আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-ফুৰক্বান   আয়াত:

SURATU L-FURQAAN

تَبَارَكَ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡفُرۡقَانَ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦ لِيَكُونَ لِلۡعَٰلَمِينَ نَذِيرًا
Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo Yamanuriye Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira agabishe abantu n’amajini ku bihano vyayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءٖ فَقَدَّرَهُۥ تَقۡدِيرٗا
Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ntiyigeze namba Inigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’umubangikanyi mu nganji y’ubwami bwayo, Yaremye ikintu ico ari co cose mu buryo bukibereye, Iraheza Irakigerera n’ibigikwiye ata gahaze canke akanenge.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗ لَّا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ وَلَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗا وَلَا يَمۡلِكُونَ مَوۡتٗا وَلَا حَيَوٰةٗ وَلَا نُشُورٗا
Ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, bidashoboye kurema n’ikintu na kimwe, kanatsinda bo hamwe n’ivyo basenga vyaremwe n’Imana Allah, nta n’ico vyiyicira eka nta n’ico vyimariye, nkeswe kugira ico bibamariye; eka ntibinashoboye no kwaka ubuzima canke kubutanga, eka ntibinashoboye no kuzura n’uwapfuye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ إِفۡكٌ ٱفۡتَرَىٰهُ وَأَعَانَهُۥ عَلَيۡهِ قَوۡمٌ ءَاخَرُونَۖ فَقَدۡ جَآءُو ظُلۡمٗا وَزُورٗا
Abagararije Imana Allah, bavuze ko iyi Qor’ani atari ikindi, kiretse ko ari irementanya ryagizwe na Muhamadi arifashijwemwo n’abandi bantu. Ni ukuri, bazanye ijambo ry’akadenderezo n’ikinyoma cambaye ubusa, kuko Qor’ani nta kiremwa gishobora kuyirementanya;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٱكۡتَتَبَهَا فَهِيَ تُمۡلَىٰ عَلَيۡهِ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا
Baranavuze kandi ko Qor’ani ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere, Muhamadi yababuyeko, maze bakagenda barabimucira igitondo n’umugoroba!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ أَنزَلَهُ ٱلَّذِي يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Qor’ani Yamanuwe n’Imana Allah, Yo ubumenyi bwayo buhetuye ibiri mu majuru no mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالُواْ مَالِ هَٰذَا ٱلرَّسُولِ يَأۡكُلُ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشِي فِي ٱلۡأَسۡوَاقِ لَوۡلَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مَلَكٞ فَيَكُونَ مَعَهُۥ نَذِيرًا
Ababangikanyamana bavuze bati: “Uyu Muhamadi yiyita ko ari Intumwa, yokabaye yo agafungura co kimwe na twe, akaja no gusumira kw’isoko nkatwe! Nimba ari Intumwa, Imana Allah ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika yemeza ukuri kwiwe akamwitsa!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوۡ يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ تَكُونُ لَهُۥ جَنَّةٞ يَأۡكُلُ مِنۡهَاۚ وَقَالَ ٱلظَّٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا
Canke Ikamumanurira amatungo menshi yotuma tumwemera, canke Ikamuha umurima uteye igomwe, agafungura ivyamwa vyawo ha kuja gusumira kw’isoko!”. Abirenganije mu kugarariza, baranavuze kandi babwira abameramana bati: “Ntimukurikira kiretse umuntu yarozwe bigatuma akehanirwa mu bwenge!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَٰلَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu abagarariji bagutangako uburorero bw’irementanya kugira baguhakane, gutyo bagahuba inzira y’ukuri, eka ntibashoboye no kuronka inzira yo kwigobotora muri nya rementanya!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَبَارَكَ ٱلَّذِيٓ إِن شَآءَ جَعَلَ لَكَ خَيۡرٗا مِّن ذَٰلِكَ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ وَيَجۡعَل لَّكَ قُصُورَۢا
Ntumwa y’Imana! Harakubahwa Imana Allah Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Yo mu gihe Ishatse Yoguha ivyiza vyinshi gusumba ivyo bakwipfuriza, maze Ikaguha imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, Ikanaguha n’inyubakwa ziteye igomwe zigerekeranye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلسَّاعَةِۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِمَن كَذَّبَ بِٱلسَّاعَةِ سَعِيرًا
Ababangikanyamana, ntibaguhakana rero kuko ufungura ukaja no gusumira kw’isoko, ahubwo bahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa. Burya, Twaranategekanirije abahakanye bivuye inyuma umusi w’izuka, ibihano vy’umuriro wama wegenyejwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذَا رَأَتۡهُم مِّن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ سَمِعُواْ لَهَا تَغَيُّظٗا وَزَفِيرٗا
Umuriro niwabona abahakanye umusi w’izuka bakiri kure yawo, uzotangura gucira amasase kubera ishavu ubafitiye, maze bawumve usuma.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَآ أُلۡقُواْ مِنۡهَا مَكَانٗا ضَيِّقٗا مُّقَرَّنِينَ دَعَوۡاْ هُنَالِكَ ثُبُورٗا
Nibatabwa ahantu haga cane muri nya muriro babohewe amaboko mw’izosi n’iminyororo, bazoca bisabira uguhona ngo bawuruhuke;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّا تَدۡعُواْ ٱلۡيَوۡمَ ثُبُورٗا وَٰحِدٗا وَٱدۡعُواْ ثُبُورٗا كَثِيرٗا
Bazoheza bahebuzwe mu kubwirwa bati: “Kuri uno musi, ntimwisabire rimwe gusa guhona, ahubwo nimwisabire kenshi guhona kuko nta buruhukiro namba mufise”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ أَذَٰلِكَ خَيۡرٌ أَمۡ جَنَّةُ ٱلۡخُلۡدِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۚ كَانَتۡ لَهُمۡ جَزَآءٗ وَمَصِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mbega none umuriro mubwirwa ko muzohanishwa ni wo mwiza, canke ni Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema zidahera, bwasezeraniwe abagamburukiramana! Ubwo Bwami bw’ijuru rero, ni yo mpera y’ivyo bakoze, ni na yo maherezo yabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَ خَٰلِدِينَۚ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ وَعۡدٗا مَّسۡـُٔولٗا
Muri nya Bwami, bazoronswa ivyo bipfuza vyose ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo sezerano Imana yawe Rurema Allah Yiyemeje ku bagamburukiramana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَقُولُ ءَأَنتُمۡ أَضۡلَلۡتُمۡ عِبَادِي هَٰٓؤُلَآءِ أَمۡ هُمۡ ضَلُّواْ ٱلسَّبِيلَ
Ku musi w’izuka, Imana Allah Izokwegeraniriza ababangikanyamana hamwe n’ibigirwamana basenga mu gishingo cayo, Iheze Ibaze ibigirwamana Iti: “Mbega ni mwebwe mwahubishije aba baja banje inzira y’ukuri mu kubabwiriza kubasenga, canke ni bo ubwabo bahisemwo guhuba maze barabasenga?”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ سُبۡحَٰنَكَ مَا كَانَ يَنۢبَغِي لَنَآ أَن نَّتَّخِذَ مِن دُونِكَ مِنۡ أَوۡلِيَآءَ وَلَٰكِن مَّتَّعۡتَهُمۡ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ نَسُواْ ٱلذِّكۡرَ وَكَانُواْ قَوۡمَۢا بُورٗا
Ibigirwamana bizokwishura biti: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana! Ntibikabe, ntitwari dukwiye namba kwigirira n’umwe mu bahagarikizi mu gishingo cawe, ariko Warorohereje ababangikanyamana hamwe n’abavyeyi babo, mu kubaronsa amatungo no kuroranirwa kw’isi gushika n’aho bakwibagira, baraheza barakubangikanya, bari n’abantu bakwiye guhona kubera ubugaba bwabo”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقَدۡ كَذَّبُوكُم بِمَا تَقُولُونَ فَمَا تَسۡتَطِيعُونَ صَرۡفٗا وَلَا نَصۡرٗاۚ وَمَن يَظۡلِم مِّنكُمۡ نُذِقۡهُ عَذَابٗا كَبِيرٗا
Ababangikanyamana bazoheza babwirwe bati: “Ni ukuri, ibigirwamana mwasenga vyamaze kubiyamiriza mu kubihakana ko bitigeze bigira uruhara mw’ibangikanyamana ryanyu, ehe ntimushoboye no kwikingira ibihano, eka ntimunashoboye no kuvyikurako. Uwo wese rero yirenganije muri mwebwe mw'ibangikanyamana, maze agapfa akiyibangikanya, nta nkeka ko Twebwe Allah Tumuhonja ibihano rutura”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّآ إِنَّهُمۡ لَيَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشُونَ فِي ٱلۡأَسۡوَاقِۗ وَجَعَلۡنَا بَعۡضَكُمۡ لِبَعۡضٖ فِتۡنَةً أَتَصۡبِرُونَۗ وَكَانَ رَبُّكَ بَصِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe n’umwe mu Ntumwa, kiretse ko zakomoka mu bantu, zafungura ivyokurya zikaja no gusumira kw’isoko. Twanagize abantu kuba igeragezwa ku bandi mu guhitamwo ubugororotsi canke ubuhuvyi, mu kuba abatunzi canke abakene, mu kuroranirwa mu magara canke gukikwa n’amagara, mbega none mwokwihangana mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah mukazohembwa indishi nziza! Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Irabona neza muri mwebwe uwihangana n’uwucika intege, uwushima inema zayo n’uwugarariza akizihakana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ نَرَىٰ رَبَّنَاۗ لَقَدِ ٱسۡتَكۡبَرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ وَعَتَوۡ عُتُوّٗا كَبِيرٗا
Abatizeye ko inyuma yo gupfa bazohura na Twe Allah, baratangaye bavuga bati: “Burya Imana Allah, ntiyari gupfuma Itumanurira abamalayika bemeza ukuri kwa Muhamadi bakamwitsa, canke tukabona Imana yacu Rurema ukuri kwamye, Igaheza Ikatwibwirira ko Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Ni ukuri, barimonogoje mu kugira amanyama aho bubahutse kuvuga iryo jambo, baranarendegeye bararenza mu bugarariji.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ يَرَوۡنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ لَا بُشۡرَىٰ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُجۡرِمِينَ وَيَقُولُونَ حِجۡرٗا مَّحۡجُورٗا
Umusi bazoba bari ku mpfiro bakabona abamalayika, no mu gihe bazoba bari mu mva, vyongeye no ku musi w’izuka, maze bakababona baremye uko batabaziga, uyo musi ntibazobaha inkuru ihumuriza namba, bazobaha inkuru y’incamugongo bati: “Ubwami bw’ijuru mubwibagire, ni ikizira kuri mwebwe!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَدِمۡنَآ إِلَىٰ مَا عَمِلُواْ مِنۡ عَمَلٖ فَجَعَلۡنَٰهُ هَبَآءٗ مَّنثُورًا
Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dufate ivyo bakoze bibaza ko ari vyiza, Tubigire impfagusa bitumuke nk’inkungugu kuko bitigeze vyemerwa[1].
[1] Igikorwa cose umuntu akoze kw’isi n’aho coba ciza, nta co kizomumarira mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse mu gihe nya muntu yoba yubahirije ibintu bibiri: ukwemera Imana Allah no kuzera indishi kuri Yo, hamwe rero no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kungene ashira mu ngiro nya ciza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ يَوۡمَئِذٍ خَيۡرٞ مُّسۡتَقَرّٗا وَأَحۡسَنُ مَقِيلٗا
Kuri uwo musi w’izuka, abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoronka ubushikiro bwiza buruta ubw’abantu bo mu muriro, bazoronka n’icumbi riteye igomwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلسَّمَآءُ بِٱلۡغَمَٰمِ وَنُزِّلَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ تَنزِيلًا
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’umusi ijuru ryasadaguritse hakibonekeza mu migaga yaryo ibicu vyererana, abamalayika na bo bakamanuka ku bwinshi, kugira bakikuze ibiremwa kw’iyegeranirizo, maze Imana Allah Igaseruka mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kugira Ibitunganirize.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّ لِلرَّحۡمَٰنِۚ وَكَانَ يَوۡمًا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ عَسِيرٗا
Inganji y’ubwami bw’ukuri kuri uyo musi, ni iya Nyenimpuhwe Allah; kandi nya musi, uzoba ugoye cane ku bagarariji bitewe n’ibihano bibarindiriye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ يَعَضُّ ٱلظَّالِمُ عَلَىٰ يَدَيۡهِ يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي ٱتَّخَذۡتُ مَعَ ٱلرَّسُولِ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi umuntu yirenganije mw'igarariza, azokubita urutoke yihebuye akavuga ati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo nkurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu gukurikira inzira y’ubwislamu iganisha mu Bwami bw’ijuru!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰوَيۡلَتَىٰ لَيۡتَنِي لَمۡ أَتَّخِذۡ فُلَانًا خَلِيلٗا
Karadereye yemwe! Iyo menya sinari gucudika na kanaka ngo ndamugire umugenzi pfampfe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّقَدۡ أَضَلَّنِي عَنِ ٱلذِّكۡرِ بَعۡدَ إِذۡ جَآءَنِيۗ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِلۡإِنسَٰنِ خَذُولٗا
Ni ukuri, yarampubishije mu kudakurikira Qor’ani kandi yaranshikiriye”. Burya rero shetani, yamye ari umuhemu kuri kiremwa-muntu[2].
[2] Izi Aayah zirihaniza umuntu kugira umugenzi mubi, kuko ashobora kumubera imvo imukwegera akarambaraye, akazoja mu muriro.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلرَّسُولُ يَٰرَبِّ إِنَّ قَوۡمِي ٱتَّخَذُواْ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ مَهۡجُورٗا
Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaganyiye Imana Allah ku mabi yakozwe n’abantu bayo iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barahunze iyi Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha[3]”.
[3] Iyi Aayah irihaniza yivuye inyuma abantu bahunga Qor’ani mu kwirengagiza kuyishira mu ngiro no kuyigisha.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوّٗا مِّنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ هَادِيٗا وَنَصِيرٗا
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twakugeneye abansi bakurwanya mu bantu bawe - Twageneye Umuvugishwamana wese abansi mu bigaba vy’abantu biwe; bihanganire rero nk’uko na bo nyene babihanganiye. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kukubera Indongozi n’Umutabazi[4].
[4] Muri iyi Aayah, Imana Allah Iraremesha Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلۡقُرۡءَانُ جُمۡلَةٗ وَٰحِدَةٗۚ كَذَٰلِكَ لِنُثَبِّتَ بِهِۦ فُؤَادَكَۖ وَرَتَّلۡنَٰهُ تَرۡتِيلٗا
Abagararije bavuze bati: “Imana Allah, ntiyari gupfuma Imanurira rimwe Qor’ani kuri Muhamadi nka kurya Yamanuriye rimwe Tawurati, Injili na Zaburi!”. Ntumwa y’Imana! Ni ukwo nyene rero Twakumanuriye Qor’ani bukebuke mu bihe bitandukanye, kugira Dutsimbataze umushaha wawe mu kuyizigama; Twaranayigutomoreye ido n’ido mu bwitonzi, ingingo ku yindi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا يَأۡتُونَكَ بِمَثَلٍ إِلَّا جِئۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَأَحۡسَنَ تَفۡسِيرًا
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, ntibazokwigera bakuzanira iciyumviro gitera abantu amazinda mu kwemera ukuri wazanye, kiretse ko Twebwe Allah Tuzoguha inyishu y’ukuri kandi itomoye bikwiye mu kubeshuza nya ciyumviro.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ يُحۡشَرُونَ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ إِلَىٰ جَهَنَّمَ أُوْلَٰٓئِكَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضَلُّ سَبِيلٗا
Ababangikanyamana bazokwegerwa mu muriro wa Jahannamu bubitse inda, ni na bo rero bagenewe ikibanza kibi cane mu muriro, baranahuvye koko inzira y’ukuri.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَا مَعَهُۥٓ أَخَاهُ هَٰرُونَ وَزِيرٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati, Turaheza Tumugirira na murumunawe Haruna kuba umufasha wiwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقُلۡنَا ٱذۡهَبَآ إِلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا فَدَمَّرۡنَٰهُمۡ تَدۡمِيرٗا
Ni ho Twababwira bompi Duti: “Nimugende rero kwa Firawuni hamwe n’abantu biwe, bahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ubumana vyacu”. Bamaze kugenda kubararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah no kuyisenga batayibangikanya, baragararije maze Duca Turabahonya nya guhonya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَوۡمَ نُوحٖ لَّمَّا كَذَّبُواْ ٱلرُّسُلَ أَغۡرَقۡنَٰهُمۡ وَجَعَلۡنَٰهُمۡ لِلنَّاسِ ءَايَةٗۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِلظَّٰلِمِينَ عَذَابًا أَلِيمٗا
N’abantu barungikiwe Nuhu, igihe bahakana bivuye inyuma Nuhu bagafatwa nk’uko bahakanye Intumwa zose, Twabahonesheje isegenya. Ihanwa ryabo rero, Twarigize inkebuzo ku bantu; no ku musi w’izuka, Twabategekanirije ibihano bibabaza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَعَادٗا وَثَمُودَاْ وَأَصۡحَٰبَ ٱلرَّسِّ وَقُرُونَۢا بَيۡنَ ذَٰلِكَ كَثِيرٗا
Twaranahoneje Bene Aadi barungikiwe Hudi, Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe na Beniriba, hamwe rero n’iyindi migwi myinshi y’abantu yagiye irabaho hagati y’iyo migwi, ikagarariza Intumwa yarungikiwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكُلّٗا ضَرَبۡنَا لَهُ ٱلۡأَمۡثَٰلَۖ وَكُلّٗا تَبَّرۡنَا تَتۡبِيرٗا
Iyo migwi yose rero y’abantu, Twarayitomoreye ivyemezo vyacu kugira ntigire icitwazo co kutamenya. Hamwe n’ivyo, nya migwi yaragararije Duca Turayihonya nya guhonya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَتَوۡاْ عَلَى ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِيٓ أُمۡطِرَتۡ مَطَرَ ٱلسَّوۡءِۚ أَفَلَمۡ يَكُونُواْ يَرَوۡنَهَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ نُشُورٗا
Ni ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا رَأَوۡكَ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي بَعَثَ ٱللَّهُ رَسُولًا
Ntumwa y’Imana! Iyo abahakanyi bakubonye, baraguteburako n’agasuzuguro n’akantu bakavuga bati: “Mbega uyu ni we avuga ko yarungitswe n’Imana Allah kutubera Intumwa!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِن كَادَ لَيُضِلُّنَا عَنۡ ءَالِهَتِنَا لَوۡلَآ أَن صَبَرۡنَا عَلَيۡهَاۚ وَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ حِينَ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ مَنۡ أَضَلُّ سَبِيلًا
Ni ukuri, yahatswe kuduhubisha ku nyigisho ziwe zitubuza gusenga imana zacu iyo tutazitsimbatarako”. Abahakanyi rero, bazoteba bamenye igihe babonye ibihano bategekanirijwe uwahuvye inzira y’idini ry’ukuri uwo ari we, ko ari bo canke ko ari Muhamadi!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ أَفَأَنتَ تَكُونُ عَلَيۡهِ وَكِيلًا
Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje gusumba! Ni uwagize ivyipfuzo vyiwe kuba ari yo mana yiwe yumvira; none umuntu nk’uyo, wewe womubera umuhagarikizi yotuma yemera Imana Allah!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ تَحۡسَبُ أَنَّ أَكۡثَرَهُمۡ يَسۡمَعُونَ أَوۡ يَعۡقِلُونَۚ إِنۡ هُمۡ إِلَّا كَٱلۡأَنۡعَٰمِ بَلۡ هُمۡ أَضَلُّ سَبِيلًا
Canke wibaza ko abenshi muri bo bumviriza Aayah za Qor’ani bakazizirikana, canke bakazitahura! Bo rero, ni nk’ibitungwa mu kutagira na kimwe ukwumviriza Qor’ani kubunguye, ahubwo mbere bo barahuvye cane inzira gusumba ihuba ry’ibitungwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلَمۡ تَرَ إِلَىٰ رَبِّكَ كَيۡفَ مَدَّ ٱلظِّلَّ وَلَوۡ شَآءَ لَجَعَلَهُۥ سَاكِنٗا ثُمَّ جَعَلۡنَا ٱلشَّمۡسَ عَلَيۡهِ دَلِيلٗا
Muntu! Mbega ntubona ukuntu Imana yawe Rurema Allah, Ituma igitutu kigenda kiriyongera kuva mu mutwenzi gushika izuba riserutse! Iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma nya gitutu kitiyongera ntikive aho kiri mu gukurikira izuba. Hanyuma rero Twebwe Allah, Twagize izuba kuba ikimenyetso cerekana ukwiyongera bukebuke kwa nya gitutu;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ قَبَضۡنَٰهُ إِلَيۡنَا قَبۡضٗا يَسِيرٗا
Hanyuma Tukagenda Tugabanya nya gitutu bukebuke gushika giherengetere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ لِبَاسٗا وَٱلنَّوۡمَ سُبَاتٗا وَجَعَلَ ٱلنَّهَارَ نُشُورٗا
Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba nk’impuzu ibapfuka umubiri iyo buhwibiye; Ibagirira n’itiro kuba uburuhuko bw’umubiri n’umutima; Ibagirira n’umurango kuba umwanya wo gukwiragira hirya n’ino kw’isi murondera ikibabeshaho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦۚ وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ طَهُورٗا
Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu, ugatanga umwizero w’imvura ko igira igwe ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, amazi mushobora no gukoresha mu kwisukura;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِّنُحۡـِۧيَ بِهِۦ بَلۡدَةٗ مَّيۡتٗا وَنُسۡقِيَهُۥ مِمَّا خَلَقۡنَآ أَنۡعَٰمٗا وَأَنَاسِيَّ كَثِيرٗا
Kugira Tunagishe kandi hakoreshejwe nya mazi y’imvura ibimera aho bitari; gutyo Dutotahaza isi yari yaramaze kugaduka, Duheze kandi Tunyweshe kuri nya mazi n’ibindi biremwa vyinshi Twaremye mu bitungwa no mu bantu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَٰهُ بَيۡنَهُمۡ لِيَذَّكَّرُواْ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورٗا
Ni ukuri, Twaratumye imvura igwa mu karere kamwe igatara mu kandi, kugira ababa mu karere yaguyemwo bibuke gushimira Imana Allah, maze n’ababa mu karere nya mvura yataze baheze bikebuke bagaruke bigaye ku Mana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bantu baranka guhitamwo kiretse ukugarariza inema z’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَوۡ شِئۡنَا لَبَعَثۡنَا فِي كُلِّ قَرۡيَةٖ نَّذِيرٗا
Iyo rero Twebwe Allah Dushaka, Twari kurungika ku bantu bo muri buri gacimbiri Umugabisha abararikira ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ariko rero Ntumwa y’Imana! Twakurungitse ku bantu bose kugira ubashikirize iyi Qor’ani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَجَٰهِدۡهُم بِهِۦ جِهَادٗا كَبِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Ntukumvire rero abagarariji mu kureka gushikiriza na kimwe mu vyo wategetswe; ahubwo nyabuna, uragira akigoro kadasanzwe mu gushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, uheze witange utiziganya mu kugondoza abagarariji ukoresheje Qor’ani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَهُوَ ٱلَّذِي مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ هَٰذَا عَذۡبٞ فُرَاتٞ وَهَٰذَا مِلۡحٌ أُجَاجٞ وَجَعَلَ بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخٗا وَحِجۡرٗا مَّحۡجُورٗا
Imana Allah ni Yo Yahuje amabahari abiri: iry’amazi y’akanovera atemba neza mu muhogo n’iry’amazi y’icunyunyu; Iraheza Ishira hagati ya nya mabahari, agakingo gatuma ubwoko bumwe bwose bw’amazi butavogera ubundi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ مِنَ ٱلۡمَآءِ بَشَرٗا فَجَعَلَهُۥ نَسَبٗا وَصِهۡرٗاۗ وَكَانَ رَبُّكَ قَدِيرٗا
Ni na Yo Yaremye mu ruvange rw’intanga z’umugabo n’umugore uruvyaro rw’abahungu n’abakobwa, Iraheza Ibagirira n’ubucuti hagati yabo; ubushingiye ku maraso n’ubushingiye ku gushingirana. Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Mushoboravyose mu kurema ico Ishatse.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُهُمۡ وَلَا يَضُرُّهُمۡۗ وَكَانَ ٱلۡكَافِرُ عَلَىٰ رَبِّهِۦ ظَهِيرٗا
Hamwe n’ivyo vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kurema no mu kubeshaho ibiremwa, ntibibuza ko abagarariji basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe babisenze, ata n’ico bibicira mu gihe batobisenga. Burya umugarariji, yamye ari umufasha wa shetani mu kubangikanya Imana yiwe Rurema Allah, no guca kubiri n’amabwirizwa yayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye atari ukugira ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza, ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍ إِلَّا مَن شَآءَ أَن يَتَّخِذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje; ariko rero, uwushaka muri mwebwe gutumbera inzira y’ukuri imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah, ni ku neza yiwe, nta we mpatira ku kwemera”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡحَيِّ ٱلَّذِي لَا يَمُوتُ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِهِۦۚ وَكَفَىٰ بِهِۦ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرًا
Ntumwa y’Imana! Niwishimikize Nyenubugingobudashira Imana Allah Idapfa, kuko ukwamaho kwayo ntikugira intango canke iherezo, wongere uninahaze Imana yawe Rurema mu kuyishimagiza. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhetuziwavyose ku vyaha bikorwa n’ibiremwa vyayo, nta na kimwe muri vyo Iyobewe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَسۡـَٔلۡ بِهِۦ خَبِيرٗا
Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo. Ntumwa y’Imana! Ni Yo Nyenimpuhwe, urabaza rero Imana Allah Yo Yonyene ku biyiranga.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱسۡجُدُواْۤ لِلرَّحۡمَٰنِ قَالُواْ وَمَا ٱلرَّحۡمَٰنُ أَنَسۡجُدُ لِمَا تَأۡمُرُنَا وَزَادَهُمۡ نُفُورٗا۩
Iyo abagarariji babwiwe bati: “Nimwubamire Nyenimpuhwe Allah maze mumusenge”, baca binamura bakavuga bati: “Iyo Mana Allah Nyenimpuhwe nta Yo tuzi namba, dupfe kuyubamira gusa kuko ubidutegetse!”; iryo rarikirwa ryo kwubamira Nyenimpuhwe Allah, ryabongerereje ubugaba bwo kutikebuka ngo bemere[5].
[5] Iyo usomye iyi Aayah gushika ku mpera, usabwa guca wubama.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَبَارَكَ ٱلَّذِي جَعَلَ فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجٗا وَجَعَلَ فِيهَا سِرَٰجٗا وَقَمَرٗا مُّنِيرٗا
Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere, Imana Allah Ibeshejeho ibiremwa, Yo Yaremye mu kirere c’ijuru, inyenyeri amahanga zifise inzira-ntasobwa, Ishira muri nya kirere izuba ryaka n’ukwezi kumurika.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ خِلۡفَةٗ لِّمَنۡ أَرَادَ أَن يَذَّكَّرَ أَوۡ أَرَادَ شُكُورٗا
Ni na Yo Yagize ijoro n’umurango kuba bikurakuranwa mu kubisanya, kugira bibere inkebuzo uwushaka kwikebuka akemera Imana Allah Yabiremye, canke uwushaka kuyishimira ku nema zayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَعِبَادُ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلَّذِينَ يَمۡشُونَ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ هَوۡنٗا وَإِذَا خَاطَبَهُمُ ٱلۡجَٰهِلُونَ قَالُواْ سَلَٰمٗا
Abaja beranda ba Nyenimpuhwe Allah, ni barya bagenda kw’isi mw’iteka n’itekane bicishije bugufi; n’iyo hagize abantu b’inshirasoni bababwira nabi, baraheza bakabishura mu bwitonzi ijambo ry’ihumure ritabata mu vyaha;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يَبِيتُونَ لِرَبِّهِمۡ سُجَّدٗا وَقِيَٰمٗا
Abasenga kenshi amasengesho yo mu gicugu ku bw’Imana yabo Rurema Allah, bicishije bugufi mu gihe bubamye no mu gihe bahagaze;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا ٱصۡرِفۡ عَنَّا عَذَابَ جَهَنَّمَۖ إِنَّ عَذَابَهَا كَانَ غَرَامًا
Abatakamba basaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Igiza kure yacu ibihano vy’umuriro wa Jahannamu, mu vy’ukuri nta wutezurirwa ari mu bihano vyawo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهَا سَآءَتۡ مُسۡتَقَرّٗا وَمُقَامٗا
Mu vy’ukuri Jahannamu, ni bwo bushikiro n’icumbi bibi cane”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ إِذَآ أَنفَقُواْ لَمۡ يُسۡرِفُواْ وَلَمۡ يَقۡتُرُواْ وَكَانَ بَيۡنَ ذَٰلِكَ قَوَامٗا
Abadasesagura iyo batanze mu matungo yabo canke ngo babe ingumyi, bagaheza rero bagatanga ku rugero ruri hagati na hagati;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ لَا يَدۡعُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ وَلَا يَقۡتُلُونَ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَا يَزۡنُونَۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ يَلۡقَ أَثَامٗا
Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo[6], kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
[6] Nko mu gihe umuntu avuye mw’idini inyuma y’aho yari umwemeramana, uwagiriwe n’ubusambanyi yari yubatse, hamwe rero n’uwishe umuntu ku karenganyo yabiteguye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يُضَٰعَفۡ لَهُ ٱلۡعَذَابُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَيَخۡلُدۡ فِيهِۦ مُهَانًا
Aheze agwirizwe n’ibihano ku musi w’izuka, maze abibemwo asuzuguritse ibihe bidahera[7];
[7] Mu gihe yoba yakoze ivyo vyaha vyose, canke yarabangikanije Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ عَمَلٗا صَٰلِحٗا فَأُوْلَٰٓئِكَ يُبَدِّلُ ٱللَّهُ سَيِّـَٔاتِهِمۡ حَسَنَٰتٖۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Ariko uwuzokwigaya nya kwigaya akavavanura n’ivyo vyaha, maze akemera vy’ukuri akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo rero azoba ari mu bantu Imana Allah Ibabarira ibicumuro vyabo, Ikabihindura ivyiza ha kuba ibibi. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَن تَابَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَإِنَّهُۥ يَتُوبُ إِلَى ٱللَّهِ مَتَابٗا
Uwuzokwigaya rero ku Mana Allah ku vyaha yakoze, agaheza agakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri, azoba agarutse koko ku Mana Allah, kugira Imwakirire ukwigaya kwiwe, Iheze Imubabarire n’ivyaha vyiwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ لَا يَشۡهَدُونَ ٱلزُّورَ وَإِذَا مَرُّواْ بِٱللَّغۡوِ مَرُّواْ كِرَامٗا
Abatigera baba ivyabona vy’ikinyoma, batanaja n’aho nya kinyoma gisasirwa indava; n’iyo baciye ahavugwa amajambo y’imburakimazi, baraheza bakarengana bakebura mw’iteka n’itekane;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَمۡ يَخِرُّواْ عَلَيۡهَا صُمّٗا وَعُمۡيَانٗا
Na barya iyo bibukijwe Aayah za Qor’ani hamwe n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, vyerekana ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, batavyirengagiza nk’aho boba ari ibitumva canke ibipfamaso, ahubwo barazirikana nya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bagaheza bakicisha bugufi bakayubamira;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا هَبۡ لَنَا مِنۡ أَزۡوَٰجِنَا وَذُرِّيَّٰتِنَا قُرَّةَ أَعۡيُنٖ وَٱجۡعَلۡنَا لِلۡمُتَّقِينَ إِمَامًا
Abasaba Imana Allah bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe ku bakenyezi bacu no ku ruvyaro rwacu, ibinezereye amaso bituma twamana akamwemwe, Unatugire indongozi z'imboneza zimurikira abagamburukiramana”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ يُجۡزَوۡنَ ٱلۡغُرۡفَةَ بِمَا صَبَرُواْ وَيُلَقَّوۡنَ فِيهَا تَحِيَّةٗ وَسَلَٰمًا
Abo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ حَسُنَتۡ مُسۡتَقَرّٗا وَمُقَامٗا
Bazoba muri nya Bwami ibihe bidahera, ni na bwo bushikiro n’icumbi vyiza cane.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَا يَعۡبَؤُاْ بِكُمۡ رَبِّي لَوۡلَا دُعَآؤُكُمۡۖ فَقَدۡ كَذَّبۡتُمۡ فَسَوۡفَ يَكُونُ لِزَامَۢا
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-ফুৰক্বান
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ