batakamba, bitabariza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَا تَجۡـَٔرُواْ ٱلۡيَوۡمَۖ إِنَّكُم مِّنَّا لَا تُنصَرُونَ
Maze bagaca babwirana bati: “Nimugeze aho gusemerera, mutakamba mwitabariza kuri uno musi, mu vy’ukuri ntimushobora kwikura mu bihano vy'Imana Allah, eka nta n’uwo muronka abibakurako.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَدۡ كَانَتۡ ءَايَٰتِي تُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَكُنتُمۡ عَلَىٰٓ أَعۡقَٰبِكُمۡ تَنكِصُونَ
Ni ukuri, mwahora musomerwa Aayah zanje Jewe Allah ziri muri Qor’ani, mugaca muziha umugongo mu kutazumviriza no mu kutazemera ngo muzigendere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مُسۡتَكۡبِرِينَ بِهِۦ سَٰمِرٗا تَهۡجُرُونَ
Ivyo mukabigira ku manyama n’ubwishime ku bantu, mwigamba ko mutigera muganzwa kuko muri hambavu y’ingoro ntagatifu Al-ka’ba, mugateramira hambavu ya nya ngoro muvuga amajambo mabi adashimisha Imana Allah".
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَفَلَمۡ يَدَّبَّرُواْ ٱلۡقَوۡلَ أَمۡ جَآءَهُم مَّا لَمۡ يَأۡتِ ءَابَآءَهُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mbega ntibazirikana Qor’ani ngo bamenye ukuri kwayo, canke babujijwe kuyemera n’ukuba barungikiwe Intumwa n’Igitabu ca Qor’ani, bitigeze birungikirwa ba se b’aho hambere!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ لَمۡ يَعۡرِفُواْ رَسُولَهُمۡ فَهُمۡ لَهُۥ مُنكِرُونَ
Canke ntibamenye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) barungikiwe, baraheza bayihakana ku kutayimenya!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ يَقُولُونَ بِهِۦ جِنَّةُۢۚ بَلۡ جَآءَهُم بِٱلۡحَقِّ وَأَكۡثَرُهُمۡ لِلۡحَقِّ كَٰرِهُونَ
Canke ku kuba bibwiye ko nya Ntumwa ari umusazi! Nibateshwe bate, ahubwo bahakana iyo Ntumwa kuko yabazaniye Qor’ani n’idini ry’ukuri rishingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah, kandi abenshi muri bo banka ukuri ku kubera ishari n’akarenganyo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَوِ ٱتَّبَعَ ٱلۡحَقُّ أَهۡوَآءَهُمۡ لَفَسَدَتِ ٱلسَّمَٰوَٰتُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهِنَّۚ بَلۡ أَتَيۡنَٰهُم بِذِكۡرِهِمۡ فَهُمۡ عَن ذِكۡرِهِم مُّعۡرِضُونَ
Iyo Imana Allah Ibashingira amabwirizwa ahuye n’ivyipfuzo vyabo, nta nkeka ko amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo vyari kwononekara. Ahubwo rero burya Twebwe Allah, Twabazaniye Qor’ani irimwo iteka n’icubahiro vyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nibaba bibuka, hanyuma bagaheza bakavyirengagiza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ خَرۡجٗا فَخَرَاجُ رَبِّكَ خَيۡرٞۖ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلرَّٰزِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Canke boba banse kwemera kuko ubasaba impembo kugira bakwumvire, maze bakabura nya mpembo! Ntibikabe rero ko wobasaba impembo kuko impembo uzeye ku Mana yawe Rurema Allah, ni nziza gusumba, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّكَ لَتَدۡعُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, nta nkeka ko wewe urarikira abantu warungitsweko mu nzira igororotse y’idini ry’ubwislamu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ عَنِ ٱلصِّرَٰطِ لَنَٰكِبُونَ
Mu vy’ukuri, abatemera ko hari izurwa ry’ibiremwa kugira biharurirwe ku vyo vyakoze ngo baryitegurire, barazimiye inzira igororotse y’idini ry’ubwislamu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَلَوۡ رَحِمۡنَٰهُمۡ وَكَشَفۡنَا مَا بِهِم مِّن ضُرّٖ لَّلَجُّواْ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
N’iyo rero Twebwe Allah Tubagirira impuhwe Tukabakurako amapfa, nta cari kubuza ko batarendegera mu bugarariji, bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَخَذۡنَٰهُم بِٱلۡعَذَابِ فَمَا ٱسۡتَكَانُواْ لِرَبِّهِمۡ وَمَا يَتَضَرَّعُونَ
Ni ukuri, Twarabagerageje mu kubaha ibihano bitandukanye, ntibaheza ngo bicishe bugufi ku Mana yabo Rurema Allah, eka ntibanayitakambiye igihe bashikirwa na nya bihano;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
حَتَّىٰٓ إِذَا فَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَابٗا ذَا عَذَابٖ شَدِيدٍ إِذَا هُمۡ فِيهِ مُبۡلِسُونَ
Gushika igihe Twabugururiye umuryango w’ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bagaheza bakihebura muri nya bihano, batagira ayo bacira n’ayo bamira.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَۚ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ
Bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye amatwi kugira mushobore kwumva, Ibagirira n’amaso kugira mushobore kubona, Ibagirira n’imishaha kugira mushobore gutegera muheze mwikebuke. Hamwe n’ivyo vyose rero, mushima gake.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي ذَرَأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَإِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ
Ni Yo Yabaremye Ibakwiragiza kw’isi, ni no kuri Yo muzokwegeranirizwa ku musi w’izuka kugira muhemberwe ivyo mwakoze; vyaba ivyiza canke ibibi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي يُحۡيِۦ وَيُمِيتُ وَلَهُ ٱخۡتِلَٰفُ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ni Yo kandi Itanga ubuzima Ikanabwaka, Ikanakurakuranya ijoro n’umurango mw'ibisikanya ryavyo. Mbega none, ntimugira ubwenge ngo mutahure ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ قَالُواْ مِثۡلَ مَا قَالَ ٱلۡأَوَّلُونَ
Ahubwo rero, abagarariji ntibigeze bemera izurwa ry’ibiremwa inyuma yo gupfa, ahubwo barinamuye mu gusubiramwo kuvuga nk’ivyavuzwe n’ab’aho hambere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُوٓاْ أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Maze bavuga bati: “Burya nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَقَدۡ وُعِدۡنَا نَحۡنُ وَءَابَآؤُنَا هَٰذَا مِن قَبۡلُ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Muhama! Ni ukuri iryo zurwa udusezeraniye, ni ryo n’abavyeyi bacu basezeraniwe aho hambere yacu, nta kuri kwaryo tubona. Iryo sezerano rero, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُل لِّمَنِ ٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهَآ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza abagarariji ubabwire uti: “None iyi si n’ibiri muri yo, ni nde Rugaba wavyo, nimwaba hari ico muzi koko!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَيَقُولُونَ لِلَّهِۚ قُلۡ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Rugaba wavyo ni Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ubwo ntimwokwibuka mukameya ko Imana Allah Ishoboye kuzura n’abapfuye!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَن رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ ٱلسَّبۡعِ وَرَبُّ ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡعَظِيمِ
Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire uti: “Ni nde Imana Rurema w’amajuru indwi, Ikaba n’Imana Rurema w’Ubuhangamo buhambaye kuruta ibindi biremwa vyose!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَيَقُولُونَ لِلَّهِۚ قُلۡ أَفَلَا تَتَّقُونَ
Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Rugaba wavyo ni Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ubwo ntimwotinya ibihano vy’Imana Allah iyo muriko murayibangikanya n’ibiremwa!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَنۢ بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَيۡءٖ وَهُوَ يُجِيرُ وَلَا يُجَارُ عَلَيۡهِ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire kandi uti: “Ni nde Agaba Akaganza ibintu vyose mu kubibeshaho, Agatabara uwugize ivyago, ata n’uwushobora gutabara ngo akingire uwundi ibihano n’ivyago Yamugereye nimwaba hari ico muzi koko!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَيَقُولُونَ لِلَّهِۚ قُلۡ فَأَنَّىٰ تُسۡحَرُونَ
Bazoheza bakwishure bavuga bati: “Ivyo vyose biganzwa n’Imana Allah”. Uraca ubabwira rero uti: “Ni gute none mwihenda mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah no mu kutemera izurwa ry’ibiremwa!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ أَتَيۡنَٰهُم بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Ahubwo rero Twebwe Allah, Twazaniye abahakanyi ukuri mu vyo Twarungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); mu vy’ukuri abahakanyi, nta nkeka ko banyomoza mw’ibangikanyamana no mw’ihakana ry’izurwa ry’ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ مِن وَلَدٖ وَمَا كَانَ مَعَهُۥ مِنۡ إِلَٰهٍۚ إِذٗا لَّذَهَبَ كُلُّ إِلَٰهِۭ بِمَا خَلَقَ وَلَعَلَا بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يَصِفُونَ
Imana Allah, ntiyigeze Yigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’iyindi mana ibangikanya na Yo; iyo rero haba iyindi mana ibangikanije na Yo mu kurema, nta nkeka ko imana imwimwe yose yari kwigungana ibiremwa vyayo, hakaba n’ukwiganza kw’imana imwe ku yindi mu gutunganiriza ibiremwa. Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ni Yo Rumenyi w’ibintu vyose, Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, nihabwe rero icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُل رَّبِّ إِمَّا تُرِيَنِّي مَا يُوعَدُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Uramutse Unyeretse ibihano Usezeranira ababangikanyamana, ndagusavye ko Wonkingira nya bihano;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَبِّ فَلَا تَجۡعَلۡنِي فِي ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye ntunshire mu bantu birenganya mu kukugarariza, Ugahava Unshavurira”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّا عَلَىٰٓ أَن نُّرِيَكَ مَا نَعِدُهُمۡ لَقَٰدِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, nta nkeka ko Dushoboye kukwereka ibihano Dusezeranira ababangikanyamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱدۡفَعۡ بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ ٱلسَّيِّئَةَۚ نَحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَصِفُونَ
Kubera ivyo rero, nihagira uwukugirira nabi mu bansi bawe mu mvugo canke mu ngiro, uraheza wishure nya nabi iciza. Burya Twebwe Allah, Turazi neza na neza ivyo barementanya mw’ibangikanyamana, Tuzobibahembera impera bikwiranye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقُل رَّبِّ أَعُوذُ بِكَ مِنۡ هَمَزَٰتِ ٱلشَّيَٰطِينِ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ndakwikinzeko Unkingire inyoshambi z’amashetani zituma umuntu agenzwa n’ubwononyi akanarwanya n’ukuri;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَعُوذُ بِكَ رَبِّ أَن يَحۡضُرُونِ
Ndanakwikinzeko Mana yanje Rurema Allah, Unkingire ko nya mashetani yomvogera mu vyanje”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَ أَحَدَهُمُ ٱلۡمَوۡتُ قَالَ رَبِّ ٱرۡجِعُونِ
Igihe rero umwe mu babangikanyamana yashikiwe n’urupfu, ari ku mpfiro akabona yugarijwe n’ibihano yasezeraniwe, azovuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndabasavye ko Mwonsubiza kw’isi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَعَلِّيٓ أَعۡمَلُ صَٰلِحٗا فِيمَا تَرَكۡتُۚ كَلَّآۚ إِنَّهَا كَلِمَةٌ هُوَ قَآئِلُهَاۖ وَمِن وَرَآئِهِم بَرۡزَخٌ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Kumbure hari n’aho nokwemera nkumvira Imana Allah mu gukora ibikorwa vyiza, mu vyo nirengagije gukora!”. Eka nateshwe ate aranguha! Ako ni akarimi gusa, ayo ni amajambo avuga atavuye ku mutima; hamwe yoramuka asubijwe kw’isi, nta nkeka ko yokora kandi ivyo yabujijwe. Abamaze gupfa rero, bazitiwe n’uruzitiro “Barzakhi[7]” rutuma badashobora kugaruka kw’isi gushika ku musi w’izuka.
[7] Umuntu uwo ari we wese amaze gupfa agasezera isi, aca azitirirwa mu kuzimu ku buryo adashobora kugaruka kandi mu buzima bwo kw’isi, maze akaguma muri “Barzakhiˮ mu kurindira isango ryo kuzuka, kugira aharurirwe yongere ahemberwe ivyo yakoze kw’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِذَا نُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَلَآ أَنسَابَ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَئِذٖ وَلَا يَتَسَآءَلُونَ
Igihe rero havugijwe inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, kuri uwo musi nta kwihaya ku miryango kuzobaho hagati y’ibiremwa nk’uko vyari kw’isi, eka nta n’uwuzobaza ivya mugenziwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Uwuzogira ivyiza vyinshi, maze umunzane w’ivyiza vyiwe ukaremera igihe c’iharurirwa, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فِي جَهَنَّمَ خَٰلِدُونَ
Nayo uwuzogira ivyiza biri ku rushi, maze umunzane w’ivyiza vyiwe ugahwahuka igihe c’iharurirwa, uyo rero azoba ari mu bahomvye ubuzima bwabo, bazoba mu muriro wa Jahannamu ibihe bidahera;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَلۡفَحُ وُجُوهَهُمُ ٱلنَّارُ وَهُمۡ فِيهَا كَٰلِحُونَ
Nya muriro uzobababura mu maso, maze banyinyirwe bashinyirize muri wo, amenyo ari hejuru;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلَمۡ تَكُنۡ ءَايَٰتِي تُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَكُنتُم بِهَا تُكَذِّبُونَ
Baheze babwirwe bati: “Mbega ntimwahora musomerwa Aayah zanje Jewe Allah mukiri kw’isi mukazihakana mwivuye inyuma!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ رَبَّنَا غَلَبَتۡ عَلَيۡنَا شِقۡوَتُنَا وَكُنَّا قَوۡمٗا ضَآلِّينَ
Bazokwishura bavuge bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ubugaba bwacu twabutewe no guhurumbira kwacu ibihendamaso vy’isi, twari no mu bantu bahuvye inzira igororotse;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَبَّنَآ أَخۡرِجۡنَا مِنۡهَا فَإِنۡ عُدۡنَا فَإِنَّا ظَٰلِمُونَ
Mana yacu Rurema Allah! Turatakamvye Udukure mu muriro, maze Udusubize kw’isi, nitwaramuka dusubiye mu buhuvyi, mu vy’ukuri tuzoba twirenganije koko, dukwiye no guhanwa”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ ٱخۡسَـُٔواْ فِيهَا وَلَا تُكَلِّمُونِ
Imana Allah Izobishura Ibabwire Iti: “Nimugume mu muriro musuzuguritse, nimukazibe ntimunamvugishe namba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهُۥ كَانَ فَرِيقٞ مِّنۡ عِبَادِي يَقُولُونَ رَبَّنَآ ءَامَنَّا فَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Umugwi w’abemeramana mu baja banje bahora batakamba bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twaremeye vy’ukuri, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Unatugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abagirampuhwe bose”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱتَّخَذۡتُمُوهُمۡ سِخۡرِيًّا حَتَّىٰٓ أَنسَوۡكُمۡ ذِكۡرِي وَكُنتُم مِّنۡهُمۡ تَضۡحَكُونَ
Maze muraheza mubateburako gushika n’aho babibagiza kuninahaza no kuntazira, mwahora munabatwenga ku gasuzuguro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنِّي جَزَيۡتُهُمُ ٱلۡيَوۡمَ بِمَا صَبَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡفَآئِزُونَ
Mu vy’ukuri rero Jewe Allah, kuri uno musi Nahaye uwo mugwi w’abemeramana mu baja banje ku kuntu bihanganye, impera yo kuba ari bo benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَٰلَ كَمۡ لَبِثۡتُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ عَدَدَ سِنِينَ
Ibigaba biri mu muriro bizoheza bibazwe biti: “Mwabaye kw’isi imyaka ingana iki! Mwirengagije kangahe gukora ibikorwa vyiza!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ لَبِثۡنَا يَوۡمًا أَوۡ بَعۡضَ يَوۡمٖ فَسۡـَٔلِ ٱلۡعَآدِّينَ
Nya bigaba bizokwishura biti: “Twabaye kw’isi umusi umwe gusa canke igice cawo! Baza n’abazi guharura neza, barashobora kwemeza ivyo tuvuze!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَٰلَ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗاۖ لَّوۡ أَنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Bizokwishurwa biti: “Burya ntimwabaye kw’isi kiretse akanya gato, iyo rero mubimenya mukihanganira igamburukiramana muri ako kanya gato, mwari gutsindira Ubwami bw’ijuru”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَفَحَسِبۡتُمۡ أَنَّمَا خَلَقۡنَٰكُمۡ عَبَثٗا وَأَنَّكُمۡ إِلَيۡنَا لَا تُرۡجَعُونَ
Mbega bantu! Mwiyumvira ko Twebwe Allah Twabaremye mu gufyina ata ntumbero Tubafiseko; n’uko mutazosubizwa iwacu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Tubahembere ivyo mwakoze!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ ٱلۡمَلِكُ ٱلۡحَقُّۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ رَبُّ ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡكَرِيمِ
Nihahabwe icubahiro nta ngere Imana Allah, Umwami Aganza vyose, Nyakuri[8], nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Imana Rurema w’Ubuhangamo bwubashwe.
[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَن يَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ لَا بُرۡهَٰنَ لَهُۥ بِهِۦ فَإِنَّمَا حِسَابُهُۥ عِندَ رَبِّهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Uwo wese rero asenga iyindi mana hamwe n’Imana Allah, kandi ata n’icemezo afise cemeza isengwa ry’iyo mana yindi, ni ukuri iharurwa ry’ibikorwa vyiwe bibi riri ku Mana yiwe Rurema Allah. Abagarariji ntibazokira namba ibihano vyo ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقُل رَّبِّ ٱغۡفِرۡ وَٱرۡحَمۡ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Muvugishwamana! Uraheza rero uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro, Unagirire impuhwe abaja bawe, burya Wewe ni We Mwiza w’abagirampuhwe bose”
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-মু'মিনূন
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ