আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (31) ছুৰা: ছুৰা আন-নূৰ
وَقُل لِّلۡمُؤۡمِنَٰتِ يَغۡضُضۡنَ مِنۡ أَبۡصَٰرِهِنَّ وَيَحۡفَظۡنَ فُرُوجَهُنَّ وَلَا يُبۡدِينَ زِينَتَهُنَّ إِلَّا مَا ظَهَرَ مِنۡهَاۖ وَلۡيَضۡرِبۡنَ بِخُمُرِهِنَّ عَلَىٰ جُيُوبِهِنَّۖ وَلَا يُبۡدِينَ زِينَتَهُنَّ إِلَّا لِبُعُولَتِهِنَّ أَوۡ ءَابَآئِهِنَّ أَوۡ ءَابَآءِ بُعُولَتِهِنَّ أَوۡ أَبۡنَآئِهِنَّ أَوۡ أَبۡنَآءِ بُعُولَتِهِنَّ أَوۡ إِخۡوَٰنِهِنَّ أَوۡ بَنِيٓ إِخۡوَٰنِهِنَّ أَوۡ بَنِيٓ أَخَوَٰتِهِنَّ أَوۡ نِسَآئِهِنَّ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُنَّ أَوِ ٱلتَّٰبِعِينَ غَيۡرِ أُوْلِي ٱلۡإِرۡبَةِ مِنَ ٱلرِّجَالِ أَوِ ٱلطِّفۡلِ ٱلَّذِينَ لَمۡ يَظۡهَرُواْ عَلَىٰ عَوۡرَٰتِ ٱلنِّسَآءِۖ وَلَا يَضۡرِبۡنَ بِأَرۡجُلِهِنَّ لِيُعۡلَمَ مَا يُخۡفِينَ مِن زِينَتِهِنَّۚ وَتُوبُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ جَمِيعًا أَيُّهَ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Bwira n’abemeramanakazi bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira mu bwambure, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira, ntibanagaragarize abagabo ibisharizo vyabo bambaye, ahubwo bagerageze guhisha nya bisharizo, kiretse impuzu bambaye mu gihe zitoba imvo y’igeragezwa. Baraheza rero barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mw’izosi no ku gikiriza, kandi ntibazogaragaze namba ibisharizo bambaye kiretse gusa ku bagabo babo[10], ba se canke ba sebukwe[11], abana babo canke abana b’abagabo babo b’abahungu, basaza babo, abana b’abahungu ba basaza babo canke aba benewabo, abislamukazi, abashumba babo, abagabo bagenzwa no kuronswa icorirenza batigera bipfuza abagore, abana b’abahungu bakiri bato bataramenya ubwambure bw’abagore (bataragera mu bigero) ngo babipfuze; abagore ntibakagende badida ibirenge ku buryo ibisharizo bambaye ku maguru nk’imiringa n’ibindi bijegera. Hanyuma rero bemeramana! Muraheza mwigaye mwese ku Mana Allah, maze murangwe n’ingeso hamwe n’imigenzo myiza, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[10] Umugabo arekuriwe kubona umubiri wose w’umukenyezi wiwe hamwe n’ibisharizo yambaye, aho avyambaye hose.
[11] Se w’umugore canke sebukwe arekuriwe kumubona mu maso, mw’izosi, amaboko n’ibiganza vyiwe hamwe n’ivyo yambaye rero mu maso, mw’izosi no ku maboko.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (31) ছুৰা: ছুৰা আন-নূৰ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ