আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আৰ-ৰূম   আয়াত:

SURATU RRUUM

الٓمٓ
Alif Laam Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
غُلِبَتِ ٱلرُّومُ
Abafursi baranesheje Abaromani mu rugamba rwabahuje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِيٓ أَدۡنَى ٱلۡأَرۡضِ وَهُم مِّنۢ بَعۡدِ غَلَبِهِمۡ سَيَغۡلِبُونَ
Urugamba rwabereye muri Shaamu ahegereye igihugu c’Abafursi. Bitebe bitebuke rero, Abaromani bazonesha Abafursi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِي بِضۡعِ سِنِينَۗ لِلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ مِن قَبۡلُ وَمِنۢ بَعۡدُۚ وَيَوۡمَئِذٖ يَفۡرَحُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Mu kiringo kiri hagati y’imyaka itatu n’imyaka cumi. Ubushobozi bw’ishirwa mu ngiro bw’ingingo yose, ni ubw’Imana Allah, haba imbere y’intsinzi y’Abaromani canke inyuma y’aho. Umusi rero Abaromani banesheje Abafursi, abemeramana akamwemwe kazobasya;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بِنَصۡرِ ٱللَّهِۚ يَنصُرُ مَن يَشَآءُۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Kubera iyo ntsinzi Imana Allah Yahaye Abaromani bakanesha Abafursi. Burya Imana Allah, Itabara uwo Ishatse agatsinda, Igatetereza uwo Ishatse agatsindwa; ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo[2].
[2] Ivyo rero vyabaye haciye ikiringo c’imyaka indwi kuva aho Abaromani banesherejwe n’Abafursi, maze Abaromani baranesha Abafursi, abislamu na bo baraheza banezerezwa n’iyo ntsinzi y’Abaromani kuko bari mu bahawe Igitabu, n’aho vyashitse bakagihindagura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَعۡدَ ٱللَّهِۖ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ وَعۡدَهُۥ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ni isezerano Imana Allah Yahaye abemeramana, ko Abaromani b’abanaswara bazonesha Abafursi b’ababangikanyamana, kandi Imana Allah ntiyivuguruza kw’isezerano; ariko rero abenshi mu bagarariji b’i Makka, ntibazi ko isezerano ry’Imana Allah ari ukuri;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَعۡلَمُونَ ظَٰهِرٗا مِّنَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُمۡ عَنِ ٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ غَٰفِلُونَ
Bazi gusa ivyo babona n’amaso mu buzima bwo kw’isi, nayo ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibanabwiyumvira, baragoswe pe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَمۡ يَتَفَكَّرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۗ مَّا خَلَقَ ٱللَّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَأَجَلٖ مُّسَمّٗىۗ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلنَّاسِ بِلِقَآيِٕ رَبِّهِمۡ لَكَٰفِرُونَ
Mbega abahakana bivuye inyuma Intumwa z’Imana, bakanahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana Allah, ntibiyumvira kw’iremwa ryabo! Burya Imana Allah, ntiyaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Yabiremye mu kuri ku gushinga ingingo y’indishi ku ciza canke ku kibi, ingingo ishingiye ku butungane bw’Imana Imwe Rurema Allah, no kugira habe isango ntarengwa ry’umuzo w’umusi w’umuhero w’isi! Mu vy’ukuri abenshi mu bantu, baragarariza ku bujuju, bagahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةٗ وَأَثَارُواْ ٱلۡأَرۡضَ وَعَمَرُوهَآ أَكۡثَرَ مِمَّا عَمَرُوهَا وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ فَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظۡلِمَهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Mbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze[3]! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;
[3] Nka Bene Aadi na Bene Thamuudi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ كَانَ عَٰقِبَةَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ ٱلسُّوٓأَىٰٓ أَن كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ بِهَا يَسۡتَهۡزِءُونَ
Hanyuma iherezo ry’inkozi z’ikibi mu bagarariji, ryabaye ribi cane ku kubera ukuntu bahakana bivuye inyuma Imana Allah na Aayah zayo Yarungikanye Intumwa, baranaziteburako.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱللَّهُ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Imana Allah, ni Yo ubwayo Yatanguye kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, ni na Yo Izoshobora no gusubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona; hanyuma rero, ni no kuri Yo muzosubizwa kugira muhemberwe ivyo mwakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُبۡلِسُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
N'igihe umuhero w’isi wageze, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazokwihebura ko batarokoka mu bihano, maze bijirirwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَمۡ يَكُن لَّهُم مِّن شُرَكَآئِهِمۡ شُفَعَٰٓؤُاْ وَكَانُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ كَٰفِرِينَ
Ababangikanyamana kuri uwo musi rero, ntibazoronka ababavugira mu bigirwamana bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, mbere na nya bigirwamana bizobigarama na bo nyene bavyihakane.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٖ يَتَفَرَّقُونَ
Igihe rero umuhero w’isi wageze, maze abantu bagaharurirwa ivyo bakoze, kuri uwo musi abemeramana bazoshirwa ukwabo, abagarariji na bo nyene bashirwe ukwabo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَهُمۡ فِي رَوۡضَةٖ يُحۡبَرُونَ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazoja mu Bwami bw’ijuru, baheze bazimanwe ivy’akaroruhore.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَلِقَآيِٕ ٱلۡأٓخِرَةِ فَأُوْلَٰٓئِكَ فِي ٱلۡعَذَابِ مُحۡضَرُونَ
Nayo abagararije Imana Allah bagahakana bivuye inyuma ivyo bazaniwe n’Intumwa, bakanamirira kure ko bazohura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo bazoheza bashirwe mu bihano vyamaho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ حِينَ تُمۡسُونَ وَحِينَ تُصۡبِحُونَ
Bemeramana! Nimutazire mwongere muninahaze Imana Allah[4] umugoroba n’igitondo; mw’isengesho ryo ku kirengazuba n’iryo ku mugoroba, hamwe rero no mw’isengesho ryo mu mutwenzi.
[4] Itigeze Igira ikintu na kimwe kibangikanije na Yo, Itigeneye umugore canke umwana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَهُ ٱلۡحَمۡدُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَعَشِيّٗا وَحِينَ تُظۡهِرُونَ
Ni na Yo Nyenishimagizwa mu majuru no kw’isi, ijoro n’umurango.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يُخۡرِجُ ٱلۡحَيَّ مِنَ ٱلۡمَيِّتِ وَيُخۡرِجُ ٱلۡمَيِّتَ مِنَ ٱلۡحَيِّ وَيُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۚ وَكَذَٰلِكَ تُخۡرَجُونَ
Imana Allah Irema kizima mu capfuye[5], Igakura icapfuye muri kizima[6], Igaheza Igatotahaza n’isi inyuma yo kugaduka. Bantu! Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Isubiza ubuzima ivyo - Izobasubiza ubuzima, maze mukazuka mukava mu kuzimu kugira muharurirwe ku vyo mwakoze.
[5] Nko kurema umuntu canke igikoko mu ntanga, no kurema inyoni mu rigi.
[6] Nko kurema intanga mu muntu canke mu gikoko, no kurema irigi mu nyoni.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَنۡ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٖ ثُمَّ إِذَآ أَنتُم بَشَرٞ تَنتَشِرُونَ
Biri mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Yaremye mw’ivu inkomoko yanyu akaba na so wanyu Adamu, hanyuma murarondoka muba abantu baremwe mw’ima ry’intanga, muraheza murakwiragira kw’isi murondera icobabeshaho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَنۡ خَلَقَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجٗا لِّتَسۡكُنُوٓاْ إِلَيۡهَا وَجَعَلَ بَيۡنَكُم مَّوَدَّةٗ وَرَحۡمَةًۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Yarabaremeye abakenyezi mu nkomoko yanyu nyene ya kiremwa-muntu, kugira mugire ituze muri kumwe na bo, Iraheza Ishira hagati y’umugabo n’umukenyezi wiwe umutima w’impuhwe n’urukundo pfampfe. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ خَلۡقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفُ أَلۡسِنَتِكُمۡ وَأَلۡوَٰنِكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡعَٰلِمِينَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kurema amajuru ahanitse ata nkingi ziyafashe; kurema isi yagutse ingana amahanga no kurema indimi n’amabara vyanyu bitandukanye. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’incabwenge bikebuka, maze bakamenya ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ مَنَامُكُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱبۡتِغَآؤُكُم مِّن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَسۡمَعُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kubagirira ukuryama mw’ijoro kuba ari akaryo keza ko kuruhuka, no kubagirira umurango kuba ari akaryo ko kurondera icobabeshaho mu mpano zayo. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutunganiriza ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفٗا وَطَمَعٗا وَيُنَزِّلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَيُحۡيِۦ بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Ibereka imiravyo mugaheza mugatinya gukubitwa n’inkuba, mukizera no kuronka akavura, Igatuma rero hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaheza Igatotahaza isi inyuma yo kugaduka hakoreshejwe amazi ya nya mvura. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’abanyabwenge bategera bakikebuka, maze bakamenya ububasha n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن تَقُومَ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ بِأَمۡرِهِۦۚ ثُمَّ إِذَا دَعَاكُمۡ دَعۡوَةٗ مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ إِذَآ أَنتُمۡ تَخۡرُجُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba ijuru hamwe n’isi bibungabunzwe kw’itegeko ryayo[7], hanyuma niyabahamagara ku musi w’izuka, ubwo nyene mwese muzovunduruka muzuka muva mu kuzimu.
[7] Mu kuba isi idahungabanya abayibako, no mu kuba ijuru ritagwa kw’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلّٞ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ
Ni Yo Mugabe w’ibiremwa vyose, ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo[8], vyose biricisha bugufi bikubahiriza itegeko ryayo.
[8] Ibinyabuzima n’ibitari ibinyabuzima.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلَّذِي يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ وَهُوَ أَهۡوَنُ عَلَيۡهِۚ وَلَهُ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ni na Yo Yaremye ibiremwa ata co Irinze gufatirako, hanyuma Ikazosubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona. Iryo remwa bushasha ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kuruta iremwa ry’ikitari bwabeho. Ni Yo rero Iyagwa neza mu majuru no mw’isi mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kuko ntitangwako akarorero. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ضَرَبَ لَكُم مَّثَلٗا مِّنۡ أَنفُسِكُمۡۖ هَل لَّكُم مِّن مَّا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُم مِّن شُرَكَآءَ فِي مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ فَأَنتُمۡ فِيهِ سَوَآءٞ تَخَافُونَهُمۡ كَخِيفَتِكُمۡ أَنفُسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Babangikanyamana! Imana Allah Yarabaciriye agace Ifatiye kuri mwebwe nyene; mbega burya mwokwemera ko mugira mu bo mugaba mukaganza, abo musangira ivyo Twebwe Allah Twabaronkeje, maze mwese mukabigirako ububasha bungana, mugatinya abo mugaba mukaganza ko bobibaganzako nka kurya mutinya abigenga nkamwe ko bobibaganzako[9]! Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera ivyemezo vyacu abantu biyumvira bagaheza bagatahura icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[9] Nimwaba rero mutokwemera kunganya ububasha ku matungo yanyu n’abo mugaba mukaganza, vyoshoboka gute ko mubangikanya Imana Allah n’ibiremwa Igaba Ikaganza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلِ ٱتَّبَعَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَهۡوَآءَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٖۖ فَمَن يَهۡدِي مَنۡ أَضَلَّ ٱللَّهُۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ
Ahubwo rero abirenganije mw’ibangikanyamana, bakurikiye ivyipfuzo vyabo ata n’ubumenyi bafise ku kwigana ubuhuvyi bwa ba se. Burya, nta woshobora kurongora abo Imana Allah Yaretse bagahuba ku bugaba bwabo. Abo rero, ntibazoronka mw’isi yose uwubatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ حَنِيفٗاۚ فِطۡرَتَ ٱللَّهِ ٱلَّتِي فَطَرَ ٱلنَّاسَ عَلَيۡهَاۚ لَا تَبۡدِيلَ لِخَلۡقِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ ٱلدِّينُ ٱلۡقَيِّمُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera Imana Allah, uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah. Ukwemera-ndemanwa, Imana Allah Yaremeye abantu, nta cohindura ukwemera-ndemanwa kw’Imana Allah, ni na ryo dini rigororotse rishimwa n’Imana Allah; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ico wategetswe gukurikira ko ari ryo dini ry’ukuri ry’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ مُنِيبِينَ إِلَيۡهِ وَٱتَّقُوهُ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Muraheza rero mube abigaya kuri Yo, munayigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mutsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa, kandi ntimukabe mu babangikanyamana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مِنَ ٱلَّذِينَ فَرَّقُواْ دِينَهُمۡ وَكَانُواْ شِيَعٗاۖ كُلُّ حِزۡبِۭ بِمَا لَدَيۡهِمۡ فَرِحُونَ
Mu biciyemwo utugwitugwi mw’idini ryabo, baraheza bubahiriza amwe mu mabwirizwa y’Imana Allah, bahakana bivuye inyuma ayandi bisunze ivyipfuzo vyabo, gutyo haduka utudumbidumbi twisunga ingingo z’abaturongoye, buri kagwi kose muri two kishimira ivyiyumviro vyako gusa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا مَسَّ ٱلنَّاسَ ضُرّٞ دَعَوۡاْ رَبَّهُم مُّنِيبِينَ إِلَيۡهِ ثُمَّ إِذَآ أَذَاقَهُم مِّنۡهُ رَحۡمَةً إِذَا فَرِيقٞ مِّنۡهُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ
Iyo abantu bakozweko n’ivyago, baca basaba Imana yabo Rurema Allah bayitakambira ngo Ibibakureko; maze Yamara kubibakurako ku mpuhwe zayo, muri bo hakavamwo umugwi uca usubira kandi mw’ibangikanyamana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Gutyo inyuma y’ikurwako rya nya vyago bakagarariza mu guhakana inema Twebwe Allah Twabahaye. Babangikanyamana! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye ibihano mutegekanirijwe ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٗا فَهُوَ يَتَكَلَّمُ بِمَا كَانُواْ بِهِۦ يُشۡرِكُونَ
Mbega none Twoba Twaramanuriye ababangikanyamana icemezo civugira kikerekana, ko igarariza n’ibangikanyamana vyabo vyemewe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَآ أَذَقۡنَا ٱلنَّاسَ رَحۡمَةٗ فَرِحُواْ بِهَاۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ إِذَا هُمۡ يَقۡنَطُونَ
Iyo rero abantu Tubahonjeje ku mpuhwe zacu bakagira amahirwe mu buzima[10], baca banezerwa bakihambaza n’amanyama n’akantu, ha kudushimira. Iyo naho bashikiwe n’amagorwa mu buzima[11] biturutse ku vyaha vyabo, baca bihebura bagahungabana[12].
[10] Nko kugira amagara meza, kuronka ibibondo n’ibibabeshaho, n’ibindi.
[11] Nko kurwara, gukena, gutekerwa n’ubwoba, n’ibindi.
[12] Ukwo, ni ko abenshi mu bantu bateye mu gihe c’amahirwe no mu gihe c’amarushwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Mbega ntibamenye ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[13], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze[14]! Mu vy’ukuri, muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibimubeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana, vyerekana impuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
[13] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza mu kuyibangikanya.
[14] ko yihangana akigumya akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَـَٔاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ يُرِيدُونَ وَجۡهَ ٱللَّهِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Mwemeramana! Uritwararika rero incuti mu muryango mu kuyiha imperezwa no mu kwunga ubuvandimwe, n’ibindi; maze uhereze n’umukene atagira shinge na rugero n’uwakehaniwe ku rugendo, ikibakenura ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa. Ukwo gutanga ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa, ni vyo vyiza ku batanga barondera gushimwa n’Imana Allah, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ ءَاتَيۡتُم مِّن رِّبٗا لِّيَرۡبُوَاْ فِيٓ أَمۡوَٰلِ ٱلنَّاسِ فَلَا يَرۡبُواْ عِندَ ٱللَّهِۖ وَمَآ ءَاتَيۡتُم مِّن زَكَوٰةٖ تُرِيدُونَ وَجۡهَ ٱللَّهِ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُضۡعِفُونَ
Ingurane iyo ari yo yose mutanze mu ntumbero yo kuronka inyungu izira[14] yiyongera mu matungo y’abantu, ntizokwigera yiyongera namba ku Mana Allah, ahubwo izocika agahombo n’ivumwe. Nayo ico ari co cose mutanze kw’ishikanwa-bwirizwa no ku mperezwa, mukagihereza abakigenewe murondera gushimwa n’Imana Allah, Imana Allah Izokibakirira. Abatanga rero muri ubwo buryo, ni bo bazogwirizwa indishi ku Mana Allah.
[14] Inyungu izira ni riba
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ ثُمَّ رَزَقَكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يُحۡيِيكُمۡۖ هَلۡ مِن شُرَكَآئِكُم مَّن يَفۡعَلُ مِن ذَٰلِكُم مِّن شَيۡءٖۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye, hanyuma Ibaronsa ibibabeshaho kw’isi, hanyuma ikiringo canyu co kubaho giheze Irabica, mu nyuma Izobazura Ibahe ubuzima ku musi w’izuka, kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mbega none mu bigirwamana musenga, hoba harimwo igishoboye kubagirira na kimwe muri ivyo! Nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ظَهَرَ ٱلۡفَسَادُ فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ بِمَا كَسَبَتۡ أَيۡدِي ٱلنَّاسِ لِيُذِيقَهُم بَعۡضَ ٱلَّذِي عَمِلُواْ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Ubwononyi bwibonekeje kw’isi[16]; imusozi no mw’ibahari, buturutse ku vyaha bikorwa n’abantu, butuma Imana Allah Ibahanira kw’isi bimwe mu vyo bakoze kugira bikebuke bigaye, baheze baroranirwe kw’isi.
[16] Nk’igwirirana ry’indwara, itara ry’imvura n’ihindagurika ry’ibihe vyayo, amapfa n’ibiza vy’indwara z’akaranda zifata abantu, ibitungwa n’ibiterwa, n’ibindi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلُۚ كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma ukuri wabazaniye uti: “Nimugendagende kw’isi maze mwirabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yanyu; nk’abantu ba Nuhu, Bene Aadi na Bene Thamuudi, ryagenze! Iherezo ryabo ryari ribi cane kuko abenshi muri bo bari ababangikanyamana”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ ٱلۡقَيِّمِ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ يَوۡمٞ لَّا مَرَدَّ لَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۖ يَوۡمَئِذٖ يَصَّدَّعُونَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare kwubahiriza idini ry’ubwislamu rigororotse imbere yuko umusi w’umuhero w’isi ushika, umusi ata n’umwe mu biremwa ashoboye guhagarika umuzo wawo. Kuri uwo musi rero, ibiremwa bizoshwiragira mu migwimigwi kugira vyerekwe ibikorwa vyavyo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَن كَفَرَ فَعَلَيۡهِ كُفۡرُهُۥۖ وَمَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا فَلِأَنفُسِهِمۡ يَمۡهَدُونَ
Abagararije bazohanirwa ubugarariji bwabo mu muriro udahera. Abakoze ivyiza bitegetswe na bo, bazobihemberwa Ubwami bw’ijuru kuko biteguriye ibibubashikanamwo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kugira Imana Allah Ihembe ku bugwaneza bwayo abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagarariji.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن يُرۡسِلَ ٱلرِّيَاحَ مُبَشِّرَٰتٖ وَلِيُذِيقَكُم مِّن رَّحۡمَتِهِۦ وَلِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bigatuma Isengwa Itabangikanywa, kuba Ishoboye kurungika umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa; kugira Ibahonje ku mpuhwe zayo mu gutuma imvura igwa, isi n’ibiremwa bikaharonkera akoyokwe; no kugira ubwato bushobore kugendera mw’ibahari ku bushobozi bwayo; no kugira murondere ku mpuhwe zayo ibibabeshaho mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa. Ivyo vyose rero, Imana Allah Yabibagiriye kugira mushime inema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ رُسُلًا إِلَىٰ قَوۡمِهِمۡ فَجَآءُوهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَٱنتَقَمۡنَا مِنَ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْۖ وَكَانَ حَقًّا عَلَيۡنَا نَصۡرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twararungitse hambere yawe Intumwa ku bantu bazo, maze ziza zibazaniye ivyemezo bigaragara, abenshi muri bo barabigarariza, Duca Twihora abanyavyaha muri bo barenze ku mabwirizwa yacu, Turabahana Turabahonya, Turaheza Turokora muri nya bihano abemeramana bakurikiye nya Ntumwa, kandi Twategerezwa kurokora abemeramana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ فَتُثِيرُ سَحَابٗا فَيَبۡسُطُهُۥ فِي ٱلسَّمَآءِ كَيۡفَ يَشَآءُ وَيَجۡعَلُهُۥ كِسَفٗا فَتَرَى ٱلۡوَدۡقَ يَخۡرُجُ مِنۡ خِلَٰلِهِۦۖ فَإِذَآ أَصَابَ بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Imana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugasunika ibicu vy’imvura, Igaheza Ikabisanza mu kirere uko Ibishaka, maze Ikavyegeranya mu bicebice ahatandukanye, ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Imana Allah rero Irungikira nya mvura abo Ishatse mu baja bayo, bagaca banezerwa n’akamwemwe kenshi ko bagiye kubukura mu cibo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلِ أَن يُنَزَّلَ عَلَيۡهِم مِّن قَبۡلِهِۦ لَمُبۡلِسِينَ
Kandi mu vy’ukuri imbere yuko nya mvura igwa, bari bihebuye kuko imvura yari yataze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ ءَاثَٰرِ رَحۡمَتِ ٱللَّهِ كَيۡفَ يُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ ذَٰلِكَ لَمُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muntu! Ehe raba rero ingaruka nziza z’imvura igwa ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyatsi bimera, ku biterwa no ku biti, aho isi iheza igatotahara inyuma y’aho yari yaragadutse ikaba ubukumbagare! Mu vy’ukuri rero Imana Allah Ishoboye gusubiza itoto isi yari yaragadutse, ni ukuri Irashoboye gusubiza n’abapfuye ubuzima bakazuka, ni na Yo Mushoboravyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَئِنۡ أَرۡسَلۡنَا رِيحٗا فَرَأَوۡهُ مُصۡفَرّٗا لَّظَلُّواْ مِنۢ بَعۡدِهِۦ يَكۡفُرُونَ
N’iyo Tworamuka Turungikiye ibiterwa vyabo umuyaga w’igihuhusi ukavyonona, maze bakabona ko nya biterwa vyahishiye inyuma y’aho vyasa n’urwatsi rubisi, ni ukuri n’inyuma y’ivyo vyose, boguma bihakana inema z’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِنَّكَ لَا تُسۡمِعُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَلَا تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا وَلَّوۡاْ مُدۡبِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ntushobora gutuma ibipfamutima bitanyurwa vyumva ukuri bikagukurikira; eka ntushobora no gutuma ibipfamatwi vyumva ubutumwa bikabutegera mu gihe bigenjeje umugongo bikwirengagiza[17];
[17] Ntumwa y’Imama! Ntugatuntuzwe rero n’ukubona ababangikanyamana batakwemera ngo bagukurikire, kuko bo ni nk’ibiragi ntibumva; ni nk’abapfuye, ntibanyurwa namba n’aho boba bari hambavu yawe, nkeswe rero mu gihe baguhunga ngo ntibumve n’ubutumwa ubashikiriza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ أَنتَ بِهَٰدِ ٱلۡعُمۡيِ عَن ضَلَٰلَتِهِمۡۖ إِن تُسۡمِعُ إِلَّا مَن يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُم مُّسۡلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Eka ntunashobora no kurongora mu nzira y’ukuri abo Imana Allah Yahubishije mu kutabashoboza kubona ukuri, maze bagahuba ku bugaba bwabo. Burya ushoboye kwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani, bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن ضَعۡفٖ ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ ضَعۡفٖ قُوَّةٗ ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٖ ضَعۡفٗا وَشَيۡبَةٗۚ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡقَدِيرُ
Imana Allah ni Yo Yabaremye mw’ima ry’intanga zigayitse, inyuma y’intege nke zo mu bwana, Ibaha n’inguvu zo mu bukuru; mu nyuma y’aho, Ibaha intege nke n’imvi mu busaza. Burya Imana Allah, Irema uko Ishatse mu gutanga intege nke canke mu gutanga inguvu; ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiremwa vyayo, ni Mushoboravyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُقۡسِمُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ مَا لَبِثُواْ غَيۡرَ سَاعَةٖۚ كَذَٰلِكَ كَانُواْ يُؤۡفَكُونَ
Umusi rero umuhero w’isi wageze, hanyuma Imana Allah Ikazura abapfuye bose, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo, bazorahira barengwe ko batigeze baba kw’isi kiretse akanya isase. Bazoheza rero barahire babesha nk’uko bahora babesha kw’isi mu guhakana ukuri bashikirijwe n’Intumwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ وَٱلۡإِيمَٰنَ لَقَدۡ لَبِثۡتُمۡ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡبَعۡثِۖ فَهَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡبَعۡثِ وَلَٰكِنَّكُمۡ كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Nayo abahawe ubumenyi n’ukwemera Imana Allah, mu bamalayika, mu Ntumwa no mu bemeramana, bazoheza bavuge bati: “Ni ukuri, mwabaye kw’isi ikiringo mwandikiwe mu Gitabu c’ivyagezwe ku Mana Allah kuva muremwa, gushika kuri uno musi w’izurwa ry’ibiremwa, ariko rero mukiri kw’isi ntimwari muzi ko uno musi uzobashikira, maze murawuhakana”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يَنفَعُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَعۡذِرَتُهُمۡ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ
Kuri uwo musi w’izuka rero, abirenganije, ivyireguzo vyabo nta co bizobamarira, eka ntibazonasabwa no gushimisha Imana Allah mu kwigaya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖۚ وَلَئِن جِئۡتَهُم بِـَٔايَةٖ لَّيَقُولَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا مُبۡطِلُونَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twarahaye abantu muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye kandi butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakabugendera mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! N’aho wobazanira icemezo kingana gute coza cerekana ko uri mu kuri koko, ni ukuri abakugararije bovuga bati: “Mwebwe nta co muvuga atari irementanya gusa”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Itera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abatazi ukuri kw’ivyo wabazaniye bivuye ku Mana yawe Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞۖ وَلَا يَسۡتَخِفَّنَّكَ ٱلَّذِينَ لَا يُوقِنُونَ
Ihanganire rero ihakana n’ibangamira ry’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, isezerano wahawe n’Imana Allah ryo gushika ku ntsinzi no guhabwa indishi, ni iry’ukuri. Abatemera umuhero w’isi ngo bizere ko bazohemberwa ivyo bakoze, ntibazogutiriganishe namba kw’idini ryawe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আৰ-ৰূম
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ