Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: গাফিৰ   আয়াত:
وَقَالَ فِرۡعَوۡنُ ذَرُونِيٓ أَقۡتُلۡ مُوسَىٰ وَلۡيَدۡعُ رَبَّهُۥٓۖ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُبَدِّلَ دِينَكُمۡ أَوۡ أَن يُظۡهِرَ فِي ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡفَسَادَ
Firawuni yavuze abwira abunganizi biwe ati: “Nkundira mundeke nice Musa, maze aheze yambaze Imana yiwe Rurema Yamurungitse, Iheze Imutabare; mu vy’ukuri jewe, mfise ubwoba n’impungenge ko yohindura idini ryanyu mukamukurikira, canke agakwiragiza ubwononyi mu gihugu ca Misiri”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ مُوسَىٰٓ إِنِّي عُذۡتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُم مِّن كُلِّ مُتَكَبِّرٖ لَّا يُؤۡمِنُ بِيَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ
Musa yabwiye Firawuni n’abunganizi biwe ati: “Jewe mu vy’ukuri, nikinze ku Mana yanje Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema Allah, ndayisaba ko Inkingira igeramirwa ry’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, atanemera n’umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ رَجُلٞ مُّؤۡمِنٞ مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَكۡتُمُ إِيمَٰنَهُۥٓ أَتَقۡتُلُونَ رَجُلًا أَن يَقُولَ رَبِّيَ ٱللَّهُ وَقَدۡ جَآءَكُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ مِن رَّبِّكُمۡۖ وَإِن يَكُ كَٰذِبٗا فَعَلَيۡهِ كَذِبُهُۥۖ وَإِن يَكُ صَادِقٗا يُصِبۡكُم بَعۡضُ ٱلَّذِي يَعِدُكُمۡۖ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَنۡ هُوَ مُسۡرِفٞ كَذَّابٞ
Ni ho rero umwemeramana umwe mu bantu ba Firawuni, yahisha ukwemera kwiwe, yavuga ati: “Ubwo nyene murakanagaye mwice umuntu w’inzirakarengane, mumuhora gusa kuba avuze ati: “Imana yanje Rurema ni Allah”, kandi yanabazaniye ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, vyerekana ukuri kwiwe! Musa rero niyaba abesha biramusha, kuko bizomugarukako. Niyaba naho ari imvugakuri, nta kibuza ko muzoshikirwa na bimwe mu vyo abagabishako. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo, uwimonogoje mu bugarariji, akagenzwa n’ubwononyi kw’isi, akaba n’umubeshi ruhebwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰقَوۡمِ لَكُمُ ٱلۡمُلۡكُ ٱلۡيَوۡمَ ظَٰهِرِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَمَن يَنصُرُنَا مِنۢ بَأۡسِ ٱللَّهِ إِن جَآءَنَاۚ قَالَ فِرۡعَوۡنُ مَآ أُرِيكُمۡ إِلَّا مَآ أَرَىٰ وَمَآ أَهۡدِيكُمۡ إِلَّا سَبِيلَ ٱلرَّشَادِ
Bantu banje! Ndemera cane ko uno musi mufise inganji y’ubwami bwo gucinyiza Bene Israyeri n’abandi banyagihugu bo muri Misiri; none aho bukera, ni nde azodukingira ibihano vy’Imana Allah, igihe vyadushikiye!”. Firawuni yabwiye abari ng’aho yishura ati: “Bantu muri ng’aha! Nta co nobahanura gukora, kiretse ico nanje nyene mbona ko kibereye; kandi sindabarongora, kiretse mu nzira nziza ibereye y’ubugororotsi”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ ٱلَّذِيٓ ءَامَنَ يَٰقَوۡمِ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُم مِّثۡلَ يَوۡمِ ٱلۡأَحۡزَابِ
Maze wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yishura ahanura yongera agabisha ati: “Jewe mu vy’ukuri, mfise ubwoba n’impungenge, ko mu gihe mwohirahira mukica Musa, mwoshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye imigwi y’abiyunze mu kurwanya Intumwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مِثۡلَ دَأۡبِ قَوۡمِ نُوحٖ وَعَادٖ وَثَمُودَ وَٱلَّذِينَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡۚ وَمَا ٱللَّهُ يُرِيدُ ظُلۡمٗا لِّلۡعِبَادِ
Nk’uko vyagendeye abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Bene Thamuudi, hamwe rero n’ababakurikiye mu nyuma mu bugarariji, abo bose rero, Imana Allah Yarabahoneje. Burya Imana Allah, ntishaka namba kurenganya abaja bayo ngo Ibahanire icaha batakoze;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيَٰقَوۡمِ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ يَوۡمَ ٱلتَّنَادِ
Bantu banje! Jewe mu vy’ukuri, ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe abantu bazohamagarana hagati yabo bivuye ku ntureka z’uwo musi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ تُوَلُّونَ مُدۡبِرِينَ مَا لَكُم مِّنَ ٱللَّهِ مِنۡ عَاصِمٖۗ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ
Umusi mwagenjeje umugongo muhunga, ntimuzoronka ababakingira ibihano vy’Imana Allah. Uwuzoteterezwa n’Imana Allah mu kutamushoboza kurongoka mu nzira yayo, ntazoronka n’umwe amurongora mu nzira yayo”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: গাফিৰ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ