আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা ইয়াছীন   আয়াত:

SURATU YAASIIN

يسٓ
Yaa Siin[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡحَكِيمِ
Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyo Qor’ani itomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ndarahiye mu vy’ukuri, ko wewe Muhamadi uri Intumwa mu Ntumwa z’Imana zahishuriwe zikarungikwa kurongora ibiremwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Uri mu nzira y’Imana Allah igororotse y’ubwislamu;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَنزِيلَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ
Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أُنذِرَ ءَابَآؤُهُمۡ فَهُمۡ غَٰفِلُونَ
Ntumwa y’Imana! Warungikanwe Qor’ani, kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah, abantu ba se babo batagabishijwe igihe kirekire, baraheza rero baragotwa ntibemera[2];
[2] Iyi Aayah, ihimiriza abamenyi mw’idini, ko bategerezwa kwama bibutsa abantu, kugira ntibagotwe ku mabwirizwa y’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَقَدۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَىٰٓ أَكۡثَرِهِمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Ni ukuri abenshi muri bo, bakwiye guhanwa ku kurendegera mw’ibangikanyamana, mu gihe bagabishijwe bagahakana, ntibemera Imana Allah n’Intumwa yayo ngo bakore n'ivyiza bitegetswe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا جَعَلۡنَا فِيٓ أَعۡنَٰقِهِمۡ أَغۡلَٰلٗا فَهِيَ إِلَى ٱلۡأَذۡقَانِ فَهُم مُّقۡمَحُونَ
Mu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَعَلۡنَا مِنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ سَدّٗا وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ سَدّٗا فَأَغۡشَيۡنَٰهُمۡ فَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ
Imbere yabo n’inyuma yabo hose, Twebwe Allah Twarahakingiriye baraheza baba nk’uwugariwe inzira imbere n’inyuma yiwe, maze Duhumya n’amaso yabo, ntibashobora kubona n’inzira ibarongora ku kuri, kubera amanyama n’ubugarariji vyabo[3];
[3] Ukudashobozwa kubona ukuri ngo ugukurikire, ni co gihano c’uwo wese agira amanyama mu kugarariza ukuri.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَسَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Kuburira abagarariji rero no kutababurira, vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّمَا تُنذِرُ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلذِّكۡرَ وَخَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِۖ فَبَشِّرۡهُ بِمَغۡفِرَةٖ وَأَجۡرٖ كَرِيمٍ
Ntumwa y’Imana! Wewe mu vy’ukuri, igabisha ryawe ryungura uwemera Qor’ani akubahiriza n’amabwirizwa yayo, akanatinya ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe ari ahiherereye. Uyo rero, mushikirize inkuru nziza ihumuriza, ko azogumirizwa akabanga ku vyaha vyiwe, aheze ababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَنَكۡتُبُ مَا قَدَّمُواْ وَءَاثَٰرَهُمۡۚ وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ فِيٓ إِمَامٖ مُّبِينٖ
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza[4] canke ibibi[5], kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
[4] Nk’umwana basize, ubumenyi bwungura abantu n’imperezwa ifise indishi zibandanya.
[5] Nk’ibangikanyamana canke ibicumuro babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi kandi baramaze gupfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱضۡرِبۡ لَهُم مَّثَلًا أَصۡحَٰبَ ٱلۡقَرۡيَةِ إِذۡ جَآءَهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana baguhakana, bacire agace k’abantu bigeze kuba mu gacimbiri kari aho, igihe bashikirwa n’Intumwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡهِمُ ٱثۡنَيۡنِ فَكَذَّبُوهُمَا فَعَزَّزۡنَا بِثَالِثٖ فَقَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَيۡكُم مُّرۡسَلُونَ
Igihe Twebwe Allah Tubarungikiye Intumwa zibiri, kugira zibararikire isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah bakazihakana bivuye inyuma, Duca Tuzitera intege mu kurungikwa kw’Intumwa igira gatatu, nya Ntumwa uko ari zitatu zikavuga ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe turi Intumwa zarungitswe kuri mwebwe”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ مَآ أَنتُمۡ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا وَمَآ أَنزَلَ ٱلرَّحۡمَٰنُ مِن شَيۡءٍ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا تَكۡذِبُونَ
Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bazishura bati: “Mwebwe nta kindi muri, kiretse ko muri abantu nkatwe, kandi Nyenimpuhwe Allah ntiyabahishuriye na kimwe, mwebwe nta co muri kiretse ko mubesha”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ رَبُّنَا يَعۡلَمُ إِنَّآ إِلَيۡكُمۡ لَمُرۡسَلُونَ
Nya Ntumwa ziraheza zishura zishimitse ziti: “Imana yacu Rurema Allah, Irazi neza ko mu vy’ukuri twarungitswe kuri mwebwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا عَلَيۡنَآ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Kandi twebwe nta co tujejwe, atari ukubashikiriza gusa ubutumwa butomoye. Ntitujejwe kubahatira ukwemera”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُوٓاْ إِنَّا تَطَيَّرۡنَا بِكُمۡۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهُواْ لَنَرۡجُمَنَّكُمۡ وَلَيَمَسَّنَّكُم مِّنَّا عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ba bantu bo mu gacimbiri, baraheza bavuga bati: “Mu vy’ukuri, mwaduteye umwaku, nimutavavanura no kuturarikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri tuzobicisha amabuye, kandi ni ukuri tuzobaha ibihano bibabaza”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ طَٰٓئِرُكُم مَّعَكُمۡ أَئِن ذُكِّرۡتُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ مُّسۡرِفُونَ
Za Ntumwa ziraheza zishura ziti: “Umwaku nyabuna, muwuterwa n’ibangikanyamana hamwe n’ibikorwa vyanyu bibi. Mbega none kwibutswa ku neza yanyu, ni co cotuma tubatera umwaku mukanadutera ubwoba bwo kwicishwa amabuye no guhanwa! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu bugarariji”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَآءَ مِنۡ أَقۡصَا ٱلۡمَدِينَةِ رَجُلٞ يَسۡعَىٰ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱتَّبِعُواْ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ho rero hirya y’igisagara, hava umuntu aje anyaragasa, inyuma y’aho yumviye ko hari umugambi wo kwica nya Ntumwa canke kuzihana, araheza abwira ba bantu bo mu gacimbiri abinginga ati: “Emwe bantu banje! Enda nyabuna rero, nimukurikire Intumwa mwarungikiwe n’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱتَّبِعُواْ مَن لَّا يَسۡـَٔلُكُمۡ أَجۡرٗا وَهُم مُّهۡتَدُونَ
Nimukurikire Intumwa zitigera zibasaba impembo kw’ishikirizabutumwa ryazo; kanatsinda, izo Ntumwa ni n’abagororotsi mu vyo zibararikira;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَالِيَ لَآ أَعۡبُدُ ٱلَّذِي فَطَرَنِي وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Mbega nobuzwa n’iki gusenga Imana Allah Yandemye, hakaba ari no kuri Yo jewe na mwe tuzosubira!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ءَأَتَّخِذُ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً إِن يُرِدۡنِ ٱلرَّحۡمَٰنُ بِضُرّٖ لَّا تُغۡنِ عَنِّي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا يُنقِذُونِ
Vyoshoboka gute ko nsenga mu gishingo cayo ibigirwamana ata na kimwe bimaze, mu gihe Nyenimpuhwe Allah Yoshaka ko nshikirwa n’inabi, nya bigirwamana bidashobora kunkingira canke ngo bintabare;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنِّيٓ إِذٗا لَّفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ
Mu vy’ukuri, mu gihe nohirahira nkabangikanya Imana Allah, ni ukuri noba ndi mu buhuvyi bugaragara;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنِّيٓ ءَامَنتُ بِرَبِّكُمۡ فَٱسۡمَعُونِ
Mu vy’ukuri, jewe nemera Imana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, nimwumve impanuro ndabahaye muheze mwemere”. Ni ho rero, ba bantu bo mu gacimbiri baca bamusimbirako baramwica;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قِيلَ ٱدۡخُلِ ٱلۡجَنَّةَۖ قَالَ يَٰلَيۡتَ قَوۡمِي يَعۡلَمُونَ
Maze yakirwa mu Bwami bw’ijuru abwirwa ati: “Kaze, niwinjire mu Bwami bw’ijuru”. Araheza avuga ari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru ati: “Ese iyo abantu banje bamenya iherezo ryanje ryiza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بِمَا غَفَرَ لِي رَبِّي وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ
Ese iyo bamenya ukuntu Imana yanje Rurema Allah Yambabariye ivyaha vyanje, Ikanantera iteka ryo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, na bo bagaheza bakayemera maze Ikabinjiza mu Bwami bw’ijuru!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِن جُندٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا كُنَّا مُنزِلِينَ
Mu nyuma y’aho abantu biwe biciye umuhanuzi yaje kwamama ko batohirahira ngo bice Intumwa, bakanazihakana bivuye inyuma, ntitwashotse Tubamanurira ingabo mu kubahana, eka ntivyari binakenewe kubamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru ngo babahane, ariko Twabarungikiye ibihano birabahonya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَإِذَا هُمۡ خَٰمِدُونَ
Ihonywa ryabo rero ntiryabaye ukundi, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya, ubwo nyene bose bapfira rimwe, basigara ari ibiziga vyibereye ng’aho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰحَسۡرَةً عَلَى ٱلۡعِبَادِۚ مَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Ese agahombo n’ukwicuza vy’akataraboneka bizoshikira abagararije ku musi w’izuka, igihe biboneye ibihano ukuri kwamye! Ntibashikirwa n’Intumwa n’imwe irungitswe n’Imana Allah, kiretse ko bayiteburako bakayisuzugura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ أَنَّهُمۡ إِلَيۡهِمۡ لَا يَرۡجِعُونَ
Mbega abatebura ku Ntumwa bakazihakana, ntibabona ko Twebwe Allah, Twahoneje imigwi myinshi y’abahakanye Intumwa hambere yabo, n’uko nya migwi itazogenda igarutse kandi kw’isi mu nyuma y’ihonywa ryayo!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن كُلّٞ لَّمَّا جَمِيعٞ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ
Nta n’umwe rero mu bantu, yaba mu migwi Twahoneje canke mu yo Tutahoneje, kiretse ko iyo migwi yose izokwegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, ku musi w’izuka kugira iharurirwe, iheze ihemberwe ivyo yakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَءَايَةٞ لَّهُمُ ٱلۡأَرۡضُ ٱلۡمَيۡتَةُ أَحۡيَيۡنَٰهَا وَأَخۡرَجۡنَا مِنۡهَا حَبّٗا فَمِنۡهُ يَأۡكُلُونَ
Icemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ishoboye kuzura abapfuye, ni isi yagadutse igacika ubukumbagare, aho Twebwe Allah, Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Tugaheza Tukayitotahaza, maze Tukayinagishako n’ibiterwa mbumbarugo vy’ubwoko butandukanye, hakoreshejwe amazi ya nya mvura, abantu bagaheza bakabifungurako, bo hamwe n’ibitungwa vyabo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَعَلۡنَا فِيهَا جَنَّٰتٖ مِّن نَّخِيلٖ وَأَعۡنَٰبٖ وَفَجَّرۡنَا فِيهَا مِنَ ٱلۡعُيُونِ
Maze Tukagira n’imirima y’itende n’iy’imizabibu, Tugaca n’amariba y’amazi atemba kw’isi, kugira bavomere nya mirima.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِيَأۡكُلُواْ مِن ثَمَرِهِۦ وَمَا عَمِلَتۡهُ أَيۡدِيهِمۡۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ
Ivyo vyose rero, Tubigira kugira abantu bafungure ku vyamwa vy’iyo mirima itanaga ngo itotahare ku bw’inguvu n’ubuhinga vyabo. Ubwo none ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo z'umurengera!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَزۡوَٰجَ كُلَّهَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلۡأَرۡضُ وَمِنۡ أَنفُسِهِمۡ وَمِمَّا لَا يَعۡلَمُونَ
Nihaninahazwe rero Imana Allah Yaremye amoko yose y’ibiterwa n’ivyimeza kw’isi, Ikarema igitsina-gabo n’igitsina-gore no mu bantu nyene, no mu bindi biremwa rero batazi[6].
[6] Imana Allah rero, Yaremye ivyo vyose ata we Yifashishije, ntikwiye kubangikanywa na kimwe mu biremwa vyayo mu gusengwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَءَايَةٞ لَّهُمُ ٱلَّيۡلُ نَسۡلَخُ مِنۡهُ ٱلنَّهَارَ فَإِذَا هُم مُّظۡلِمُونَ
Biri no mu vyemezo vyereka ababangikanyamana, ko Imana Allah ari Imwe mu bumana no mu bubasha bwayo; ijoro Twebwe Allah Dukurako umuco w’umurango, maze aho baherereye bagaca baja mu muzimagiza waryo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلشَّمۡسُ تَجۡرِي لِمُسۡتَقَرّٖ لَّهَاۚ ذَٰلِكَ تَقۡدِيرُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ
N’izuba rigendera aho ryagenewe n’Imana Allah, ntirirenga canke ngo riseruke hataragera. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutananirwa, Nyenubumenyikurivyose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلۡقَمَرَ قَدَّرۡنَٰهُ مَنَازِلَ حَتَّىٰ عَادَ كَٱلۡعُرۡجُونِ ٱلۡقَدِيمِ
N’ukwezi nyene, Twebwe Allah, Twakugeneye ibituro vyakwo buri joro, aho mu mboneko zakwo kuba ari guto, kukagenda kurakura gushika n’aho kwiburungushura mu mfato, hanyuma kugatangura kugabanuka bukebuke mu mpito, gushika n’aho kungana n’agati k’itende kumye, kagahishira kakigonda.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَا ٱلشَّمۡسُ يَنۢبَغِي لَهَآ أَن تُدۡرِكَ ٱلۡقَمَرَ وَلَا ٱلَّيۡلُ سَابِقُ ٱلنَّهَارِۚ وَكُلّٞ فِي فَلَكٖ يَسۡبَحُونَ
Izuba rero, ntirishobora guta inzira yaryo ngo riseruke mw’ijoro, riheze rizimanganye umuco w’ukwezi; eka n’ijoro nyene, ntirishobora kwijima imbere yuko umurango urengana. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَءَايَةٞ لَّهُمۡ أَنَّا حَمَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُمۡ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ
Hari n’ikindi cemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, ni uko Twebwe Allah, Twarokoye mw’isegenya bamwe mu ruvyaro bakomokako rwa Adamu, maze Tubarerura mu bwato bwa Nuhu bwari burimwo amoko atandukanye y’ibiremwa vyose vy’igitsina-gabo n’igitsina-gore, ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye biba intango y’ukurondoka bushasha;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَخَلَقۡنَا لَهُم مِّن مِّثۡلِهِۦ مَا يَرۡكَبُونَ
Twaranaremeye abo babangikanyamana n’abandi, ibindi bibunguruza nk’ubwato bwa Nuhu[7].
[7] Haba mu kwiyunguruza imusozi canke mu mazi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن نَّشَأۡ نُغۡرِقۡهُمۡ فَلَا صَرِيخَ لَهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنقَذُونَ
Mu gihe Twoshaka rero, Twobasomesha nturi bari mw’ibahari, nta n’uwobatabara muri ico gihe, eka na bo nyene ntiborokotse;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّنَّا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ
Kiretse mu gihe Twobagirira impuhwe Tukabarokora, maze Tukabaha kuryoherwa gato mu buzima bw’isi gushika kw’isango rizwi kugira bikebuke.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّقُواْ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيكُمۡ وَمَا خَلۡفَكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Ababangikanyamana iyo babwiwe bati: “Nimwiyubare intureka zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’ivyago vyo mu buzima bwo kw’isi, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah”, baraheza bakavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةٖ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ
Ababangikanyamana, ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, kugira kibarongore mu nzira y’ukuri, kiretse ko bacirengagiza bakirabira hirya, maze kikababera impfagusa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ أَنفِقُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنُطۡعِمُ مَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ أَطۡعَمَهُۥٓ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Abagarariji na bo, iyo babwiwe bati: “Nimutange mu matungo, Imana Allah Yabaronkeje”; baca bigovyora babwira abemeramana bati: “Vyoshoboka gute ko dufungurira umuntu, Imana Allah Ishatse Yari kumufungurira! Bemeramana! Mwebwe nta co muri, kiretse ko muri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Abagarariji, barinamuye mu guhakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Muhama! Mbega ubona iryo sango ryo guhanirwako ku musi w’izuka, rizoshika ryari nimwaba wewe n’abemeramana muri kumwe, muri imvugakuri?”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا يَنظُرُونَ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ تَأۡخُذُهُمۡ وَهُمۡ يَخِصِّمُونَ
Abagarariji bihutira gusaba ibihano, nta n’ikindi barindiriye kugira bahanwe, kiretse ivuzwa ry’inzamba y’umuhero w’isi, uzobashikira giturumbuka ata n’uwo bari biteze, ukabasanga bari mu mpari bahazana mu vy’isi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ تَوۡصِيَةٗ وَلَآ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمۡ يَرۡجِعُونَ
Ico gihe rero, ntibazoshobora no kugira uwo baraga n’ikintu na kimwe, eka ntibazoshobora no kugaruka mu miryango yabo, bazopfira aho bazoba bari;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَإِذَا هُم مِّنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يَنسِلُونَ
Inzamba igira kabiri izoheza ivuzwe, ibiremwa bice bisubizwa ubuzima, ubwo nyene bive mu kuzimu, maze bigende binyaragasa ku Mana yavyo Rurema Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا مَنۢ بَعَثَنَا مِن مَّرۡقَدِنَاۜۗ هَٰذَا مَا وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَصَدَقَ ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Abahakanye bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bace bavuga bicuza bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni nde ga ntuze atuzuye akadukura aho twari twibereye!”; ubwo nyene bace bishurwa bati: “Iri, ni rya sango mwasezeranirwa na Nyenimpuhwe Allah, mugashikirizwa n’Intumwa zayo ko ari iry’ukuri”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَإِذَا هُمۡ جَمِيعٞ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ
Izurwa ry’ibiremwa rero, nta n’ico risaba atari ivuzwa ry’inzamba igira kabiri, maze ibiremwa vyose bigaca vyegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱلۡيَوۡمَ لَا تُظۡلَمُ نَفۡسٞ شَيۡـٔٗا وَلَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Kuri uwo musi w’izuka rero, ibiremwa bizotunganirizwa vy’ukuri, nta muntu azorenganywa n’akantu inzatsa, mu kugabanyirizwa ivyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha. Eka ntimuzonahemberwa, kiretse ku vyo mwari mwarakoze kw’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ ٱلۡيَوۡمَ فِي شُغُلٖ فَٰكِهُونَ
Mu vy’ukuri, kuri uyo musi abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoba baryohewe n’inema z’ubwoko bwose, akamwemwe kabasya;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
هُمۡ وَأَزۡوَٰجُهُمۡ فِي ظِلَٰلٍ عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ مُتَّكِـُٔونَ
Bo hamwe n’abakenyezi babo, bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, basharamye mu gatutu katarenga;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَهُمۡ فِيهَا فَٰكِهَةٞ وَلَهُم مَّا يَدَّعُونَ
Muri nya Bwami, bazoronswa amoko yose y’ivyamwa biryoshe, bazoronswa n’ivyo vyose bipfuza biryoshe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَلَٰمٞ قَوۡلٗا مِّن رَّبّٖ رَّحِيمٖ
Bazoronka n’iyindi nema ihambaye kuruta zose, indamutso y’amahoro bazoramutswa n’Imana yabo Rurema Nyenimbabazi[8].
[8] Ukuramutswa kwabo n’Imana Nyenimbabazi, kizoba ari co kimenyetso c’uko bari mu mahoro, iteka n’itekane vyamaho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱمۡتَٰزُواْ ٱلۡيَوۡمَ أَيُّهَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Abagarariji kuri uyo musi, bazobwirwa bati: “Emwe banyavyaha! Kuri uno musi, nimwitandukanye n’abemeramana, muheze muje ukwanyu”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ أَلَمۡ أَعۡهَدۡ إِلَيۡكُمۡ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ أَن لَّا تَعۡبُدُواْ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Maze Imana Allah Iheze Ibabwire n’agashinyaguro n’akantu Iti: “Mbega bagarariji muri Bene Adamu! Sinabahaye amabwirizwa yanje Ndayacishije ku Ntumwa Nabarungikiye, ko mutosenga shetani ngo muyumvire, n’uko mu vy’ukuri shetani kuri mwebwe, ari umwansi agaragara;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنِ ٱعۡبُدُونِيۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ
Nkababwiriza n’uko munyiyegereza mu vyo mukora vyose mukanansenga mutambangikanya na kimwe mu biremwa, kuko iryo ari ryo dini rigororotse Nzobahembera Ubwami bw’ijuru!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ أَضَلَّ مِنكُمۡ جِبِلّٗا كَثِيرًاۖ أَفَلَمۡ تَكُونُواْ تَعۡقِلُونَ
Ni ukuri, shetani yarahubishije inzira yanje ibiremwa vyinshi muri mwebwe. Mbega babangikanyamana! Ntimwagira akenge ngo mutahure urwanko shetani ibafitiye ngo muheze muyirinde!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِي كُنتُمۡ تُوعَدُونَ
Uwu rero, ni wo muriro wa Jahannamu mwahora musezeranirwa mukiri kw’isi, ko muzowinjira nimwagarariza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱصۡلَوۡهَا ٱلۡيَوۡمَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ
Nimuwinjire rero kuri uno musi, maze muwote ku kuntu mwagarariza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلۡيَوۡمَ نَخۡتِمُ عَلَىٰٓ أَفۡوَٰهِهِمۡ وَتُكَلِّمُنَآ أَيۡدِيهِمۡ وَتَشۡهَدُ أَرۡجُلُهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Kuri uno musi rero, Twebwe Allah, Turazivya iminwa y’ababangikanyamana ntibashobore kurikura mu kanwa ngo bavuge, Duheze Tuvugishe amaboko yabo, maze avuge ibibi yakoze, amaguru yabo na yo abagirize ku bibi vyose baja gukora”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَوۡ نَشَآءُ لَطَمَسۡنَا عَلَىٰٓ أَعۡيُنِهِمۡ فَٱسۡتَبَقُواْ ٱلصِّرَٰطَ فَأَنَّىٰ يُبۡصِرُونَ
Mu gihe Twoshaka rero, ni ukuri Twobahumya n’amaso nk’uko Twazibije iminwa yabo, bagaheza bakitanganiza kuja kurengana ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro. None vyoshoboka gute kukirenganako, kandi barahumye amaso, batabona n’iyo baja!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَوۡ نَشَآءُ لَمَسَخۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ مَكَانَتِهِمۡ فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مُضِيّٗا وَلَا يَرۡجِعُونَ
No mu gihe Twoshaka, ni ukuri Twobahinduye indemo bakaguma aho bari batanyagaza; muri ico gihe, ntiboshoboye gutera intambwe n’imwe imbere canke ngo basubire inyuma.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَن نُّعَمِّرۡهُ نُنَكِّسۡهُ فِي ٱلۡخَلۡقِۚ أَفَلَا يَعۡقِلُونَ
Uwo Duhaye kuramba bigashika akagera mu za bukuru, Turamutitura mu ndemo agasubira ibwana mu nyifato n’intege nke. Mbega abagarariji ntibogarura akenge ngo batahure ko Imana Allah Ishoboye kugira ivyo vyose, Ishoboye no kubazura!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا عَلَّمۡنَٰهُ ٱلشِّعۡرَ وَمَا يَنۢبَغِي لَهُۥٓۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ وَقُرۡءَانٞ مُّبِينٞ
Twebwe Allah, ntitwigeze Twigisha Intumwa Muhamadi kwivuga amazina, eka ntivyari binayikwiye namba ko iba umwivuzi w’amazina. Iki Gitabu yabazaniye, si ikindi kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku wushaka kwikebuka; kikaba na Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِّيُنذِرَ مَن كَانَ حَيّٗا وَيَحِقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah, uwo wese afise umushaha utegera ugakurikira ukuri, maze ibihano vyagire abagarariji inyuma y’aho bashikiwe na Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا خَلَقۡنَا لَهُم مِّمَّا عَمِلَتۡ أَيۡدِينَآ أَنۡعَٰمٗا فَهُمۡ لَهَا مَٰلِكُونَ
Mbega abantu ntibabona ko Twebwe Allah, Twabaremeye ibitungwa ku neza yabo, Tubaha kubigaba no kubiganza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَذَلَّلۡنَٰهَا لَهُمۡ فَمِنۡهَا رَكُوبُهُمۡ وَمِنۡهَا يَأۡكُلُونَ
Tubashoboza no kuvyikorako! Muri vyo rero; harimwo ivyo bikorako mu ngendo z’uruja n’uruza, no mu kwunguruza ivyankenerwa, harimwo n’ivyo baheza bagafungura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَهُمۡ فِيهَا مَنَٰفِعُ وَمَشَارِبُۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ
Baranafise n’ibindi bibafitiye akamaro bikomoka kuri nya bitungwa; nk’ubwoya n’insato, n’ibindi, hamwe rero n’amata banywa. Mbega abantu ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo, bagaheza bakayisenga ari Imwe Rudende!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةٗ لَّعَلَّهُمۡ يُنصَرُونَ
Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana, maze barabisenga barondera ko bibatabara bikabakingira ibihano vyayo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَهُمۡ وَهُمۡ لَهُمۡ جُندٞ مُّحۡضَرُونَ
Ivyo bigirwamana, ntibishoboye namba gutabara ababisenga, eka na vyo nyene nta co vyimariye. Ababangikanyamana hamwe n’ivyo basenga, bose bazokwegeranirizwa hamwe mu bihano batanako umwikomo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَا يَحۡزُنكَ قَوۡلُهُمۡۘ إِنَّا نَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’igarariza hamwe n’itebura vyabo; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bakorera mu mpisho n’ivyo bakorera ku mugaragaro, Tuzoheza Tubibahembere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَمۡ يَرَ ٱلۡإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقۡنَٰهُ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ
Mbega umuntu ahakana yivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ntabona ko Twebwe Allah, Twamuremye mw’ima ry’intanga, amaze gukura aca ahinduka umuharirizi ruhebwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَضَرَبَ لَنَا مَثَلٗا وَنَسِيَ خَلۡقَهُۥۖ قَالَ مَن يُحۡيِ ٱلۡعِظَٰمَ وَهِيَ رَمِيمٞ
Araheza aducira agace kataroranye mu kugereranya ubushobozi bw’Imana Allah Yaremye, n’ubushobozi bw’ico Yaremye, maze yibagira intango y’iremwa ryiwe, arinamura ati: “Ni nde yosubiza ubuzima amagufa kandi yaramaze kubora akavungagurika!”
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ يُحۡيِيهَا ٱلَّذِيٓ أَنشَأَهَآ أَوَّلَ مَرَّةٖۖ وَهُوَ بِكُلِّ خَلۡقٍ عَلِيمٌ
Ntumwa y’Imana! Vuga umwishure uti: “Iyosubiza ubuzima nya magufa, ni Iyayaremye ubwa mbere, ni na Yo Izi neza iremwa ry’ibiremwa vyose, ni Nyenubumenyikurivyose”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلشَّجَرِ ٱلۡأَخۡضَرِ نَارٗا فَإِذَآ أَنتُم مِّنۡهُ تُوقِدُونَ
Ni Yo Yabagiriye umuriro mu gutsita igiti kibisi ku kindi, maze mu kanya isase mugacana umuriro muri nya giti[9].
[9] Ugutsita igiti kibisi ku kindi maze umuriro ukaka, ni kimwe mu vyemezo vyerekana ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema ikintu mu gihushane caco. Ni nk’ukwo nyene rero, Ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَوَلَيۡسَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يَخۡلُقَ مِثۡلَهُمۚ بَلَىٰ وَهُوَ ٱلۡخَلَّٰقُ ٱلۡعَلِيمُ
Ubwo none, Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ntishoboye gusubiza ubuzima ibiremwa bikazuka bidora nk’ubwa mbere igihe Ibirema! Yobuzwa n’iki kandi ari Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّمَآ أَمۡرُهُۥٓ إِذَآ أَرَادَ شَيۡـًٔا أَن يَقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Ni ukuri, iyo Imana Allah Ishatse ikintu ico ari co cose ko kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَسُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَيۡءٖ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা ইয়াছীন
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ